Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now a man from the house of Levi went and married a daughter of Levi. Ico gihe umugabo wo mu muryango wa Lewi arongora umugore wo muri uwo muryango nyene.
2 The woman conceived and bore a son; seeing he was healthy, she hid him three months. Uwo mugore asama inda, avyara umwana w’umuhungu. Abonye ingene uwo mwana ari mwiza, aca aramunyegeza kumara amezi atatu.
3 Unable to hide him longer, she got a papyrus basket, coated it with tar and pitch, put the child in, and set it among the reeds on the Nile's bank. Ariko, abonye ko atagishoboye kuguma amunyegeje, aca yakira agaseke gakozwe mu nkorogoto, aragahoma neza akoresheje ikaburimbi n’uburembo, hanyuma aca amutereka mu rufunzo rwo ku nkengera y’uruzi Nili.
4 His sister stood at a distance to see what would happen to him. Mushiki w’uwo mwana aca ahagarara hirya yaho kugira ngo arabe ivyomushikira.
5 Pharaoh's daughter went down to bathe at the Nile, her maids walking along the Nile. She saw the basket among the reeds, sent her maid to get it. Hanyuma umukobwa wa Farawo amanuka ku ruzi kwiyuhagira, incoreke ziwe na zo ziba ziratembera ku nkengera y’uruzi. Nuko abona ka gaseke kari mu rufunzo aca atuma incoreke yiwe kukamuzanira.
6 She opened it, saw the child—a baby boy, crying. Her heart went out to him, and she said, "This is one of the Hebrew children." Agapfunduruye asanga karimwo umwana. Uwo mwana yariko ararira hanyuma aca amugirira impuhwe, aravuga ati: “Uwu ategerezwa kuba ari umwe mu bana b’Abaheburayo.”
7 His sister asked Pharaoh's daughter, "Should I call a Hebrew woman to nurse the child for you?" Maze mushiki w’uwo mwana aca abaza uwo mukobwa wa Farawo ati: “Nje mu Baheburayokazi kukuronderera umugore yomukwonkereza, akamurera?”
8 "Yes, go," Pharaoh's daughter answered. So the girl went and called the child's mother. Na we aramwishura ati: “Egome, genda.” Mushikiwe aca aja guhamagara nyina wiwe.
9 Pharaoh's daughter told her, "Take this child and nurse him for me; I'll pay your wages." The woman took the child and nursed him. Wa mukobwa wa Farawo aramubwira ati: “Akira uwu mwana umunyonkereze, nzoguhera.” Wa mugore aca aramwakira aja kumurera.
10 The boy grew; she brought him to Pharaoh's daughter, who adopted him, naming him Moses: "Because I drew him from the water." Umwana amaze gukura, aca amutwara kwa wa mukobwa wa Farawo, aba umuhungu wiwe. Aca amwita Mose, risobanurwa ngo: “Namukuye mu mazi.”
11 In those days Moses grew up, went out to his people, saw their burdens, and saw an Egyptian striking a Hebrew, one of his relatives. Igihe kimwe, Mose amaze gukura, aja aho abantu bo mu bwoko bwiwe baba, abona n’ibikorwa biruhije bariko barakora. Niho yabona Umunyegiputa ariko arakubita Umuheburayo w’iwabo.
12 He glanced around and, seeing no one, killed the Egyptian and hid him in the sand. Amaze kuraba hirya no hino akabona ko ata n’umwe amubona, aca yica wa Munyegiputa, ikiziga ciwe akinyegeza mu musenyi.
13 Next day he went out, saw two Hebrews fighting, and asked the offender, "Why hit your companion?" Bukeye bw’aho asubiyeyo, abona Abaheburayo babiri bariko baragwana. Nuko abaza uwatanguye mugenziwe ati: “Ni kubera iki uriko urakubita Umuheburayo mwenewanyu?”
14 He said, "Who made you ruler and judge over us? Are you thinking of killing me as you killed the Egyptian?" Moses was afraid and thought, "Indeed, the matter is known." Na we aramwishura ati: “Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu? Ugomba kunyica nk’uko wishe wa Munyegiputa?” Kuva ubwo Mose aca agira ubwoba yiyumvira ati: “Bwabundi ivyo nakoze vyaramenyekanye.”
15 Pharaoh heard and sought to kill Moses; he fled from Pharaoh, settled in the land of Midian, and sat by a well. Maze Farawo avyumvise, aca arondera ingene yokwica Mose, ariko Mose aramuhunga aja kuba mu karere ka Midiyani. Ashitseyo aja kwicara kw’iriba.
16 Midian's priest had seven daughters; they came to draw water and fill the troughs to water their father's flock. Kandi, hariho umuherezi w’i Midiyani yari afise abakobwa indwi, maze baza kuvoma amazi ngo buzuze ubwato ibitungwa vya sewabo binywe.
17 When the shepherds came and drove them away, Moses got up, rescued them, and watered their flock. Nuko abandi bungere baca baraza, barabirukana, ariko Mose arahaguruka arabagwanira, banywesha ibitungwa vyabo.
18 When they returned to their father Reuel, he asked, "Why have you come back so early today?" Ba bakobwa batashe, se Reyuweli, arababaza ati: “Vyagenze gute ko mutashe kare uno musi?”
19 They said, "An Egyptian saved us from the shepherds, even drew us water and watered the flock." Na bo baramwishura bati: “Hari Umunyegiputa yadukingiye abungere, yongera atuvomera amazi duca tunywesha umukuku.”
20 "Where is he?" he asked his daughters. "Why did you leave the man? Call him to eat." Aca arababaza ati: “None ari hehe? Ni kubera iki mwamusizeyo? Nimumuhamagare tumufungurire.”
21 Moses agreed to stay with the man, who gave his daughter Zipporah to Moses in marriage. Nuko Mose aremera ubutumire, aca agumaho, abana na bo. Haheze igihe Reyuweli amuha umukobwa wiwe yitwa Zipora, aba umugore wiwe.
22 She bore a son; Moses named him Gershom, saying, "I have been a foreigner in a foreign land." Hanyuma Zipora avyara umwana w’umuhungu, Mose amwita Gerishomu, risobanurwa ngo: “Nabaye akavantara mu gihugu kitari ic’iwacu.”
23 Long after, Egypt's king died. Israel's sons groaned from slavery, cried out; their cry rose to our Father from slavery. Haciye ikindi gihe kirekire, umwami wa Egiputa arapfa. Abisirayeli batakambishwa n’imibabaro y’ubuja barimwo, bararira, maze ugutaka kwabo kuraduga gushikira Imana.
24 Our Father heard their groaning, and he remembered his covenant with Abraham, with Isaac, and with Jacob. Imana yumva amaborogo yabo, maze yibuka isezerano yasezeraniye Aburahamu na Isaka na Yakobo.
25 Our Father looked on the Israelites, and he understood. Iravye Abisirayeli, bayitera akagongwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]