Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ephesians 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 And you were dead in your wrongdoing and sins, Kera mwari mwarapfuye, mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu,
2 in which you once walked, following this world's ways, following the ruler who wields power over the air, the spirit now working among the disobedient. ivyo mwagenderamwo mukurikira inzira mbi z’isi, mwumvira wa mutware w’ubwami bwo mu kirere, ni we mpwemu ikorera mu mitima y’abantu batumvira Imana.
3 Among them we all once lived in our flesh's desires, doing what flesh and mind craved, and were by nature children of wrath, like everyone else. Natwe kera twigenza nka bo, twakurikira ivy’imibiri yacu yipfuza, tugakora ivyo iyi mibiri n’imitima vyacu bishaka. Kandi muri kamere muntu kacu twari abo gucibwa urubanza n’Imana nk’abandi bose.
4 But our Father, being rich in mercy, because of the great love with which he loved us, Ariko kubera urukundo rwinshi Imana, yo mutunzi w’imbabazi, yadukunze,
5 though we were dead in our sins, made us alive together with Christ—by grace you have been saved, yatugiranye bazima na Kristo igihe twari tugipfuye twishwe n’ibicumuro vyacu. Ubuntu bw’Imana ni bwo bwabakijije.
6 raised us up with him and seated us with him in the heavens in Christ Jesus, Kandi Imana yatuzuranye na Kristo, itwicarikana na we ahantu ho mw’ijuru muri Kristo Yesu,
7 so that in the ages to come he might display his grace's overflowing riches in kindness toward us in Christ Jesus. kugira ngo mu bihe bizoza ize yerekane ubutunzi bwinshi butogereranywa bw’ubuntu bwayo, ubwo yatweretse biciye mu buntu yatugiriye muri Kristo Yesu.
8 For by grace you have been saved through faith—not your own doing; it is the gift of our Father. Ubuntu bwayo ni bwo bwabakijije ku bw’ukwizera. Kandi n’ivyo ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabire y’Imana.
9 Not from works, so that no one may boast. Ntivyavuye no ku bikorwa vyiza mwakoze, kugira ngo hoye kugira umuntu n’umwe yohava yirata.
10 We are his handiwork, created in Christ Jesus for good works our Father prepared beforehand for us to walk in them. Kuko turi ibiremwa vy’Imana, yaturemye gusha muri Kristo Yesu kugira ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo yari yaraduteguriye gukora kuva kera.
11 So remember: you Gentiles in the flesh were once called "uncircumcised" by those called "circumcised," a mark made in flesh by hand. Nuko mwibuke ko kera mwebwe Abanyamahanga mwitwa “abatakebwe” n’abo biyita “abakebwe” (bakebwe ku mubiri n’intoke z’abantu).
12 Remember that then you were without Christ, excluded from Israel's community, strangers to the covenants of promise, with no hope and without our Father in the world. Mwibuke ko ico gihe mwari mutandukanijwe na Kristo, mutagira ubwenegihugu muri Isirayeli kandi ata co mwiteze ku masezerano Imana yasezeranye na bo, ntimwagira ivyizigiro kandi nta Mana mwari mufise mw’isi.
13 But now in Christ Jesus, you once far off have been brought near by the blood of Christ. Ariko ubu, mumaze kuba muri Kristo Yesu, mwebwe abari kure y’Imana kera mwigijwe hafi yayo biciye mu maraso ya Kristo.
14 For he himself is our peace, who made the two one, tearing down in his flesh the dividing wall of hostility, Kuko ni we mahoro yacu, we yakuyeho amacakubiri yari hagati y’Abayuda n’Abanyamahanga akabagira ihanga rimwe akuyeho igihome c’ubwansi cadutandukanya.
15 destroying in his flesh the law of commands and decrees, to create the two in himself into one new humanity, making peace, Yabikoze mu gukuraho ibikorwa vyose vyisunga amategeko n’amabwirizwa, abikuzaho umubiri wiwe. Intumbero kwari kugira ngo yiremere ubwoko bushasha akuye mu Bayuda no mu Banyamahanga, gutyo azane impore hagati yacu.
16 and reconcile both to our Father in one body through the cross, thereby killing the hostility. Kandi abagire umubiri umwe abahuze n’Imana biciye mu rupfu rwo ku musaraba, uwo yicishije ubwo bwansi bwari hagati yabo.
17 He came and announced peace to you far off, and peace to those near. Yaraje ababwira inkuru nziza y’amahoro mwebwe Abanyamahanga mwari kure, abwira amahoro n’Abayuda bari hafi.
18 For through him we both have access in one Spirit to our Father. Kuko duciye kuri we, twese hamwe twaronse uburenganzira bwo gushikira Data turi muri Mpwemu umwe.
19 So you are no longer strangers and foreigners, but you are fellow citizens with the saints and members of our Father's household. Kubera ivyo rero, mwebwe ntimukiri Abanyamahanga na ba kavantara, ariko muri abasangiye ubwenegihugu n’abera b’Imana kandi muri abo mu nzu yayo.
20 Built on the foundation of the apostles and prophets, Christ Jesus himself being the cornerstone, Mwubatswe kw’itanguriro rigizwe n’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka.
21 in whom the whole structure, joined together, grows into a holy temple in the Lord, Muri we turafatanijwe neza kugira ngo tube urusengero rwejejwe rw’Umwami Imana.
22 in him, you also are being built together into a home for our Father in the Holy Spirit. Kandi muri we namwe muriko murubakwa mufatanywa ngo mube Ingoro aho Imana iba biciye muri Mpwemu wayo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]