Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 22 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Whoever steals an ox or sheep, then kills or sells it, repays five cattle for the ox, four sheep for the sheep. Nihagira uwiba inka canke intama, akayibaga canke akayigurisha, azorihe inka zitanu zo gushumbusha nyene iyo nka, n’intama zitanu zo gushumbusha nyene iyo ntama.
2 If a thief is caught breaking in and beaten to death, no bloodguilt for it. Umusuma niyicwa ariko aramena inzu y’umuntu, uwumwishe ntazoharurweko amaraso yiwe.
3 If sunrise finds him, bloodguilt is his. He must repay; if he has nothing, he's sold for his theft. Ariko bibaye izuba ryamaze guseruka, uwuzomwica azoharurweko amaraso yiwe. Umusuma wese azofatwa azosubize ivyo yivye vyose, niyaba ata co afise co kubiriha, azogurishwe kugira ngo ivyo yivye birihwe.
4 If the stolen animal is found alive in his possession—ox, donkey, or sheep—he must repay double. Nihagira uwiba inka canke indogoba canke intama hanyuma akayifatanwa, uwo musuma azobirihe incuro zibiri.
5 "If someone lets livestock loose and it grazes in another's field or vineyard, he repays with the best of his field and the best of his vineyard. Umuntu niyaragira ibitungwa vyiwe mu mirima yiwe canke mu ruzabibu rwiwe, hanyuma akonesha umurima w’abandi, azorihe ku mwimbu wiwe mwiza wa mbere w’imirima yiwe canke inzabibu ziwe.
6 "If fire spreads and catches thornbushes, burning stacked grain, standing grain, or the field, whoever started it must repay in full. Nihagira uwuturira ishamba hanyuma umuriro ukarandagata, ugashikira umurima w’uwundi, ugaturira ingano zitekeye canke izihagaze canke umurima wose; uwawudometse azorihe ivyo uzoba waturiye vyose.
7 "If someone entrusts a neighbor with silver or goods, and it's stolen from his house, the thief—if caught—pays back double. Umuntu niyabitsa umubanyi wiwe ifeza canke inzahabu kugira ngo abishingure neza hanyuma bikibirwa mu nzu y’uwo mubanyi, uwavyivye niyafatwa azobirihe incuro zibiri.
8 If the thief isn't found, the householder must come before our Father to see if he took his neighbor's property. Ariko uwavyivye natafatwa, nyene iyo nzu azorenguke imbere y’Imana kugira ngo basuzume ko atari we yavyivye.
9 For any disputed ox, donkey, sheep, garment, or lost item claimed as his, both come before our Father; whoever our Father condemns pays double to his neighbor. Nihagira abantu bagira amatati bagapfa inka, indogoba, intama, impuzu canke ikindi kintu cose catakaye umwe wese yiyitirira, bompi bazoze imbere y’Imana. Uwuzotsindwa azobirihe mugenziwe incuro zibiri.
10 "If someone gives his neighbor a donkey, ox, sheep, or any animal to guard, and it dies, is hurt, or is taken unseen, Umuntu niyabikisha mugenziwe indogoba, inka, intama canke ikindi gitungwa ico ari co cose, hanyuma kigapfa canke kigakomereka, canke kikibwa ata wundi yabibonye,
11 an oath before me settles the matter between them: the keeper did not lay a hand on his neighbor's property. The owner accepts it; no repayment is due. uwo yari abitunze azorahirire imbere y’Uhoraho. Uhoraho niyemeza ko uwo mubanyi ata co yivye, nyene co azovyemere, kandi ntaze yake indishi.
12 But if the animal was in fact stolen from him, he must make restitution to its owner. Ariko nibasanga yaraciyibishije, azohe indishi nyene co.
13 If it was torn apart, he must bring it as proof; he owes nothing for the torn animal. Nimba catabaguwe n’igikoko, azozane ibisigarira kugira ngo bibe ivyemeza: ntazoheza ngo abazwe ico gitungwa.
