Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 38 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 At that time Judah left his brothers and went to a man from Adullam named Hirah. Muri ico gihe, Yuda avana na bene se, aja kubana n’umugabo yitwa Hira i Adulamu.
2 There Judah saw the daughter of a Canaanite named Shua. He married and slept with her. Yuda ahashitse abona umukobwa wa Shuwa, Umunyakanani, aramurongora. Aryamanye na we,
3 She became pregnant and gave birth to a son, and Judah named him Er. uwo mugore asama inda, avyara umuhungu, Yuda amwita Eri.
4 She became pregnant again and gave birth to a son, and she named him Onan. Yongera asama inda, avyara uwundi muhungu, amwita Onani.
5 She bore yet another son and named him Shelah; she was at Chezib when she bore him. Avyaye umuhungu agira gatatu, amwita Shela. Igihe Shela yavuka baba i Kezibu.
6 Judah took a wife for his firstborn son Er; her name was Tamar. Haheze igihe, Yuda aronderera umuhungu wiwe Eri umugore yitwa Tamari.
7 But Er, Judah's firstborn, was evil before our Father, and our Father put him to death. Ariko Eri, imfura ya Yuda, yakora ibibi imbere y’Uhoraho, maze Uhoraho aramwica.
8 Then Judah told Onan, "Sleep with your brother's wife, do your duty as her brother-in-law, and raise children for your brother." Yuda abwira umuhungu wiwe Onani ati: “Rongora Tamari, umupfakazi wa mukuru wawe; nk’uko ubisabwa n’umugenzo nka muramuwe, uronderere uruvyaro mukuru wawe.”
9 But Onan knew the child would not be his, so whenever he slept with his brother's wife, he spilled his seed on the ground, to give his brother no child. Ariko Onani yari azi ko urwo ruvyaro rutazoba urwiwe. Ni co gituma igihe cose yaryamana na muramuwe, yasesa imbuto ziwe hasi, kugira ngo ntavyarire mukuruwe.
10 What he did was evil in our Father's sight, so he put him to death too. Ariko ivyo yakoze bibabaza Uhoraho, na we aca aramwica.
11 Judah told his daughter-in-law Tamar, "Stay a widow in your father's house till my son Shelah grows up"—thinking, "He might die like his brothers." So Tamar lived in her father's house. Maze Yuda abwira umukazana wiwe ati: “Subira mu nzu kwa so, ugumeyo nk’umupfakazi urindire ko umuhungu wanje Shela akura.” Ivyo yabivuze kuko yatinya ko Shela na we ashobora gupfa nka bakuruwe. Nuko Tamari asubira i muhira kwa se.
12 Long afterward, Judah's wife, Shua's daughter, died. When Judah was comforted, he and his friend Hirah the Adullamite went up to his sheepshearers at Timnah. Haheze imisi, umugore wa Yuda, ari we mukobwa wa Shuwa, arapfa. Igihe co kugandara giheze, Yuda na mugenziwe Hira w’i Adulamu bajana i Timuna kuraba abakozi bariko barakemura intama ziwe.
13 Tamar was told, "Your father-in-law is going up to Timnah to shear his sheep." Maze umuntu umwe abwira Tamari ati: “Sobukwe ariko araja i Timuna gukemura intama ziwe.”
14 So she removed her widow's clothes, covered herself with a veil, wrapped up, and sat at the entrance to Enaim on the road to Timnah—for she saw that Shelah had grown up but she was not given to him as his wife. Tamari yari azi ko Shela yakuze, ariko nta cari cakozwe kugira ngo amurongore. Nuko akura impuzu ziwe z’ubupfakazi, aritwikira kugira ngo ahishe mu maso hiwe. Maze yicara kw’irembo ry’igisagara c’i Enayimu, cari ku nzira ija i Timuna.
15 When Judah saw her, he thought she was a prostitute, because she had covered her face. Yuda ahashitse aramubona, yibaza ko ari umumaraya, kuko yari yihishije mu maso.
16 He turned to her by the road and said, "Let me sleep with you"—not knowing she was his daughter-in-law. She said, "What will you give me to sleep with you?" Nuko aramwegera aho yari ari i ruhande y’inzira aramubwira ati: “Ndashaka ko turyamana.” Ariko ntiyari yamenye ko ari umukazana wiwe. Na we aramubaza ati: “Umpa iki nitwaryamana?”
