Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Samuel 18 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 David mustered his troops and appointed commanders of thousands and commanders of hundreds over them. Dawidi agendura ingabo ziri kumwe na we, ashiraho abagaba ingabo ijana n’abagaba igihumbi.
2 David sent out the troops: a third under Joab, a third under Abishai son of Zeruiah, Joab's brother, and a third under Ittai the Gittite. The king told the troops, "I will surely go out with you too." Dawidi atuma izo ngabo ku rugamba, ica gatatu c’izo ngabo catwarwa na Yowabu, ica gatatu kindi kigatwarwa na murumuna wa Yowabu, Abishayi mwene Zeruwiya, ikindi gice gisigaye kigatwarwa na Itayi Umugati. Umwami abwira ingabo ati: “Na jewe ubwanje ndajana namwe ku rugamba.”
3 But the troops said, "Don't go out. If we flee, they won't care; if half of us die, they won't care. You are worth 10,000 of us. Better you stay in the city, ready to send us help." Ariko abantu baravuga bati: “Ntujane natwe; nitwahunga nta n’umwe bigira ico bibwiye mu ngabo za Abusalomu. Mbere naho hopfa igice co muri twebwe nta co vyobabwira; ariko wewe wenyene ungana n’ibihumbi cumi ni wewe baza barondera gusa. Ni co gituma ukwiye gusigara mu gisagara, ukaturungikira abadutabara igihe vyoba bikenewe.”
4 The king told them, "I'll do whatever seems best to you." Then he stood at the gate as all the troops marched out by hundreds and by thousands. Umwami arabishura ati: “Ndakora ibibahimbara vyose.” Nuko umwami ahagarara i ruhande y’irembo igihe ingabo zariko zirasohoka ziri mu mice y’ijanajana n’igihumbihumbi.
5 The king commanded Joab, Abishai, and Ittai, "Be gentle with the young man Absalom, for my sake." All the troops heard the king commanding the commanders about Absalom. Umwami ategeka Yowabu, Abishayi na Itayi ati: “Ndabinginze, mwitondere uwo muhungu Abusalomu, mubikore ku bwanje.” Kandi ingabo zose zarumva aho Umwami yatanga iryo tegeko ryerekeye Abusalomu ariha umukuru wese.
6 The troops went out to the field against Israel, and the battle happened in the forest of Ephraim. Ingabo za Dawidi zija ku rugamba kugwanya Abisirayeli, maze intambara ibera mw’ishamba ry’Abefurayimu.
7 There Israel's army was defeated by David's men, and the slaughter that day was great: 20,000 men. Ingabo z’Abisirayeli zineshwa n’abantu ba Dawidi, kandi hapfa abantu benshi cane ibihumbi mirongo ibiri.
8 The battle spread across the whole region, and the forest devoured more troops that day than the sword devoured. Intambara ikwira mu gihugu cose, kandi abishwe n’ishamba baba benshi kuruta abishwe n’inkota.
9 Absalom encountered David's men. Riding his mule, he passed under the thick branches of a great oak, and his head caught fast in the tree. He hung between heaven and earth as the mule went on beneath him. Maze abusalomu ahura n’abantu ba Dawidi. Yari ku nyumbu yiwe, hanyuma agerageje guhunga, iyo nyumbu ica musi y’amashami azitanye y’igiti kinini, umushatsi wa Abusalomu ufatwa na ya mashami y’igiti, aguma yenena mu kirere, ariko inyumbu yariko iguma yigira.
10 A certain man saw it and told Joab, "I just saw Absalom hanging in an oak." Umwe muri ba bantu ba Dawidi abibonye, abwira Yowabu ati: “Nabonye Abusalomu yenena ku giti.”
11 Joab said to the man who told him, "So you saw him! Why then did you not strike him to the ground there? I'd have owed you ten days' wages in silver and a belt." Yowabu abwira uwo muntu amubwiye ivyo ati: “Wamubonye? None ni iki catumye utamwica ngo agwe aho nyene? Naca ndaguha shekeli icumi z’ifeza n’umukanda w’abahizi ku rugamba.”
