Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 23 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Sarah lived to be 127 years old; these were the years of Sarah's life. Sara yabayeho imyaka ijana na mirongo ibiri n’indwi,
2 Sarah died at Kiriath-arba, Hebron, in Canaan. Abraham came to mourn and weep for her. hanyuma apfira i Kiriyati-Araba, ari ho Heburoni, mu gihugu c’i Kanani. Aho ni ho Aburahamu yamugandaririye, aramuririra.
3 Then Abraham rose from beside her body and said to the Hittites, Hanyuma Aburahamu ava hambavu y’ikiziga c’umugore wiwe, aja kuvugana n’abakuru b’Abaheti.
4 "I am a foreigner and stranger among you; give me burial ground among you, to bury my dead out of my sight." Arababwira ati: “Murazi ko ndi umunyamahanga na kavantara muri mwebwe. Ndabasavye mumpe ikibanza co guhambamwo kugira ngo mpambane iteka umugore wanje.”
5 The Hittites replied to Abraham. Abaheti bishura Aburahamu bati:
6 "Hear us, my lord: you are a prince of God among us. Bury your dead in our best tomb; none of us will refuse you his tomb for burying your dead." “Nyakwubahwa, twumvirize. Wewe Imana yakugize umuganwa ahambaye muri twebwe. Hitamwo aho guhamba haruta ahandi abe ari ho umuhamba. Nta muntu n’umwe muri twebwe yokwima aho uhamba umuntu wawe.”
7 Abraham rose and bowed low before the people of the land, the Hittites. Aburahamu arahaguruka yunamira Abaheti baba muri ico gihugu.
8 He said to them, "If you're willing I bury my dead away from me, hear me, and plead with Ephron son of Zohar for me, Arababwira ati: “Ko munyemereye ko mpamba umugore wanje, ndabasavye munsabire Efuroni mwene Zohari,
9 to give me his cave of Machpelah, at his field's edge. Let him sell it to me among you, for full price, as burial property." anyemerere ndamugurire isenga afise i Makapela, aho itongo ryiwe rigarukira. Ndahamugurira ku giciro bikwiranye mwese mukoranye, maze aho hantu hambere ikibanza co guhambamwo.”
10 Ephron the Hittite, sitting among the Hittites, answered Abraham before all the Hittites entering his city's gate. Uwo Efuroni yari yicaye aho mu bandi Baheti. Nuko yishura Aburahamu, abandi Baheti bose bari bakoraniye kw’irembo ry’igisagara bumva, ati:
11 "No, my lord, listen: I give you the field, I give you the cave in it. Before my people I give it to you. Bury your dead." “Oya nyakwubahwa, nyumviriza neza. Ndakugabiye rirya tongo n’isenga riri muri ryo. Imbere y’aba bantu bo mu bwoko bwanje ndahaguyaye. Genda uhambe uwawe.”
12 Again Abraham bowed before the people of the land. Aburahamu yongera yunamira abantu bo muri ico gihugu,
13 He said to Ephron before the people, "If you're willing, hear me: I'll pay for the field—take it from me, so I can bury my dead there." abwira Efuroni bose bumva ati: “Ndakwinginze nanje unyumvirize. Nyemerera ndaguhe igiciro bikwiranye na rirya tongo, kugira ngo nshobore guhamba umuntu wanje.”
14 Ephron replied to Abraham. Efuroni yishura Aburahamu ati:
15 "My lord, hear me: land worth about ten pounds of silver—what is that between us? Bury your dead." “Nyakwubahwa, nyumviriza neza. Rirya tongo riciye shekeli amajana ane z’ifeza. None ayo mahera amaze iki hagati yanje nawe? Genda uhambe uwawe.”
16 Abraham agreed to Ephron's terms and weighed out for him the price he had named before the Hittites: about ten pounds of silver, at the standard weight used by merchants. Nuko Aburahamu yemera igiciro Efuroni amubwiye, amuharurira za shekeli amajana ane z’ifeza abakuru b’Abaheti bose babona.
17 Ephron's field in Machpelah, facing Mamre—the field, its cave, and every tree within its borders, all around—was confirmed, Uko ni ko Aburahamu yaguriye itongo Efuroni i Makapela, hafi y’i Mamure. Aho yaguze hari hagizwe n’itongo, isenga n’ibiti vyari muri ryo.
18 to Abraham as his property, before all the Hittites who came to his city's gate. Iryo tongo ryegukira Aburahamu imbere y’Abaheti bose bari bakoraniye kw’irembo ry’igisagara.
19 After this, Abraham buried Sarah his wife in the cave of Machpelah's field, facing Mamre—Hebron—in the land of Canaan. Nuko Aburahamu ahamba Sara umugore wiwe aho mw’isenga ry’i Makapela, hafi y’i Mamure (ari ho Heburoni), mu gihugu c’i Kanani.
20 So the field and its cave were deeded to Abraham by the Hittites as a burial holding. Uko ni ko Aburahamu yahawe n’Abaheti iryo tongo n’iryo senga biba ivyiwe burundu nk’ikibanza co guhambamwo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]