Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 41 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After two full years had passed, Pharaoh had a dream: he was standing beside the Nile. Haheze imyaka ibiri, Farawo ararota. Muri iyo ndoto yari ahagaze ku nkengera y’uruzi Nili,
2 Seven cows, sleek and fat, came up from the Nile and grazed among the reeds. maze inka indwi nziza kandi zivyibushe ziva mu ruzi, zica zitangura kurisha mu rufunzo rwari hafi y’uruzi.
3 Seven other cows, ugly and bony, came up after them from the Nile and stood beside them on the Nile's bank. Hanyuma abona izindi nka indwi zije zikurikira za zindi, zivuye mu ruzi Nili, ariko zo zari mbi kandi zonze. Nuko zihagarara ku nkengera y’uruzi hambavu ya za zindi zivyibushe.
4 Ugly, thin cows ate the seven fine, fat cows, and Pharaoh woke up. Za nka mbi kandi zonze zimira zimwe indwi nziza kandi zivyibushe. Indoto igeze aho, Farawo aca arikangura.
5 He fell asleep again and had a second dream: seven heads of grain, plump and good, grew on one stalk. Hanyuma asubiriye gusinzira, aca asubira kurota. Abona ingano indwi ziyangitse ziremvye kandi nziza, zakuriye ku mutumba umwe.
6 Then after them, seven heads of grain sprouted up—thin and scorched by the east wind. Hanyuma hamera izindi ngano indwi, ariko zo zari ntonto kandi mbi, zumishijwe n’umuyaga wo mu buseruko.
7 The thin heads swallowed the seven plump, full heads. Then Pharaoh woke up—it had been a dream. Maze za ngano ntonto kandi mbi zimira zimwe indwi ziremvye kandi nziza. Maze Farawo arikangura, asanga zari indoto.
8 In the morning his spirit was troubled; he sent and called all Egypt's magicians and all its wise men. Pharaoh told them his dreams, but none could interpret them for him. Bukeye mu gitondo, Farawo avyuka ahagaritse umutima, aca atumako abanyamareba na ba kamenyi bose bo muri Egiputa. Ababwiye indoto yagize, ntihagira n’umwe ashobora kumuha insiguro yazo.
9 Then the chief cupbearer said to Pharaoh, "Today I am reminded of my offenses. Maze wa mukuru yari ajejwe ivyo kunywa vy’umwami abwira Farawo ati: “Uno musi ni ho nibutse ikibi nakoze.
10 Pharaoh was angry with his servants and put me in custody in the guard captain's house, with the chief baker. Haraheze igihe unshavuriye jewe umusavyi wawe n’uwujejwe imikate, maze udushira mw’ibohero ry’umukuru w’ingabo zirinda umwami.
11 I and he each dreamed the same night, each dream with its own meaning. Maze ijoro rimwe uko turi babiri turarota, kandi indoto yose yari ifise insiguro yayo.
12 A young Hebrew, servant of the guard captain, was with us. We told him our dreams, and he interpreted each according to its own meaning. Muri iryo bohero twari kumwe n’umuhungu w’Umuheburayo, yakorera umukuru w’ingabo zirinda umwami. Nuko tumubwira indoto twagize na we aca atubwira ico indoto yose isigura.
13 Just as he interpreted for us, it happened: I was restored to my position, the other was hanged." Kandi vyagenze nk’uko yari yabivuze. Jewe nasubijwe mu kibanza canje nk’uwujejwe ivyo kunywa vy’umwami, umwe yari ajejwe imikate y’umwami na we arabambwa.”
14 Pharaoh sent for Joseph, and they rushed him from the dungeon. He shaved, changed his clothes, and came before Pharaoh. Nuko Farawo aca atumako Yosefu, bamukura mw’ibohero bihuta. Ahejeje kwimosha no guhindura impuzu, aca arinjira ahagarara imbere ya Farawo.
