Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 27 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When Isaac grew old and his eyes were too dim to see, he called Esau his older son and said, "My son." "Here I am," he answered. Igihe kimwe, Isaka ariko arasaza kandi ariko arahuma, ahamagara Esawu, umuhungu wiwe mukuru, aramubwira ati: “Mwana wanje!” Na we ati: “Sabwe Data!”
2 Isaac said, "Look—I am old; I do not know the day of my death. Arabandanya ati: “Ndashaje kandi sinzi umusi nzopfirako.
3 Now take your gear—quiver and bow—go out to the field and hunt game for me. Fata umuheto wawe n’imyampi uje mu gahinga, uzane inyama z’igikoko wishe,
4 Then make me the tasty food I love, bring it to eat, so my soul may bless you before I die." uzintegurire kumwe ndazikunda zimeze hanyuma uzinzanire ndazirye. Mpejeje ndaheza ndaguhe umuhezagiro wanje, imbere y’uko mpfa.”
5 Rebekah listened as Isaac spoke to his son Esau. Esau went out to the field to hunt game and bring it back. Igihe Isaka yavugana na Esawu, Rebeka yariko arumviriza. Esawu amaze kuja mu gahinga guhiga,
6 Rebekah said to her son Jacob, "I heard your father tell your brother Esau, Rebeka abwira Yakobo umuhungu wiwe ati: “Numvise so abwira mukuru wawe Esawu ati:
7 'Bring me game, make me a tasty meal to eat, so I may bless you before our Father before I die.' ‘Genda unzanire inyama z’igikoko wishe hanyuma uzintegurire neza. Mpejeje kuzirya, ndaheza nguhezagire imbere y’Uhoraho, imbere y’uko mpfa.’
8 Now then, my son, listen to my voice and do exactly what I tell you. Mwana wanje nyumviriza neza kandi ukore ico ngusaba:
9 Go to the flock and get me two good young goats from there, so I can make your father tasty food, just as he loves. Genda mu bitungwa uzane imyagazi y’impene ibiri. Nanje nca ntegurira so inyama kumwe azikunda zimeze.
10 Then take it to your father to eat, so that he may bless you before he dies." Nawe uraca uzimushira azirye, hanyuma aguhezagire imbere y’uko apfa.”
11 Jacob said to his mother Rebekah, "Look, Esau my brother is a hairy man, and I'm smooth. Ariko Yakobo abwira nyina Rebeka ati: “Urazi ko Esawu afise ubwoya bwinshi, ariko jewe umubiri wanje ntugira ubwoya.
12 What if my father feels me? I'll seem a deceiver to him, and bring on myself a curse, not a blessing." Data arashobora kunkorako akumva ko ndiko ndamubesha; ivyo birashobora gutuma amvuma mu kibanza co kumpezagira.”
13 His mother said, "My son, let your curse fall on me—just listen to my voice: go, bring them to me." Nyina aramwishura ati: “Mwana wanje, uwo muvumo uramfata jewe! Wewe nyumvira gusa, ugende uzane iz’impene.”
14 So Jacob went, took the goats, and brought them to his mother, who made the tasty food his father loved. Nuko Yakobo aragenda azanira nyina za mpene. Rebeka ategura inyama neza mu buryo Isaka yakunda.
15 Then Rebekah took Esau her older son's best clothes, kept with her in the house, and dressed Jacob her younger son. Hanyuma afata impuzu nziza cane za Esawu zari mu nzu iwe, azambika Yakobo, umuhungu wiwe mutoya.
16 She covered his hands and smooth neck with the goat skins. Yambika Yakobo insato za ya myagazi y’impene ku maboko hamwe no mw’izosi ahatagira ubwoya.
17 Then she handed her son Jacob the tasty meal and the bread she had made. Nuko aha Yakobo, umuhungu wiwe, vya vyokurya biryoshe yategura hamwe n’umukate.
18 Jacob came to his father and said, "My father." He said, "Here I am. Who are you, my son?" Yakobo aja aho se ari aramuhamagara ati: “Data!” Na we ati: “Sabwe! Uri nde ga mwana wanje?”
