Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 27 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Make the altar of acacia wood: seven and a half feet long, seven and a half feet wide, square, and four and a half feet high. Muzonyubakire igicaniro mukoresheje imbaho z’igiti c’ikasiya gifise uburebure n’ubwaguke bingana ku rugero rw’ingero z’igice c’ukuboko zitatu, n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’igihagararo.
2 Make horns on its four corners, horns of one piece with it; overlay it with bronze. Muzogihe amahembe ane mu mfuruka zine, kandi azobe akozwe kimwe n’igicaniro, hanyuma mucomekeko umwakaka.
3 Make pots to clear its ashes, shovels, basins, forks, and firepans; make all its utensils bronze. Bazogikorere ibikoresho vyose bijana n’igicaniro, ari vyo vy’ibi: udukono two kuyoreramwo umunyota, ivyo kuyoza umunyota, ibipawa, ivyo kwokoza inyama, n’ico kurahurirako umuriro. Ivyo bizokorwe mu mwakaka.
4 Make for it a grating, a bronze net; on the net make four bronze rings at its four corners. Muzogicurire akayungiro ko kwokerezako mu mwakaka, bagashireko ibigombo bine mu mfuruka zine zako.
5 Set it under the ledge of the altar, so that the net reaches halfway up the altar. Bazogashire musi y’imbiga z’igicaniro, amaja hagati na hagati mu gicaniro.
6 Make poles for the altar, poles of acacia wood, and overlay them with bronze. Ico gicaniro muzogikorere imyamba miremire ibiri y’ikasiya, muyomekeko umwakaka.
7 Put the poles through the rings, on the two sides of the altar, to carry it. Iyo myamba muzoyicishe muri vya bigombo, ishike ku mpande zompi izokoreshwe mu kurerura igicaniro.
8 Make it hollow, with boards, as shown to you on the mountain—so they are to make it. Ico gicaniro kizoba gikozwe mu mbaho, kimeze nk’isandugu ipfunduruye, nk’uko mwavyerekewe ku musozi.
9 "Make the tabernacle's courtyard: curtains of finely twisted linen on the south side, about 150 feet long for that side. Iryo hema ry’ibonaniro rize ryubakirwe urugo: uruhande rwo mu bumanuko ruzogire ingero z’igice c’ukuboko ijana z’uburebure, rugizwe n’igitambara c’inyuzi zera zihinze neza.
10 Twenty posts with twenty bronze bases; the posts' hooks and bands, silver. Ico gitambara kizoba gifashwe n’inkingi mirongo ibiri n’ivyo zihagazeko mirongo ibiri bikozwe mu mwakaka, n’imirinda icuzwe mw’ifeza hamwe n’ibifatanije izo nkingi.
11 On the north side too, curtains 150 feet long, with twenty posts, twenty bronze bases, and silver hooks and bands for the posts. No ku ruhande rwo mu buraruko urwo ruzitiro ruzogire ingero z’igice c’ukuboko ijana z’uburebure, rugizwe na ca gitambara nyene n’inkingi mirongo ibiri n’ivyo zihagazeko mirongo ibiri bicuzwe mu mwakaka, n’imirinda yo kukimanika n’igitambikwa co kukimanikako bikozwe mw’ifeza.
12 For the courtyard's west width: curtains seventy-five feet long, ten posts, ten bases. Mu burengero urwo rugo ruzogire ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu, rugire n’igitambara, hamwe n’inkingi icumi n’ivyo zihagararako icumi nyene.
13 The width of the courtyard on the east side, toward the sunrise, is about seventy-five feet. Ku ruhande rwo mu buseruko, urwo rugo ruzogire ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu nyene.
14 Curtains for one side of the gate: about twenty-two and a half feet, with three posts and three bases. Ku ruhande rumwe ruriko urwinjiriro hazobe igitambara c’ingero z’igice c’ukuboko icumi na zitanu, n’inkingi zaco zitatu n’ivyo ziterekwako bitatu nyene,
15 On the other side, curtains twenty-two and a half feet, three posts, three bases. no ku rundi ruhande hazobe igitambara c’ingero z’igice c’ukuboko icumi na zitanu, n’inkingi zaco zitatu n’ivyo ziterekwako bitatu nyene.
16 The courtyard gate's screen: thirty feet, blue, purple, and scarlet yarn with finely twisted linen, embroidered, with four posts and four bases. Urwinjiriro rw’urugo ruzogire igitambara c’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’uburebure, kijishwe mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera zihinze neza, kijishwe n’abahinga karuhariwe, n’inkingi zine n’ibitereko vyazo.
17 All posts around the courtyard: banded with silver, hooks silver, bases bronze. Inkingi zose zigize urugo zizofatanywe n’imitambikwa hamwe n’imirinda bikozwe mw’ifeza, n’ivyo ziterekwako bicuzwe mu mwakaka.
18 The courtyard: about 150 feet long, seventy-five feet wide throughout, seven and a half feet high—fine twisted linen, bronze bases. Urugo ruzogire ingero z’igice c’ukuboko ijana z’uburebure, ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu z’ubwaguke, n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’uburebure bw’amaduga. Ibiterekwako inkingi vyose bizobe bicuzwe mu butare bw’umwakaka.
19 All the tabernacle's equipment, whatever its use, all its pegs, and the courtyard's pegs—all of bronze. Ibindi bikoresho bitandukanye vyose bikenewe muri iryo Hema, harimwo n’imambo zo gufata ibitambara vyaryo, bizocurwe mu mwakaka.
20 "Command the Israelites to bring you pure, pressed olive oil for the light, to keep a lamp burning continually. Ubarire Abisirayeli bazane amavuta ya elayo ateguwe neza, yo gucana amatara, kugira ngo azogume yaka ibihe vyose.
21 In the tent of meeting, outside the curtain before the testimony, Aaron and his sons are to tend it from evening to morning before our Father—a lasting statute for their generations, on behalf of the Israelites." Igiterekwako amatara kizoba gihagaze mw’Ihema ry’Ibonaniro, hino y’igitambara gikingira Isandugu y’Isezerano. Aroni n’abahungu biwe bazokwame bitwararika ayo matara kugira ngo azokwame yakira imbere y’Uhoraho kuva ku mugoroba gushika mu gitondo. Iryo rize ribe ibwirizwa ku Bisirayeli rihoraho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]