15 Pharaoh said to Joseph, "I've had a dream no one can interpret. I've heard about you that when you hear a dream, you can interpret it." Nuko Farawo aramubwira ati: “Narose, ariko nta n’umwe yashoboye kunsigurira indoto narose. Ariko numvise ko wewe iyo wumvise indoto, ushobora gutanga insiguro yayo.”
16 "I can't do that on my own," Joseph replied. "Our Father will give Pharaoh a favorable answer." Yosefu yishura Farawo ati: “Nyakwubahwa, si jewe ndavyishoboza; ariko Imana irashobora kuguha insiguro ibereye y’iyo ndoto warose.”
17 Then Pharaoh said to Joseph, "In my dream I was standing on the bank of the Nile. Nuko Farawo abwira Yosefu ati: “Mu ndoto yanje, nabonye mpagaze ku nkengera y’uruzi Nili.
18 Seven fat, sleek cows came up from the Nile and grazed among the reeds. Maze inka indwi zivyibushe kandi nziza ziva mu ruzi zica zitangura kurisha mu rufunzo rwari hafi y’uruzi.
19 Then seven other cows came up after them—scrawny, very ugly, thin-fleshed—the like I had never seen in all the land of Egypt. Hanyuma mbona inka indwi zisa n’izigwaye, zonze kandi mbi. Nta nka mbi nk’izo nari bwabone mu gihugu cose ca Egiputa.
20 The gaunt, ugly cows ate the first seven fat cows. Hanyuma mbona za nka ndwi zonze kandi mbi zimira zimwe zivyibushe.
21 Even after eating them, no one could tell, for they still looked as bad as before. Then I woke up. Zihejeje kuzimira, nta wari kumenya ko zazimize, kuko zagumye ari mbi nk’uko zari zimeze ubwa mbere. Nuko nca ndikangura.
22 In my dream I saw seven heads of grain grow on one stalk, full and good. Nsubiye gusinzira gato, nongera ndarota, mbona ingano indwi ziyangitse nziza kandi ziremvye, zakuriye ku mutumba umwe.
23 And after them sprouted seven heads of grain—withered, thin, and scorched by the east wind. Ariko haca hakura izindi ngano indwi mbi, ntonto kandi zumishijwe n’umuyaga wo mu buseruko.
24 The thin heads swallowed the seven good heads. I told the magicians, but none could explain it to me." Maze za ngano ntonto kandi mbi zimira zimwe indwi nziza kandi ziremvye. Izi ndoto narazibwiye abanyamareba, ariko nta n’umwe yashoboye kuzinsigurira.”
25 Joseph said to Pharaoh, "Pharaoh's dreams are one: our Father has revealed to Pharaoh what he's about to do. Nuko Yosefu abwira umwami ati: “Izo ndoto umwami yagize zifise insiguro imwe. Imana imenyesheje Farawo ivyo igiye gukora.
26 The seven good cows are seven years, and the seven good heads of grain are seven years—it is one dream. Zirya nka indwi nziza na za ngano nziza ziremvye zisigura imyaka indwi y’umwimbu mwinshi.
27 The seven thin, ugly cows that came up after them are seven years, and the seven empty heads scorched by the east wind are seven years of famine. Za nka mbi kandi zonze zaje mu nyuma na za ngano indwi mbi ntonto, zumishijwe n’umuyaga wo mu buseruko, zisigura imyaka indwi y’amapfa.
28 This is what I told Pharaoh: our Father has shown Pharaoh what he is about to do. Ibi bizogenda nk’uko namaze kubivuga, kuko Imana yamenyesheje Farawo imbere y’igihe ivyo igiye gukora.
29 Seven years of great abundance are coming throughout all the land of Egypt. Hagiye kuza imyaka indwi y’umwimbu mwishi cane mu gihugu ca Egiputa cose.
30 Then seven years of famine will follow. All the plenty in Egypt will be forgotten, and famine will devour the land. Ariko inyuma yayo hazoza imyaka indwi y’amapfa akomeye ku buryo azokwibagiza abantu na ya myaka y’umwimbu mwinshi mu gihugu ca Egiputa. Ayo mapfa azosiga igihugu cipfumbereje.
