Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 24 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now Abraham was old, well advanced in years, and our Father had blessed Abraham in everything. Ico gihe Aburahamu yari ashaje, ageze mu zabukuru, kandi Uhoraho yari yaramuhezagiye mu buryo bwose.
2 Abraham said to his oldest servant, who managed all he owned, "Please put your hand under my thigh, Umusi umwe, Aburahamu abwira umukuru mu bakozi biwe, ari we yaraba ivy’urugo rwiwe, ati: “Shira ukuboko kwawe musi y’itako ryanje,
3 I will have you swear by the Father of heaven and earth, not to take a wife for my son from the Canaanites' daughters, among whom I live, uheze undahire mw’izina ry’Uhoraho, Imana y’ijuru n’isi, ko utazoronderera umuhungu wanje umugore mu bakobwa b’Abanyakanani, abo mbayemwo.
4 but go to my country and relatives, and get a wife for my son Isaac." Ariko uze ugende mu gihugu canje, mu ncuti zanje, abe ari ho ukura umugore wa Isaka umwana wanje.”
5 The servant asked him, "What if the woman won't follow me to this land? Must I take your son back to the land you left?" Wa mukozi aramubaza ati: “Nshobora kutaronka umukobwa ashaka kunkurikira ngo tuzanane muri iki gihugu. None nzoca njana umuhungu wawe Isaka mu guhugu waje uvamwo?”
6 Abraham said to him, "See to it that you do not take my son back there. Aburahamu aramwishura ati: “Oya! Uze wirinde gusubiza Isaka muri kiriya gihugu!
7 Our Father, the Father of heaven, who took me from my father's house and the land of my relatives, who spoke to me and swore to me, 'I will give this land to your offspring'—he will send his angel ahead of you, and you will take a wife for my son from there. Uhoraho, Imana yo mw’ijuru, we yankuye mu nzu kwa data no mu gihugu canje c’amavukiro, yarambwiye arandahira ko azogabira uruvyaro rwanje iki gihugu. Azorungika umumarayika imbere yawe, kugira ngo ushobore kuronkera umuhungu wanje umugore.
8 But if she won't follow you, you're released from this oath of mine; only don't take my son back there." Uwo mukobwa niyanka kugarukana nawe, iyi ndahiro ugira urahire ntizogufata. Ariko uze wirinde kujana umuhungu wanje muri kiriya gihugu.”
9 The servant put his hand under Abraham his master's thigh and swore to him about this. Nuko wa mukozi ashira ukuboko musi y’itako rya shebuja Aburahamu, aramurahira ko azobigenza uko.
10 The servant took ten of his master's camels, and all his master's good things in hand, and set out for Aram-naharaim, the city of Nahor. Hanyuma afata ingamiya icumi mu za shebuja, atangura urugendo, agenda ajanye n’ingabire zitandukanye z’agaciro ahawe na shebuja, afata inzira ija ahitwa Aramu-Naharayimu, yerekeye mu gisagara Nahori murumuna wa Aburahamu yabamwo.
11 He had the camels kneel outside the city by the water well at evening, when women go out to draw water. Ashitse kw’iriba ryari inyuma y’igisagara, apfukamika ingamiya ziwe kugira ngo zinywe amazi. Ico gihe yari amasaha abagore bazirako kuvoma.
12 Then he prayed, "Father of my master Abraham, please grant me success today, and show your faithful love to my master Abraham. Arasenga ati: “Uhoraho, Mana ya databuja Aburahamu, ndakwinginze umpe kuroranirwa uwu musi. Niwereke databuja Aburahamu urukundo rwawe rudahemuka.
13 Here I stand by the spring of water, and daughters of the town's men are coming out to draw water. Mpagaze hano hambavu y’iri riba, kandi abakobwa bo mu gisagara bagira baze kuvoma.
