Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Daniel 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In Cyrus king of Persia's third year, a message was revealed to Daniel, called Belteshazzar—true, about a great war. He understood it, gaining insight into the vision. Mu mwaka ugira gatatu, umwami Kuro w’Ubuperesi ari ku ngoma, hariho ibindi Daniyeli (ari we bise Beluteshaza) yeretswe. Ubutumwa yaronse bwari ubw’ukuri kandi bwari bwerekeye ibihe vy’intambara ihambaye. Daniyeli yumviriza cane ivyo abwiwe hanyuma abitahuzwa n’ivyo yeretswe.
2 In those days I, Daniel, was mourning for three full weeks. Ico gihe, Jewe Daniyeli, namaze amayinga atatu yose ngandaye.
3 I ate no fine food; no meat or wine touched my mouth; I used no oil at all, until three weeks passed. Nta vyokurya vyiza canke inyama nafungura, nta n’umuvinyu nanywa kandi nta n’amavuta nisiga mu maso canke mu mutwe kugeza ayo mayinga atatu aheze.
4 On the twenty-fourth day of month one, I stood on the bank of the great river—the Tigris. Ku musi ugira mirongo ibiri na kane w’ukwezi kwa mbere, nari mpagaze ku nkombe y’uruzi runini Tigiri,
5 I looked up and saw a man in linen, a belt of fine gold of Uphaz around his waist. nunamuye amaso, mbona umuntu yambaye impuzu zikayangana, afise mu rukenyerero umukanda w’inzahabu ziva muri Ufazi.
6 His body like beryl, his face like lightning, his eyes like torches of fire, his arms and legs like polished bronze, and the sound of his words like a roaring crowd. Umubiri wiwe wasa n’akabuye k’igiciro kinini kitwa topazi, mu maso hiwe hakaravya nk’imiravyo, kandi amaso yiwe yamurika kurya kw’amatara, amaboko n’amaguru vyiwe, vyarakayangana kurya kw’umwakaka iyo wasenywe neza, kandi ijwi ryiwe ryasamirana nk’amajwi y’abantu isinzi.
7 I, Daniel, alone saw the vision; the men with me didn't see it, but great trembling fell on them, and they fled and hid. Jewe Daniyeli ni jewe jenyene nabonye ivy’iryo yerekwa, abagabo twari kumwe nta na kimwe babonye, ariko bagize ubwoba bwinshi baca bariruka kwinyegeza.
8 Left alone, I saw this great vision. No strength remained in me; my face turned deathly pale, and I kept no strength. Nasigaye ngaho jenyene, ndaba iryo yerekwa ry’igitangaza. Nta nkomezi na nkeya nari ngifise, mu maso hanje hariraburanirwa hasa n’ah’uwapfuye kandi ngira intege nke cane.
9 Then I heard his words, and hearing them, I fell face down on the ground in a deep sleep. Mu nyuma numvise wa muntu avuga, kandi numvise ugusamirana kw’ijwi ryiwe, nca ncika intege nikubita hasi nubamye.
10 Suddenly a hand touched me and set me trembling on my hands and knees. Numva ukuboko kuje kunkorako kuramvyura, ndapfukama kandi nshira ibiganza hasi, ariko nari ngihinda agashitsi.
11 He said to me, "Daniel, dearly loved man, understand the words I speak to you; stand up, for I am now sent to you." When he spoke this word to me, I stood up, trembling. Hanyuma wa muntu arambwira ati: “Daniyeli, wa muntu we w’igiciro kinini, umviriza neza ivyo ngomba kukubwira, kandi haguruka, kuko nagutumweko.” Amaze kumbwira ivyo, nca ndahaguruka mpinda agashitsi.
12 He said to me, "Don't be afraid, Daniel. From the first day you set your heart to understand and humbled yourself before your Father, your words were heard, and I came because of your words. Maze aca arabandanya ati: “Daniyeli, ntutinye. Kuva umusi wa mbere watanguriyeko gusenga usaba gutahura kandi wicishije bugufi imbere y’Imana yawe, amajambo yawe yarumvikanye mw’ijuru, none nje nkuzaniye inyishu y’amasengesho yawe.
13 But the prince of Persia's kingdom opposed me twenty-one days; then Michael, one of the chief princes, came to help me, for I was left there with Persia's kings. Ariko impwemu itegeka ubwami bw’Ubuperesi yaranzibiye imisi mirongo ibiri n’umwe. Hanyuma Mikaheli, umwe mu bamarayika bakuru, aca araza kuntabara, kuko ni ho nari mbohewe n’umutware w’ubwami bw’Ubuperesi.
14 I came to help you understand your people's future in days to come, for the vision is for days still ahead." None rero, nzanywe no kukumenyesha ibizoba ku bwoko bwawe muri kazoza, kuko iyerekwa wagize ryerekeye igihe kizoza.”
15 As he spoke these words to me, I turned my face to the ground, unable to speak. Akiriko arambwira, nca nunamika amaso, biranka n’uko mvuga.
16 Then one like a man touched my lips. I opened my mouth and began to speak. I said to the one standing before me, "My lord, the vision has filled me with pain, and I have no strength left. Hanyuma umwe asa n’umuntu aca ankora ku minwa, nca nshobora guteranura akanwa no kuvuga. Nca mbwira umwe ahagaze imbere yanje nti: “Mwami wanje, erega nuzuye umubabaro kubera ivyo neretswe, kandi mfise intege nke cane.
17 How can I, your servant, speak with you, my lord? No strength remains in me now, no breath is left." Mbega Mwami wanje, umusavyi wawe nkanje yoshobora kugira ico akubwiye? Inkomezi zamvuyemwo, ndetse no guhema birangora.”
18 Again the one who looked like a man touched me and strengthened me. Umwe asa n’umuntu arongera ankorako, nca numva inkomezi ziragarutse.
19 He said, "Don't be afraid, treasured one. Peace to you; be strong, be strong!" His words strengthened me, and I said, "Speak, my lord, for you have strengthened me." Arambwira ati: “Nta co utinya, kuko uri uw’igiciro kinini ku Mana. Gira amahoro! Komera! Komera!” Ariko arambwira ayo majambo, ubwo nyene nca numva ngize inguvu nca ndamubwira nti: “Mwami wanje, ndagusavye umbwire ndakwumva kuko wanyongeye inkomezi.”
20 He said, "Do you know why I came to you? Now I return to fight Persia's prince; then, as I leave, Greece's prince comes. Nuko aca ambwira ati: “Mbega urazi icatumye nza? Ubu ngira nsubire kugwana n’impwemu itegeka Ubuperesi, kandi maze kurengana, impwemu itegeka Ubugiriki izoca iza.
21 But first I'll tell you what's written in the Book of Truth: none stands firmly with me against them but Michael, your prince." Ariko ngira ndakubwire ivyanditswe mu Gitabu c’Ukuri. Muri urwo rugamba nta n’umwe antabara kiretse Mikaheli, umumarayika wanyu.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]