Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 17 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When Abram was ninety-nine years old, our Father appeared to him and said, "I am El Shaddai—your Father Almighty. Walk before me and be blameless. Aburamu amaze imyaka mirongo icenda n’icenda, Uhoraho aramwiyereka amubwira ati: “Ndi Imana Mushoboravyose; gendera imbere yanje mu bwizigirwa kandi ubeho ubuzima butagira umugayo.
2 And I will make my covenant between me and you, and I will multiply you exceedingly." Nzogirana isezerano nawe kandi nzoguha uruvyaro runini.”
3 Then Abram fell on his face, and our Father spoke with him, saying: Aburamu avyumvise yikubita hasi yubamye. Maze Imana aramubwira iti:
4 "As for me, my covenant is with you, and you will become father of a multitude of nations. “Iri ni ryo sezerano ngiranye nawe: nzokugira sekuruza w’amahanga menshi.
5 Your name will no longer be Abram, but Abraham, for I have made you father of a multitude of nations. Kandi kuva ubu ntuzosubira kwitwa Aburamu, uzokwitwa Aburahamu, kuko ndakugize sekuruza w’amahanga menshi.
6 I will make you extremely fruitful; I will turn you into many nations, and kings will come from you. Nzoguha kurondoka cane. Uruvyaro rwawe ruzovamwo amahanga menshi, kandi muri bo hazovamwo abami.
7 I will establish my covenant between me and you and your descendants after you, for all generations—an everlasting covenant—to be Father to you and your descendants after you. Nzokomeza isezerano hagati yawe nanje no hagati yanje n’uruvyaro rwawe ribe isezerano ridahera, uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi. Nzoba Imana yawe n’Imana y’uruvyaro rwawe.
8 I will give you and your descendants after you the land where you live as a foreigner—all the land of Canaan—as an eternal possession; and I will be their Father." Igihugu cose c’i Kanani, ico ubamwo ubu nk’umunyamahanga, nzokiguha wewe n’uruvyaro rwawe kibe icanyu bwegu ibihe vyose, kandi nzobabera Imana.”
9 Then our Father said to Abraham, "As for you: keep my covenant, you and your children after you, throughout their generations. Imana yongera ibwira Aburahamu iti: “Wewe n’uruvyaro rwawe mubwirizwa kwubahiriza iri sezerano, uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi.
10 This is my covenant to keep, between me and you and your descendants after you: every male among you must be circumcised. Iri ni ryo sezerano ryanje wewe n’uruvyaro rwawe mubwirizwa kwubahiriza: umuhungu wese ategerezwa gukebwa.
11 Circumcise the flesh of your foreskin; it will be the sign of the covenant between me and you. Mutegerezwa gukebwa, kandi ico kizoba ikimenyetso c’isezerano ngiranye namwe.
12 Every male among you, generation after generation, must be circumcised at eight days old—whether born in your house or bought with silver from a foreigner not your own offspring. Uko urunganwe ruzogenda rukurikira urundi, umuhungu wese atagerezwa gukebwa amaze imisi umunani avutse, utibagiye n’abagurano bazovukira mu rugo rwawe canke abo uzogura amahera mu banyamahanga, abazoba batari abo mu ruvyaro rwawe.
13 Everyone born in your house or bought with your money must be circumcised. My covenant will be in your flesh, an everlasting covenant. Baba abavukiye mu rugo rwawe canke abo waguze amahera, bose bategerezwa gukebwa. Imibiri yanyu izogaragarako icerekana isezerano ryanje ridahera.
14 Any uncircumcised male not circumcised in his foreskin's flesh will be cut off from his people—he has broken my covenant." Umuhungu wese atazokebwa, azocibwa mu bwoko bwiwe, kuko azoba atubahirije isezerano ryanje.”
15 Then our Father said to Abraham, "Don't call your wife Sarai anymore—her name is Sarah. Hanyuma Imana ibwira Aburahamu iti: “Sarayi umugore wawe ntuzosubire kumwita Sarayi, kuva ubu uzomwite Sara.
16 I will bless her and indeed give you a son by her. I will bless her—she will become nations; kings of peoples will come from her." Nzomuhezagira kandi nzoguha umuhungu nciye kuri we. Nzomuhezagira kandi azoba nyina w’amahanga; abami n’amahanga menshi bazokomoka kuri we.”
17 Abraham fell on his face, laughing, and said to himself, "Can a son be born to a man who is one hundred years old? Can ninety-year-old Sarah give birth?" Nuko Aburahamu yikubita hasi yubamye, aratwenga yivugana mu mutima ati: “Mbe umuntu w’imyaka ijana nkanje yoba akivyara umwana? Mbe Sara yoba akivyara umwana amaze imyaka mirongo icenda?”
18 Then Abraham said to our Father, "If only Ishmael might live in your presence!" Maze Aburahamu abwira Imana ati: “Icompa Ishimayeli akagira umuhezagiro wawe!”
19 But our Father said, "No, your wife Sarah will bear you a son, and you will name him Isaac. I will confirm my covenant with him, an everlasting covenant for his descendants after him. Imana iravuga iti: “Oya, Sara umugore wawe azokuvyarira umwana w’umuhungu, uze umwite Isaka. Nzokomeza isezerano ryanje na we n’uruvyaro rwiwe, ribe isezerano ridahera.
20 As for Ishmael, I have heard you. I will bless him, make him fruitful, and multiply him exceedingly. He will father twelve leaders, and I will make him into a great nation. Ku bijanye na Ishimayeli, numvise ico wasavye: nzomuhezagira, nzomuha kurondoka cane, ntume uruvyaro rwiwe rugwira cane. Azoba sekuruza w’abakuru b’imiryango icumi na babiri, kandi uruvyaro rwiwe ruzoba ihanga rikomeye.
21 But I will confirm my covenant with Isaac, whom Sarah will bear you at this time next year." Ariko isezerano ryanje nzorikomeza kuri Isaka, uwo Sara azokuvyarira igihe nk’iki mu mwaka uza.”
22 When he had finished speaking with Abraham, our Father went up from him. Imana ihejeje kuvugana na Aburahamu ica ivana na we iragenda.
23 Then Abraham took Ishmael his son, everyone born in his household, and everyone bought with his money—every male in Abraham's household—and circumcised the flesh of their foreskins that very day, as our Father had told him. Uwo musi nyene Aburahamu afata umuhungu wiwe Ishimayeli n’umugabo wese yaba mu rugo rwiwe, harimwo abahavukiye n’abo yaguze amahera, arabakeba nk’uko Imana yari yamubwiye.
24 Abraham was ninety-nine years old when he was circumcised in the flesh of his foreskin. Aburahamu yari amaze imyaka mirongo icenda n’icenda igihe yakebwa.
25 His son Ishmael was thirteen when he was circumcised in the flesh of his foreskin. Ishimayeli, umuhungu wiwe, yari amaze imyaka icumi n’itatu igihe yakebwa.
26 On that very day Abraham and Ishmael his son were circumcised. Aburahamu n’umuhungu wiwe Ishimayeli, uko ari babiri, bakebwe uwo umusi.
27 All the men of his household—house-born and bought with silver from a foreigner—were circumcised with him. Umuntu wese w’igitsina gabo yaba mu rugo rwa Aburahamu, yaba uwahavukiye canke uwaguzwe amahera mu banyamahanga, na we yakebwe uwo musi hamwe na we.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]