Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 15 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After these things, our Father's word came to Abram in a vision: "Don't fear, Abram. I'm your shield, your very great reward." Hanyuma y’ivyo Uhoraho avugana na Aburamu mu ndoto ati: “Aburamu, ntugire ubwoba. Ni jewe nzogukingira, kandi ni jewe nzoguha impera ikomeye.”
2 But Abram said, "My Sovereign Father, what will you give me, since I'm childless, and my heir is Eliezer of Damascus?" Ariko Aburamu arishura ati: “Uhoraho Nyeninganji, mbega imihezagiro yose wompa yomarira iki, ko ntagira umwana? Uwugiye kuragwa ivyanje vyose ni Eliyezeri umukozi wanje ava i Damasiko.”
3 Abram said, "You've given me no offspring; a servant born in my house will inherit from me." Aburamu yongerako ati: “Erega nta ruvyaro wampaye, ni co gituma umwe mu bakozi banje ari we agiye kuba samuragwa wanje.”
4 The word of our Father came to him: "This man won't be your heir; a son from your own body will be your heir." Uhoraho aramwishura ati: “Oya, si umukozi wawe azokubera samuragwa, ahubwo umuhungu wawe bwite ni we azokubera samuragwa.”
5 He brought him outside and said, "Look at the sky and count the stars, if you're able." Then he said, "So will your descendants be." Maze Uhoraho ajana Aburamu hanze aramubwira ati: “Raba kw’ijuru uharure inyenyeri nimba wobishobora. Uko ni ko uruvyaro rwawe ruzongana!”
6 Abram believed our Father, and our Father credited it to him as righteousness. Nuko Aburamu yizera Uhoraho, bituma Uhoraho amwemera nk’umugororotsi.
7 He said to him, "I am your Father, who brought you from Ur of the Chaldeans to give you this land to possess." Uhoraho aramubwira ati: “Ndi Uhoraho nagukuye muri Uri mu Bakaludaya kugira ngo ndaguhe iki gihugu kibe iragi ryawe.”
8 But Abram said, "My Sovereign Father, how can I know that I will take possession of it?" Ariko Aburamu aramubaza ati: “Uhoraho Nyeninganji, ni igiki conyemeza ko iki gihugu kizoba icanje?”
9 He said to him, "Take me a three-year-old heifer, goat, and ram, a turtledove, and a young pigeon." Uhoraho aramwishura ati: “Nzanira ishashi y’inka, ishashi y’impene n’impfizi y’intama; vyose bimaze imyaka itatu; uzane n’intunguru hamwe n’inuma ikiri nto.”
10 Abram brought all these to him, cut them in half, and set each half opposite the other; but did not cut the birds. Aburamu azana vya bikoko, abihimburamwo kubiri, maze igihimba cose agitumberanya na kigenzi caco, ariko za nyoni ntiyazihimburamwo kubiri.
11 When birds of prey came down on the carcasses, Abram drove them away. Nuko ibinyoni bikunda inyama biza aho ya mivyimba iri, ariko Aburamu akaguma avyirukana.
12 As the sun set, deep sleep fell on Abram, and great terror and darkness fell over him. Izuba rigiye kurenga, Aburamu afatwa n’itiro ryinshi cane, maze umwijima w’umuzitanya uteye ubwoba uramuhwikira.
13 Then our Father told Abram, "Be certain: your descendants will live as foreigners in a land not theirs, enslaved and oppressed 400 years. Uhoraho aca abwira Aburamu ati: “Umenye neza ko abagukomokako bazoba abanyamahanga mu gihugu kitari icabo. Bazoba abagurano muri ico gihugu imyaka amajana ane.
14 I will also judge the nation they serve, and afterward they will come out with great wealth. Ariko nzohana igihugu kizobagira abagurano, kandi mu nyuma bazokivamwo bafise ubutunzi bwinshi.
15 You will go to your fathers in peace, buried at a good old age. Ariko wewe uzoramba wipfire ushaje kandi mu mahoro, uhamvye ba sogokuruza.
16 In the fourth generation they will return here, for the Amorites' guilt is not yet complete." Ku runganwe rugira kane, uruvyaro rwawe ruzogaruka muri kino gihugu, kuko ivyaha vy’Abamori ntibiraba vyinshi kugira ngo ndabirukane mu gihugu.”
17 After sunset, in the dark, a smoking firepot and blazing torch appeared and passed between the pieces. Izuba rimaze kurenga hakaza umwijima, haza inkono yo gucaniramwo ifumba umwotsi n’ikimuri caka bica hagati ya vya bihimba vy’imivyimba.
18 That day our Father covenanted with Abram: "I give your descendants this land, from Egypt's river to the great river, the Euphrates, Uwo musi Uhoraho agirana isezerano na Aburamu avuga ati: “Iki gihugu ndagihaye uruvyaro rwawe, kuva ku ruzi rwa Egiputa gushika ku ruzi runini Efurate.
19 the land of the Kenites, the Kenizzites, the Kadmonites, Ni igihugu c’Abakayini, Abakenizi, Abakadimoni,
20 the Hittites, the Perizzites, the Rephaites, Abaheti, Abaperizi, Abarefayimu,
21 the Amorites, the Canaanites, the Girgashites, and the Jebusites." Abamori, Abanyakanani, Abagirugashi n’Abayebusi.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]