Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Colossians 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Masters, give your slaves what's right and fair—you too have a Master in heaven. Ba shebuja, mugirire ibigororotse kandi bibereye abagurano banyu, kuko mubizi namwe ko mufise Shobuja Mukuru mw’ijuru.
2 Devote yourselves to prayer, staying alert in it with thanksgiving. Mushishikare gusenga, mube maso kandi mushima.
3 Pray for us too, that our Father would open a door for us to share the message, to declare Christ's mystery, for which I'm also in chains, Kandi natwe mudusengere, kugira ngo Imana itwugururire umuryango wo kuvuga Ubutumwa, tumenyeshe abantu ibanga rya Kristo, iryo mbohewe.
4 that I may make it clear, as I ought to speak. Munsengere kugira ngo ndaryamamaze mu buryo butomoye, nk’uko ntegerezwa.
5 Walk in wisdom toward outsiders, making the most of every opportunity. Mugire ubwenge ku kuntu mubana n’abantu bo hanze; kandi mukoreshe neza akaryo kose muhawe.
6 Always speak with grace, seasoned with salt, knowing how to answer each one. Ibiyago vyanyu bibe vyuzuyemwo ubuntu, birunzwe umunyu, kugira ngo mumenye uko mwishura umuntu wese.
7 Tychicus, our dear brother, faithful servant, and fellow slave in the Lord, will tell you all about me. Tukiko azobabwira amakuru yose anyerekeye. Ni mwene Data dukunda, umukozi w’umwizigirwa, uwo dusangiye igikorwa c’Umwami.
8 I sent him to you for this purpose: that you may know our circumstances, and he may encourage your hearts, Ni muri iyo ntumbero ndamubarungikiye, kugira ngo mumenye uko tumerewe yongere aremeshe imitima yanyu.
9 with Onesimus, the faithful, dear brother, one of you. They will tell you everything here. Azananye na Onezime, umuvukanyi w’umwizigirwa, umwe muri mwebwe. Bazobabwira ibiriko birabera hano vyose.
10 Aristarchus, my fellow prisoner, and Mark, Barnabas's cousin, greet you—you received instructions about him: welcome him if he comes to you, Arisitariko, mugenzi wacu dupfunganywe, arabaramutsa, hamwe na Mariko, muvyara wa Baranaba. (Mwarasiguriwe ivyiwe; niyaza iwanyu muze mumwakire.)
11 and Jesus, called Justus—the only Jews among my co-workers for our Father's kingdom; they have comforted me. Yesu twita Yusito, na we nyene arabaramutsa. Abo ni bo bonyene bo mu Bayuda dukorana ivy’Ubwami bw’Imana, kandi bambereye indemeshanyo ikomeye cane.
12 Epaphras, one of you, a servant of Christ Jesus, greets you, always struggling for you in prayer, so you may stand mature and fully assured in everything our Father wills. Epafura, umwe muri mwebwe kandi akaba umukozi wa Kristo Yesu, arabaramutsa. Yama imisi yose abagwanira intambara mu gusenga, kugira ngo muhagarare mushikamye, mukuze mu mpwemu kandi mushize amanga, mwiteguriye gukora ivyo Imana igomba vyose.
13 I can say he's worked hard for you, those in Laodicea, and Hierapolis. Ndamushingira intahe ko yitanga ku bwanyu mwe n’ab’i Lawodikiya bose n’i Hiyerapolisi.
14 Luke, the beloved doctor, greets you, and so does Demas. Muganga Luka, umuvukanyi akaba n’umugenzi, na Dema barabaramutsa.
15 Greet the brothers and sisters in Laodicea, and Nympha and the church in her house. Muntahirize abavukanyi b’i Lawodikiya, na Nimfa hamwe n’ishengero rikoranira mu nzu yiwe.
16 When this letter is read among you, have it read in the Laodicean church too, and read the one from Laodicea as well. Iri kete nimwamara kurisomerwa, mukore ibishoboka vyose kugira ngo risomerwe abo mw’ishengero ry’i Lawodikiya, kandi namwe muze musome iryo bazobarungikira.
17 And tell Archippus, "Make sure you complete the ministry you have received in the Lord." Mumbwirire Arukipo muti: “Gira ibishoboka vyose ushitse igikorwa wahawe n’Umwami.”
18 I, Paul, write this greeting with my own hand. Remember my chains. Grace be with you. Jewe Pawulo, ndabandikiye ndabatasha n’ukuboko kwanje. Ubuntu bw’Imana bubane namwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]