Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 26 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now there was a famine in the land, besides the earlier famine that occurred in the days of Abraham. So Isaac went to Abimelech king of the Philistines, to Gerar. Inyuma y’aho hatera inzara mu gihugu, nk’uko vyari vyarabaye mu gihe ca Aburahamu. Isaka aca aja kuba i Gerari, mu gihugu ca Abimeleki, umwami w’Abafilisitiya.
2 Our Father appeared to him and said, "Do not go down to Egypt; settle in the land that I will tell you about. Uhoraho yiyereka Isaka amubwira ati: “Ntuje muri Egiputa, ahubwo uze ube mu gihugu nzokwereka.
3 Stay in this land, and I will be with you and bless you, for I will give all these lands to you and your offspring, and I will fulfill the oath that I swore to Abraham your father. Guma muri iki gihugu, nzobana nawe ndaguhezagire. Wewe n’uruvyaro rwawe nzobaha iki gihugu, kandi nzoshitsa indahiro narahiye so Aburahamu.
4 I will multiply your offspring like the stars in the sky and will give to your offspring all these lands, and through your offspring all the nations of the earth will be blessed, Uruvyaro rwawe nzorugwiza rungane n’inyenyeri zo kw’ijuru, kandi nzobaha iki gihugu cose kibe icabo. Mbere amahanga yose yo mw’isi azohezagirwa biciye ku ruvyaro rwawe.
5 because Abraham obeyed my voice and kept my charge, my commandments, my statutes, and my laws." Ibi nzobikora kuko Aburahamu yanyumviye akitondera ivyo namwihanikirije, amabwirizwa yanje, ivyo nashinze n’ivyagezwe vyanje.”
6 So Isaac settled in Gerar. Nuko Isaka agerera i Gerari.
7 The local men asked about his wife, and he answered, "She's my sister"—afraid to say "my wife," thinking, "The men here would kill me over Rebekah, since she's beautiful." Ababa muri ico gihugu babajije Isaka ku bijanye n’umugore wiwe Rebeka, ababwira ati: “Ni mushikanje”; kuko yaratinya kuvuga ko ari umugore wiwe, yibwira ati: “Bazonyica banziza Rebeka, kuko ari mwiza cane.”
8 When Isaac had been there a long time, Abimelech king of the Philistines looked down through a window and saw Isaac caressing his wife Rebekah. Ariko haheze igihe Isaka aba aho hantu, Abimeleki umwami w’Abafilisitiya arabira mw’idirisha maze abona Isaka ariko arakuyakuya Rebeka umugore wiwe.
9 So Abimelech summoned Isaac and said, "She is certainly your wife! How could you say, 'She is my sister'?" Isaac said to him, "Because I thought I might die because of her." Abimeleki ahamagara Isaka aramubwira ati: “Ni ivy’ukuri Rebeka ni umugore wawe! Ni kuki wavuze ko ari mushikawe?” Isaka aramwishura ati: “Nabivuze kuko natinya gupfa ndamuzira.”
10 Abimelech said, "What have you done to us? One of the people might easily have slept with your wife, and you'd have brought guilt on us." Abimeleki aramubaza ati: “Ibi wadukoreye ni ibiki? Hari hasigaye gato ngo umwe mu bantu banje asambane na we, kandi ivyo vyotumye duharurwako icaha.”
11 Abimelech ordered all the people, "Whoever touches this man or his wife will surely be put to death." Nuko Abimeleki agabisha abantu bose, arababwira ati: “Umuntu azogira ikibi akorera uwu mugabo canke umugore wiwe, azokwicwa!”
12 Isaac sowed in that land and reaped a hundredfold that year, because our Father blessed him. Nuko Isaka atera imbuto mu mirima yo muri ico gihugu, maze uwo mwaka, yimbura incuro ijana ivyo yari yateye, kuko Uhoraho amuhezagiye.
13 The man grew rich and kept growing richer until he became very wealthy. Ivyiwe bibandanya vyongerekana, aba umutunzi akomeye.
14 He had flocks and herds and a large household of servants, so that the Philistines envied him. Yari afise imikuku myinshi y’intama n’impene, amasho menshi y’inka n’abakozi benshi ku buryo Abafilisitiya bamugirira ishari.
15 The Philistines had filled in every well his father's servants dug in his father Abraham's days. Nuko Abafilisitiya buzuza ibivu amariba y’amazi ya Yakobo yose. Ayo yari amariba yari yimbwe n’abakozi ba se Aburahamu.
16 Abimelech said to Isaac, "Leave us—you've grown far too strong for us." Abimeleki abwira Isaka ati: “Va mu gihugu cacu, kuko wabaye uwukomeye kuturuta.”
17 So Isaac left there and camped in the Valley of Gerar, and he settled there. Nuko Isaka arimuka, ashinga amahema mu kiyaya ca Gerari aba ari ho aba.