14 Let the young woman I say this to—'Please tip your jar so I may drink'—and who answers, 'Drink, and I will water your camels too'—be the one you have appointed for your servant Isaac. That is how I will know you have shown faithful love to my master." Umukobwa nja kubwira nti: ‘Ndakwinginze uhengeke umubindi wawe, umpe amazi yo kunywa,’ na we akavuga ati: ‘Ehe nunywe kandi n’ingamiya zawe nca ndazivomera,’ uwo abe ari we watoranirije umusavyi wawe Isaka. Ico ni co kiza kunyereka ko wagiriye databuja urukundo rudahemuka.”
15 Before he finished speaking, Rebekah came out—daughter of Bethuel, son of Milcah, wife of Nahor, Abraham's brother—her jar on her shoulder. Ataraheza gusenga, haseruka inkumi yitwa Rebeka n’umubindi wiwe ku rutugu. Rebeka yari umukobwa wa Betuweli, uwo na we akaba yari umuhungu wa Nahori, murumuna wa Aburahamu, uwo yavyaranye n’umugore wiwe Milika.
16 The girl was very beautiful, a virgin no man had known. She went down to the spring, filled her jar, and came up. Rebeka yari inkumi y’akaranga kandi ntiyari bwaryamane n’umugabo. Nuko aramanuka kw’iriba, yuzuza wa mubindi amazi, aca araduga.
17 The servant ran to meet her, saying, "Please let me sip a little water from your jar." Wa mukozi wa Aburahamu ariruka aja guhura na we, aramubwira ati: “Ndakwinginze umpe amazi yo kunywa kuri uwo mubindi wawe.”
18 "Drink, my lord," she said, and quickly lowered her jar from her shoulder and gave him a drink. Na we aramwishura ati: “Akira unywe, nyakwubahwa.” Nuko anyarutsa kwururutsa umubindi wiwe, kugira ngo ashobore kunywa.
19 When she finished giving him a drink, she said, "I'll draw water for your camels too, until they finish drinking." Ahejeje kumuha amazi yo kunywa aramubwira ati: “Ngira mvomere n’ingamiya zawe na zo zinywe zihere inyota.”
20 She quickly emptied her jar into the trough, ran again to the well, and drew water for all his camels. Nuko asuka ya mazi mu bwato ibitungwa vyanyweramwo amazi, asubira kw’iriba yiruka, avomera za ngamiya ziwe zose.
21 The man watched her silently, to know if our Father made his journey succeed, or not. Wa mukozi wa Aburahamu yitegereza ya nkumi mu gacerere, kugira ngo arabe ko Uhoraho yahezagiye urugendo rwiwe.
22 When the camels finished drinking, the man took a gold nose ring weighing about a fifth of an ounce, and two gold bracelets for her wrists weighing about four ounces, Za ngamiya zihejeje kunywa, wa mugabo aha wa mukobwa ihereni ry’inzahabu bambara ku zuru ripima ingero beka imwe hamwe n’ibikomo bibiri vy’inzahabu vyo kwambara ku maboko bipima shekeli icumi.
23 and said, "Whose daughter are you? Please tell me, is there room in your father's house for us to spend the night?" Aramubaza ati: “Mbega uri umukobwa wa nde? Ndakwinginze umbwire. Mu rugo kwa so hoba hariho aho kuturaza jewe n’abantu twagendanye?”
24 She answered him, "I am the daughter of Bethuel, the son Milcah bore to Nahor." Na we aramwishura ati: “Ndi umukobwa wa Betuweli, uwo Milika yavyaranye na Nahori.”
25 She also said, "We have plenty of both straw and feed, and room to spend the night." Yongerako ati: “Egome iwacu hariho ivyatsi vyumye n’ivyokurya vy’izo ngamiya, kandi hariho n’aho kuraza abashitsi.”
26 Then the man bowed down and worshiped our Father. Nuko wa mugabo arunama ahimbaza Uhoraho.
27 He said, "Blessed be our Father, the Father of my master Abraham, who has not abandoned his faithful love and faithfulness toward my master. As for me, he led me on the journey to my master's relatives' house." Aravuga ati: “Uhoraho, Imana ya databuja Aburahamu, aragahezagirwa, we atibagiye kugirira databuja urukundo rudahemuka n’ubwizigirwa. Uhoraho yandongoreye mu ncuti za databuja.”
