Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 25 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Abraham married another wife, whose name was Keturah. Hanyuma Aburahamu arongora uwundi mugore yitwa Ketura,
2 She gave birth to Zimran, Jokshan, Medan, Midian, Ishbak, and Shuah. bavyarana Zimurani, Yokishani, Medani, Midiyani, Ishibaki na Shuwa.
3 Jokshan fathered Sheba and Dedan. The sons of Dedan were the Asshurites, the Letushites, and the Leummites. Yokishani na we avyara Sheba na Dedani. Abakomotse kuri Dedani ni Abashuri, Abaletushi n’Abaleyuli.
4 Midian's sons: Ephah, Epher, Hanoch, Abida, and Eldaah—all sons of Keturah. Bene Midiyani ni Efa, Eferi, Hanoki, Abida na Eludaya. Urwo ni rwo ruvyaro Aburahamu yavyaranye na Ketura.
5 Abraham gave all that he had to Isaac. Nuko Aburahamu araga Isaka ivyo yari afise vyose.
6 Abraham gave gifts to the sons of his concubines, then sent them away from his son Isaac while he was still alive, eastward to the east country. Ariko imbere y’uko apfa, agabira abahungu yavyaye ku ncoreke ziwe, aca abarungika mu gihugu co mu buseruko kugira ngo abatandukanye na Isaka umuhungu wiwe.
7 Abraham lived 175 years in all. Aburahamu yapfuye amaze imyaka ijana na mirongo indwi n’itanu.
8 Abraham breathed his last, dying at a good old age, an old man full of years, and joined his people. Nuko aracikana, apfa yisaziye neza, ageze mu zabukuru; ahamvya ba sekuruza.
9 His sons Isaac and Ishmael buried him in the cave of Machpelah, in Ephron son of Zohar the Hittite's field near Mamre. Abahungu biwe Isaka na Ishimayeli bamuhamba mw’isenga ry’i Makapela hafi y’i Mamure, mw’itongo rya Efuroni mwene Zohari Umuheti.
10 The field that Abraham had bought from the Hittites. There Abraham was buried, with Sarah his wife. Iryo tongo Aburahamu yari yariguriye Abaheti. Aho ni ho Aburahamu yahambwe hamwe na Sara umugore wiwe.
11 After the death of Abraham, our Father blessed his son Isaac. And Isaac settled near Beer-lahai-roi. Aburahamu amaze gupfa, Imana ihezagira Isaka umuhungu wiwe, kandi yaba hafi y’iriba rya Beyeri-Lahayi-Royi.
12 This is the family record of Ishmael, Abraham's son, whom Hagar the Egyptian, Sarah's servant, bore to Abraham. Uru ni rwo rukurikirane rw’abakomoka kuri Ishimayeli umuhungu Aburahamu yavyaye kuri Hagari, incoreke ya Sara y’Umunyegiputakazi.
13 These are the names of Ishmael's sons, by name, in birth order: Nebaioth, Ishmael's firstborn, then Kedar, Adbeel, Mibsam, Aya ni yo mazina y’abahungu ba Ishimayeli, nk’uko bakurikirana: imfura yiwe ni Nebayoti, hagakurikira Kedari, Adibeyeli, Mibusamu,
14 Mishma, Dumah, Massa, Mishima, Duma, Masa,
15 Hadad, Tema, Jetur, Naphish, and Kedemah. Hadadi, Tema, Yeturi, Nafishi na Kedema.
16 These are Ishmael's sons, these their names by their villages and encampments—twelve princes according to their tribes. Aba ni bo bahungu icumi na babiri ba Ishimayeli. Umwe wese yabaye umukuru w’umuryango witirirwa izina ryiwe kandi aho babaye n’aho bacumbitse hitirirwa amazina yabo.
17 Ishmael lived 137 years, then breathed his last, died, and joined his people. Ishimayeli yamaze imyaka ijana na mirongo itatu n’indwi, hanyuma aracikana ahamvya ba sekuruza.
18 They settled from Havilah to Shur, east of Egypt toward Assyria; Ishmael lived in hostility toward all his relatives. Abakomotse kuri Ishimayeli babaye mu karere kava i Havila gushika i Shuri, mu buseruko bwa Egiputa utumbereye ahitwa Ashuri. Kandi babana nabi n’incuti zabo.