18 Isaac redug the water wells dug in his father Abraham's days, which the Philistines plugged after Abraham died, and called them by the names his father had called them. Asubira gusibura amariba yari yarimbwe mu gihe ca se Aburahamu, ayo Abafilisitiya bari barasibije se amaze gupfa, yongera ayita amazina se yari yarayise.
19 But when Isaac's servants dug in the valley and found there a well of fresh spring water, Umusi umwe abakozi ba Isaka bariko barimba iriba mu kiyaya, baseruka kw’isoko ry’amazi meza cane.
20 Gerar's herders argued with Isaac's herders, saying, "The water is ours." He named the well Esek, for they argued with him. Ariko abungere b’i Gerari baraza baharira n’abungere ba Isaka bavuga bati: “Aya mazi ni ayacu.” Iryo riba Isaka aryita Eseke, bisigura “imitongano”, kuko abo bungere batonganye na we.
21 Then they dug another well, and they quarreled over that one too, so he named it Sitnah. Abakozi ba Isaka bongera bimba irindi riba, ariko na ryo nyene rituma haba imitongano. Iryo riba na ryo Isaka aryita Sitina, bisigura “urwanko”.
22 From there he moved and dug another well; they did not quarrel over it, so he named it Rehoboth, saying, "Now our Father has made room for us; we will be fruitful in the land." Aho na ho arahava aja kwimba irindi riba. Maze iryo ntiryatera amatati, aca aryita Rehoboti, bisigura “ikibanza c’umwidegemvyo”. Aravuga ati: “Ubu rero Uhoraho aduhaye kwagukirwa, kandi tugiye gutungira muri iki gihugu.”
23 From there he went up to Beersheba. Hanyuma Isaka ava aho hantu aja i Berisheba.
24 That night our Father appeared to him and said, "I am the God of your father Abraham. Don't be afraid, for I am with you. I will bless you and multiply your offspring, for my servant Abraham's sake." Uhoraho amwiyereka mw’ijoro yashikiyemwo aho hantu, aramubwira ati: “Ndi Imana ya so Aburahamu, ntutinye kuko ndi kumwe nawe kandi nzoguhezagira, ngwize uruvyaro rwawe kubera urukundo nakunze Aburahamu umusavyi wanje.”
25 There he built an altar and called on the name of our Father, pitched his tent, and there Isaac's servants dug a well. Maze Isaka yubaka aho hantu igicaniro ahasengera Uhoraho. Yongera ahubaka amahema, maze abakozi biwe bahimba iriba.
26 Abimelech came to him from Gerar with Ahuzzath his adviser and Phicol, head of his army. Umusi umwe, Abimeleki ava i Gerari aja kuraba Isaka, ari kumwe n’umuhanuzi wiwe Ahuzati na Pikoli, umukuru w’abasoda biwe.
27 Isaac said to them, "Why come to me, since you hated me and sent me away from you?" Isaka arababaza ati: “Ni kuki mwaje kundaba kandi munyanka, mukaba mwarananyirukanye mu gihugu canyu?”
28 They said, "We clearly saw that God has been with you, so we said, 'Let there be an oath between us—between you and us—and let us make a covenant with you, Baramwishura bati: “Twarabonye neza ko Uhoraho ari kumwe nawe. Ni co gituma twiyumviriye ko dukwiye kugiriranira amasezerano nawe yubakiye ku ndahiro hagati ya twe nawe.
29 that you'll do us no harm—just as we didn't touch you but did you only good—and sent you away in peace. You are now blessed by God.'" Uturahire ko utazokwigera utugirira nabi, nk’uko natwe tutigeze tugukorera ikibi. Twagukoreye ivyiza, maze tukurungika amahoro. None biraboneka ko Uhoraho yaguhezagiye.”
30 So Isaac made them a feast, and they ate and drank. Nuko Isaka abategurira umusi mukuru, bararya baranywa.
31 Early the next morning they swore an oath to each other; Isaac sent them off, and they left him in peace. Mu gitondo kare, abo bagabo baca bahana indahiro. Nuko Isaka arabasezera, bagenda amahoro.
32 That day Isaac's servants came and told him about the well they'd dug and said, "We found water!" Uwo musi abakozi ba Isaka baza bamuzaniye inkuru z’iriba bari bimvye, baramubwira bati: “Twaronse amazi!”
33 So he named it Shibah; therefore the name of the city is Beersheba to this day. Iryo riba Isaka aryita Shiba, bisigura “indahiro”. Ni co gituma gushika n’uno musi igisagara cubatswe aho hantu citwa Berisheba, bisigura “iriba ry’indahiro”.
34 At forty, Esau married Judith daughter of Beeri the Hittite, and Basemath daughter of Elon the Hittite. Esawu amaze imyaka mirongo ine, arongora abagore b’Abahetikazi babiri: Yudita umukobwa wa Beyeri na Basemati, umukobwa wa Eloni.
35 And they were a source of grief to Isaac and Rebekah. Ariko abo bagore bateye ingorane nyinshi Isaka na Rebeka.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]