Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 23 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Don't spread a false report or join hands with the wicked as a malicious witness. Ntugakwiragize ibinyoma. Ntukifatanye n’abanyakibi mu kubabera icabona c’ibinyoma.
2 "Do not follow a majority to do wrong, or testify in a dispute siding with a majority to pervert justice, Ntugashire aho abenshi bashize mu kibi. Niwahamagarwa kuba icabona mu rubanza, ntuzohubishe ubutungane mu gushira aho benshi bashize,
3 and do not show favoritism to a poor person in his lawsuit. kandi ntimuze mugoreke urubanza kugira ngo mufashe umukene gutsinda.
4 "If you find your enemy's ox or his donkey straying, surely return it to him. Niwahura n’inka canke indogoba y’umwansi wawe iriko irayerera, uzoyigarure uyicure kwa nyeneyo.
5 If you see your enemy's donkey collapsed under its load, don't leave it—help him free it. Niwasanga indogoba y’uwukwanka yatembagaranye n’ivyo yikoreye, ntuzoyirengane. Ahubwo uzoyivyure ubiyikureko.
6 "Do not deny justice to your poor in their lawsuits. Mu mburano ntimuze murenganye umukene.
7 Keep far from false charges; do not kill the innocent and righteous, for I won't acquit the guilty. Ntihazogire uwo mubeshera. Ntimuzocire urwo gupfa uwutaco azira canke imvugakuri, kuko ata na rimwe nemera ko uwutagira icaha atsindwa.
8 "Take no bribe—it blinds the clear-sighted and twists the words of the righteous. Ntimuzorye ibiturire, kuko bihuma amaso y’ababona, bikagoramika amajambo y’intungane.
9 "Do not oppress a foreigner—you know a foreigner's heart, since you were foreigners in the land of Egypt. Ntimuze mucinyize umunyamahanga; namwe ubwanyu murazi ico ari co kuba umunyamahanga, kuko mwahoze muri abanyamahanga muri Egiputa.
10 "For six years you are to sow your land and gather its produce, Muzomare imyaka itandatu murima amatongo yanyu mwongera mwimbura,
11 but the seventh year, release it and leave it unplowed, so the poor of your people may eat; what remains, wild animals may eat. Do the same for your vineyard and olive grove. ariko umwaka ugira indwi muzoreke kurima ayo matongo, kugira ngo isi igarure akanovera; kandi muhareke haboneke ivyimeza, kugira ngo abakene bari muri mwebwe bagire ico kurya baharonka, n’ibikoko bironke ku vyo bazoba basigaje. Muzobigenze mutyo no ku nzabibu n’imyelayo yanyu.
12 "Work six days; rest the seventh, so your ox and donkey may rest, and your slave woman's son and the foreigner may catch their breath. Muzokore mu misi itandatu, ariko ku musi ugira indwi ntimuzokore, kugira ngo inka zanyu n’indogoba ziruhuke, n’abagurano bavukiye muri mwebwe, ndetse n’abanyamahanga basubire kuronka inkomezi.
13 "Be on guard for all I have said to you. Do not mention other gods' names; let them not be heard on your lips. Mubere maso ivyo ndababwiye vyose. Ntihagire izindi mana muzokwambaza, ntimuze mucishe amazina yazo mu kanwa kanyu.
14 "Three times a year you are to hold a festival to me. Ku mwaka muze mugire imisi mikuru itatu ku bwanje.
15 Keep the Festival of Unleavened Bread: eat unleavened bread seven days, as I commanded, at the set time in the month of Abib—for then you left Egypt. No one may appear before me empty-handed. Ubwa mbere muzongirira umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro. Muzomara imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro, nk’uko nabibategetse. Uwo musi muze mwame muwugira ibihe vyose mu kwezi kwa Abibu, kuko ari kwo mwaviriyemwo muri Egiputa. Ntihaze hagire umuntu aza imbere yanje ata shikanwa anzaniye.
16 Keep the Harvest Festival—firstfruits of your produce sown in the field—and the Ingathering Festival at the year's end, when you gather your produce from the field. Ubwa kabiri, muzohimbaze umusi mukuru w’ivyimburwa vya mbere mukuye mu mirima yanyu. Hanyuma muzohimbaze n’umusi w’umwimbu wa vyose mu mpera y’umwaka, mwegeranije ivyimburwa vyo mu mirima yanyu.
17 Three times a year all your males are to appear before the Sovereign Father. Muri iyo misi mikuru itatu, izina muhungu wese w’Umwisirayeli aze yame arenguka imbere y’Uhoraho Nyeninganji.
