Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 16 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The whole Israelite community set out from Elim and came to the wilderness of Sin, between Elim and Sinai, on the fifteenth day of the second month after leaving the land of Egypt. Abisirayeli bose bava ahitwa Elimu bashika mu bugaragwa b’i Sini, buri hagati ya Elimu na Sinayi, hari ku musi ugira icumi na gatanu wo mu kwezi kugira kabiri kuva bavuye muri Egiputa.
2 And the whole congregation of the people of Israel grumbled against Moses and Aaron in the wilderness. Muri ubwo bugaragwa, bidodombera Mose na Aroni.
3 The Israelites said to them, "If only we had died by our Father's hand in Egypt, sitting by pots of meat, eating bread to the full! For you brought us into this wilderness to kill this whole assembly with hunger." Abisirayeli babawira bati: “Iyo Uhoraho apfuma atwiyicira we nyene tukiri muri Egiputa! Hariya ho twaricara ku nkono z’inyama, tukarya n’imikate tugahimba. Ariko raba mwatuzanye muri ubu bugaragwa kutwicisha inzara.”
4 Then our Father said to Moses, "Look, I will rain bread from heaven for you. Each day the people must go out and gather that day's portion, so I can test them—will they follow my instruction or not? Uhoraho aca abarira Mose ati: “Ngiye kubakororera imikate iva mw’ijuru. Abantu bose bazohore bazinduka mu gatondo, batore iyo bakeneye ku musi gusa. Iki ni co nzobageragerezako kugira ngo ndabe ko bazokurikiza ivyo ndabategetse.
5 On the sixth day, they will prepare what they bring in—twice what they gather daily." Ku musi ugira gatandatu, baze begeranye incuro zibiri iyo bahora begeranya ku yindi misi.”
6 Moses and Aaron told all Israel's people, "At evening you will know it was our Father who brought you out of the land of Egypt, Nuko Mose na Aroni baca babwira Abisirayeli bati: “Muri iri joro muraja kumenya ko Uhoraho ari we yabakuye muri Egiputa,
7 in the morning you'll see the glory of our Father—he's heard your grumbling against him. What are we, that you grumble against us?" kandi ejo mu gatondo muzobona ubwiza bw’Uhoraho, kuko yumvise ingene mwamwidodombeye. Mbega twebwe twakoze iki aho mutwidodombera?”
8 Moses said, "When our Father gives you meat to eat in the evening and all the bread you want in the morning, since he heard your grumbling against him—what are we? Your grumbling isn't against us, but against our Father." Mose yongera arababwira ati: “Uhoraho agiye kubaha inyama muzorya mw’ijoro n’imikate izobahaza mu gatondo, kuko yumvise ingene mwamwidodombeye. Mbega twebwe turi iki? Si twebwe mwidodombeye, ahubwo mwidodombeye Uhoraho.”
9 Moses told Aaron, "Tell all Israel's community, 'Come near before our Father—he's heard your grumbling.'" Maze Mose abarira Aroni ati: “Barira imiryango yose y’Abisirayeli uti: ‘Nimuze imbere y’Uhoraho, kuko yumvise ukwidodomba kwanyu.’ ”
10 Aaron spoke to all Israel's people; they looked toward the wilderness, and our Father's glory appeared in the cloud. Aroni akiriko aravugana n’imiryango yose ya Isirayeli, batereza amaso mu bugaragwa, babona ubwiza bw’Uhoraho bugaragariye mu bicu.
11 And our Father said to Moses, Uhoraho abarira Mose ati:
12 "I have heard Israel's grumbling. Tell them: At twilight you will eat meat; in the morning you will be filled with bread. Then you will know I am your Father." “Numvise ukwidodomba kw’Abisirayeli. Babwire uti: ‘Ku mugoroba w’ijoro, muraja kurya inyama, ejo mu gitondo na ho muzorya imikate muhage. Ni ho muzomenya ko ndi Uhoraho Imana yanyu.’ ”
13 That evening quail came and covered the camp; in the morning a layer of dew lay around it. Kuri uwo mugoroba haza inkware, zuzura aho bacumbitse hose. Mu gatondo na ho haza urume rwinshi rukikuza aho bari bacumbitse.
14 When the layer of dew lifted, fine flakes, fine as frost, covered the wilderness surface. Rwa rume ruheze, hasigara utuntu tumeze nk’utuvunguka tw’imikate twinshi kandi twuzuye hasi.
15 Seeing it, the Israelites asked each other, "What is this?"—not knowing what it was. Moses said, "This is the bread our Father has given you to eat." Abisirayeli babibonye barabazanya bati: “Mbega ibi ni ibiki?” Kuko batigeze bamenya ivyo ari vyo. Mose arababwira ati: “Uwo ni umukate Uhoraho yabahaye ngo murye.”
16 This is what our Father has commanded: "Gather what each person can eat, about two quarts per head, for everyone in your tent." Uhoraho yategetse ati: “Umuntu wese yegeranye ibimuhagije, ajane ingero omeru zikwiye ababa mw’ihema ryiwe.”
17 And the people of Israel did so. They gathered, some more, some less. Abisirayeli babikora uko babibwiwe, bamwe begeranya vyinshi, abandi bike.