28 Then the young woman ran and told her mother's household about these things. Nuko wa mukobwa ariruka aja i muhira kubabwira ibibaye vyose.
29 Now Rebekah had a brother named Laban, and Laban ran out to the man at the spring. Rebeka yari afise musazawe yitwa Labani. Nuko Labani aca ariruka aja kuraba uwo mugabo kw’iriba.
30 Seeing the nose ring and bracelets on his sister's wrists, and hearing his sister Rebekah say, "The man told me this," he went out to the man—there he was, standing by the camels at the spring. Yari yamaze kubona rya hereni ryo ku zuru na vya bikomo mushikiwe yambaye ku maboko, kandi yari yumvise Rebeka avuga ivyo uwo mugabo yamubwiye. Nuko aja iyo wa mugabo ari, asanga ari kumwe n’ingamiya ziwe hambavu y’iriba.
31 He said, "Come in, blessed of God. Why stand outside? I've prepared the house and a place for the camels." Labani abwira wa mugabo ati: “Kaze iwacu, wewe uwahezagiwe n’Uhoraho. Ni kuki woguma inyuma y’igisagara kandi namaze gutegura inzu n’aho kuraza ingamiya?”
32 The man entered the house, and the camels were unloaded. Straw and feed were given to the camels, and water to wash his feet and the feet of the men with him. Nuko wa mugabo ashika mu rugo; Labani yururutsa ivyo ingamiya zari zikoreye, arazisasira kandi arazigaburira. Azanira amazi wa mukozi wa Aburahamu n’abari bagendanye na we kugira ngo boge ibirenge.
33 Food was set before him, but he said, "I won't eat until I've said what I have to say." "Go on," said Laban. Bamuzaniye ivyokurya, wa mukozi wa Aburahamu aravuga ati: “Sinshobora kugira ico mfunguye ntaravuga ikingenza.” Labani ati: “Tubwire.”
34 So he said, "I am Abraham's servant. Aravuga ati: “Ndi umukozi wa Aburahamu.
35 Our Father has greatly blessed my master and made him wealthy, giving him flocks, herds, silver, gold, male and female servants, camels, and donkeys. Uhoraho yarahezagiye cane databuja, aba umuntu akomeye cane. Yamuhaye imikuku y’intama n’impene, amasho y’inka, ubutunzi bw’ifeza n’inzahabu, abakozi b’abahungu n’abakobwa hamwe n’ingamiya n’indogoba.
36 Sarah, my master's wife, bore him a son in her old age; Abraham has given Isaac all he owns. Kandi Sara umugore wa databuja yamuvyariye umuhungu mu busaza bwiwe. Uwo muhungu ni we databuja yaraze ivyiwe vyose.
37 My master made me swear, 'Don't take a wife for my son from the Canaanite women whose land I live in, Databuja yarandahije avuga ati: ‘Ntuze uronderere umuhungu wanje umugore mu bakobwa b’Abanyakanani, abo mbayemwo.
38 but go to my father's house, to my relatives, and take a wife for my son.' Ariko uze ugende mu bo mu nzu ya data, mu bo mu bwoko bwanje, abe ari ho ukura umugore w’umwana wanje.’
39 I said to my master, 'Perhaps the woman will not follow me.' Nanje mbwira databuja nti: ‘Nshobora kutaronka umukobwa ashaka gusubirana inyuma nanje.’
40 But he said to me, 'Our Father, before whom I have walked, will send his angel with you and make your journey succeed, and you will take a wife for my son from my clan and from my father's house. Aranyishura ati: ‘Uhoraho namye numvira, azorungika umumarayika wiwe ajane nawe atume ugira umugisha mu rugendo rwawe, kugira ngo ushobore kuronkera umuhungu wanje umugore wo mu muryango wanje, wo mu nzu ya data.
