Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 24 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 He said to Moses, "Come up to me—you and Aaron, Nadab and Abihu, and seventy elders of Israel—and bow in worship from a distance. Uhoraho abarira Mose ati: “Duga aho ndi, mwe na Aroni, na Nadabu, na Abihu, n’abakuru barongoye abandi mirongo indwi bo mu Bisirayeli. Munsenge muhagaze kure.
2 Only Moses may approach me; the others must not approach, and the people must not go up with him." Mose wenyene abe ari we yegera Uhoraho. Ariko abandi ntibanyegere kandi ntihagire n’uwudugana na we ku musozi.”
3 Moses came and told the people all our Father's words and all the rules. All the people answered as one, "Everything our Father has said, we will do." Maze Mose aramanuka, yiganira abantu ivyagezwe n’amabwirizwa Uhoraho abahaye. Abantu bose bishurira rimwe bati: “Ivyo Uhoraho adutegeka vyose tuzobikora.”
4 Moses wrote down all the words of our Father, then rose early in the morning and built an altar at the mountain's foot, with twelve pillars for the twelve tribes of Israel. Nuko Mose yandika ivyo Uhoraho yamubariye vyose. Bukeye azinduka kare yubaka igicaniro ku ntango y’uwo musozi, ashinga n’inkingi z’amabuye icumi na zibiri zerekana imiryango icumi n’ibiri ya Isirayeli.
5 He sent young Israelite men who offered burnt offerings and sacrificed bulls as peace offerings to our Father. Maze arungika abasore b’Abisirayeli bashikanira Uhoraho ibimota neza n’ibimazi vy’amashuri biturirwa n’umuriro, hamwe n’ibimazi vy’ishimwe.
6 Moses took half the blood, put it in basins; the other half he splashed on the altar. Mose afata igice c’amaraso yavyo ayashira mw’ibesani, ayandi ayamija ku gicaniro.
7 Then he took the Book of the Covenant and read it aloud to the people. They said, "Everything our Father has spoken, we will do and obey." Hanyuma afata igitabu c’isezerano, agisomera abantu. Na bo basubira kwishurira rimwe bati: “Ivyo Uhoraho atubwiye vyose tuzobikora; tuzomwumvira.”
8 Moses took the blood, sprinkled it on the people, and said, "Look, the blood of the covenant our Father made with you, based on all these words." Maze Mose aca afata ya maraso ari mw’ibesani ayamijagira ku bantu arababwira ati: “Aya ni amaraso y’isezerano Uhoraho agiranye namwe, nk’uko ayo majambo yose avuze.”
9 Then Moses and Aaron, Nadab and Abihu, and seventy of the elders of Israel went up. Inyuma y’ivyo, Mose aca adugana na Aroni na Nadabu, na Abihu, na ba bakuru mirongo indwi bo mu Bisirayeli
10 They saw the Father of Israel; under his feet, something like a pavement of sapphire, clear as the sky itself. maze babona Imana, musi y’ibirenge vyayo hari hameze nk’ahashashe utubuye tw’agaciro twitwa lapisi lazuli, hasa n’ijuru ritagirako igicu.
11 He did not lay a hand on Israel's leaders; they saw our Father, ate, and drank. Kandi Uhoraho ntiyagize ico agira abo bakuru b’Abisirayeli; maze bibonera Imana, bararya, baranywa.
12 Our Father told Moses, "Come up the mountain to me and stay there; I will give you stone tablets with the law and commandment I wrote to teach them." Uhoraho abarira Mose ati: “Duga aho ndi ngaha ku musozi ugumeho, nanje nzoguha ibisate vy’amabuye nanditseko Ivyagezwe n’amabwirizwa kugira ngo uzovyigishe abantu.”
13 Moses set out with Joshua his assistant, and Moses went up the mountain of our Father. Maze Mose ava hasi, ajana na Yosuwa uwamufasha, aduga ku musozi w’Imana.
14 He told the elders, "Wait here for us until we return to you. Aaron and Hur are with you—whoever has a dispute may go to them." Abarira ba bakuru ati: “Muturindirire hano gushika tugarutse. Aroni na Huri bari kumwe namwe, nihagira uwugira ico apfa n’uwundi muri mwebwe, baze bitware kuri bo.”
15 When Moses went up on the mountain, the cloud covered it, Mose amaze kuduga kuri wa musozi, igipfungu gica kirawutwikira,
16 the glory of our Father settled on Mount Sinai, and the cloud covered it six days, and on the seventh day he called to Moses from within the cloud. ubwiza bw’Imana burururuka kuri uwo musozi Sinayi, ca gipfungu kimara imisi itandatu kiwupfutse. Ku musi ugira indwi Uhoraho ahamagara Mose ari muri ca gipfungu.
17 To the Israelites, our Father's glory looked like a consuming fire on the mountaintop. Ku Bisirayeli bari ku ntango y’uwo musozi, ubwo bwiza bw’Uhoraho bwari bumeze nk’umuriro utongora kuri uwo musozi hejuru.
18 Moses entered the cloud and climbed the mountain; Moses stayed on the mountain forty days and forty nights. Mose na we yinjira muri ico gipfungu aduga kuri uwo musozi, amarayo imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]