Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Deuteronomy 11 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 So love your Father, and keep his requirements, his statutes, his decrees, and his commandments always. Mukunde Uhoraho Imana yanyu, mukurikize ivyo ababwiye, amategeko, amabwirizwa n’ivyagezwe vyiwe.
2 Know today—I'm not speaking to your children, who never experienced or saw your Father's discipline, his greatness, his mighty hand, his outstretched arm, Uno musi, mwibuke ko atari abana banyu babonye kandi baronse indero y’Uhoraho Imana yanyu ikoresheje icubahiro cayo, ukuboko kwayo kw’ubushobozi kandi kuramvuye;
3 his signs and deeds done throughout Egypt to Pharaoh king of Egypt and all his land, si bo babonye ibimenyetso n’ibitangaza yakoreye hagati muri Egiputa, kuri Farawo umwami no ku gihugu ciwe cose ca Egiputa;
4 what he did to Egypt's army, its horses and chariots, sweeping the Red Sea's waters over them as they chased you, and our Father destroyed them to this day; ivyo Uhoraho yakoreye ingabo zose za Egiputa, amafarasi n’imikogote vyabo, ingene yabisutse mu Kiyaga Gitukura, igihe bariko barabakurikira, n’ingene yabagesheje ubutakivayo.
5 what he did for you in the wilderness until you came to this place; Si abana banyu babonye ivyo Uhoraho yabakoreye kuva igihe mwari mu bugaragwa kugeza mushitse muri iki kibanza,
6 and what he did to Dathan and Abiram, sons of Eliab son of Reuben—when the earth opened its mouth and swallowed them, their households, tents, and every living thing following them, amid all Israel. si bo babonye ivyo yakoreye Datani na Abiramu, bene Eliyabu wo mu muryango wa Reyubeni, igihe isi yasama hagati mu Bisirayeli ikabamirana n’abo mu nzu zabo bose, amahema yabo n’ikintu cabo cose gihumeka.
7 For your own eyes have seen every great work our Father has done. Ariko, amaso yanyu ni yo yiboneye ivyo bitangaza vyose Uhoraho yakoze.
8 Keep the whole command I give you today, so you'll be strong, enter, and possess the land you're crossing into to possess, None rero mwirinde, kugira ngo muzokurikize amabwirizwa ndabahaye uwu musi, kugira ngo muronke inkomezi zo kujabuka Yorodani no kwinjira muri ico gihugu mukagifata,
9 so you may live long in the land our Father swore to give your ancestors and descendants, a land flowing with milk and honey. kugira ngo muzoshobore kurambira muri ico gihugu Uhoraho yarahiye ba sogokuruza ko azokibaha hamwe n’uruvyaro rwabo, igihugu gitemba amata n’ubuki.
10 The land you're entering to possess is not like the land of Egypt you left, where you planted your seed and watered it by foot, like a vegetable garden. Igihugu mugiye kwinjiramwo mukacegukira ntikimeze nka Egiputa mwahoramwo, aho mwaruha muvomera ibiterwa vyose nk’uwuvomera imboga.
11 But the land you're crossing to possess is hills and valleys, drinking water from the sky's rain. Ariko igihugu mugiye kwinjiramwo mukacegukira ni igihugu c’imisozi n’ibiyaya kivomererwa n’imvura.
12 A land your Father cares for; your Father's eyes always on it, from year's start to year's end. Ni igihugu Uhoraho Imana yanyu we nyene yitaho, inyonga ziwe zama kuri co kuva ku ntango y’umwaka gushika mu mpera yawo.
13 If you truly obey the commands I give you today—loving your Father and serving him with all your heart and all your soul. Rero nimwumvira mugakurikiza ivyo amabwirizwa ndabahaye uwu musi avuga, ni ukuvuga gukunda Uhoraho Imana yanyu no kumukorera n’imitima yanyu yose n’imishaha yanyu yose,
14 I will give your land rain in its season, early and late, so you gather your grain, your new wine, and your oil. na we, azorungika imvura mu gihe cayo, iy’agatasi n’iy’impeshi, kugira ngo mushobore kwimbura ingano, imivinyu n’amavuta ya elayo.
15 I will give grass in your field for your livestock, and you will eat and be full. Azotanga ubwatsi mu buragiro bw’ibitungwa vyanyu, kandi namwe muzoronka ivyo murya muhage.
16 Take care that your heart is not deceived, and that you do not turn away and serve other gods and bow down to them, Ariko rero mwirinde, mwoye guhendwa mu mitima yanyu ngo muve k’Uhoraho Imana yanyu, mukorere izindi mana mwongere muzisenge.
