Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Afterward Moses and Aaron went to Pharaoh and said, "This is what our Father of Israel says: Let my people go to hold a feast for me in the wilderness." Inyuma y’ivyo, Mose na Aroni baja kwa Farawo baramubwira bati: “Uhoraho, Imana y’Abisirayeli avuze ngo: ‘Rekura abantu banje baje kungirira imisi mikuru mu bugaragwa.’ ”
2 Pharaoh said, "Who is God, that I should obey his voice and let Israel go? I don't know God, and I won't let Israel go." Farawo arabishura ati: “Uhoraho ni nde aho ndamwumvira nkareka Abisirayeli ngo bagende? Uhoraho nta we nzi, kandi sindabarekura ngo bagende.”
3 They said, "Our Father has met with us. Let us take a three-day journey into the wilderness to sacrifice to our Father, or he may strike us with plague or sword." Na bo baramwishura bati: “Imana y’Abaheburayo yaratwiyeretse. Tureke rero dufate urugendo rw’imisi itatu, tuje mu bugaragwa gushikanira ibimazi Uhoraho Imana yacu, kuko bitabaye gutyo yotumarisha ivyago canke inkota.”
4 But Egypt's king said to them, "Moses and Aaron, why pull the people from their work? Get back to your labor!" Ariko umwami wa Egiputa arabishura ati: “Mose na Aroni, ni igiki gitumye mutera abantu ubunebwe, mukabatesha ibikorwa vyabo? Nimusubire ku bikorwa vyanyu!”
5 Pharaoh said, "Look, the land's people are now many, and you'd have them stop working!" Yongerako ati: “Raba abantu banyu baragwiriye muri iki gihugu, none muriko murababuza gukora!”
6 That same day Pharaoh commanded the slave drivers and the foremen over the people: Uwo musi nyene Farawo aca aha itegeko abantu bakoresha abagurano b’Abisirayeli ati:
7 "Stop giving the people straw for bricks as before. They must go gather straw themselves. “Ntimuzosubire kubaha ivyatsi vyo gukoresha mu kubumba amatafari, kuva ubu ni bo bazohora bavyironderera,
8 Require the same brick quota as before; don't reduce it. They're lazy; that's why they cry, 'Let us go sacrifice to our God.' kandi igitigiri c’amatafari bahora babumba ntikizogabanywa. Ni abanebwe, ni co gituma bariko barikomesha induru bavuga ngo: ‘Tureke tuje gushikanira Imana yacu ibimazi.’
9 Make the work harder for the men, so they keep at it and ignore lies." Nimubongerereze ibikorwa kugira ngo bagume bakora ntibaronke akanya ko kwumviriza amajambo y’ibinyoma.”
10 The slave drivers and foremen went out and told the people, "Pharaoh says: 'I will give you no more straw.' Abo bakoresha abagurano baca baragenda babwira abantu bati: “Uku ni ko Farawo avuze: Sinzosubira kubaha ivyatsi vyo gukoresha mu kubumba amatafari.
11 Go get your own straw wherever you find it—but your work will not be reduced at all.'" Nabe ari mwebwe mwironderera iyo mubikura, ariko igitigiri c’amatafari mwahora mukora ku musi ntikizogabanuka.”
12 So the people scattered throughout all the land of Egypt to gather stubble for straw. Maze abantu bose bakwiragira Egiputa begeranya ivyatsi vyo gukoresha.
13 The slave drivers kept pressing them: "Finish your daily quota, just as when you had straw." Ababakoresha babandanya babacunaguza, bababwira bati: “Mutegerezwa gukwiza igitigiri c’amatafari mwahora mubumba babahaye ivyatsi mukoresha.”
14 The Israelite foremen, whom Pharaoh's slave drivers had set over them, were beaten and asked, "Why haven't you met your brick quota yesterday and today, as before?" Hanyuma abakozi ba Farawo bakoresha abagurano bagakubita Abisirayeli bashizeho ngo barongore benewabo, bababaza bati: “Ni kubera iki mutakwije igitigiri c’amatafari mwategerezwa kubumba, haba ejo canke uwu musi nk’uko mwahora?”
15 Then the Israelite foremen came and cried out to Pharaoh, "Why do you treat your servants this way? Maze abo barongozi b’Abisirayeli baca baja kwitwara kwa Farawo bavuga bati: “Ni iki catumye udukorera ibi, twebwe abasavyi bawe?
16 No straw is given your servants, yet they tell us, 'Make bricks!' Look, your servants are beaten, but your own people are at fault." Nta vyatsi duhabwa, ariko tukabwirwa ngo ‘Bumba amatafari!’ Twebwe abasavyi bawe twirirwa turakubitwa; ivy’abantu bawe badukorera ni akarenganyo.”
17 Pharaoh said, "Lazy! You're lazy! That's why you say, 'Let us go and sacrifice to God.' Farawo arabishura ati: “Mwa binebwe mwe! Muri ibinebwe, ni co gituma mwama muvuga ngo ‘Tureke tuje gushikanira ibimazi Uhoraho.’
18 Now go, work. No straw will be given you, yet you must deliver your full quota of bricks." Subira ku bikorwa! Nta vyatsi muzoronswa, kandi mutegerezwa gukwiza igitigiri c’amatafari mwategetswe.”
19 The Israelite foremen saw they were in trouble when told, "Don't reduce your daily quota of bricks." Abarongozi b’Abisirayeli baca barabona noneho ko bagowe cane babwiwe ko ata musi n’umwe bazobura gushitsa igitigiri c’amatafari bagenewe kubumba.
20 When they left Pharaoh, they found Moses and Aaron waiting to meet them, Bavuye kwa Farawo, basanga Mose na Aroni babarindiririye hanze.
21 and said to them, "May our Father look on you and judge, for you have made us a stench to Pharaoh and his officials, putting a sword in their hand to kill us." Abo barongozi babwira Mose na Aroni bati: “Uhoraho abone ivyo mwatugiriye maze abahane. Mwatumye Farawo n’abantu biwe batuzinukwa, mwashize inkota mu biganza vyabo ngo batwice.”
22 Then Moses returned to our Father and said, "My Sovereign Father, why have you brought trouble on this people? Why did you ever send me? Maze Mose ahindukirira Uhoraho aravuga ati: “Ewe Mana, ni iki gitumye utera amagorwa aba bantu? Iki ni co catumye undungika?
23 Since I went to Pharaoh to speak in your name, he has harmed this people, and you have not rescued your people at all." Igihe cose nagiye kwa Farawo mw’izina ryawe, yababereye mubi gusumba uko yahora, kandi nawe ntaco wigeze ukora kugira ngo ubatabare.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]