12 But the man told Joab, "Even if 1,000 days' wages in silver were weighed into my palm, I wouldn't raise my hand against the king's son. For we all heard the king order you, Abishai, and Ittai, 'Protect the young man Absalom for my sake.' Ariko uwo muntu aramwishura ati: “Naho shekeli igihumbi zari kuba zaharuwe ziri mu ntoke zanje, sinari gukoza ukuboko ku mwana w’umwami. Twavyiyumviye yuko umwami yategetse wewe na Abishayi na Itayi ati: ‘Mwitondere uwo muhungu Abusalomu ku bwanje.’
13 Otherwise I'd have thrown away my life, for nothing is hidden from the king, and you'd have stood apart from me." Iyo mba namwishe nari kuba nigiriye nabi ubwanje, kuko umwami yoruhiye kubimenya nawe ukanyigarama.”
14 Joab said, "I won't waste time with you like this." He took three javelins in his hand, drove them into Absalom's heart while he was still alive, in the oak's heart. Yowabu aravuga ati: “Singomba guta umwanya ngo ndiko ndavugana nawe.” Nuko yakira amacumu atatu mu ntoke ariruka asanga Abusalomu acenena kuri ca giti kandi akiri muzima, ayamutera mu mutima.
15 And ten young men, Joab's armor-bearers, surrounded Absalom, struck him, and killed him. Maze ba basoda cumi batwaza ibigwanisho Yowabu bakikiza Abusalomu, bamucumitira aho nyene arapfa.
16 Joab blew the ram's horn, and the troops stopped chasing Israel, for Joab held them back. Nuko Yowabu aca avuza inzamba, ingabo ziwe zireka gukurikira Abisirayeli, kuko yari abahagaritse.
17 They took Absalom, threw him into a big forest pit, and heaped a huge pile of stones over him. All Israel fled, each to his own home. Bafata Abusalomu baja kumuta mu kinogo kirekire kiri mw’ishamba, baca bakirenzako ibibuye bininibinini. Muri uwo mwanya Abisirayeli bari bahunze, umuntu wese aja iwe.
18 During his lifetime Absalom had set up a pillar in the King's Valley, saying, "I have no son to keep my name remembered." He named the pillar after himself, and it is called Absalom's Monument to this day. Akiriho, Abusalomu yari yarashinze inkingi y’icibutso ciwe mu kiyaya c’umwami, kuko yiyumviriye ati: “Nta muhungu mfise ngo aze yibutse izina ryanje.” Aca yita iyo nkingi izina ryiwe, n’uwu musi iracitwa Icibutso ca Abusalomu.
19 Ahimaaz son of Zadok said, "Let me run and tell the king our Father has vindicated him against his enemies." Nuko Ahimazi mwene Sadoki aravuga ati: “Nyemerera niruke menyeshe iyi nkuru umwami ko Uhoraho amukuye mu maboko y’abansi biwe.”
20 Joab said, "You're not the man to carry news today. You may carry news another day, but today you will carry none, for the king's son is dead." Yowabu aramubwira ati: “Reka, si wewe wo kumenyesha iyo nkuru uwu musi. Nshobora kuzogutuma kumenyesha inkuru uwundi musi, ariko uwu musi ntubikore, kuko umuhungu w’umwami yapfuye.”
21 Joab said to the Cushite, "Go, tell the king what you saw." The Cushite bowed to Joab and ran. Maze Yowabu abwira Umunyakushi ati: “Genda ubwire umwami ivyo wabonye.” Wa Munyakushi yunama imbere ya Yowabu aca ariruka.
22 Ahimaaz son of Zadok said to Joab again, "Come what may, please let me also run after the Cushite." Joab replied, "Why run, my son? You have no news worth a reward." Ahimazi mwene Sadoki yongera kubwira Yowabu ati: “Ukwo vyogenda kwose, ndakwinginze ndeka nanje nkurikire uwu Munyakushi.” Ariko Yowabu arishura ati: “Muhungu wanje, ni kuki ugomba kugenda? Nta nkuru ufise yotuma uronka ingero.”
