Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Samuel 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When Saul's son Ish-bosheth heard Abner had died in Hebron, he lost his courage, and all Israel was shaken. Ishibosheti mwene Sawuli yumvise ko Abuneri yapfiriye i Heburoni, aca aracika intege, kandi Abisirayeli bose bahagarika imitima.
2 Saul's son had two raiding-band leaders: Baanah and Rechab, sons of Rimmon the Beerothite, of Benjamin—for Beeroth too is counted part of Benjamin, Uwo mwene Sawuli yari afise abagabo babiri bari abakuru mu ngabo. Umwe yitwa Bayana uwundi na we yari Rekabu; bari bene Rimoni w’i Beroti wo mu muryango wa Benyamini. I Beroti ni ahantu hari hahinduwe igice ca Benyamini,
3 for the Beerothites had fled to Gittaim and have lived there as foreigners to this day. kuko abantu b’i Beroti bahungiye i Gitayimu bakabayo nk’inyambukira gushika n’uwu musi.
4 Jonathan, Saul's son, had a boy lame in both feet. He was five when news of Saul and Jonathan came from Jezreel; his nurse grabbed him to flee, but as she rushed he fell and was crippled. His name was Mephibosheth. (Yonatani mwene Sawuli yari afise umuhungu yari yaramugaye amaguru yose. Yari amaze imyaka itanu igihe inkuru za Sawuli na Yonatani zivuye i Yezireyeli zashika. Umurezi wiwe aramufata aramuhungana, ariko uwo mukobwa kuko yariko arihuta cane ngo ahunge, aramukorokana, maze aca aba ikimuga. Uwo muhungu yitwa Mefibosheti.)
5 Rechab and Baanah, sons of Rimmon the Beerothite, came to Ish-bosheth's house in the heat of the day, while he took his noon rest. Umusi umwe Rekabu na Bayana, bene Rimoni Umuberoti, bagenda kwa Ishibosheti, bashikayo ari mu ndugumba yo ku murango na we yariko araruhuka mu gihe c’umurango.
6 They went into the middle of the house as if to get wheat, stabbed him in the belly, and Rechab and his brother Baanah escaped. Basanga umusanzi w’inzu yari yamye agosora ingano, arasinziriye. Baca barasoboka baramurengana binjira mu nzu haruguru. Maze Rekabu na Bayana bacumita umwami mu nda baca barahunga.
7 They had entered the house while Ish-bosheth lay on his bed in his bedroom. They struck him down, killed him, cut off his head, and took it, traveling all night by way of the Arabah. Bari binjiye mu nzu bamusanga yiryamiye ku buriri bwiwe mu cumba ciwe co kuryamamwo. Bamaze kumucumita bakamwica, baciye bamuca umutwe, hanyuma bahunga bawutwaye, bagenda ijoro ryose bajanye inzira ica mu kiyaya citwa Araba.
8 They brought Ish-bosheth's head to David at Hebron and told the king, "Here is the head of Ish-bosheth son of Saul, your enemy who sought your life. Today our Father has avenged my lord the king on Saul and his offspring." Bashitse i Heburoni bereka Dawidi umutwe wa Ishibosheti, babwira umwami bati: “Ng’uwu umutwe wa Ishibosheti mwene Sawuli, umwansi wawe, yagerageje kukwica. Uyu musi Uhoraho araguhoye mwami nyeningoma ku bwa Sawuli n’uruvyaro rwiwe.”
9 But David answered Rechab and his brother Baanah, sons of Rimmon the Beerothite: "As surely as our Father lives, who has redeemed my life from every distress, Dawidi yishura Rekabu n’uwo bavukana Bayana, bene Rimoni Umuberoti ati: “Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yantabaye mu ngorane zose,
10 when a man told me, 'Look, Saul is dead,' thinking he brought good news, I seized and killed him at Ziklag. That was the reward I gave him for his news! igihe haza umuntu akambwira ngo: ‘Sawuli yapfuye,’ mu kwiyumvira ko anzaniye inkuru nziza, naciye ndamufata ndamwicira i Zikulagi. Iyo ni yo mpembo namuhaye kubera iyo nkuru yari anzaniye!
11 How much more when wicked men kill a righteous man in his own house, on his own bed—should I not now demand his blood from you and remove you from the earth? None ntibirushiriza nimba abantu b’inkozi z’ikibi bafashe umuntu atariko urubanza, bakamwicira mu nzu yiwe no mu buriri bwiwe? Mbega sinkwiye kubahanira amaraso yiwe amaboko yanyu yavishije no kubakura kw’isi!”
12 David ordered his young men, and they killed them, cut off their hands and feet, and hung the bodies by the pool in Hebron. But Ish-bosheth's head they buried in Abner's tomb at Hebron." Nuko Dawidi aha itegeko abantu biwe, maze barabica. Babaca ibikonjo vyompi n’ibirenge vyompi, baca bamanika imivyimba yabo ku kidengeri c’i Heburoni. Ariko, umutwe wa Ishibosheti wowo bawuhamba mu mva ya Abuneri yari i Heburoni.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]