Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ephesians 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 For this reason I, Paul, the prisoner of Christ Jesus on behalf of you Gentiles, Ku bw’ivyo, jewe Pawulo, imbohe ya Kristo Yesu ku bwa mwebwe Abanyamahanga,
2 assuming you've heard of the stewardship of our Father's grace given to me for you, sinkekeranya ko mwumvise ivy’igikorwa Imana yanjeje muri mwebwe co kubashikiriza ubuntu bwayo,
3 how the mystery was made known to me by revelation, as I have briefly written above. kandi iryo ni ibanga nahishuriwe, nk’uko namaze kuvyandikako mu ncamake.
4 When you read this, you can perceive my insight into the mystery of Christ, Nimwasoma ibi rero, muzoshobora gutahura uguhishurirwa mfise kuri iryo banga ryo muri Kristo,
5 which was not known to people in past generations, but now revealed by the Spirit to his holy apostles and prophets, ryari ryarahishijwe abantu bo mu bihe bitandukanye vyarenganye ariko ubu rikaba ryahishuwe na Mpwemu arihishurira intumwa n’abavugishwa bera b’Imana.
6 that the Gentiles are heirs together, members of the same body, and partners together in the promise, in Christ Jesus, through the gospel. Iryo banga ni iri: Abanyamahanga co kimwe n’Abisirayeli, bose iyo bizeye Ubutumwa Bwiza, basangira umugabane w’abana b’Imana. Bose bagize umubiri umwe, kandi basangiye n’isezerano ry’imihezagiro Imana yasezeranye muri Kristo Yesu.
7 I became this gospel's servant through the gift of our Father's grace, given to me by his power at work. Ku bw’ubuntu bwayo n’ubushobozi vyayo vyinshi, naratewe iteka ryo kuba umukozi w’ubwo Butumwa Bwiza ngo ndabukwize hose.
8 Though I am the very least of all saints, this grace was given me: to preach Christ's boundless riches to the Gentiles, Naho ndi uwo hanyuma y’abera bose, ubwo buntu bw’Imana narabugiriwe, ndaronka iryo teka ryo kubwira Abanyamahanga ubutunzi butagira urugero bafise muri Kristo.
9 and show everyone the mystery's plan, hidden for ages in our Father who created all things, Natoranijwe kugira ngo nsigurire umuntu wese ivy’iryo banga ryari ryarahishijwe n’Imana, Umuremyi wa vyose, kuva mu bihe vya kera.
10 so that through the church, the many-sided wisdom of our Father might now be made known to rulers and authorities in the heavens. Intumbero y’Imana muri ivyo vyose, kwari ukugira ngo ubu, biciye mw’ishengero, abatware n’abafise ububasha b’ahantu ho mw’ijuru bamenye ubwenge butagira urugero bw’Imana.
11 This was according to the eternal purpose that he accomplished in Christ Jesus our Lord, Uwo ni wo mugambi wayo w’ibihe bidashira, uwo yashize mu ngiro biciye muri Kristo Yesu Umwami wacu.
12 in whom we have boldness and confident access through faith in him. Muri we, kandi biciye mu kumwizera dushobora kwegera Imana mu mwidegemvyo kandi tudakekeranya.
13 So I ask you: don't lose heart over my suffering for you—it's your glory. Ndabasaba rero ngo ntimwihebuzwe n’imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu, kuko ni icubahiro canyu.
14 For this reason I bow my knees before the Father, Ni co gituma mpfukama imbere ya Data,
15 from whom every family in heaven and on earth takes its name, uwo imiryango yose yo mw’ijuru n’iyo mw’isi ikomokako.
16 that from the wealth of his glory he would strengthen you with power through his Spirit, in your deepest self, Nsaba Imana ko bivuye ku butunzi butagira urugero bw’ubwiza bwayo, yobakomeza mu mitima, mu kubaha ubushobozi biciye muri Mpwemu wayo,
17 so that Christ may live in your hearts through faith, and you, rooted and grounded in love, kugira ngo Kristo abe mu mitima yanyu biciye mu kumwizera. Kandi ndasenga kugira ngo mwebwe, mumaze gushingwa neza mu rukundo rwiwe,
18 may, with all God's holy people, have strength to grasp the width and length and height and depth, mugire ubushobozi bubafasha gutahurira hamwe n’abandi bera b’Imana bose: ubwaguke, uburebure, uburebure bw’igihagararo n’ubw’amaja epfo bw’urukundo rwa Kristo,
19 and know Christ's love, beyond knowledge, so you may be filled with all the fullness of our Father. kandi ngo mumenye urwo rukundo rwa Kristo naho rurengeye uko rwoshobora kumenywa, bitume mu buzima bwanyu mwuzuzwa mushike ku rugezo rwo ku kunengesera kwose mu kumenya Imana.
20 To our Father, able to do far beyond all we ask or imagine, by the power working in us. Nuko rero iyishobora gukora ibirengeye cane ivyo dusaba canke ivyo twiyumvira, nk’uko ubushobozi bwayo bukorera muri twebwe buri,
21 Glory to him in the church and in Christ Jesus, through all generations, forever and ever. Amen. icubahiro kibe icayo mw’ishengero no muri Kristo Yesu, uko urunganwe ruzogenda rukurikira urundi, uhereye ibihe vyose, ukugeza ibihe bidashira! Amen.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]