Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Deuteronomy 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 These are the statutes and judgments you must carefully keep in the land our Father, the God of your fathers, has given you to possess, all the days you live on the earth. Aya ni yo mabwirizwa n’ivyagezwe mutegerezwa kwitwararika gukurikiza igihe cose muzoba mukiba muri kino gihugu Uhoraho Imana ya ba sogokuruza abahaye ngo mucegukire.
2 Completely destroy every place where the nations you drive out served their gods—on the high mountains, the hills, and under every green tree. Muzosangangure ibibanza vyose vyo ku misozi, ku mitumba no musi y’ibiti, aho abanyamahanga muzokwirukana bahora basengera imana zabo.
3 Break down their altars, smash their sacred pillars, burn their Asherah poles; cut down their gods' carved images, and wipe out their name from that place. Muzomenagure ibicaniro vyabo, mumenagure n’amabuye yabo, muturire n’inkingi za Ashera, musatagure n’ibishusho vy’imana zabo, muzimanganye n’amazina y’imana zabo muri ivyo bibanza.
4 You must not worship your Father in that way. Ntimuze musenge Uhoraho Imana yanyu nk’uko basenga imana zabo.
5 Instead, seek the place your Father will choose from all your tribes to put his name and make his home; there you must come. Ariko muzorondere ikibanza Uhoraho Imana yanyu azokwitoraniriza mu miryango yanyu, ikibanza izina ryayo rizokwambarizwamwo.
6 There bring your burnt offerings and sacrifices, your tenth and the contribution of your hand, your vow offerings and voluntary offerings, and the firstborn of your herd and flock. Abe ari ho muzoja, mujanye amashikanwa yo guturirwa hamwe n’ibimazi, ibigiracumi n’amashikanwa adasanzwe, ivyo mwasezeranye gushikanira Imana n’ivyo mutanze mwishakiye, hamwe n’imfura z’ibitungwa n’imikuku vyanyu.
7 There, before your Father, you and your households will eat and rejoice in all you put your hand to, because your Father has blessed you. Aho hantu, muri kumwe n’imiryango yanyu kandi muri imbere y’Uhoraho, aze abe ari ho muzohora murira mwongera munezerererwa ibintu vyose mwaronse kubera Uhoraho Imana yanyu yabahezagiye.
8 You must not do as we do here today, each doing what is right in his own eyes. Ntimuzobikore nk’uko tubikora ngaha, kuko ngaha umwe wese abikora uko yumva bibereye kuri we,
9 For you have not yet reached the rest and the inheritance your Father is giving you. kubera yuko mutarashika mu gihugu c’uburuhukiro, igihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye nk’iragi.
10 But when you cross the Jordan and settle in the land your Father gives you to inherit, and he gives you rest from all your enemies around you so you live in safety, Ariko muzojabuka Yorodani mube mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye nk’iragi, kandi izobaha kuruhuka intambara mwaterwa n’abansi banyu babakikije hanyuma mwibere mu mutekano.
11 then to the place your Father chooses to settle his name, there bring all I command you: your burnt offerings and sacrifices, your tenth and the contribution of your hand, and all the choice vow offerings you vow to your Father. Mu kibanza Uhoraho Imana yanyu azoba yitoreye ngo ahashire Izina ryiwe, azobe ari ho muzomushikanira ibi ndababwiye vyose: amashikanwa yo guturirwa, hamwe n’ibimazi, ibigiracumi n’amashikanwa adasanzwe, hamwe n’ivyo mwasezeranye gushikanira Uhoraho.
12 Rejoice before your Father—you, your sons and daughters, your male and female servants, and the Levite in your towns, since he has no portion or inheritance with you. Hanyuma muri ngaho, muze munezererwe kuba imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mwebwe, abahungu banyu n’abakobwa banyu, abakozi b’abahungu n’abakobwa hamwe rero n’Abalewi baba mu bisagara vyanyu kuko ata matongo canke ibisagara batoranye.
13 Be careful that you do not offer your burnt offerings in every place you see, Muze mwirinde ntimushikanire amashikanwa yo guturirwa aho mwishakiye.
14 but only in the place your Father chooses, in one of your tribes; there offer your burnt offerings, and there do all I command you. Muzoyashikanire mu kibanza Uhoraho azotoranya mu muryango umwe mu miryango yanyu.
15 Yet you may slaughter and eat meat in all your towns, whatever you desire, according to the blessing your Father has given you. The unclean and the clean alike may eat it, like the gazelle and the deer. Ariko murashobora kuzobagira ibitungwa vyanyu mu bisagara vyanyu, mukarya inyama uko muvyipfuza, ari nk’ingeregere canke impongo, mukurikije uko Uhoraho Imana yanyu azoba yabahezagiye. Abasanzwe bahumanye n’abadahumanye bose bashobora kuziryako.
16 Only you must not eat the blood; pour it on the ground like water. Ariko amaraso yavyo ntimuzoyarye, muzoyasese hasi nk’amazi.
17 You may not eat in your towns the tenth of your grain, new wine, or oil, nor the firstborn of your herd or flock, nor any of your vow offerings, your voluntary offerings, or the contribution of your hand. Ntimuzorire mu bisagara vyanyu ibigiracumi vy’ingano n’umuvinyu mushasha hamwe n’amavuta ya Elayo, canke imfura z’ibitungwa n’iz’imikuku vyanyu, canke ikindi kintu cose mwasezeranye gutanga caba ico mutanze mwishakiye canke ayandi mashikanwa adasanzwe.
