Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Samuel 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 All the tribes of Israel came to David at Hebron and said, "We are your own flesh and blood. Imiryango yose y’Abisirayeli iragenda, isanga Dawidi i Heburoni, iramubwira iti: “Twebwe turi umubiri wawe n’amaraso yawe.
2 Before, when Saul was our king, you led Israel out and brought them home. And our Father told you, 'You will shepherd my people Israel and be ruler over Israel.'" Kandi kera, igihe Sawuli yari akiri umwami wacu, ni wewe warongora Abisirayeli mu ntambara. Kandi Uhoraho yarakubwiye ati: ‘Uzoba umwungere w’abantu banje b’Abisirayeli, kandi uzoba umutware wabo.’ ”
3 All Israel's elders came to the king at Hebron, where King David made a covenant with them before our Father, and they anointed David king over Israel. Abakuru bose b’Abisirayeli baja kuraba umwami Dawidi i Heburoni, aca agirana na bo isezerano aho nyene i Heburoni imbere y’Uhoraho, na bo baca bamurobanuza amavuta ngo abe umwami w’Abisirayeli.
4 David was thirty years old when he became king, and he reigned forty years. Dawidi yari afise imyaka mirongo itatu igihe yaba umwami, aca amara ku ngoma imyaka mirongo ine.
5 In Hebron he reigned over Judah seven years and six months, and in Jerusalem thirty-three years over all Israel and Judah. I Heburoni yahamaze imyaka indwi n’amezi atandatu, ari umwami w’umuryango wa Yuda gusa, i Yerusalemu na ho ahamara iyindi myaka mirongo itatu n’itatu aganza Abisirayeli bose.
6 Then the king and his men marched on Jerusalem against the Jebusites living there. They taunted David, "You'll never get in here; even the blind and lame can turn you back"—thinking, "David can't get in here." Umwami n’ingabo ziwe baja i Yerusalemu gutera Abayebusi, ari bo bamye bahaba kuva kera. Abayebusi babwira Dawidi bati: “Ntuzoshobora kwinjira ngaha; kuko n’aho boba impumyi n’ibimuga bokwirukana.” Abayebusi biyumvira bati “Dawidi ntazoshobora gushika hano.”
7 Nevertheless David captured the stronghold of Zion, that is, the city of David. Ariko Dawidi yigarurira igice c’ahitwa Siyoni hazitijwe impome zikomeye, ari ho haciye hitwa Igisagara ca Dawidi.
8 That day David said, "Whoever strikes down a Jebusite must reach the water shaft to strike the lame and blind, hated by David's soul." So they say, "The blind and lame won't enter the house." Kuri uwo musi, Dawidi abwira ingabo ziwe ati: “Ndanka ivyo bimuga n’izo mpumyi ari bo Bayebusi. Uwushaka kubanesha akwiye guca mu mugende w’amazi kugira ngo abashikire.” Aho ni ho havuye imvugo ivuga ngo: “Impumyi n’ibimuga ntibazokwigera binjira mu kirimba c’umwami.”
9 David settled in the stronghold and named it the City of David. He built up the area all around, from the Millo inward. Nuko Dawidi aba aho hantu hazitijwe impome zikomeye, aca ahita Igisagara ca Dawidi. Aca yagura ico gisagara mu kwubaka izindi nyubakwa zo kuhakingira, uhereye ku musezero w’ahitwa Milo ukaja inyuma n’imbere.
10 And David grew greater and greater, for our Father, the God of heaven's armies, was with him. Maze Dawidi arushaho kuba uwuhambaye, kuko Uhoraho Imana Mushoboravyose yari kumwe na we.
11 Hiram king of Tyre sent David messengers, cedar logs, carpenters, and stonemasons, and they built David a house. Maze, Hiramu umwami w’i Tiro arungika intumwa kuri Dawidi, azirungikana n’ibiti vy’amasederi n’ababaji n’abahinga mu kwubakisha amabuye, maze bubakira Dawidi ikirimba.