23 "Whatever happens," he said, "I'll run." "Run," Joab said. So Ahimaaz ran the plain route and outran the Cushite. Aravuga ati: “Egome, ariko nyemerera, nshaka kugenda.” Nuko Yowabu aravuga ati: “Iruka!” Maze Ahimazi ariruka aca mu kiyaya asiga wa Munyakushi.
24 David was sitting between the two gates. The watchman went up to the gate roof at the wall, lifted his eyes, and saw a man running alone. Dawidi acicaye hagati y’ibikingi vy’irembo, umurinzi aduga hejuru ku nzu, ku muryango w’irembo. Aravye, abona umuntu yiruka ari wenyene.
25 The watchman called out, telling the king. The king said, "If alone, he brings news." The runner kept coming closer. Wa murinzi ahamagara umwami arabimubwira. Umwami aravuga ati: “Ko ari wenyene, ashobora kuba azanye inkuru nziza.” Wa muntu aguma yegereza.
26 The watchman saw another man running and called to the gatekeeper, "Look, another man running alone!" The king said, "He too brings news." Wa murinzi abona uwundi aje yiruka, aca ahamagara umurinzi w’irembo ati: “Ehe uwundi aje yiruka ari wenyene!” Umwami aravuga ati: “Na we nyene ashobora kuba azanye inkuru nziza.”
27 The watchman said, "The first one runs like Ahimaaz son of Zadok." The king said, "He is a good man; he comes with good news." Wa murinzi aravuga ati: “Umengo umwe wa mbere yiruka nka Ahimazi mwene Sadoki.” Umwami ati: “Ni umuntu mwiza. Azanye inkuru nziza.”
28 Ahimaaz called to the king, "All is well!" He bowed before the king, face to the ground, and said, "Blessed be your Father, who handed over those who rebelled against my lord the king." Maze Ahimazi ahamagara umwami ati: “Vyose ni vyiza!” Yunama imbere y’umwami akoza umutwe hasi aca aravuga ati: “Uhoraho Imana yawe ahimbazwe! Kuko yagabuye abantu bahagurukiye kugwanya umwami wanje.”
29 The king asked, "Is the young man Absalom safe?" Ahimaaz answered, "When Joab sent off the king's servant and me your servant, I saw a great commotion, but I did not know what it was." Umwami arabaza ati: “Wa muhungu Abusalomu ariho?” Ahimazi arishura ati: “Igihe Yowabu yandungika ivyariko biraba ntivyari bwasobanuke neza, sinamenye ivyo ari vyo.”
30 The king said, "Step aside and stand here." So he stepped aside and stood still. Umwami aravuga ati: “Hagarara i ruhande urindirire aha.” Nuko aja i ruhande ahagararaho.
31 The Cushite arrived and said, "Good news, my lord the king! Today the LORD cleared you from the hand of all who rose against you." Wa Munyakushi arashika aca aravuga ati: “Mwami nyeningoma, niwumve inkuru nziza! Uhoraho yagutabaye agukura mu maboko y’abari baguhagurukiye.”
32 The king asked the Cushite, "Is the young man Absalom safe?" The Cushite answered, "May my lord the king's enemies, and all who rise against you to harm you, be like that young man." Umwami abaza wa Munyakushi ati: “Wa muhungu Abusalomu nta co yabaye?” Wa Munyakushi arishura ati: “Abansi b’umwami wanje n’abomuhagurukira bose ngo bamugirire nabi barakaba nk’uko uwo musore yabaye.”
33 The king trembled. He went up to the gate's upper room, weeping, saying as he walked: "My son Absalom! My son, my son, Absalom! If only I had died instead of you, Absalom, my son, my son!" Umwami aca aracika intege. Aca aja mu cumba co hejuru cari ku muryango w’igisagara aririrayo. Agenda aravuga ati: “Ewe mwana wanje Abusalomu! Mwana wanje, mwana wanje Abusalomu! Iyo mpfuma aba ari jewe mpfa hako wewe upfa; yewe Abusalomu, mwana wanje, mwana wanje!”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]