Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then our Father told Moses, "Now you'll see what I'll do to Pharaoh: with a strong hand he'll send them out; with a strong hand drive them from his land." Maze Uhoraho abarira Mose iti: “Rindira gato wirabire ivyo nkorera Farawo. Ku bw’ukuboko kwanje kw’inkomezi, azobarekura bagende; ku bw’ukuboko kwanje kw’inkomezi, azobirukana bave mu gihugu ciwe.”
2 Our Father spoke to Moses and said to him, "I am your Father. Imana yongera iramubwira iti: “Ndi Uhoraho.
3 I appeared to Abraham, Isaac, and Jacob as El Shaddai—our Father Almighty—but they didn't know me by my name, Father. Niyeretse Aburahamu, Isaka na Yakobo, ndabiyereka nk’Imana Mushoboravyose, ariko sinigeze ndabibwira muri iryo zina ryanje ari ryo Uhoraho.
4 I also confirmed my covenant with them, to give them Canaan, land where they lived as foreigners. Kandi nabasezeraniye ko nzobaha igihugu c’i Kanani, ico babayemwo nk’abanyamahanga.
5 I have also heard the groaning of the Israelites, whom the Egyptians enslave, and remembered my covenant. Icongeyeko narumvise amarira y’abantu banje bari mu buja muri Egiputa, nca nibuka isezerano nabasezeraniye.
6 Tell Israel's sons: I am your Father. I will bring you out from under Egypt's burdens, rescue you from their slavery, and redeem you with an extended arm and great judgments. None rero barira Abisirayeli uti: ‘Ndi Uhoraho, nzobakura musi y’agacinyizo k’Abanyegiputa. Nzobabohora mureke kubabera abagurano, nzogorora ukuboko kwanje ndabacungure nkoreshe n’ibikorwa bikomeye bigaragaza urubanza mbaciriye.
7 I'll take you as my children, be your Father. You'll know I am your Father, freeing you from under Egypt's burdens. Nzobagira abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu. Ni ho muzomenya ko ndi Uhoraho Imana yanyu nabakuye mu gacinyizo k’Abanyegiputa.
8 I will bring you to the land I swore, hand raised, to give to Abraham, to Isaac, and to Jacob, and give it to you as a possession. I am your Father." Nzobajana mu gihugu narahiye manitse ukuboko ko nzogiha Aburahamu, Isaka na Yakobo. Nzokibaha kibe inyegu yanyu. Ni jewe Uhoraho ndabivuze.’ ”
9 Moses told the Israelites this, but they wouldn't listen to Moses because of their broken spirit and their harsh slavery. Maze Mose yiganira Abisirayeli ivyo Imana yamubwiye, ariko ntibamwumviriza kuko bari baciwe intege n’agacinyizo gahambaye barimwo.
10 Then our Father said to Moses, Uhoraho abarira Mose ati:
11 "Go, tell Pharaoh king of Egypt to let the Israelites go out of his land." “Genda ubarire Farawo umwami wa Egiputa arekure Abisirayeli bave muri iki gihugu.”
12 But Moses said in our Father's presence, "If the Israelites won't listen to me, why would Pharaoh? I speak poorly." Ariko Mose abarira Uhoraho ati: “Nimba Abisirayeli batanyumviriza, mbega Farawo yonyumviriza gute ntazi no kuvuga?”
13 Now our Father spoke to Moses and Aaron, ordering them regarding the Israelites and Pharaoh king of Egypt, to bring the Israelites out of Egypt. Maze Uhoraho avugana na Mose na Aroni, ababwira ivyo babwira Abisirayeli na Farawo umwami wa Egiputa, ngo bakure Abisirayeli muri Egiputa.
14 Heads of their fathers' houses: Reuben's sons, Israel's firstborn—Hanoch, Pallu, Hezron, Carmi. These were Reuben's clans. Aba ni bo baserukira imiryango yabo: Bene Reyubeni ari we mfura mu bahungu ba Isirayeli bari aba: Enoki, Palu, Hezironi na Karumi. Abo ni bo bari bagize imiryango ya Reyubeni.