41 Then you'll be free of my oath once you reach my family; if they refuse to give her to you, you'll be free of my oath.' Niwaja mu bo mu muryango wanje, iyi ndahiro nkurahije ntizogufata; naho bokwanka kuguha uwo mukobwa, iyi ndahiro nkurahije ntize igufate.’
42 Today when I came to the spring, I said, 'Father of my master Abraham, if you will make my journey succeed, Uno musi igihe nashika kw’iriba nasenze nti: ‘Uhoraho, Mana ya databuja Aburahamu, ndakwinginze umpe kugira umugisha muri uru rugendo.
43 here I am, standing by the spring of water. So when a young woman comes out to draw water and I say to her, "Please give me a little water from your jar to drink," Raba mpagaze hambavu y’iri riba. Nihaza umukobwa kuvoma nkamubwira nti: “Ndakwinginze umpe amazi yo kunywa muri uwo mu bindi wawe,”
44 and she says to me, "Drink, and I'll draw water for your camels too"—let her be the woman our Father appointed for my master's son.' na we akambwira ati: “Ehe nunywe kandi nca mvomera n’ingamiya zawe na zo,” uwo aze abe ari we Uhoraho yatoranirije kuba umugore w’umuhungu wa databuja.’
45 Before I finished praying in my heart, Rebekah came out, her jar on her shoulder, went down to the spring, and drew water. I said to her, 'Please let me drink.' Ntaraheza gusengera mu mutima wanje, nabonye Rebeka aseruka n’umubindi wiwe ku rutugu, aramanuka aja kw’iriba aravoma amazi. Maze ndamubwira nti: ‘Ndakwinginze umpe amazi yo kunywa.’
46 Quickly lowering her jar from her shoulder, she said, 'Drink—I'll water your camels too.' So I drank, and she watered the camels too. Yaciye anyarutsa kwururutsa umubindi wiwe wari ku rutugu, aravuga ati: ‘Ehe nunywe kandi nca mvomera n’ingamiya zawe na zo.’ Nuko ndanywa, hanyuma avomera n’ingamiya.
47 I asked, 'Whose daughter are you?' She said, 'Bethuel's daughter, son of Nahor, whom Milcah bore him.' Then I put the ring on her nose and the bracelets on her wrists. Maze ndamubaza nti: ‘Uri umukobwa wa nde?’ Na we arambwira ati: ‘Ndi umukobwa wa Betuweli, umuhungu Nahori yavyaranye na Milika.’ Nuko nca ndamwambika ihereni ku zuru n’ibikomo ku maboko,
48 I bowed and worshiped our Father, and blessed the Father of my master Abraham, who led me on the true path to take the daughter of my master's relative for his son. maze nca ndapfukama mpimbaza Uhoraho, nshima Uhoraho Imana ya databuja Aburahamu kuko yandongoreye mu nzira nziza, ku mukobwa w’incuti yiwe kugira ngo abere umuhungu wa databuja umugore.
49 Now, if you will deal in faithful love and truth with my master, tell me; if not, tell me, so I can turn right or left." None, nimba mwiteguye kugirira ineza databuja no kumwereka ubwizigirwa, ndabasavye mumbwire, kandi nimba bitari uko na ho nyene mubimbwire, kugira ngo nje kuronderera ahandi.”
50 Laban and Bethuel answered, "This is from God; we can't say good or bad. Nuko Labani na Betuweli baramwishura bati: “Ibi bintu vyavuye k’Uhoraho, ni co gituma ata co dushobora kwongerako.
51 Rebekah is before you; take her and go—let her be your master's son's wife, as our Father has spoken." Rebeka ari hano, numujane abe umugore w’umuhungu wa shobuja, nk’uko Uhoraho yabivuze.”
52 When Abraham's servant heard their words, he bowed down to the ground before our Father. Wa mukozi wa Aburahamu yumvise inyishu yabo, arapfukama ahimbaza Uhoraho.