18 Instead, eat them before your Father in the place he chooses—you, your son and daughter, your male and female servant, and the Levite in your towns; and rejoice before him in all you undertake. Ahubwo muzobirire imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mu kibanza azoba yitoranirije. Muzobisangire n’abana banyu, abahungu n’abakobwa, abakozi banyu b’abahungu n’abakobwa hamwe n’Abalewi baba mu bisagara vyanyu, kandi muzonezererwe imbere y’Uhoraho mu vyo muzoba mwaronse.
19 Be careful not to abandon the Levite as long as you live in your land. Muzokwiyubare ntimufate minenerwe Abalewi bazoba bari muri mwebwe igihe cose muzoba mukiba muri ico gihugu.
20 When your Father enlarges your territory as he promised you, and you say, "I will eat meat," because your soul craves meat, you may eat meat to your soul's desire. Uhoraho Imana yanyu niyamara kwagura intara zanyu nk’uko yabibasezeraniye, hanyuma mukipfuza kurya inyama, mukavuga muti: “Ndipfuza inyama” muzorye izo mushaka zose.
21 If the place your Father will choose to put his name there is too far from you, you may slaughter from the herd and flock your Father has given you, as I commanded you, and eat in your towns as you desire. Hamwe na ho ikibanza Uhoraho Imana yanyu azokwihitiramwo ngo citirirwe Izina ryiwe kibaye kure yanyu, muzobage ibitungwa vyanyu Uhoraho yabahaye, nk’uko nabibabwiye, mubibagire mu bisagara vyanyu, murye ivyo mwipfuza vyose.
22 Just as one eats the gazelle and the deer, so you may eat it; unclean and clean alike may eat it. Muzobirye nk’uko mworya ingeregere canke impongo. Kandi bose abahumanye n’abadahumanye barashobora kuziryako.
23 Only be firmly resolved not to eat the blood, for the blood is the life; do not eat the life with the meat. Ariko muzokwirinde ntimurye amaraso, kuko amaraso ari bwo buzima, rero ntimuzorye ubuzima hamwe n’inyama.
24 You must not eat it; you are to pour it out on the ground like water. Ntimuzorye amaraso, ariko muzoyasese hasi nk’amazi.
25 Do not eat it, so it may go well with you and your children after you, when you do what is right in your Father's eyes. Ntimuzoyarye, kugira ngo ivyanyu, mwe n’uruvyaro rwanyu ruzokwaruka inyuma bize bigende neza, kuko muzoba mukoze ibigororotse mu nyonga z’Uhoraho.
26 But take your holy things and your vow offerings to the place your Father will choose. Ariko muzofate amashikanwa yejejwe, ayo mwasezeranye gushikana, muheze nuyatware mu kibanza Uhoraho azoba yahisemwo.
27 Present your burnt offerings—the meat and the blood—on the altar of your Father. Pour the blood of your sacrifices beside the altar of your Father, and eat the meat. Muzoshikane ku gicaniro amashikanwa yanyu yo guturirwa, inyama hamwe n’amaraso. Amaraso y’ibimazi vyanyu muzoyasuke i ruhande y’igicaniro c’Uhoraho Imana yanyu, ariko inyama muzozirye.
28 Carefully obey all these words I command you, so it goes well with you and your children after you forever, when you do what is good and right in your Father's eyes. Mwiyubare kugira ngo muze mwumvire aya mategeko ndabahaye yose, kugira ngo ivyanyu, mwe n’abana banyu bazokwaruka inyuma yanyu, bizokwame bigenda neza, kuko muzoba muriko murakora ibigororotse mu nyonga z’Uhoraho Imana yanyu.
29 When your Father cuts off before you the nations you go to drive out, and you drive them out and settle in their land, Uhoraho Imana yanyu azotikiza imbere yanyu amahanga mugiye gutera no kunyaga igihugu. Ariko nimwamara kubirukana mukaba mu gihugu cabo,
30 be careful you're not trapped into following their ways after they're destroyed before you, and don't ask about their gods, "How did these nations serve their gods? I'll do the same." kandi bamaze kurandurwa imbere yanyu muze mwiyubare ntimuzogwe mu mutego wo kurondera kumenya ivyerekeye imana zabo, mukavuga muti: “Mbega aya mahanga yasenga imana zabo gute? Dushaka gusenga nka bo.”
31 Do not worship your Father that way, for they did for their gods every detestable thing your Father hates—even burning their sons and daughters in fire to their gods. Ntimuzosenge Uhoraho Imana yanyu nk’uko basenga imana zabo, kuko mu gusenga kwabo bakora ibizira vy’ubwoko bwose Uhoraho yanka. Mbere baratanga abahungu n’abakobwa babo kugira ngo baturirwe kw’ibimazi vy’ishikanwa bashikaniye imana zabo.
32 Be careful to do everything I command you; add nothing to it, take nothing from it. Mube maso, mukurikize ivyo ndababwiye vyose, ntihagire ico mwongerako canke ngo hagire ico mukurako.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]