Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 16 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Sarai, Abram's wife, had borne him no children. She had an Egyptian servant named Hagar. Sarayi muka Aburamu, ntiyari bwashobore kuvyarana na we umwana. Ariko yari afise incoreke y’Umunyegiputakazi yitwa Hagari.
2 Sarai told Abram, "Look, our Father has kept me from bearing children. Go sleep with my servant; maybe I'll build a family through her." Abram did as Sarai said. Nuko Sarayi abwira Aburamu ati: “Uhoraho ntiyashatse ko ndonka umwana. None genda uryamane n’umuguranokazi wanje. Hari n’aho vyokunda nkaronka abana biciye kuri we.” Nuko Aburamu yumvira Sarayi umugore wiwe.
3 After Abram had lived in Canaan ten years, Sarai his wife took her Egyptian servant Hagar and gave her to her husband Abram as a wife. Sarayi umugore wa Aburamu afata Hagari ya ncoreke y’Umunyegiputakazi, umuha Aburamu umugabo wiwe nk’umugore. Ivyo vyabaye Aburamu amaze imyaka icumi aba mu gihugu c’i Kanani.
4 He slept with Hagar; she conceived, and seeing she was pregnant, she despised her mistress. Nuko Aburamu aryamana na Hagari, na we aca asama inda. Hagari amaze kumenya ko yibungenze, atangura gusuzugura inabuja Sarayi.
5 Sarai said to Abram, "My wrong is on you. I gave my servant into your arms; now she sees she's pregnant, she despises me. May our Father judge between me and you." Sarayi abwira Aburamu ati: “Nimba ndiko ndasuzugurwa ni ikosa ryawe! Naguhaye incoreke yanje nk’umugore, none amaze kubona ko yibungenze, aratanguye kunsuzugura. Uhoraho ni we akwiye guca urubanza hagati yanje nawe!”
6 Abram told Sarai, "Your servant is in your hands; do to her what seems good to you." Sarai mistreated her, and she fled from her presence. Aburamu aramwishura ati: “None ko ari incoreke yawe, mugirire ico ushaka.” Nuko Sarayi aca atangura gufata Hagari nabi cane ku buryo ahava akiyomora.
7 The messenger of our Father found Hagar at the wilderness spring, the spring on the way to Shur. Umumarayika w’Uhoraho araza asanga Hagari hafi y’iriba mu bugaragwa; iryo riba ryari hafi y’inzira ija i Shuri.
8 "Hagar, Sarai's servant," he said, "where have you come from, and where are you going?" "I'm running away from my mistress Sarai," she replied. Aramubaza ati: “Hagari, ncoreke ya Sarayi, uva he, ukaja he?” Aramwishura ati: “Ndiko ndahunga mabuja Sarayi.”
9 "Go back to your mistress," the messenger of our Father told her, "and submit to her authority." Wa mumarayika w’Uhoraho aramubwira ati: “Subira kwa nyokobuja, uce bugufi imbere yiwe.”
10 The messenger of our Father told her, "I will multiply your descendants until they can't be counted." Yongerako ati: “Nzogwiza uruvyaro rwawe ku buryo rutazoharurika.”
11 The messenger of our Father also said to her: "You are now pregnant and will give birth to a son. You will name him Ishmael, for I have heard of your misery. Wa mumarayika w’Uhoraho yongera aramubwira ati: “Uribungenze, kandi uzovyara umuhungu. Uze umwite Ishimayeli, kuko Uhoraho yumvise ijwi ry’umubabaro wawe.
12 He will be a wild donkey of a man, his hand against everyone and everyone's hand against him, and he will live in hostility toward all his brothers." Uwo mwana azomera nk’indogoba y’inyeshamba; azohangana n’abantu bose kandi abantu bose bazohangana na we, kandi azokwankana n’abavukanyi biwe bose.”
13 She named our Father who spoke to her, "You are El Roi—my God who sees me," for she said, "I have now seen the One who sees me." Hanyuma y’ivyo, Hagari yita izina Uhoraho yari ahejeje kuvugana na we. Aravuga ati: “Uri Eli Royi, Imana imbona,” kuko yavuga ati: “Ni ivy’ukuri ndabonye Imana y’indavyi.”
14 That is why the well was called Beer-lahai-roi; it lies between Kadesh and Bered. Ni co gituma iryo riba baryise Beyeri-Lahayi-Royi bisigura “Iriba ry’Imana nzima imbona”. Iryo riba riri hagati ya Kadeshi na Beredi.
15 So Hagar bore Abram a son, and Abram named the son she had borne Ishmael. Nuko Hagari avyarana na Aburamu umuhungu, Aburahamu aca amwita Ishimayeli.
16 Abram was eighty-six years old when Hagar bore him Ishmael. Ico gihe Hagari yavyara Ishimayeli, Aburamu yari afise imyaka mirongo umunani n’itandatu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]