17 He said, "I'll send you a young goat from the flock." She said, "Will you give me a pledge until you send it?" Aramwishura ati: “Nzokurungikira umwagazi w’impene yo mu mukuku wanje.” Na we aramubaza ati: “Ni igiki umpa nk’ingwati kinyemeza ko uzondungikira iyo mpene?”
18 He said, "What pledge should I give you?" She said, "Your seal, its cord, and the staff in your hand." He gave them to her, slept with her, and she conceived by him. Yuda aramubaza ati: “Ushaka ingwati imeze gute?” Na we aramwishura ati: “Nsigarana iyo mpeta yawe n’umugozi wayo, hamwe n’iyo nkoni ufise mu minwe.” Nuko Yuda arabimuha, barasambana, maze Tamari asama inda.
19 She got up and left, took off her veil, and put her widow's clothes back on. Hanyuma aca aravyuka aragenda, akura wa mwitwikiro yambara impuzu z’ubupfakazi.
20 Judah sent the young goat by his friend the Adullamite to get the pledge back from the woman, but he couldn't find her. Mu nyuma Yuda atuma wa mugenzi wiwe Hira w’i Adulamu ngo amujanire wa mwagazi w’impene, kugira ngo wa mugore amusubize ivyo yari yarasigaranye nk’ingwati. Ariko Hira ntiyashobora kumutora.
21 He asked the local men, "Where's the shrine prostitute who was by the road at Enaim?" They said, "No shrine prostitute has been here." Nuko abaza abantu baba i Enayimu ati: “Wa mumaraya yari ahagaze i ruhande y’inzira kw’irembo ry’i Enayimu ari he?” Baramwishura bati: “Nta mumaraya yigeze aba hano.”
22 So he returned to Judah, saying, "I could not find her, and the local men said no shrine prostitute had been there." Nuko Hira asubira iyo Yuda ari aramubwira ati: “Sinashoboye kumutora. Kandi n’abantu baho bambwiye ko hatigeze haba umumaraya.”
23 Then Judah said, "Let her keep them, or we'll be mocked. I sent her this young goat, but you didn't find her." Yuda aramubwira ati: “Mureke abigumane nk’ivyiwe, abantu ntibahave badutwenga. Jewe narungitse umwagazi w’impene nk’uko twasezeranye, ariko ntiwashoboye kumutora.”
24 About three months later, Judah was told, "Your daughter-in-law Tamar has prostituted herself, and she's now pregnant from it." Judah said, "Bring her out and burn her!" Haheze nk’amezi atatu, babwira Yuda bati: “Wa mukazana wawe Tamari yigenjeje nk’imaraya. Ubu afise inda.” Yuda aravuga ati: “Nibamusohore, bamuturire gushika apfe!”
25 As she was brought out, she sent word to her father-in-law: "I am pregnant by the man these belong to. Please identify whose seal, cord, and staff these are." Ariko bariko baramusohora bamujana kumwica, arungikira ubutumwa sebukwe ati: “Uwanteye iyi nda ni nyene ibi bintu. Raba iyi mpeta n’umugozi wayo hamwe n’iyi nkoni, ugerageze kumenya nyenevyo.”
26 Judah recognized them and said, "She is more righteous than I, since I didn't give her to my son Shelah." He never slept with her again. Yuda abibonye aravuga ati: “Arandushije kugororoka, kuko sinamuhaye umuhungu wanje Shela ngo amurongore.” Nuko Yuda ntiyasubira kuryamana na Tamari kandi.
27 When the time came for her to give birth, there were twins in her womb. Hageze ko yibaruka, basanga atwaye inda y’amahasa.
28 As she gave birth, one put out a hand. The midwife tied a scarlet thread on it: "This one came out first." Ariko aravyara, umwe mu bana agorora ukuboko; umwakirizi aragufata abohera agatambara gatukura ku gikonjo, aravuga ati: “Uwu ni we yavutse ubwa mbere.”
29 As he drew back his hand, his brother came out, and she said, "What a breach you've made for yourself!" So the brother who came out was named Perez. Ariko wa mwana aca asubiza ukuboko inyuma, maze uwundi amutanga kuvuka. Wa mwakirizi aratangara ati: “Vyagenze gute ngo uze ubwa mbere?” Nuko amwita Peresi.
30 Then his brother came out with the scarlet thread on his hand, and was named Zerah. Hanyuma wa mwana wundi afise agatambara gatukura aravuka, na we amwita Zera.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]