18 But when measured by the two-quart measure, whoever gathered much had no surplus, and whoever gathered little had no shortage—each gathered exactly what he could eat. Bamaze kubigera ku ngero yitwa omeru, abegeranije vyinshi basanga ntibirenze na gato ivyo bakeneye, abegeranije bike na bo nyene basanga ntaco bakeheje ku vyo bari bakeneye. Umuntu wese yegeranije, yasanga afise ibihwanye n’ivyo yari akeneye.
19 And Moses said to them, "Let no one leave any of it over until the morning." Mose arababwira ati: “Ntihaze hagire uwubiraza gushika mu gatondo.”
20 They didn't listen to Moses—some left part until morning; it bred worms and stank. Moses was angry with them. Yamara hari abatumviye Mose, barabiraza gushika mu gitondo, ariko basanga vyamaze kuzamwo inyo, binuka nabi. Maze Mose arabarakira.
21 Morning by morning they gathered it, each according to his eating; when the sun grew hot, it melted. Imisi yose mu gatondo, umuntu wese yategerezwa kwegeranya iyo akeneye yose, kuko izuba rimaze gukara yaca ishonga.
22 On the sixth day they gathered double the bread, about four quarts each, and all the leaders of the community came and told Moses. Ku musi ugira gatandatu begeranya nk’iyo bahora begeranya incuro zibiri, ni ukuvuga ingero omeru zibiri ku muntu, maze abakuru barongoye abandi baraza babibarira Mose.
23 He told them, "This is what our Father said: Tomorrow is a solemn rest, a holy Sabbath to your Father. Bake what you'll bake, boil what you'll boil, and keep whatever's left until morning." Na we arababarira ati: “Uku ni ko Uhoraho yategetse: ‘Ejo uzobe umusi w’akaruhuko, Isabato yera y’Uhoraho. Genda mutegure ivyokurya mukeneye, ibisigara mubiraze bibe ivy’ejo.’ ”
24 So they set it aside until morning, as Moses commanded, and it did not stink or breed worms. Maze barabiraza gushika mu gatondo nk’uko Mose yari yabibategetse, kandi ntivyigeze bibora canke ngo binuke.
25 Moses said, "Eat it today; today is a Sabbath to our Father; today you won't find it in the field. Mose arababwira ati: “Ivyo mubirye uno musi, kuko ari Isabato y’Uhoraho. Uno musi nta bindi muza gusanga vyandagaye hasi.
26 Six days you are to gather it, but on the seventh day, the Sabbath, there will be none." Muzomara imisi itandatu muvyegeranya, ariko ku musi w’indwi ari wo w’Isabato ntibizoza.”
27 On the seventh day some of the people went out to gather, but they found none. Ariko, hariho abagiye kuvyegeranya ku musi w’indwi, mugabo ntibagira ico bahasanga.
28 And our Father said to Moses, "How long will you refuse to keep my commandments and my instructions? Maze Uhoraho abarira Mose ati: “Mbega abo bantu bazogeza ryari kutumvira amabwirizwa yanje n’ivyo ndabihanikiriza?
29 See, I have given you the Sabbath; so on the sixth day I give you two days' bread. Everyone, stay in your place; no one may leave your place on the seventh day." Bategerezwa gutahura ko Uhoraho yabahaye Isabato nk’ingabire. Ni co gituma ku musi wa gatandatu yabahaye ivyokurya vy’imisi ibiri. Umwe wese azogume iwe ku musi ugira indwi, ntihazogire uwuja hanze kurondera ivyokurya.”
30 So the people rested on the seventh day. Nuko abantu bose bararuhuka nta wongeye kuja kwegeranya ivyokurya ku musi ugira indwi.
31 The house of Israel named it "manna"; it was like coriander seed, white, and tasted like honey wafers. Abisirayeli bita uwo mukate manu. Uwo mukate wera nk’utubuto tw’igiterwa citwa koriyanderi ugasosa nk’uwurimwo ubuki.
32 Moses said, "This is what our Father commanded: 'Keep about two quarts of it for your generations, so they may see the bread I fed you in the wilderness when I brought you out of the land of Egypt.'" Mose aravuga ati: “Uku ni ko Uhoraho ategetse: ‘Mufate ingero omeru imwe ya manu, muyibike kugira ngo n’abuzukuruza banyu bazobone umukate nabahereye mu bugaragwa igihe nabakura muri Egiputa.’ ”
33 Moses told Aaron, "Take a jar, fill it with about two quarts of manna, and set it before our Father, kept through your generations." Maze Mose abarira Aroni ati: “Fata agakono, ugashiremwo ingero omeru imwe ya manu. Ugatware ugashire imbere y’Uhoraho, ukabikire urunganwe ruzoza.”
34 As our Father commanded Moses, so Aaron placed it before the testimony to be kept. Nuko Aroni abikora nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose, abika ya manu mw’Isandugu y’Isezerano, i ruhande ya vya bisate vy’amabuye vyanditseko amabwirizwa.
35 The Israelites ate manna forty years, until they reached a settled land. They ate manna until they reached the border of the land of Canaan. Abisirayeli bamaze imyaka mirongo ine barya manu kugeza bashitse mu gihugu bari bagiye kubamwo. Bariye manu gushika bashitse ku rubibe rw’i Kanani.
36 (An omer holds about two quarts—one-tenth of an ephah.). Ingero bakoresha mu kugera manu yitwa omeru, yari ic’icumi c’ingero yitwa efa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]