Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Daniel 11 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 And I, in the first year of Darius the Mede, stood up to support and strengthen him. Kandi mu mwaka wa mbere Dariyusi Umumedi ari ku ngoma, nari kumwe na we ndamutera intege.
2 Now I'll tell you the truth: look, three more kings will rise in Persia, then a fourth far richer than all. Strengthened by his wealth, he will stir up everyone against Greece's kingdom. “Ubu rero ngomba ndakumenyeshe ukuri kwose: Hari abandi bami batatu b’Ubuperesi bazoza, hanyuma bakurikirwe n’uwa kane, uwo azoba atunze kubarusha bose. Azokoresha ubutunzi bwiwe kugira ngo ahere umuntu wese yomufasha kugwanya ubwami bw’Abagiriki.
3 Then a mighty king will arise, who will rule with great dominion and do as he pleases. Maze hazoca haza umwami akomeye azoganzanya ububasha bwinshi, akore ico agomba cose.
4 Once he rises, his kingdom will break apart and split toward the four winds of heaven—not to his descendants, nor with the power he held, for his kingdom will be uprooted and given to others besides them. Ariko ashitse ku kunengesera kw’ugukomera kw’ubwami bwiwe, ubwo bwami buzosambuka bwigabanyemwo ubwami bune. Abami batamukomokako ni bo bazoganza ubwo bwami, ariko ntibazogira ububasha nk’ubwo yari afise. Kuko iyo ngoma izorandurwa igahabwa abandi.
5 The king of the south will grow strong; one of his commanders will grow stronger than him and rule—his dominion will be vast. Umwami wo mu bumanuko azokomera, ariko umwe mu ngabo ziwe azomurusha inguvu, ace aganza ubundi bwami bwiwe mu bubasha bwinshi.
6 After some years they will ally: the daughter of the king of the south will come to the king of the north to make an agreement. But she won't keep her strength, nor will he or his arm stand. She will be handed over—with her escort, her father, and her supporter—in those times. Inyuma y’imyaka mikeya hazoba amasezerano hagati y’umwami wo mu bumanuko n’umwami wo mu buraruko. Umukobwa w’umwami wo mu bumanuko azorongorwa n’umwami wo mu buraruko kugira ngo bakomeze ayo masezerano. Ariko uwo mukobwa ntazozigama ububasha bwiwe, ndetse n’uwo mwami n’ububasha bwiwe ntibizorama. Azokwicanwa n’uwamuzanye, na se wiwe, hamwe n’uwuzoba amushigikiye.
7 A shoot from her roots will rise in his place, attack the army, enter the north king's fortress, act against them, and prevail. Umwe mu ncuti z’uwo mukobwa azohaguruka asubire mu gishingo c’umwami. Azotegura ingabo, agende asange umwami wo mu buraruko mu bwihisho bwiwe amutsindeho.
8 He will take their gods captive to Egypt, with their metal images and precious silver and gold vessels; for years he will stay away from the king of the north. Asubiye muri Egiputa, azosubiranayo ibigirwamana vyabo hamwe n’ubutunzi bwinshi bw’inzahabu n’ifeza. Inyuma y’imyaka mikeya, azoreka umwami wo mu buraruko.
9 The king of the north will invade the king of the south's realm, then return home. Igihe kanaka giheze, umwami wo mu buraruko azotera ikirimba c’ubwami bwo mu bumanuko, ariko azoca asubira iwe vuba.
10 His sons will arm for war, gather a vast army that keeps coming, overflows, sweeps through, then renews war to his stronghold. Abahungu b’umwami wo mu buraruko, bazokwegeranya ingabo zikomeye zizosendanisha nk’umwuzure bagwane kugeza bashitse aho umwansi yihisha.
11 The southern king, enraged, will march out to fight the northern king, who musters a vast army; but the army is given into the southern king's hand. Inyuma y’aho, umwami wo mu bumanuko azohagurukana ishavu ryinshi, yegeranye ingabo nyinshi aje kugwanya za ngabo nyinshi zegeranijwe n’umwami wo mu buraruko, azitsinde.
12 When the crowd is carried off, his heart grows proud; he strikes down tens of thousands, yet fails. Inyuma y’iyo ntsinzi azogira ubwibone bwinshi, yice ingabo nyinshi z’abansi biwe. Ariko intsinzi yiwe ntizorama.
13 The king of the north will again raise a horde bigger than before, then after years come with a great army and vast supplies. Inyuma y’imyaka mikeya, umwami wo mu buraruko azomanuka afise ingabo nyinshi kandi zifise ibigwanisho kurusha ubwa mbere.
14 In those times many will rise against the king of the south; violent men of your people will lift themselves up to fulfill the vision, but fail. Ico gihe, hazoba abantu benshi bahagurukiye umwami wo mu bumanuko ngo bamurwanye, mbere n’abantu b’abagwanyi bo mu bwoko bwawe bazokwifatanya na bo kugira ngo bashitse ivyo iyerekwa ryavuze ariko ntibazobishobora.
