Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ephesians 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Paul, an apostle of Christ Jesus by our Father's will, to the saints in Ephesus, and faithful in Christ Jesus: Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu, kubera ugushaka kw’Imana, Ndabandikiye mwebwe abera bo muri Efeso, abizigirwa ba Kristo Yesu:
2 Grace to you and peace from our Father and the Lord Jesus Christ. Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe muri mwebwe.
3 Blessed be the Father of our Lord Jesus Christ, who blessed us in Christ with every spiritual blessing in the heavens. Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo iragahezagirwa, yo yaduhezagiriye ahantu ho mw’ijuru imihezagiro y’impwemu yo mu buryo bwose muri Kristo.
4 Just as he chose us in him before the world's founding, to be holy and blameless before our Father in love. Kuva isi itararemwa, Imana yari yaramaze kudutoranya muri Kristo, kugira ngo tube abejejwe batagira ico bagawa mu nyonga zayo. Kubera urukundo rwayo,
5 He predestined us to be his own sons through Jesus Christ, according to the good pleasure of his will. yari yaramaze gufata ingingo yo kutugira abana bayo biciye kuri Yesu Kristo. Ibi ni vyo yashaka kandi vyarayinezereye.
6 To the praise of his glorious grace, freely given to us in the Beloved—Jesus. Ni co gituma duhimbaza Imana kubera ubwiza bw’ubuntu bwayo yatugiriye biciye mu Mwana wayo ikunda.
7 In him, through his blood, we have redemption—forgiveness of our sins—by the riches of our Father's grace, Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa biciye mu maraso yiwe, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu, kubera ubuntu bwayo bwinshi!
8 which he lavished upon us, in all wisdom and insight. Ubwo buntu yarabudusutseko, ibuduhana ugutahura kwose n’ubwenge bwose.
9 He revealed to us his will's mystery, his good pleasure planned in Christ, Imana yaduhaye kumenya ibanga ry’umugambi wayo, uwo yari yarateguye gushira mu ngiro, mu kugira neza kwayo, ibicishije muri Kristo.
10 a plan for the fullness of the times: to unite all things in Christ—things in heaven and on earth—in him. Uwo mugambi, Imana yashatse kuwushira mu ngiro igihe yashinze gishitse. Ni uwo kwegeraniriza hamwe ibiri mw’ijuru n’ibiri kw’isi vyose ikabishira musi y’inganji ya Kristo.
11 In him we also were made heirs, destined beforehand by our Father's purpose, who works out everything according to his will's counsel, Ikigeretse kuri ivyo, kubera yuko twafatanijwe na Kristo, twararonse umugabane ku Mana, kuko yadutoranirije muri we kuva kera, kandi igatuma vyose bikorwa nk’uko umugambi wayo uri.
12 so that we who first put our hope in Christ might bring praise to his glory. Intumbero y’Imana muri ivyo vyose, yari uko twebwe Abayuda, kuko ari twebwe twabaye aba mbere mu gushira ivyizigiro vyacu muri Kristo, duhesha Imana icubahiro.
13 In him you also, when you heard the truth's word—your salvation's gospel—and believed in him, were sealed with the promised Holy Spirit, Kandi namwe abanyamahanga mwarumvise Ubutumwa bw’ukuri, bwatumye Imana ibakiza, hanyuma mumaze kwizera Kristo, yabashizeko ikimenyetso cerekana ko muri abiwe mu kubaha Mpwemu Yera, uwo yari yarasezeranye kuva kera.
14 who guarantees our inheritance until we possess it, to the praise of his glory. Uwo Mpwemu ni ingwati y’Imana yemeza ko tuzohabwa umugabane twasezeraniwe kandi ko yatuguze ngo tube abantu bayo. Ivyo yabikoze kugira ngo tuyishime kandi tuyihe icubahiro.
15 So I, hearing of your faith in the Lord Jesus and your love for all the saints, Ni co gituma, kuva numvise ukwizera Umwami Yesu kwanyu n’urukundo mukunda abantu b’Imana bose,
16 I never stop giving thanks for you, remembering you in my prayers, sinduhuka gushimira Imana ku bwanyu. Ndabibuka uko nsenze.
17 that the Father of our Lord Jesus Christ, the Father of glory, may give you the Spirit of wisdom and revelation, so you may know our Father more fully, Nsaba Imana yo nyene icubahiro cose, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’ubwiza buhebuje, ngo abahe Mpwemu w’ubwenge no guhishurirwa, kugira ngo murushirize kumumenya.
18 the eyes of your hearts enlightened, so you may know the hope of his calling, and the riches of his glorious inheritance in our Father's people, Ndabasengera ngo amaso y’imitima yanyu amurikirwe kugira ngo mumenye ivyizigiro yabahaye igihe yabahamagara, n’ubwiza bwinshi bw’umugabane yateguriye abantu biwe batunganye.
19 and the vast greatness of his power toward us who believe, matching the working of his mighty strength, Ndabasengera kandi ngo mutahure ubushobozi bw’Imana butogereranywa, bukorera muri twebwe abizera. Ubwo bushobozi ni bwo
20 that he worked in Christ, raising Jesus from the dead and seating him at his right hand in the heavenly realms. yakoresheje igihe yazura Kristo ikamukura mu bapfuye, ikamwicarika mu kibanza c’iteka i buryo bwayo ahantu ho mw’ijuru,
21 Far above every rule and authority and power and dominion, and every name ever named, not only in this age but also in the one to come. hejuru y’ukuganza kwose n’ubukuru bwose, hejuru y’ubushobozi n’ubutegetsi bwose, hejuru y’izina ryose rishobora kuvugwa, haba muri iyi si y’uno musi canke mw’isi izoza.
22 And our Father put everything under Christ's feet and gave him as head over everything to the church, Imana yashize ibintu vyose musi y’inganji ya Kristo, imugira umutwe uri hejuru ya vyose ku bw’ineza y’Ishengero,
23 which is his body, the fullness of him who fills all in all. Iryo Shengero ni ryo mubiri wa Kristo, kandi Kristo ari muri ryo mu buryo bwuzuye, muri vyose na hose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]