Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 11 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now the whole earth had one language and a common speech. Muri ico gihe, abantu bose baba kw’isi bavuga ururimi rumwe, bagakoresha n’amajambo amwe.
2 And as they migrated eastward, they found a plain in the land of Shinar and settled there. Bamaze kwimukira mu buseruko, basanga ikiyaya mu gihugu ca Shinari, baca bagereraho.
3 They said to each other, "Come, let's make bricks and fire them hard." They used brick for stone, tar for mortar. Nuko baravugana bati: “Nimuze tubumbe amatafari tuyaturire neza.” Muri ico gihugu bubakisha amatafari mu gishingo c’amabuye n’ikaburimbi mu gishingo c’isima n’umusenyi.
4 Then they said, "Come, let's build us a city and tower with its top in the sky, and make us a name, so we don't scatter over the face of the whole earth." Baravuga bati: “Nimuze twiyubakire igisagara gifise umunara ushika mw’ijuru. Ivyo bitume tumenyekana cane kandi bitume tudashwiragira kw’isi yose.”
5 But our Father came down to see the city and the tower that the people were building. Maze Uhoraho amanukanwa no kuraba ico gisagara n’umunara abo bantu bariko barubaka.
6 And our Father said, "Look, they are one people with one language, and this is only the start of what they will do. Now nothing they plan to do will be impossible for them. Aravuga ati: “Aba bantu bagiye hamwe kandi bavuga ururimi rumwe. Ko batanguye gukora ibi, nta kintu na kimwe bazoshaka gukora kizobananira.
7 Come, let's go down there and scramble their language, so no one understands a neighbor's language." Reka tumanuke dutume haba indimi nyinshi, maze bazazanirwe vyanke ko bumvikana.”
8 So our Father scattered them from there across all the earth's face, and they stopped building the city. Uko ni ko Uhoraho yabashwiragirije kw’isi yose, bituma batabandanya kwubaka ca gisagara.
9 So it was called Babel, for there our Father confused all the earth's language, and from there scattered them over all the earth's face. Ni co gituma ico gisagara ciswe Babeli, kuko aho ni ho Uhoraho yateye abantu kuzazanirwa kubera indimi nyinshi, maze abashwiragiza kw’isi yose.
10 This is Shem's account: at 100, he fathered Arpachshad, two years after the flood. Uru ni rwo rukurikirane rw’abagize umuryango wa Shemu. Shemu amaze imyaka ijana, aca avyara Arupakisade; aho hari haheze imyaka ibiri inyuma y’umwuzure.
11 Shem lived 500 years after he fathered Arpachshad, and had other sons and daughters. Arupakisade amaze kuvuka, Shemu yabayeho iyindi myaka amajana atanu, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
12 When Arpachshad had lived thirty-five years, he fathered Shelah. Arupakisade amaze imyaka mirongo itatu n’itanu, yavyaye Shela.
13 Arpachshad lived 403 years after he fathered Shelah, and had other sons and daughters. Shela amaze kuvuka, Arupakisade yabayeho iyindi myaka amajana ane n’itatu, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
14 When Shelah had lived thirty years, he fathered Eber. Shela amaze imyaka mirongo itatu, yavyaye Eberi.
15 Shelah lived 403 years after he fathered Eber, and had other sons and daughters. Eberi amaze kuvuka, Shela yabayeho iyindi myaka amajana ane n’itatu, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
16 When Eber had lived thirty-four years, he fathered Peleg. Eberi amaze imyaka mirongo itatu n’ine, yavyaye Pelegi.
17 Eber lived 430 years after he fathered Peleg, and had other sons and daughters. Pelegi amaze kuvuka, Eberi yabayeho iyindi myaka amajana ane na mirongo itatu, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
18 When Peleg had lived thirty years, he fathered Reu. Pelegi amaze imyaka mirongo itatu, yavyaye Rewu.
19 Peleg lived 209 years after he fathered Reu, and had other sons and daughters. Rewu amaze kuvuka, Pelegi yabayeho iyindi myaka amajana abiri n’icenda, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
20 When Reu had lived thirty-two years, he fathered Serug. Rewu amaze imyaka mirongo itatu n’ibiri yavyaye Serugi.
21 Reu lived 207 years after he fathered Serug, and had other sons and daughters. Serugi amaze kuvuka, Rewu yabayeho iyindi myaka amajana abiri n’indwi, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
22 When Serug had lived thirty years, he fathered Nahor. Serugi amaze imyaka mirongo itatu, yavyaye Nahori.
23 Serug lived 200 years after he fathered Nahor, and had other sons and daughters. Nahori amaze kuvuka, Serugi yabayeho iyindi myaka amajana abiri, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
24 When Nahor had lived twenty-nine years, he fathered Terah. Nahori amaze imyaka mirongo ibiri n’icenda, yavyaye Tera.
25 Nahor lived 119 years after he fathered Terah, and had other sons and daughters. Tera amaze kuvuka, Nahori yabayeho iyindi myaka ijana na cumi n’icenda, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
26 When Terah had lived seventy years, he fathered Abram, Nahor, and Haran. Tera amaze imyaka mirongo indwi, yavyaye Aburamu, Nahori na Harani.
27 Now these are the generations of Terah. Terah fathered Abram, Nahor, and Haran; and Haran fathered Lot. Uru ni rwo rukurikirane rw’abagize umuryango wa Tera. Tera yavyaye Aburamu, Nahori na Harani. Harani na we yavyaye Loti.
28 Haran died in his birthplace, Ur of the Chaldeans, before his father Terah. Ariko Harani yapfiriye muri Uri mu Bakaludaya, mu gihugu ciwe c’amavukiro, se Tera akiriho.
29 Abram and Nahor married; Abram's wife was Sarai, and Nahor's wife was Milcah, daughter of Haran, who was also the father of Iscah. Maze Aburamu na Nahori na bo bararongora. Umugore wa Aburamu yitwa Sarayi; umugore wa Nahori na we yitwa Milika, akaba yari umukobwa wa Harani, uwo Harani ni we yari se wa Isika kandi.
30 Now Sarai was unable to conceive; she had no children. Sarayi yari ingumba, ntiyashobora kuronka umwana.
31 Terah took his son Abram, his grandson Lot son of Haran, and his daughter-in-law Sarai, Abram's wife, and left Ur of the Chaldeans for Canaan; they reached Haran and settled there. Umusi umwe Tera ava muri Uri mu Bakaludaya aja i Kanani ajanye na Aburamu umuhungu wiwe, n’umwuzukuru wiwe Loti, umuhungu wa Harani, hamwe n’umukazana wiwe Sarayi, umugore wa Aburamu. Ariko bashitse i Harani, baca bagereraho.
32 Terah lived 205 years, and died in Haran. Tera yamaze imyaka amajana abiri n’itanu, hanyuma apfira i Harani.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]