Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father told Moses, "See, I have made you as God to Pharaoh, and Aaron your brother will be your prophet. Uhoraho abarira Mose ati: “Ehe nakugize nk’Imana kuri Farawo, Aroni na we ndamugira nk’umuvugishwa wawe.
2 You will speak all I command you; Aaron your brother will tell Pharaoh to send the Israelites out of his land. Nimugende mumubwire ivyo ndagutegeka vyose, Aroni na we abarire Farawo arekure Abisirayeli bave mu gihugu ciwe.
3 But I will harden Pharaoh's heart and multiply my signs and wonders in the land of Egypt. Ariko nzokomantaza umutima wa Farawo, hanyuma ngwize ibitangaza n’ibimenyetso vyanje muri Egiputa.
4 Pharaoh won't listen to you, so I'll set my hand against Egypt and bring my armies—my people, Israel's descendants—out of the land of Egypt through great judgments. Ndetse n’aho nyene, Farawo ntazobumvira. Ariko Egiputa nzohakubitisha ukuboko kwanje hamwe n’ibikorwa vyanje vy’inkomezi, maze ndokore ingabo zanje ari bo Bisirayeli, ndabakuze muri ico gihugu ibihano bikomeye.
5 The Egyptians will know I am the Father when I reach out my hand against Egypt and bring Israel's people out from among them." Kandi Abanyegiputa bazomenya ko ndi Uhoraho ninaramvurira ukuboko kwanje kuri Egiputa ngakurayo Abisirayeli.”
6 Moses and Aaron did so; they did just as our Father had commanded them. Mose na Aroni babikora uko Uhoraho yabibabwiye.
7 Now Moses was eighty years old and Aaron eighty-three years old when they spoke to Pharaoh. Igihe bavugana na Farawo, Mose yari afise imyaka mirongo umunani, Aroni na we yari afise imyaka mirongo umunani n’itatu.
8 Then our Father said to Moses and Aaron, Uhoraho abarira Mose na Aroni ati:
9 when Pharaoh tells you, "Prove yourselves with a wonder," say to Aaron, "Take your staff, throw it down before Pharaoh, and it will become a serpent." “Farawo niyababwira ngo mukore igitangaza, muzofate iyo nkoni muyiterere imbere yiwe, izoca ihinduka inzoka.”
10 Moses and Aaron went to Pharaoh and did as our Father commanded. Aaron threw his staff before Pharaoh and his servants, and it became a snake. Nuko Mose na Aroni baca baja kwa Farawo, babigenza nk’uko nyene Uhoraho yabibategetse. Aroni aterera ya nkoni imbere ya Farawo n’abantu biwe, ica ihinduka inzoka.
11 So Pharaoh also summoned wise men and sorcerers, and Egypt's magicians did the same with their secret arts. Farawo na we aca atumako ba kamenyi n’abapfumu biwe, maze abo ba kamenyi b’Abanyegiputa na bo baca bakora ikimenyetso gisa n’ico nyene bakoresheje amareba yabo,
12 Each one threw down his staff, and they became serpents. But Aaron's staff swallowed up their staffs. baterera inkoni zabo hasi zica zicika inzoka. Ariko ya nkoni ya Aroni ica imiragura za nkoni zabo.
13 Pharaoh's heart hardened; he wouldn't listen to them, as our Father had said. Farawo akomantaza umutima, ntiyabumvira nk’uko Uhoraho yari yarabivuze.
14 Then our Father said to Moses, "Pharaoh's heart is unyielding; he refuses to let the people go. Uhoraho abarira Mose ati: “Umutima wa Farawo wakomantaye. Yanse kurekura abantu ngo bagende.
15 Go to Pharaoh in the morning as he goes out to the water. Stand on Nile's bank to meet him, and take in your hand the staff that turned into a snake. Muzoje kumuraba ejo mu gatondo agiye ku ruzi. Muzomutegerere ku nkengera y’uruzi Nili, muzogende mujanye na ya nkoni yacika inzoka.
16 Say to him: our Father of the Hebrews sent me to you, saying, "Let my people go to serve me in the wilderness." Yet until now you have not listened. Muzomubwire muti: ‘Uhoraho, Imana y’Abaheburayo yakudutumyeko ngo rekura abantu biwe bagende, kugira ngo baje kumusengera mu bugaragwa. Kandi gushika ubu wanse kumwumvira.
17 This is what our Father says: "By this you will know I am the Father: look, with the staff in my hand I will strike the Nile's water, and it will turn to blood. None rero uku ni ko Uhoraho avuze: Iki ni co kigiye kukwereka ko ndi Uhoraho: Ngira nkubitishe iyi nkoni uruzi Nili, ruce ruhinduka amaraso.
18 Fish in the Nile will die, the Nile will stink, and Egyptians won't be able to bear to drink water from the Nile."'" Amafi yo mu ruzi azoca apfa, kandi uruzi ruzonuka. Abanyegiputa ntibazoba bagisubira kunywa amazi yarwo.’ ”
19 Our Father said to Moses, "Tell Aaron: Take your staff and stretch out your hand over Egypt's waters—over their rivers, canals, ponds, and all their reservoirs—and they will become blood. Blood will fill all Egypt, even in vessels of wood and stone." Uhoraho abarira Mose ati: “Barira Aroni uti: ‘Fata inkoni yawe, uramvure ukuboko hejuru y’amazi ya Egiputa: inzuzi zaho zose, imigende, ayari mu binogo, n’ayari mu bushinguro, yose aca acika amaraso. Amaraso aca aba ahantu hose muri Egiputa, no mu bivomesho bikozwe mu biti canke mu mabuye.’ ”
20 Moses and Aaron did as our Father commanded: before Pharaoh and his servants, Aaron raised the staff and struck the Nile's water, and all its water turned to blood. Mose na Aroni baca babikora uko Uhoraho yabibategetse. Aroni aramvura ya nkoni ari imbere ya Farawo n’abatware biwe, akubita amazi y’uruzi Nili, ubwo nyene amazi aca ahinduka amaraso.
21 The fish in the Nile died, the Nile stank, and the Egyptians could not drink water from the Nile. Blood was in all the land of Egypt. Amafi yo muri urwo ruzi aca arapfa, amazi aranuka, Abanyegiputa ntibaba bagishobora kuyanywa. Maze amaraso yuzura hose muri Egiputa.
22 But Egypt's magicians did the same with their secret arts. So Pharaoh's heart stayed hard; he wouldn't listen to them, as our Father had said. Na ho nyene abanyamareba b’Abanyegiputa bakora ibisa n’ivyo, umutima wa Farawo uca urakomantara, yanka kwumvira Mose na Aroni nk’uko Uhoraho yari yabivuze.
23 Pharaoh turned and went into his house, and he did not take even this to heart. Farawo aca asubira ku kirimba, ntiyanashira umutima ku vyabaye.
24 All the Egyptians dug along the Nile for water to drink, since they couldn't drink the Nile's water. Maze Abanyegiputa bimba ibinogo i ruhande y’uruzi barondera amazi, kuko batashobora kunywa amazi y’urwo ruzi.
25 Seven full days passed after our Father struck the Nile. Nuko haca imisi indwi Uhoraho ateye ico cago urwo ruzi Nili.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]