12 David knew our Father had established him as king over Israel and had exalted David's kingdom for the sake of our Father's people Israel. Maze Dawidi aca amenya ko Uhoraho yemeje ko ari we mwami w’Abisirayeli bose kandi ko yashize hejuru ubwami bwiwe kubera abantu biwe b’Abisirayeli.
13 After leaving Hebron, David took more concubines and wives from Jerusalem, and more sons and daughters were born to him. Amaze kuva i Heburoni akaja i Yerusalemu, Dawidi arongora izindi ncoreke n’abandi bagore, avyara abandi bahungu n’abakobwa.
14 These are the names of the children born to him in Jerusalem: Shammua, Shobab, Nathan, and Solomon, Aya ni yo mazina y’abana yavyariye i Yerusalemu: Shamuwa, Shobabu, Natani, Salomo,
15 Ibhar, Elishua, Nepheg, Japhia, Ibuhari, Elishuwa, Nefegi, Yafiya,
16 Elishama, Eliada, and Eliphelet. Elishama, Eliyada na Elifeleti.
17 When the Philistines heard David had been anointed king over Israel, they all marched up to look for him. But David heard of it and went down to the stronghold. Abafilisitiya bumvise ko Dawidi yasizwe amavuta ngo abe umwami w’Abisirayeli, baraduga n’inkomezi zabo zose bagiye kumurondera ngo bamufate; ariko Dawidi avyumvise aca aja kwinyegeza mu kinyegero.
18 Now the Philistines had come and spread out across the Valley of Rephaim. Maze Abafilisitiya barashika bakwiragira mu kiyaya c’i Refayimu.
19 David asked our Father, "Should I attack the Philistines? Will you hand them over to me?" And our Father answered David, "Go ahead—I will surely hand the Philistines over to you." Nuko Dawidi asiguza Uhoraho ati: “Nduge nje gutera Abafilisitiya? Urabampa mu maboko yanje?” Uhoraho aramwishura ati: “Genda, nzobatanga nyene mu maboko yawe.”
20 So David went to Baal-perazim and defeated them there. He said, "Our Father has burst through my enemies before me like a bursting flood." So he named that place Baal-perazim. Nuko Dawidi agenda i Bayali-Perazimu, arabagwanya arabanesha. Maze aravuga ati: “Uhoraho yansaturiye inzira imbere y’abansi banje nk’uko amazi asenyura urugomero.” Aho hantu haca hitwa Bayali-Perazimu.
21 The Philistines abandoned their idols there, and David and his men carried them off. Abafilisitiya bari batayeho ibigirwamana vyabo, maze Dawidi n’abantu biwe baraza barabitwara.
22 Once more the Philistines came up and spread out across the Valley of Rephaim. Ikindi gihe Abafilisitiya bongera kuduga bakwiragira mu kiyaya cose c’i Refayimu.
23 When David asked our Father, he answered, "Don't go straight up. Circle behind them and attack them opposite the balsam trees. Nuko Dawidi abaza Uhoraho ico yokora, na we aramwishura ati: “Ntubatere ubaturutse imbere, ariko ubazunguruke ubatere uturutse inyuma aharabana na biriya biti vyitwa popula.
24 As soon as you hear marching in the tops of the balsam trees, move fast, for then your Father will have gone out ahead of you to strike down the Philistine camp." Niwumva imirindi mu bushorishori bw’ivyo biti, uce unyaruka, kuko ico kizoba ari ikimenyetso co kukubwira ko Uhoraho agiye imbere yanyu mu gutera ingabo z’Abafilisitiya.”
25 So David did exactly as our Father had commanded, striking down the Philistines from Geba to Gezer. Nuko Dawidi akora nk’uko Uhoraho yamutegetse, aca atsinda Abafilisitiya agenda arabica kuva i Geba gushika i Gezeri.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]