14 "If someone borrows an animal from a neighbor and it's injured or dies without the owner present, full repayment is required. Umuntu niyatira igitungwa kwa mugenziwe hanyuma kigakomereka canke kigapfa nyene co atari ho ari, uwagitiye azokirihe.
15 If its owner was with it, he owes nothing; if the animal was hired, the fee covers the loss. Ariko hagize ico kiba nyene co ari ngaho, uwagitiye ntazokirihe. Nimba igitungwa cari cakoteshejwe, amahera cakoteshejwe azobe ari yo ndishi.
16 "If a man entices an unengaged virgin and sleeps with her, he must pay bride price and marry her. Nihagira uwuryosharyosha inkumi itarakobwa akayisambanya, azorihe inkwano nk’uko umugenzo ubitegekanya, ace aba umugore wiwe.
17 If her father flatly refuses to give her to him, he must weigh silver equal to virgins' bride-price. Ariko se w’umukobwa niyanka kumumuha, na ho nyene azotange inkwano itangirwa inkumi.
18 "You shall not allow a sorceress to live. Ntimuzoreke abarozi ngo babeho.
19 "Whoever has sexual relations with an animal must surely be put to death. Nihagira uwusambana n’igikoko azokwicwe.
20 "Whoever sacrifices to any god other than me alone must be completely destroyed. Nihagira uwutangira ikimazi iyindi mana atari jewe Uhoraho azorandurwe.
21 "Do not wrong or oppress a foreigner, for you were foreigners in the land of Egypt. Ntimugakorere ikibi umunyamahanga canke ngo mumurenganye, kuko namwe mwigeze kuba abanyamahanga muri Egiputa.
22 "You shall not mistreat any widow or orphan. Ntimukarenganye abapfakazi n’impfuvyi.
23 If you do mistreat them, and they cry out to me, I will surely hear their cry. Nimwabarenganya bakandirira, nzokwumva amarira yabo.
24 My anger will flare; I will kill you by the sword—your wives widows, your children fatherless. Uburake bwanje buzoziriringa ndabaranduze inkota, abagore banyu babe abapfakazi, abana banyu na bo babe impfuvyi.
25 "If you lend money to my people, the poor among you, don't be a creditor to him or charge him interest. Nimwagurana amahera umwe mu bantu banje ari muri mwebwe akenye, ntimuzobikore nk’abadandaza, ntihagire inyungu muzomusaba.
26 If you take your neighbor's cloak as a pledge, you must return it to him by sunset, Niwaka mugenzawe umutamana nk’ingwati, izuba ntirizorenge utarawumusubiza,
27 it's his only covering, his cloak for his skin. What will he sleep in? When he cries out to me, I'll hear, for I'm compassionate. kuko uwo mutamana ushobora kuba ari wo wonyene afise wo kwipfuka. Nutawumusubiza azoheza yipfuke iki mw’ijoro? Niyandirira nzokwumva amarira yiwe, kuko ndi umunyembabazi.
28 "You shall not speak evil of our Father, nor curse a ruler of your people. Ntimugatuke Imana, canke ngo muvume abaganza ubwoko bwanyu.
29 "Do not delay giving the fullness of your harvest and your juice. Give me the firstborn of your sons. Ntimuze mwigungireko ngo mureke kunshikanira amashikanwa yo ku mwimbu wanyu no ku binyobwa vyanyu. Muzonshikanire abana banyu b’abahungu b’imfura.
30 Do the same with your ox and sheep: keep it with its mother seven days, then give it to me on the eighth day. Muzobikore mutyo no ku bitungwa vyanyu. Umwagazi canke inyana izomarane na nyina wayo imisi indwi, ku musi ugira umunani muzozinshikanire.
31 "Be holy people to me. Do not eat meat torn by beasts in the field—throw it to the dogs." Muri abantu banje bejejwe; none rero ntimuzorye inyama z’igitungwa cishwe n’igikoko. Muzogiterere imbwa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]