15 The king of the north will come, raise a siege ramp, and take a fortified city; the south's forces will not stand, nor its elite troops—no strength remains to stand. Mu nyuma umwami wo mu buraruko azoza yugarize igisagara kizitijwe inzitiro z’amabuye, agifate. Ingabo zo mu bumanuko n’ubwo zikerebutse mu kugwana, ntizizoshobora guhagarara imbere yiwe.
16 His invader does as he pleases; none can stand before him. He will stand in the splendid land, destruction in his hand. Umwami wo mu buraruko azogenda umuraramango ata wumugwanya; nta n’umwe azoshobora kumuhagarara imbere. Azohagarara mu gihugu c’ubwiza ca Isirayeli, agomba kugisambura.
17 He will set out to enter with his kingdom's full strength, and make terms with him; he will give him a daughter of women to ruin it, but it will not stand or benefit him. Azogerageza gushiramwo inguvu z’ubwami bwiwe zose kandi agirane amasezerano n’umwami wo mu bumanuko, amushingire umukobwa wiwe kugira ngo iyo ngoma ayisenyure mu bwenge aciye imbere muri yo, ariko iyo migabo yiwe nta co izoshikako.
18 Then he'll turn to the coastlands and take many, but a commander will end his arrogance, turning it back on him. Inyuma y’ivyo, azohindukirira amazinga kandi yigarurire menshi, ariko umukuru w’ingabo avuye mu kindi gihugu azomucisha bugufi atume asubira iwe amaramara.
19 Then he will turn his face toward the fortresses of his own land, stumble, fall, and be found no more. Ashitse azokwinyegeza mu bwihisho bwiwe, hanyuma atsitare atembe, nta wuzokwongera kumubona.
20 In his place will rise one who sends a tax collector for the glory of the kingdom; within a few days he'll be broken—not in anger, not in battle. Umusubirizi wiwe azotuma abatozakori kugira ngo ingoma yiwe igumane icubahiro. Ariko, amaze imisi mikeya ku ngoma, azopfa, yamara ntazoba yishwe n’uburake bw’umuntu canke n’intambara.
21 A despised man will rise in his place, denied royal honor. He'll come in a time of ease and seize the kingdom through flattery. Uwuzoza mu nyuma, azoba ari umuntu akengeretse kandi atari mu nda y’ingoma. Azoza ata wumwiteze kandi afate ingoma akoresheje urwenge n’uruhendo.
22 Armies will be swept away before him and broken, and the prince of the covenant as well. Ingabo nyinshi zizogwa imbere yiwe, harimwo n’umuganwa wo mu bwoko bufise isezerano.
23 Once allied with him, he will act dishonestly and grow strong with only a few people. Azokoresha amasezerano menshi arimwo uruhendo. Naho abamushigikiye bazoba ari bake, azoguma akomera.
24 In a time of security, he will enter the province's richest regions and do what neither his fathers nor their fathers did—scattering plunder, spoil, and goods among them, devising schemes against fortresses, but only for a time. Igihe intara zitunze cane zizoba zibereyeho ata co zinona, azozitera ashitse ivyo ba se canke ba sekuru batigeze bakora. Azofata ubutunzi yasahuye, abugabanganye abamushigikiye. Azogira imigabo yo gusenyura ahari ubwihisho bukomeye, ariko ivyo bizomara igihe gito.
25 He will rouse his strength and courage against the king of the south with a great army. The king of the south will fight with a very great, mighty army—but won't stand, for plots will be devised against him. Mu nyuma, azokwihagararako yegeranye ingabo zikomeye zo kugwanya umwami wo mu bumanuko, hanyuma uwo na we azoja kumugwanya n’ingabo zikomeye, ariko nta co azoshikako kuko abandi bantu bazomuryaruka.
26 Those who eat his food will break him; his army is swept away, and many fall slain. Abantu bo mu nzu y’uwo mwami wo mu bumanuko ni bo bazotuma atemba, ingabo ziwe zishwiragire kandi ingabo nyinshi zizogwa ku rugamba.
27 Both kings' hearts bent on evil will speak lies at one table, but it will fail—the end awaits its appointed time. Abo bami babiri bazokwicarana ku meza bafise imitima ihengamiye ku kibi, maze bahendane; ariko nta kizovamwo kuko iherezo rizoshika igihe cashinzwe gishitse.
28 He returns to his land with great wealth, heart against the holy covenant; he acts, then returns to his land. Umwami wo mu buraruko azosubira iwe afise ubutunzi bwinshi. Ari ku nzira, azosotora abantu bafise isezerano n’Imana, kandi azokwonona vyinshi imbere yo gushika iwe.
29 At the appointed time he will return and head south, but this time won't match the earlier or the latter. Igihe gikwiye gishitse, azosubira atere mu bumanuko, ariko ico gihe ibintu ntibizomera nka mbere.
30 For ships of Kittim will come against him; he loses heart, turns back, rages against the holy covenant, and acts. He returns and favors those who abandon the holy covenant. Kuko amato y’intambara avuye mu burengero y’i Kitimu azomutera ubwoba, hanyuma abireke asubire iwe. Ariko ishavu ryiwe azorita ku bantu bafitaniye isezerano n’Imana kandi acudike n’abataye iryo sezerano.
