Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now our Father said to Abram, "Go from your land, your relatives, and your father's house, to the land that I will show you. Maze Uhoraho abwira Aburamu ati: “Va mu gihugu cawe, mu bwoko bwawe no mu muryango wa so, uje mu gihugu nzokwereka.
2 I will make you into a great nation, and I will bless you; I will make your name great, so that you will be a blessing. Nzokugira ihanga rikomeye kandi nzoguhezagira; izina ryawe nzorigira rurangiranwa, kandi uzobera abandi umuhezagiro.
3 I will bless those who bless you, and whoever curses you I will curse; and through you all the families of the earth will be blessed." Abazoguhezagira nzobahezagira, kandi abazokuvuma nzobavuma; imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa biciye kuri wewe.”
4 Abram went as our Father told him, and Lot went with him. Abram was seventy-five when he left Haran. Nuko Aburamu aca aragenda nk’uko Uhoraho yamutegetse ajana n’umuhungwabo Loti. Igihe yava i Harani, Aburamu yari amaze imyaka mirongo indwi n’itanu.
5 Abram took his wife Sarai, his nephew Lot, all the possessions they had gathered, and the people they had acquired in Haran, and set out for the land of Canaan, and came to the land of Canaan. Nuko agenda ajanye n’umugore wiwe Sarayi, n’umuhungwabo Loti, n’ibintu vyose bari batunze hamwe n’abantu bose bari baronkeye i Harani, maze berekeza mu gihugu c’i Kanani, baragenda bashikayo.
6 Abram passed through the land to the site of Shechem, to the oak of Moreh. The Canaanites were then in the land. Aburamu aca muri ico gihugu ashika ahitwa i Shekemu, ku giti kinini ca More. Muri ico gihe, Abanyakanani ni bo baba muri ico gihugu.
7 Then our Father appeared to Abram and said, "To your offspring I will give this land." So Abram built an altar there to our Father, who appeared to him. Hanyuma Uhoraho yiyereka Aburamu, aramubwira ati: “Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu.” Aburamu aca yubakira Uhoraho yamwiyeretse igicaniro aho hantu.
8 From there he moved to the hill country east of Bethel and pitched his tent, Bethel to the west, Ai to the east. He built an altar there to our Father and called on our Father's name. Inyuma y’aho, Aburahamu yerekeza mu bumanuko, ashinga amahema mu misozi yaho. Mu burengero hari Beteli, mu buseruko hakaba Hayi. Aho na ho ahubakira Uhoraho ikindi gicaniro, maze asenga Uhoraho.
9 Then Abram continued on his way, journeying toward the Negev. Hanyuma Aburamu arabandanya aja mu bumanuko, agenda aracumbika, atumbereye i Negebu.
10 Since famine struck the land, Abram went down to Egypt to stay there, for the famine was severe in the land. Hanyuma muri ico gihe hatera inzara ikomeye muri ico gihugu, bituma Aburamu aja kuba muri Egiputa ahamara igihe.
11 Nearing Egypt, he said to his wife Sarai, "I know you are a beautiful woman. Bagira bashike muri Egiputa, Aburamu abwira umugore wiwe Sarayi ati: “Ndazi ko uri umugore mwiza cane.
12 When the Egyptians see you, they'll say, 'This is his wife,' and kill me but keep you alive. Abanyegiputa nibakubona bazovuga bati: ‘Uwu ni umugore wiwe.’ Bazoca banyica, ariko wewe bakureke ubeho.
13 Please say you're my sister, so it goes well for me because of you, and I stay alive for your sake." Ndagusavye rero uze ubabwire ko uri mushikanje; ivyo bizotuma bamfata neza ntibanyice kubera wewe.”
14 When Abram entered Egypt, the Egyptians saw that the woman was very beautiful. Aburamu ashitse muri Egiputa, Abanyegiputa babona ko umugore wiwe ari mwiza cane.
15 Pharaoh's officials saw her, praised her to Pharaoh, and the woman was taken into Pharaoh's palace. Abaganwa ba Farawo bamubonye na bo babwira Farawo ubwiza bwiwe. Maze baca bajana Sarayi ku kirimba c’umwami.
16 He treated Abram well for her sake, and Abram acquired sheep, cattle, male and female donkeys, male and female servants, and camels. Ivyo vyatumye umwami afata Aburamu neza amuha intama, impene, inka, indogoba z’ingabo n’ingore, abakozi b’abahungu n’abakobwa n’ingamiya, ku bwa Sarayi.
17 But our Father struck Pharaoh and his household with severe plagues because of Sarai, Abram's wife. Ariko Uhoraho ateza Farawo n’umuryango wiwe ivyago bitandukanye kubera Sarayi, umugore wa Aburamu.
18 Pharaoh summoned Abram: "What is this you've done to me? Why didn't you tell me she was your wife? Nuko Farawo atumako Aburamu aramubaza ati: “Ibi wankoreye ni ibiki? Ni kuki utambwiye ko ari umugore wawe?
19 Why did you say, 'She's my sister,' so I took her as my wife? Here's your wife now—take her and go." Ni kuki wavuze ngo ni mushikawe, bigatuma ndamugira umugore wanje? Ubu rero, ng’uwo umugore wawe. Mwakire muce muva aha mugende!”
20 Pharaoh ordered his men about Abram, and they sent him off with his wife and all he owned. Nuko Farawo ategeka bamwe mu bakozi biwe kwirukana Aburamu, bamurungikana n’umugore wiwe n’ivyo yari atunze vyose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]