18 "Don't offer my sacrifice's blood with anything leavened, or leave the fat of my festival offering till morning. Ntimuze munshikanire amaraso y’ibimazi ari kumwe n’ikindi kintu ico ari co cose kirimwo umwambiro. Ibinure vyo mu vyo muzonshikanira muri iyo misi mikuru ntibize birare ngo bishike mu gitondo.
19 "Bring the best of your soil's firstfruits to your Father's house. Do not cook a young goat in its mother's milk. Muze mushikane mu nzu y’Uhoraho Imana yanyu ivyeze ku mwimbu wa mbere unoboye w’imirima yanyu. Ntimuze muteke umwagazi w’impene mu mata ya nyina.
20 "See, I send a messenger before you to guard you on the way and bring you to the place I have prepared. Raba, ndungitse umumarayika imbere yanyu ngo abarongore gushika abashikane aho nabateguriye.
21 Be on guard before him and obey his voice. Do not defy him—he won't forgive your rebellion, for my name is within him. Muze mumutege amatwi, mwumvire ico azobabwira cose. Ntimuzomugararize, kuko ntazokwihanganira ubugarariji bwanyu, kuko izina ryanje riri muri we.
22 But if you truly listen to his voice and do all I say, I will be enemy to your enemies, adversary to your foes. Nimwumvira rwose ivyo azobabwira, mugakora ivyo nababwiye vyose, nzoba umwansi w’abansi banyu, kandi nzogwanya ababagwanya.
23 My messenger will go ahead of you, bring you to the Amorites, Hittites, Perizzites, Canaanites, Hivites, and Jebusites, and I will wipe them out. Umumarayika wanje azobarongora abashitse mu gihugu c’Abamori, Abaheti, Abaperizi, Abanyakanani, Abahiwi n’Abayebusi, nanje nzobarandura bose.
24 Do not bow to their gods, serve them, or follow their practices. Tear them down completely and smash their sacred pillars to pieces. Ntimuzokwunamire imana zabo canke ngo muzisenge, canke ngo mwigane imigenzo yabo. Muzozisangangure mwongere mumenagure amabuye yazo muyace ubunywenywe.
25 You are to serve your Father, and he will bless your bread and your water; I will remove sickness from among you. Muze musenge Uhoraho Imana yanyu, imigisha yiwe izoba ku vyokurya no ku mazi yanyu, nanje nzobarinda ingwara.
26 None will miscarry or be barren in your land; I will fill your days. Nta gukorora inda canke kuba ingumba bizoba mu gihugu canyu. Nzobaha kuramba.
27 I will send my terror ahead of you, confuse every nation you meet, and make all your enemies turn their backs to you. Nzorungika igitinyiro canje kije imbere yanyu, ntere ubwoba abantu bo mu gihugu mugiye kwinjiramwo. Nzotuma abansi bari imbere yanyu bose babahunga.
28 I will send the hornet ahead of you, driving out the Hivites, Canaanites, and Hittites before you. Nzorungika amavubi abitangire imbere yirukane Abahiwi, Abanyakanani, n’Abaheti.
29 I won't drive them out before you in one year, or the land will become desolate and wild animals will multiply against you. Ariko sinzobirukana mu mwaka umwe, kuko igihugu cohinduka ishamba, hakagwira ibikoko bikabatera.
30 Little by little I will drive them out before you, until you multiply and possess the land. Nzobirukana bukebuke nkurikije uko muzoba mungana, gushika aho muzoba mwagwiriye mukuzura igihugu cose.
31 I will set your border from the Red Sea to the Philistine Sea, and from the wilderness to the River, for I will hand the land's people to you, and you will drive them out before you. Nzobashingira akarimbi uhereye ku Kiyaga Gitukura ukageza ku Kiyaga Mediterane, no kuva ku bugaragwa buri mu buseruko ukageza ku ruzi Efurate. Nzorekurira mu maboko yanyu ababa muri ico gihugu, namwe muze mubirukane.
32 Do not make a covenant with them or with their gods. Ntihaze hagire isezerano mugirirana na bo canke ngo murigirirane n’imana zabo.
33 They must not live in your land, or they will make you sin against me—if you serve their gods, it will surely trap you." Ntimuzobareke ngo babe mu gihugu canyu, kuko botuma muncumurako. Nimwasenga imana zabo muzoba muguye mu mutego wo gusenga ibigirwamana.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]