Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 These are the names of Israel's sons who came to Egypt with Jacob, each with his household: Aya ni yo mazina y’abahungu ba Isirayeli bagiye muri Egiputa bajanye na Yakobo ari we Isirayeli, umwe wese ari kumwe n’umuryango wiwe:
2 Reuben, Simeon, Levi, and Judah, Reyubeni, Simeyoni, Lewi, Yuda,
3 Issachar, Zebulun, and Benjamin, Isakari, Zebuloni, Benyamini;
4 Dan and Naphtali, Gad and Asher. Dani, Nafutali; Gadi, na Asheri.
5 All who descended from Jacob were seventy people; Joseph was already in Egypt. Abakomoka kuri Yakobo bagiye muri Egiputa bari mirongo indwi; Yosefu we yari yaramaze gushika muri Egiputa.
6 Then Joseph died, and all his brothers, and all that generation. Nuko igihe kiragera, Yosefu n’ab’urunganwe rwiwe barapfa.
7 But Israel's people were fruitful, swarmed, multiplied, and grew immensely strong, till the land was filled with them. Ababakomotseko ari bo Bisirayeli bavyara abana n’abuzukuru benshi cane; baragwira, baba abantu bahambaye birengeje, buzura igihugu cose.
8 Now a new king came to power in Egypt, who did not know Joseph. Maze muri Egiputa, himikwa uwundi mwami atigeze amenya ivya Yosefu.
9 He said to his people, "Look, the Israelites are more numerous and powerful than we are. Abwira Abanyegiputa ati: “Murabona ko Abisirayeli babaye benshi kandi bakomeye kuturusha.
10 Come, let's deal shrewdly with them, or they'll multiply, and if war comes, they'll join our enemies, fight us, and leave the land." Dutegerezwa kugira ico dukoze kugira ngo tubabuze kugwira, ahandi ho nihagira intambara itera, bazokwifatanya n’abansi bacu maze batugwanye, hanyuma bave mu gihugu cacu bigire.”
11 So they set taskmasters over them to crush them with forced labor, building Pharaoh's supply cities: Pithom and Rameses. Ni ko guca babagira abagurano babo, bagena ababakurikirana babakoresha ibikorwa bigoye vy’agacinyizo, mu kwubaka ibisagara vy’ubushinguro bwa Farawo vy’i Ramusesi n’i Pitoni.
12 But the more the Egyptians oppressed them, the more the Israelites multiplied and spread out, until the Egyptians dreaded Israel's people. Ariko uko babacinyiza ni ko barushiriza kugwira no gukwiragira hose, kandi Abanyegiputa bikarushiriza kubatera ubwoba.
13 So the Egyptians ruthlessly made the people of Israel work as slaves. Baca barushirizaho kubababarisha ibikorwa vy’ubuja.
14 They made their lives bitter with hard labor in mortar and brick and all kinds of field work. In all their harsh labor the Egyptians worked them ruthlessly. Batuma ubuzima bwabo bubarusha bumera nk’umururazi, mu kubakoresha mu vyondo ibikorwa bibabaza vyo kubumba amatafari, hamwe n’ibindi bitandukanye vyo mu mirima; kandi mu vyo babakoresha vyose bakabababaza cane.
15 Then the king of Egypt said to the Hebrew midwives, one named Shiphrah and the other Puah, Umwami wa Egiputa abarira abakirizi b’Abaheburayokazi, ari bo Shifura na Puwa,
16 "When you assist the Hebrew women in childbirth, watch at the birthstool: if it's a son, kill him; but if a daughter, let her live." ati: “Nimwakira Umuheburayokazi, mugasanga avyaye umuhungu, muzoce mumuniga. Ariko nimwasanga ari umukobwa, muze mumureke abeho.”
17 But the midwives feared our Heavenly Father and did not do as Egypt's king commanded them; they let the boys live. Ariko abo bakirizi barubaha Imana, maze ntibumvira ivyo umwami yabategetse.
18 So the king of Egypt called the midwives and said to them, "Why have you done this, letting the boys live?" Nuko umwami wa Egiputa ahamagaza ba bakirizi arababaza ati: “Ivyo mwakoze ni ibiki? Ni kubera iki mwaretse abana b’abahungu bakabaho?”
19 The midwives told Pharaoh, "Hebrew women aren't like Egyptian women—they're vigorous, giving birth before the midwife arrives." Ba bakirizi baramwishura bati: “Abagore b’Abaheburayokazi ntibameze nk’Abanyegiputakazi; bafise inkomezi, umwakirizi agera kuhashika bamaze kuvyara.”
20 So our Father was good to the midwives, and the people multiplied and grew very strong. Maze Imana igirira neza abo bakirizi, Abisirayeli na bo barushiriza kugwira, baba ihanga rinini.
21 And because the midwives feared our Father, he gave them households of their own. Kandi kuko abo bakirizi bubashe Imana, na yo ica ibaha uruvyaro mu miryango yabo bwite.
22 Then Pharaoh commanded all his people, "Throw every son born to the Hebrews into the Nile, but let every daughter live." Nuko Farawo aca atanga itegeko ku bantu bose ati: “Umwana wese azovuka ari umuhungu muze mumuterere mu ruzi Nili, ariko umukobwa muze mumureke abeho.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]