53 The servant brought out silver and gold objects and clothing, gave them to Rebekah, and gave costly gifts to her brother and mother. Hanyuma asokorora ivyo gushaza vy’inzahabu n’ifeza hamwe n’impuzu abiha Rebeka. Yongera aha ingabire musazawe na nyina.
54 He and the men with him ate, drank, and spent the night there. In the morning they rose, and he said, "Send me to my master." Hanyuma we na ba bagabo bagendana bararya bongera baranywa, maze barara aho. Bavyutse mu gitondo, aravuga ati: “Nimundeke nsubire kwa databuja.”
55 But her brother and her mother said, "Let the young woman stay with us ten days or so; then she may go." Musaza wa Rebeka na nyina wiwe baramwishura bati: “Turashaka ko Rebeka agumana natwe akanya, nk’imisi icumi, hanyuma azoheza agende.”
56 But he said, "Don't delay me—our Father has made my journey succeed. Send me away, let me go to my master." Ariko arababwira ati: “Ntimuntevye kuko Uhoraho yampaye kugira umugisha mu rugendo rwanje. Nimundekure ngende nsubire kwa databuja.”
57 They said, "Let us call the young woman and ask her about it." Baravuga bati: “Hinge duhamagare Rebeka tumubaze ico yiyumvira.”
58 They called Rebekah and asked, "Will you go with this man?" "I will go," she said. Nuko bahamagara Rebeka baramubaza bati: “Urashaka kujana n’uwu mugabo?” Arabishura ati: “Egome ndabishaka.”
59 So they sent off their sister Rebekah and her nurse, along with Abraham's servant and his men. Nuko basezera Rebeka n’incoreke yamureze babarungikana na wa mukozi wa Aburahamu n’abagendanye na we.
60 They blessed Rebekah, saying, "Our sister, may you become mother of thousands upon thousands; may your offspring capture the cities of those who hate them." Bahezagira Rebeka bamubwira bati: “Mushiki wacu, uze urondoke uvyare ibihumbi n’ibihumbi; uruvyaro rwawe ruze rwigarurire ibisagara vy’abansi bawe.”
61 Rebekah and her attendants got up, mounted the camels, and followed the man. So the servant took Rebekah and went on. Nuko Rebeka n’incoreke ziwe burira kuri za ngamiya basubirana inyuma na wa mugabo. Uko ni ko wa mukozi wa Aburahamu yajanye Rebeka.
62 Now Isaac had come from Beer-lahai-roi, for he was living in the Negev. Ico gihe Isaka yari yamaze kuva i Beyeri-Lahayi-Royi aja kuba i Negebu, mu bumanuko bw’i Kanani.
63 Isaac went out to meditate in the field at evening; looking up, he saw camels coming. Umugoroba umwe Isaka aja kugendagenda mu mirima. Yunamuye amaso, abona ingamiya ziza zitumbereye iyo ari.
64 Rebekah also looked up, and when she saw Isaac, she got down from her camel. Rebeka yunamutse akabona Isaka, aca arururuka ava ku ngamiya.
65 She asked the servant, "Who is that man walking across the field to meet us?" "My master," he answered. So she took her veil and covered herself. Abaza wa mukozi wa Aburahamu ati: “Uriya muntu agendagenda mu mirima ariko araza ngo duhure ni nde?” Aramwishura ati: “Ni databuja.” Nuko Rebeka afata igitambara aritwikira.
66 Then the servant told Isaac everything he had done. Wa mukozi abwira Isaka ivyo yakoze vyose.
67 Isaac brought her into his mother Sarah's tent, married Rebekah, and loved her. So Isaac was comforted after his mother's death. Isaka ajana Rebeka mw’ihema. Iryo hema ryahora ari irya nyina Sara. Nuko amugira umugore wiwe kandi aramukunda cane. Uko ni ko Isaka yashoboye kwirurwa umubabaro yari yaratewe n’urupfu rwa nyina.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]