19 Jacob said to his father, "I am Esau, your firstborn. I've done as you told me. Please sit up and eat my game, so your soul may bless me." Yakobo aramwishura ati: “Ndi Esawu, imfura yawe. Nakoze ivyo wansavye. Niwicare ufungure ku nyama nakuzaniye, hanyuma umpezagire.”
20 Isaac asked his son, "How did you find it so fast, my son?" He said, "Because your Father granted me success." Isaka abaza umuhungu wiwe ati: “Mwana wanje, wabigenjeje gute kugira ngo wice igikoko ningoga?” Yakobo aramwishura ati: “Uhoraho Imana yawe ni we yagishize mu nzira ncamwo.”
21 Isaac said to Jacob, "Please come closer, my son, so I can feel you, to know whether you really are my son Esau or not." Isaka abwira Yakobo ati: “Egera hafi yanje, mwana wanje, kugira ngo ngukoreko numve vy’ukuri ko uri Esawu.”
22 Jacob went to his father Isaac, who felt him and said, "The voice is Jacob's voice, but the hands are Esau's hands." Nuko Yakobo yegera aho se Isaka ari. Amukozeko aravuga ati: “Ijwi ni irya Yakobo, ariko amaboko ni aya Esawu!”
23 Isaac didn't recognize him, since Jacob's hands were as hairy as his brother Esau's hands, so Isaac blessed him. Ntiyashoboye kumumenya kuko amaboko yiwe yari afise ubwoya nk’aya mukuruwe Esawu. Imbere yo kumuhezagira
24 He asked, "Are you really my son Esau?" And he said, "I am." aramubaza ati: “Vy’ukuri uri Esawu umwana wanje?” Aramwishura ati: “Egome ni jewe.”
25 Isaac said, "Serve me my son's game, so my soul may bless you." Jacob served him, and he ate; he brought him wine, and he drank. Isaka aramubwira ati: “Mwana wanje, ngaburira kuri za nyama uvuye guhiga. Mpejeje kurya ndaheza ndaguhezagire.” Nuko Yakobo arazimuzanira, arafungura. Yongera amuzanira n’umuvinyu aranywa.
26 Then his father Isaac said to him, "Come closer, my son, and kiss me." Hanyuma Isaka abwira Yakobo ati: “Nyegera mwana wanje ungumbire.”
27 So Jacob came closer and kissed him. Isaac smelled the scent of his clothes, blessed him, and said, "See—the scent of my son is like the scent of a field that our Father has blessed. Nuko aramwegera aramugumbira. Isaka yumvise ukumota kw’impuzu ziwe, aca aramuhezagira avuga ati: “Ewe kumota kw’umwana wanje kumeze nk’ukumota kw’imirima Uhoraho yahezagiye.
28 May our Father give you the dew of heaven and the richness of the earth, and an abundance of grain and new wine. Imana iguhe ku kime co mw’ijuru no ku butunzi bwo mw’isi, umusesekara w’ingano n’umuvinyu!
29 Let peoples serve you and nations bow to you. Rule your brothers, and let your mother's sons bow to you. Cursed be all who curse you, and blessed all who bless you." Amahanga aze agukorere n’amoko aze yuname imbere yawe. Uze uganze abavukanyi bawe, abana ba nyoko baze buname imbere yawe. Abazokuvuma baze bavumwe, kandi abazoguhezagira baze bahezagirwe.”
30 Just as Isaac finished blessing Jacob, and Jacob had barely left his father Isaac's presence, his brother Esau returned from the hunt. Isaka arangije kumuhezagira, Yakobo arasohoka. Muri ako kanya nyene, mukuruwe Esawu aca arashika avuye guhiga.
31 He also made a tasty dish, brought it to his father, and said to his father, "Let my father get up and eat some of his son's game, so your soul may bless me." Na we ategura ivyokurya biryoshe abizanira se. Aramubwira ati: “Data, niwicare urye ku nyama mvuye guhiga, hanyuma umpezagire.”
32 His father Isaac asked him, "Who are you?" He said, "I am your son, your firstborn, Esau." Isaka aramubaza ati: “Uri nde?” Esawu aramwishura ati: “Ni jewe umwana wawe w’imfura Esawu.”
