Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Daniel 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 At that time Michael, the great prince guarding your people's children, will arise. There will be distress unmatched since nations began, until then. At that time your people—all listed in the book—will be rescued. Maze ico gihe, Mikaheli, umumarayika ahambaye w’ubwoko bwawe, azohaguruka. Hanyuma hazoba ibihe vy’umubabaro bikomeye kurusha ivyigeze kubaho kuva amahanga abayeho. Ariko, muri ico gihe, uwo mu bwoko bwanyu azoba yanditswe mu gitabu c’Imana azorokoka.
2 Many sleeping in earth's dust will wake—some to everlasting life, some to shame and everlasting contempt. Benshi mu bari mu mva bapfuye, bazozuka, bamwe bazozukira ubugingo budashira, abandi na bo bazukire ibimaramare n’ibiteterwe vy’ibihe bidashira.
3 The wise will shine like the sky's brightness; those who turn many to righteousness, like stars, forever and ever. Abagize ubwenge bazokwakaka nk’umuco wo kw’ijuru, kandi abashikanye benshi ku kugororoka bazokwakaka nk’inyenyeri ibihe bidashira.
4 But you, Daniel, close these words and seal the book until the end time. Many will roam back and forth, and knowledge will grow. Ariko, wewe Daniyeli, igitabu c’ubu buhanuzi ukigire ibanga, ucugare kugeza igihe c’iherezo gishitse. Abantu bazoja hirya no hino kugira ngo barondere kugwiza ubumenyi.”
5 Then I, Daniel, looked and saw two others standing, one on each bank of the river. Maze, Jewe Daniyeli, ndongera ndaraba, mbona imbere yanje hari abandi bantu babiri bahagaze ku yindi nkombe y’uruzi, umwe ari ku nkombe yo hakuno, uwundi ari ku yo hakurya.
6 One asked the linen-clad man above the river's waters, "How long till these wonders end?" Umwe muri bo, abaza wa wundi yari yambaye impuzu zikayangana kandi yari ahagaze hejuru ku mazi y’urwo ruzi, ati: “Mbega hazoca igihe kingana iki kugira ngo ivyo bintu bikomeye gutyo bishike?”
7 I heard the man dressed in linen, above the river's waters, lift his right hand and left toward heaven and swear by the One who lives forever: for a time, times, and half a time; when the shattering of the holy people's power is finished, all these things will be finished. Uwo muntu yambaye impuzu zikayangana ahagaze hejuru y’uruzi, atumbereza amaboko yiwe yose mw’ijuru, aca arahira Iyibaho ibihe bidashira, avuga ati: “Bizomara igihe, ibihe, n’igice c’igihe. Igihe inkomezi z’ubwoko bw’Imana zizoba zirangiye, n’ivyo vyose bizoba biheze.”
8 I heard, but didn't understand, so I said, "My lord, what is the end of these things?" Numva ivyo avuze, ariko sinabitahura, hanyuma nca ndabaza nti: “Mwami wanje, ivyo vyose bizorangira gute?”
9 He said, "Go, Daniel, for the words are shut and sealed until the time of the end. Aca aranyishura ati: “Daniyeli, niwigire kuko ayo majambo azoguma ari ibanga rihishijwe kugeza igihe c’iherezo.
10 Many will be purified, whitened, refined; the wicked will keep doing evil. None of the wicked will understand, but the wise will understand. Benshi bazotunganywa, bezwe kandi batyororwe n’ivyo bihe vy’imibabaro. Ariko abanyakibi bo bazokomeza gukora ibibi, kandi nta n’umwe muri bo azogira ico atahura. Abagize ubwenge bonyene ni bo bazobitahura.
11 From the daily sacrifice's removal and the setting up of the abomination that causes desolation: 1,290 days. Kuva bahagaritse gutanga ikimazi gitangwa ku musi kandi ikizira gihumanya kigashingwa ngo gisengwe, hazoba hasigaye imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo icenda.
12 Blessed is the one who waits and reaches the 1,335 days. Bazoba bahiriwe abantu bazoshobora kurindira gushika ku musi ugira igihumbi n’amajana atatu na mirongo itatu n’itanu.
13 But you, go to the end. You will rest, then stand for your inheritance at the end of the days." Wewe Daniyeli, komeza ube umwizigirwa gushitsa kw’iherezo. Uzoruhuka, hanyuma ku mpera y’ibihe, uzovyuka kugira ngo uhabwe impera yawe wateguriwe.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]