15 Simeon's sons: Jemuel, Jamin, Ohad, Jachin, Zohar, and Shaul son of a Canaanite woman—Simeon's clans. Bene Simeyoni bari: Yemuweli, Yamini, Ohadi, Yakini, Zohari na Sawuli yavyaye ku Munyakananikazi. Abo na bo bari bagize imiryango ya Simiyoni.
16 Sons of Levi by their generations: Gershon, Kohath, Merari. Levi lived 137 years. Aya ni yo mazina y’abahungu ba Lewi nk’uko vyanditswe: Gerishoni, Kohati, na Merari. (Lewi yamaze imyaka ijana na mirongo itatu n’indwi.)
17 The sons of Gershon: Libni and Shimei, by their clans. Abahungu ba Gerishoni uko imiryango yabo yari imeze ni: Libuni na Shimeyi.
18 The sons of Kohath: Amram, Izhar, Hebron, and Uzziel. Kohath lived 133 years. Abahungu ba Kohati bari aba: Amuramu, Izihari, Heburoni na Uziyeli. (Kohati yamaze imyaka ijana na mirongo itatu n’itatu.)
19 The sons of Merari: Mahli and Mushi. These were the clans of Levi according to their generations. Abahungu ba Merari bari aba: Mahuli na Mushi. Iyo ni yo miryango ya Lewi uko yanditswe:
20 Amram married his father's sister Jochebed; she bore him Aaron and Moses. He lived 137 years. Amuramu yarongoye mushiki wa se yitwa Yokebedi, bavyarana Aroni na Mose. (Amuramu yabayeho imyaka ijana na mirongo itatu n’indwi.)
21 The sons of Izhar: Korah, Nepheg, and Zichri. Abahungu ba Izihari bari aba: Kora, Nefegi na Zikuri.
22 The sons of Uzziel: Mishael, Elzaphan, and Sithri. Abahungu ba Uziyeli bari aba: Mishayeli, Elizafani, na Situri.
23 Aaron married Elisheba daughter of Amminadab, sister of Nahshon; she bore him Nadab, Abihu, Eleazar, and Ithamar. Aroni yarongoye Elisheba umukobwa wa Aminadabu akaba na mushiki wa Nahashoni, bavyarana Nadabu, Abihu, Eliyazeri na Itamari.
24 The sons of Korah: Assir, Elkanah, and Abiasaph. These were the clans of the Korahites. Abahungu ba Kora bari aba: Asiri, Elukana, na Abiyasafu. Ni bo bari bagize imiryango ya Kora.
25 Eleazar, Aaron's son, married one of Putiel's daughters; she bore him Phinehas. These are heads of Levite houses, by clan. Eliyazeri mwene Aroni yarongoye umwe mu bakobwa ba Putiyeli, bavyarana Finehasi. Abo ni bo bari abakuru b’imiryango ikomoka kuri Lewi, ukurikije abakuru b’amazu.
26 This was Aaron and Moses whom our Father told, "Bring Israel out of Egypt by their divisions." Uwo Aroni nyene na Mose ni bo Uhoraho yabwiye ati: “Kura Abisirayeli muri Egiputa uko imiryango yabo iri.”
27 These spoke to Pharaoh king of Egypt to bring the Israelites out of Egypt: Moses and Aaron. Ni bo babwiye Farawo umwami wa Egiputa ngo arekure Abisirayeli.
28 Now on the day our Father spoke to Moses in the land of Egypt, Igihe Uhoraho yavugana na Mose ari muri Egiputa yamubwiye ati:
29 our Father told him, "I am your Father. Tell Pharaoh king of Egypt all I tell you." “Ndi Uhoraho. Genda ubwire Farawo umwami wa Egiputa ivyo ndakubariye vyose.”
30 But Moses said before our Father, "Since I speak poorly, how will Pharaoh listen to me?" Ariko Mose abwira Uhoraho ati: “Mbega ko ntazi no kuvuga, ni igiki cotuma Farawo anyumvira?”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]