33 Isaac shook violently and said, "Who, then, hunted game and brought it to me? I ate it all before you came and blessed him—yes, blessed he will be!" Isaka arajugumira cane, maze aramubaza ati: “None ni nde yagiye guhiga hanyuma akanzanira inyama? Nafunguye kandi namaze kumuhezagira, kandi umuhezagiro namuhaye uzomufata.”
34 When Esau heard his father's words, he let out a very loud, bitter cry and said to his father, "Bless me too, my father!" Esawu yumvise amajambo ya se, araboroga n’umubabaro mwinshi, abwira se ati: “Mpezagira nanje, data!”
35 Isaac said, "Your brother came dishonestly and took your blessing." Isaka aramwishura ati: “Murumunawe yaje arambesha. Yamaze gutwara umuhezagiro wawe.”
36 Esau said, "Isn't he rightly named Jacob? He's cheated me twice: he took my birthright, and now he's taken my blessing." Then he asked, "Haven't you reserved a blessing for me?" Esawu aravuga ati: “Ubu bugize kabiri anyiba. Ntibitanganje izina ryiwe ni Yakobo nyene, umubeshi. Yanyivye kuba samuragwa kwanje, none raba ubu na ho anyivye n’umuhezagiro wanje. Ariko nta muhezagiro n’umwe wansigarije?”
37 Isaac answered Esau, "Look, I have made him lord over you, given him all his brothers as servants, and sustained him with grain and new wine. What then can I do for you, my son?" Isaka yishura Esawu ati: “Namaze kumugira mukuru kuri wewe kandi abavukanyi biwe bazoba abakozi biwe. Namuhaye ingano n’umuvinyu musha. None ga mwana wanje wumva hari igisigaye noguha?”
38 Esau said to his father, "Do you have only one blessing, my father? Bless me too, my father!" Esau wept aloud. Esawu abaza se ati: “None ga data ufise umuhezagiro umwe gusa? Mpezagira nanje, data!” Nuko Esawu araturika ararira.
39 Then his father Isaac replied to him, "Look—your dwelling will be away from the richness of the earth, and away from the dew of heaven above. Se Isaka aramubwira ati: “Uzoba kure y’ubutunzi bwo mw’isi, kure y’ikime co mw’ijuru.
40 By your sword you will live, and you will serve your brother. But when you grow restless, you will break his yoke from your neck." Uzobeshwaho n’inkota kandi uzokorera murumunawe. Ariko niwiganzura, uzokwikurako agacinyizo kiwe kw’izosi ryawe.”
41 Esau bore a grudge against Jacob for the blessing his father gave him, and said to himself, "My father's mourning days are near; then I will kill my brother Jacob." Nuko Esawu agirira inzigo Yakobo kubera ko se yamuhezagiye. Aravuga ati: “Imisi yo kugandarira data iregereje. Hanyuma nzoca nica murumunanje Yakobo.”
42 Told what her older son Esau had said, Rebekah sent for her younger son Jacob and said, "Your brother Esau is consoling himself over you—he intends to kill you. Rebeka yumvise ivyo Esawu umuhungu wiwe mukuru yavuze, atumako Yakobo umuhungu wiwe muto, aramubwira ati: “Mukuru wawe ashaka kukwica kugira ngo akwihore.
43 Now, my son, listen to my voice: get up, flee to my brother Laban in Haran. None rero mwana wanje, nyumvira ugende uhungire kwa musazanje Labani i Harani.
44 Stay with him a while—until your brother's fury subsides, Uze ugumane na we kugeza ishavu rya mukuru wawe riheze.
45 until your brother's anger turns from you and he forgets what you did to him. Then I'll send and bring you back from there. Why lose both of you in one day?" Ishavu niryahera akibagira ivyo wamukoreye, nzoheza ndagutumeko ugaruke. Nta cotuma ndababura uko muri babiri umusi umwe.”
46 Rebekah said to Isaac, "I loathe my life because of these Hittite women. If Jacob takes a wife from the daughters of Heth, from this land, why should I live?" Rebeka abwira Isaka ati: “Ubuzima bwanje bubaye bubi cane kubera aba bagore b’Abahetikazi. Yakobo niyarongora umwe mu bakobwa bo muri iki gihugu, b’Abahetikazi nk’aba, nta co nzoba nkibereyeho.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]