31 The abundance will be forgotten in the land, since the famine afterward will be so severe. Ayo mapfa azoba akomeye ku buryo na ya myaka myiza itazosubira kwibukwa.
32 Pharaoh's dream repeated twice means our Father has firmly fixed this matter, and our Father will soon carry it out. Kandi ko mwabonye indoto zibiri zisa, bisigura ko ivyo ari Imana yabishinze, kandi ko vuba igiye kubishitsa.
33 So let Pharaoh find a discerning, wise man and put him over Egypt's land. Ubu rero mwami, wari ukwiye kurondera umuntu w’umunyabwenge kandi w’inkerebutsi, ukamuzeza igihugu cose ca Egiputa.
34 Let Pharaoh take action and appoint overseers over the land, and take a fifth of Egypt's produce during the seven years of abundance. Kandi wari ukwiye gushiraho abagenduzi mu gihugu cose, bajejwe kwegeranya ica gatanu c’ivyimburwa vyo mu gihugu ca Egiputa muri iyo myaka indwi y’umwimbu usagutse.
35 Let them gather all the food of these good coming years, and store grain under Pharaoh's hand as food in the cities, and guard it. Abo boba bajejwe kwegeranya ivyokurya muri iyo myaka indwi myiza igiye kuza babizane mu bubiko bwa Farawo mu bisagara bitandukanye, hanyuma babirinde.
36 That food will be a reserve for the land during the seven years of famine coming on the land of Egypt, so the land won't be cut off by famine." Uko ni ko hazoboneka ivyokurya bikwiye mu gihe ca ya myaka indwi y’inzara igiye kuza mu gihugu ca Egiputa. Bitabaye uko, aya mapfa azohonya abantu muri kino gihugu.”
37 The plan seemed good to Pharaoh and to all his servants. Nuko Farawo n’abamukorera bakira neza amajambo ya Yosefu.
38 Pharaoh said to his servants, "Can we find anyone like this, a man with God's Spirit in him?" Farawo arababaza ati: “Twoshobora kuronka uwundi muntu ameze nk’uwu mugabo, umuntu arimwo impwemu y’Imana?”
39 Pharaoh said to Joseph, "Since God has shown you all this, none is as discerning and wise as you. Umwami abwira Yosefu ati: “Nimba Imana yaguhishuriye insiguro y’izi ndoto, biraboneka neza ko ata wundi muntu munganya ubwenge.
40 You will be over my house; all my people will obey your command. Only in the throne will I be greater than you." Ni wewe ngiye kuzeza ikirimba canje, kandi abantu banje bose bazokwumvira ivyo ubategetse. Ni jewe jenyene nzoba ndi hejuru yawe, kuko ndi umwami.”
41 And Pharaoh said to Joseph, "See, I have set you over all the land of Egypt." Nuko Farawo abwira Yosefu ati: “Raba nguhaye kuganza igihugu cose ca Egiputa.”
42 Pharaoh took the signet ring from his hand and put it on Joseph's hand, dressed him in fine linen, and put a gold chain on his neck. Umwami akura impeta iriko ikidodo ciwe ku rutoke rwiwe, ayambika Yosefu ku rutoke. Yongera amwambika impuzu nziza zera cane, amwambika n’umugufu w’inzahabu mw’izosi.
43 Pharaoh had Joseph ride in his own second chariot, had men call out before Joseph, "Kneel!" and set him over all Egypt's land. Hanyuma amwuriza ku mukogote ugenewe icegera c’umwami. Maze ahantu hose Yosefu aciye, abantu bagasemerera bati: “Mubise arengane!” Uko ni ko Farawo yahaye Yosefu kuganza igihugu ca Egiputa cose.
44 Pharaoh said to Joseph, "I am Pharaoh; without you, no one moves hand or foot in all the land of Egypt." Farawo abwira Yosefu ati: “Ni jewe mwami wa Egiputa, ariko udatanze uruhusha, nta muntu n’umwe azogira ico akora canke aho aja muri Egiputa yose.”
