Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 17 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 All Israel's community left the Wilderness of Sin, journeying stage by stage as our Father commanded, and camped at Rephidim—but there was no water for the people to drink. Ishengero ryose ry’Abisirayeli riva mu bugaragwa bw’i Sini, bagenda barayerera, bava hamwe baja ahandi nk’uko Uhoraho yaba abibategetse. Maze bacumbika i Refidimu, ariko aho hantu nta mazi yariho yo kunywa.
2 The people argued with Moses: "Give us water to drink." Moses replied, "Why argue with me? Why test our Father?" Nuko batatira Mose bavuga bati: “Duhe amazi yo kunywa!” Mose arabishura ati: “Ni kuki muntatira? Ni iki gitumye mugerageza Uhoraho?”
3 The people were thirsty there for water and grumbled against Moses, saying, "Why did you bring us up from Egypt to kill us and our children and our livestock with thirst?" Ariko kubera inyota nyinshi, bakomeza kwidodombera Mose bati: “Ni kuki mwatuduganye mudukuye muri Egiputa mukatuzana kutwicisha inyota twe n’abana bacu n’ibitungwa vyacu?”
4 Moses cried out to our Father, "What should I do with this people? They're about to stone me." Maze Mose abarira Uhoraho ati: “Mbega aba bantu ndabagire gute? Hasigaye gatoya bakantera amabuye.”
5 Our Father said to Moses, "Go ahead of the people. Take some elders of Israel with you, and take in your hand the staff you struck the Nile with, then go. Uhoraho yishura Mose ati: “Ca imbere y’abantu ugende. Uhitane bamwe mu bakuru barongoye abandi mu Bisirayeli, ujane na ya nkoni wakubitisha uruzi Nili, muheze mugende.
6 I will stand there before you on the rock at Horeb. Strike the rock, and water will come out of it for the people to drink." Moses did so as Israel's elders watched. Ndahagarara imbere yanyu ku gitandara c’i Horebu. Nawe uheze ukubite ico gitandara, gica kivamwo amazi, abantu banywe.” Maze Mose abikora gutyo mu maso y’abakuru barongoye abandi mu Bisirayeli.
7 He named the place Massah and Meribah, because the people of Israel quarreled and tested our Father, asking, "Is our Father among us or not?" Aho hantu aca ahita Masa na Meriba, kuko Abisirayeli bahatonganiye bakongera bakahageragereza Uhoraho bavuga bati: “Mbega Uhoraho ari kumwe natwe canke ntari kumwe natwe?”
8 Then Amalek came and fought against Israel at Rephidim. Abisirayeli bakiri i Refidimu, ingabo z’Abamaleki ziraza zirabatera.
9 Moses said to Joshua, "Choose men for us, and go out to fight Amalek. Tomorrow I will stand on the hilltop with our Father's staff in my hand." Mose abarira Yosuwa ati: “Toranya abagabo bashobora kuja kugwanya Abamaleki. Ejo nzohagarara hejuru ku gatwe k’umusozi nitwaje ya nkoni y’Imana mu minwe.”
10 Joshua did as Moses said and fought Amalek; Moses, Aaron, and Hur went up to the hilltop. Nuko Yosuwa agwanya Abamaleki nk’uko Mose yabimubwiye, ariko Mose, Aroni na Huri bobo baduga ku gatwe k’uwo musozi.
11 Now whenever Moses held up his hand, Israel prevailed; but whenever he lowered his hand, Amalek prevailed. Umwanya wose Mose yamara adugije ya nkoni yari afise mu minwe, Abisirayeli baranesha. Ariko arushe akayimanura, Abamaleki baca babanesha.
12 Moses' hands grew heavy, so they set a stone under him and he sat on it, while Aaron and Hur supported his hands, one on each side, so they stayed steady until sunset. Amaboko ya Mose amaze kuruha atagishobora kuguma ayagoroye, Aroni na Huri baca bazana ibuye Mose aryicarako, maze bamugumiriza amaboko hejuru, umwe ku ruhande rumwe uwundi ku rundi, kugira ngo amaboko yiwe agume yemye gushika izuba rirenze.
13 And Joshua overwhelmed Amalek and his people with the edge of the sword. Maze Yosuwa anesha ingabo z’Abamaleki, abamarisha inkota.
14 Our Father told Moses, "Write this in a book as a reminder, and recite it aloud to Joshua: I will completely erase Amalek's memory from under heaven." Uhoraho abarira Mose ati: “Niwandike ibi mu gitabu, kugira ngo bize vyame vyibukwa, kandi ubimenyeshe na Yosuwa, kuko nzorandura Abamaleki ntibazosubire kwibukwa musi y’ijuru.”
15 Moses built an altar and named it "Our Father Is My Banner," Mose aca yubaka igicaniro acita Yehova Nisi, bisigura ngo “Uhoraho ni we bendera ryanje”.
16 and he said, "For a hand is on the throne of our Father: He will war against Amalek generation after generation." Aca avuga ati: “Badugirije amaboko yabo kugwanya Uhoraho, none rero Uhoraho azokwama agwanya Abamaleki uko urunganwe ruzogenda rukurikira urundi.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]