19 This is the family line of Isaac, Abraham's son: Abraham fathered Isaac. Uru ni rwo rukurikirane rw’abakomoka kuri Isaka, umuhungu wa Aburahamu. Aburahamu yavyaye Isaka.
20 Isaac was forty years old when he married Rebekah, daughter of Bethuel the Aramean of Paddan-aram, sister of Laban the Aramean. Isaka amaze imyaka mirongo ine, arongora Rebeka, umukobwa wa Betuweli Umwaramu w’i Padani-Aramu, akaba na mushiki wa Labani Umwaramu.
21 Isaac prayed to our Father for his wife, since she was barren; our Father granted it, and his wife Rebekah conceived. Nuko Isaka asenga Uhoraho ku bw’umugore wiwe, kuko yari ingumba. Imana yishura isengesho rya Isaka, maze Rebeka asama inda y’amahasa.
22 But the children struggled together within her, and she said, "If this is how it is, why is this happening to me?" So she went to ask our Father. Kubera ko abo bana baguma bagwanira mu nda yiwe, Rebeka aja kubaza Uhoraho ati: “Ni kuki ibi binshikiye?”
23 And our Father said to her: "Two nations are in your womb; two peoples from within you will be divided: one will be stronger than the other, and the older will serve the younger." Uhoraho aramubwira ati: “Mu nda yawe hari amahanga abiri, uzovyara ubwoko bubiri bwankana; bumwe buzoba ubukomeye kurusha ubundi, kandi bukuru azokorera butoyi.”
24 When the time came for her to give birth, there were twins in her womb! Hageze kuvyara, Rebeka asanga afise inda y’amahasa.
25 The first came out red, his whole body like a hairy garment; so they named him Esau. Uwavutse ubwa mbere yaratukura kandi umubiri wiwe wari wuzuye ubwoya nk’impuzu y’ubwoya, baca bamwita Esawu.
26 Then his brother came out, with his hand grasping Esau's heel, so he was named Jacob. Isaac was sixty years old when she bore them. Uwa kabiri yavutse ikiganza ciwe gifashe igitsintsiri ca Esawu; na we bamwita Yakobo. Igihe bavuka, Isaka yari amaze imyaka mirongo itandatu.
27 The boys grew up. Esau became a skilled hunter, a man of the field; Jacob was quiet, living in tents. Abo bahungu bamaze gukura, Esawu aba umuhigi w’umuhinga kandi yakunda kugendagenda mu gahinga. Ariko Yakobo yari umuntu atekereje yakunda kuguma i muhira mu mahema.
28 Isaac loved Esau, because he had a taste for wild game, but Rebekah loved Jacob. Isaka yakunda Esawu kuko yakunda inyama yamuzanira avuye guhiga, ariko Rebeka yakunda Yakobo.
29 Jacob was cooking stew when Esau came in from the field, and he was famished. Umusi umwe, Yakobo yariko arateka isupu, hanyuma Esawu ashika i muhira avuye mu gahinga, arushe cane kandi ashonje.
30 Esau said to Jacob, "Let me gulp down this red stew—I'm famished!" That's why he was named Edom. Esawu abwira Yakobo ati: “Ndakwinginze umpe kuri iyo supu yawe itukura, kuko ngira mpfe n’inzara!” Ni co gituma Esawu yiswe Edomu, bisigura “gutukura”.
31 Jacob said, "Sell me your birthright now." Yakobo aramubwira ati: “Banza umpebere uburenganzira bwawe bwo kuba samuragwa.”
32 Esau said, "Look, I am about to die; what good is a birthright to me?" Esawu ati: “None ko ngira mpfe, ukwo kuba samuragwa kumariye iki ubu?”
33 Jacob said, "Swear to me first." So he swore to him and sold his birthright to Jacob. Yakobo ati: “Banza undahire.” Nuko Esawu arahira Yakobo ko amuhebeye uburenganzira kwo kuba samuragwa.
34 Jacob gave Esau bread and lentil stew; he ate, drank, got up, and left—Esau despised his birthright. Nuko Yakobo aha Esawu umukate na ya supu y’inkore, na we ararya arongera aranywa, hanyuma arahaguruka arigira. Uko ni ko Esawu yahaye agaciro gato uburenganzira bwo kuba samuragwa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]