45 Pharaoh named Joseph Zaphenath-paneah and gave him Asenath, daughter of Potiphera, priest of On, as wife. Then Joseph went out over the land of Egypt. Nuko Farawo aha Yosefu izina ry’Abanyegiputa, ari ryo Zafenati-Paneya. Yongera amuha n’umugore yitwa Asenati. Uwo yari umukobwa wa Potifera, umuherezi wo mu gisagara ca Oni. Hanyuma Yosefu ava ku kirimba, aca agendagenda igihugu cose ca Egiputa.
46 Joseph was thirty when he stood before Pharaoh king of Egypt. He left Pharaoh's presence and traveled through all the land of Egypt. Igihe yatangura gukora ku kirimba kwa Farawo, umwami wa Egiputa, Yosefu yari amaze imyaka mirongo itatu. Nuko ava ku kirimba, aja kugenzura igihugu cose ca Egiputa.
47 During the seven years of abundance, the land produced bountifully. Nk’uko vyari vyavuzwe, mu myaka indwi ya mbere, igihugu catanze umwimbu mwinshi cane.
48 He collected all the food of the seven years in Egypt and stored it in the cities, in each city the food of the fields around it. Muri iyo myaka, Yosefu yegeranya ivyimbuwe vyose muri Egiputa hanyuma abika mu bisagara intete zimbuwe mu mirima ibikikije.
49 Joseph stored grain like the sand of the sea—so much he stopped counting; it was uncountable. Nuko Yosefu yegeranya ingano nyinshi cane, zogereranywa n’umusenyi wo ku kiyaga. Maze bagera aho bahagarika guharura ivyinjiye, kuko bitari bigishoboka kubiharura.
50 Before the famine years, Joseph fathered two sons with Asenath, daughter of Potiphera, priest of On. Muri ico gihe, imbere y’uko ya myaka y’amapfa ishika, Yosefu yavyaye abahungu babiri kuri Asenati, umukobwa wa Potifera, umuherezi wo mu gisagara ca Oni.
51 Joseph named the firstborn Manasseh: "Because our Father made me forget all my hardship and all my father's house." Umwana w’imfura Yosefu amwita Manase, kuko yavuga ati: “Imana yanyibagije amakuba yanje yose n’umuryango wa data wose.”
52 He named the second Ephraim: "For our Father has made me fruitful in the land of my suffering." Yosefu yita umuhungu wiwe wa kabiri Efurayimu, kuko yavuga ati: “Imana yampaye kurondoka mu gihugu nagiriyemwo amakuba.”
53 The seven years of abundance in the land of Egypt came to an end. Hanyuma ya myaka y’umwimbu mwinshi mu gihugu cose ca Egiputa irarangira.
54 The seven years of famine began, just as Joseph had said. Famine struck every land, but in all the land of Egypt there was bread. Haca hatangura ya myaka indwi y’amapfa, nk’uko Yosefu yari yarabivuze. Ayo mapfa yateye no mu bihugu bihakikuje, ariko muri Egiputa ho hari ivyokurya.
55 When famine struck all Egypt, the people cried to Pharaoh for bread. Pharaoh told all the Egyptians, "Go to Joseph; do whatever he tells you." Ariko n’igihugu ca Egiputa na co gitangura gufatwa n’inzara. Abantu batanguye gutakambira Farawo ngo abahe ivyokurya, ababwira ati: “Nimuje kwa Yosefu, mukore ivyo ababwira vyose.”
56 As the famine spread across the land, Joseph opened all the storehouses and sold grain to the Egyptians, since the famine was severe in Egypt. Amapfa arushirije gukomera, Yosefu yugurura bwa bubiko, aha Abanyegiputa ingano, kuko igihugu cose cari cishwe n’inzara.
57 All the earth came to Egypt to buy grain from Joseph, for the famine gripped all the earth. Abantu bo mu bihugu vyegereye Egiputa baraza kugura ingano kwa Yosefu, kuko amapfa yari yugarije isi yose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]