17 our Father's anger burns against you; he shuts the heavens—no rain, the ground yields no harvest—and you soon perish from the good land our Father gives you. Nimwabikora, uburake bw’Imana buzoziriringa kuri mwebwe, hanyuma azokwugara ijuru ntiribe rigitanga imvura, kandi isi ntizoba ikimera ibiterwa. Namwe muzotikirira muri ico gihugu ciza cane Uhoraho abahaye.
18 So set these words of mine in your heart and soul; bind them as a sign on your hand, and let them be as reminders on your forehead. Aya majambo yanje muyashire mu mitima yanyu no mu bwenge bwanyu, muyabohere ku maboko no mu ruhanga nk’ivyibutso.
19 Teach them to your children—speak of them when you sit in your house and when you walk along the road, when you lie down and when you rise up. Muzoyigishe abana banyu, muyaganireko iyo mwicaye i muhira n’iyo muri ku rugendo, iyo mugiye kuryama n’iyo muvyutse.
20 And write them on the doorposts of your house and on your gates, Muzovyandike ku bishimaryango vy’amazu yanyu, no ku nzugi z’amarembo yanyu,
21 so you and your children may live long in the land our Father swore to give your ancestors, as long as the heavens are above the earth. kugira ngo mwe n’abana banyu muzorambire muri ico gihugu, Uhoraho yarahiye ba sogokuruza ko azokibaha, gushika igihe ijuru rizoba rikiri hejuru y’isi.
22 If you carefully keep this whole command I give you—to love your Father, walk in all his ways, and hold fast to him, Nimwakurikiza neza amabwirizwa mbahaye uno musi, ari yo gukunda Uhoraho Imana yanyu, kugendera mu nzira ziwe zose no kwifatanya na we,
23 then our Father will drive out all these nations before you, and you'll dispossess nations greater and stronger than you. Uhoraho na we azokwirukana ayo mahanga yose imbere yanyu, naho ari maninimanini cane, akomeye cane kubarusha, kandi muzoyigarurira.
24 Every place your foot treads will be yours: your border will be from the wilderness and Lebanon, from the River, the Euphrates, to the western sea. Aho muzohonyoza ikirenge hose hazoba bahaye ahanyu. Imbibe zanyu zizova ku bugaragwa bw’i Libani, no ku ruzi Efurate zishike ku Kiyaga Mediterane co mu burengero.
25 No one will be able to stand against you; your Father will put fear and dread of you on every land you tread, as he promised. Nta muntu n’umwe azoshobora kubahagarara imbere ngo abagwanye, kuko Uhoraho Imana yanyu azogwisha abantu igihumura kubera mwebwe, aho muzoja hose, nk’uko Uhoraho yabibasezeraniye.
26 See, I am setting before you today a blessing and a curse: Ehe raba uwu musi mbashize imbere imigisha n’imivumo,
27 the blessing, if you obey the commandments of your Father that I am commanding you today; imihezagiro mu gihe mwemeye kwumvira aya mabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu, ayo ndabahaye uno musi,
28 and the curse, if you disobey your Father's commands, but turn from the way I command you today, to follow other gods you have not known. imivumo nimwanka kwumvira aya mabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu, mukava mu nzira yabategetse kugenderamwo, mugasenga izindi mana mutari bwabone.
29 When your Father brings you to the land you enter to possess, you are to proclaim the blessing on Mount Gerizim and the curse on Mount Ebal. Uhoraho Imana yanyu niyabashikana muri ico gihugu mukagifata, muzokwaturire imigisha ku musozi Gerizimu, imivumo na yo muzoyivugire ku musozi Ebalu.
30 Are they not beyond the Jordan, westward, in the land of Canaanites living in the Arabah, opposite Gilgal, near the oaks of Moreh? Iyo misozi yose iri hakurya ya Yorodani, mu ntara y’Abanyakanani, amaja mu burengero, hafi y’ibiti vya More, mu ntara y’Abanyakanani baba muri Araba hafi y’igisagara ca Gilugali.
31 You are crossing the Jordan to enter and take the land your Father gives you; you will possess it and live in it. Ehe mugira mujabuke Yorodani mufate igihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye.
32 Carefully obey all the statutes and decrees I give you today. Nimwagishikamwo mukakibamwo, muzoshire imitima yanyu ku gukurikiza amategeko n’ivyagezwe ndabahaye uwu musi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]