Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 13 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Abram went up from Egypt to the Negev, he, his wife, all he had, and Lot with him. Nuko Aburamu ava muri Egiputa asubira i Negebu, ari kumwe n’umugore wiwe Sarayi, n’umuhungwabo Loti, n’ivyo bari batunze vyose.
2 Now Abram had become very rich in livestock, in silver, and in gold. Ico gihe Aburamu yari afise ibitungwa vyinshi, n’ifeza n’inzahabu.
3 He went by stages from the Negev to Bethel, to the place between Bethel and Ai where his tent stood before, Nuko ava ni Negebu, agenda aracumbika, ashika i Beteli, muri ca kibanza cari hagati ya Beteli na Hayi, aho yari yarashinze amahema ubwa mbere.
4 and where he had first built an altar. There Abram called on the name of our Father. Aho ni ho Aburamu yari yarubatse igicaniro, akahasengera Uhoraho.
5 Now Lot, who was traveling with Abram, also had flocks and herds and tents. Loti, umwe yagumye agendana na Aburamu, na we yari afise ibitungwa bininibinini na bitobito hamwe n’amahema.
6 The land could not support them living together; their possessions were too great to stay together. Ariko aho hantu bari ntihashobora kubakwira bari kumwe, kuko ivyo bari batunze vyari vyinshi bituma badashobora kugumana.
7 A quarrel arose between Abram's herders and Lot's herders. The Canaanites and Perizzites were living in the land at that time. Nuko haduka impari hagati y’abungere b’imikuku ya Aburamu n’ab’imikuku ya Loti. Muri ico gihe, Abanyakanani n’Abaperizi ni bo baba muri ico gihugu.
8 Abram said to Lot, "Let's not quarrel—you and me, or your herders and mine—we're brothers. Aburamu abwira Loti ati: “Ntihakwiye kuba impari hagati y’abungere bawe n’abanje, kuko turi incuti.
9 Isn't the whole land before you? Please, separate from me: if left, I'll go right; if right, I'll go left." Igihugu cose kiri imbere yawe. Ndakwinginze tuvane. Niwahitamwo i bubamfu, ndaja i buryo; niwahitamwo i buryo, ndaja i bubamfu.”
10 Lot looked up and saw that the whole Jordan plain toward Zoar was well watered everywhere—like our Father's garden, like Egypt's land. (This was before our Father destroyed Sodom and Gomorrah.). Nuko Loti yunamura amaso araba ikiyaya ca Yorodani yerekeye i Zowari. Ako karere karimwo inzuzi nyinshi, nk’itongo ry’Uhoraho canke nk’igihugu ciza ca Egiputa. Aho hari imbere y’uko Uhoraho arandura ibisagara vya Sodomu na Gomora.
11 Lot chose the whole Jordan plain for himself and traveled eastward; the two parted from each other. Maze Loti yihitiramwo ikiyaya cose ca Yorodani agenda atumbereye mu buseruko. Uko ni ko bavanye.
12 Abram lived in the land of Canaan; Lot lived among the cities of the plain and pitched tents as far as Sodom. Nuko Aburamu ahitamwo kuba mu gihugu c’i Kanani, Loti na we aja kuba mu bisagara vyo muri ca kiyaya, ashinga amahema yiwe hafi y’i Sodomu.
13 Now the people of Sodom were wicked, sinning greatly against our Father. Abantu b’i Sodomu bakora ibibi vyinshi kandi bacumura k’Uhoraho.
14 After Lot parted from him, our Father told Abram, "Look up from where you stand: north, south, east, and west. Loti amaze kugenda, Uhoraho abwira Aburamu ati: “Unamura amaso yawe uhereye aha uri, urabe mu mihingo yose: mu buraruko, mu bumanuko, mu buseruko no mu burengero.
15 For all the land that you see I will give to you and to your children forever. Iki gihugu cose ubona nzokiguha wewe n’uruvyaro rwawe kibe icanyu ibihe vyose.
16 I will make your children like the dust of the earth—if the dust of the earth can be counted, so can your children. Uruvyaro rwawe nzorugwiza nk’umukungugu wo kw’isi ku buryo ata muntu azoshobora kubaharura.
17 Get up, walk the land's length and breadth, for I am giving it to you." Gendagenda mu gihugu cose, kuko ndakikugabiye.”
18 Abram pitched his tents, went and settled by the oaks of Mamre at Hebron, and built an altar there to our Father. Nuko Aburamu yimura amahema yiwe aja kuba i Heburoni hafi y’ibiti binini vya Mamure. Aho na ho ahubakira Uhoraho igicaniro.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]