31 His forces will rise, defile the sanctuary fortress, end the daily sacrifice, and set up the abomination that causes desolation. Ingabo ziwe zizokwigarurira ubwihisho bw’urusengero, bazokwanduza ahera h’urusengero, kandi babuze ko ibimazi vyo ku musi bitangwa, yongere akore ikizira gihumanya urusengero.
32 He will corrupt those who violate the covenant with flattery, but people who know their Father will stand firm and act. Azokoresha urwenge n’uruhendo yikwegereko abavuye mw’isezerano ry’Imana. Ariko abantu bazi neza Imana yabo bazokomera kandi bamugwanye.
33 The wise among the people will teach many, but will fall for a time by sword, flame, captivity, and plunder. Abarongozi baciye ubwenge bazokwigisha benshi, ariko kandi bamwe bazokwicishwa inkota, abandi baturirwe, abandi na bo bapfungwe bongere banyagwe ivyabo.
34 When they fall, they will receive a little help, and many will join them with flattery. Muri ivyo bihe vy’ihamwa, nta wuzobatabara, kandi n’abazokwerekana ko bari kumwe na bo bazoba babikora mu buryarya.
35 Some of the wise will stumble, to be refined, purified, and cleansed until the end time, for it still awaits the set time. Mu banyabwenge b’ico gihe, bamwe bazohitanwa n’iryo hamwa. Gutyo bazokwezwa batunganywe kugeza ku gihe c’iherezo, kuko igihe cashinzwe kitarashika.
36 The king will do as he pleases, lifting and enlarging himself above every god, speaking shocking things against our Father. He will flourish until the wrath is spent, since what is decreed will happen. Umwami azokora ivyo yishakiye, yishire hejuru avuga ko ari agahambaye hejuru y’icitwa imana cose, mbere atuke Imana isumba ivyitwa imana vyose. Azokora ivyo ashaka vyose, ariko kugeza aho igihe cashinzwe ko uburake bumushikako kizoshikira, kuko ivyashinzwe, nta kabuza bizoshika.
37 He will disregard his fathers' gods, women's desired one, and every god—he will set himself above them all. Ntazokwubaha imana za ba sekuruza, canke imana ikundwa n’abagore canke imana iyo ari yo yose, kuko azokwishira hejuru akavuga ko azisumba zose.
38 Instead he'll honor a god of fortresses, unknown to his fathers, with gold, silver, precious stones, and costly gifts. Mu gishingo cazo, azosenga imana ikingira ibisagara, imana ba sekuruza batigeze bamenya, azoyishikanira inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro hamwe n’izindi ngabire z’igiciro kinini.
39 With a foreign god he attacks the strongest fortresses. He greatly honors those who acknowledge him, gives them rule over many, and divides land for a price. Mu kwerekana ko ico kigirwamana camufashije, azotera ahantu hakomeye ho kwihisha. Azoha icubahiro abemeye kumusaba, abashire mu bibanza vy’icubahiro hanyuma abagaburire igihugu nk’impera abahaye.
40 At the end time, the king of the south will engage him, and the king of the north will storm against him with chariots, horsemen, and many ships. He will invade the lands, overflow, and pass through. Mu gihe ca nyuma, umwami wo mu bumanuko azotera umwami wo mu buraruko. Umwami wo mu buraruko azomushikako kurya kw’igihuhusi afise imikogote, abagwanira ku mafarasi n’ubwato. Azotera ibihugu vyinshi kandi imbibe zavyo azozirenga kurya kw’uruzi rusheshe.
41 He enters the beautiful land; many fall, but Edom, Moab, and Ammon's chief sons escape his hand. Azoshika mu gihugu c’ubwiza ari co Isirayeli, kandi amahanga menshi azomwikubita imbere, ariko Mowabu, Edomu n’igice kinini c’Abamoni bizomukira.
42 He will stretch out his hand against the lands, and the land of Egypt will not escape. Azokwigarurira ibihugu vyinshi, kandi na Egiputa ntikizomukira.
43 He will rule gold and silver treasures, and all Egypt's riches, with Libyans and Cushites at his heels. Azoganza inzahabu, ifeza, hamwe n’ubutunzi bwa Egiputa kandi abo muri Libiya n’abo muri Etiyopiya bazomukorera.
44 But news from the east and north will terrify him, and he'll set out in great rage to destroy and annihilate many. Ariko inkuru zivuye mu buseruko no mu buraruko zizomutera ubwoba, azoca agira uburake bwinshi agende kugeseza abantu benshi.
45 He will pitch his palace tents between the seas and the beautiful holy mountain, then come to his end with no helper. Azohagarara hagati y’umusozi watoranijwe n’ikiyaga, ahashinge amahema yiwe. Ariko, igihe azoba akiri ngaho, ukubaho kwiwe kuzorangira vuba, kandi nta muntu azoronka wo kumutabara.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]