Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Samuel 17 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then Ahithophel said to Absalom, "Let me pick 12,000 men and set out tonight after David. Ahitofeli arongera abwira Abusalomu ati: “Nyemerera ntoranye ingabo ibihumbi cumi na bibiri maze iri joro nyene nje guhiga Dawidi iyo yagiye.
2 I will attack him while he is weary and weak, panic him, and all his people will flee; then I will strike down only the king. Ndamusanga akirushe acitse intege; we n’abo bari kumwe ndabaca ivutu, maze abari kumwe na we bose baca bamuta bahunge. Nica umwami wenyene,
3 I will bring all the people back to you. The one man you seek—his death means everyone returns, and all the people will be at peace." nkugarukaneko abantu bose. Urupfu rw’uwo mugabo urondera rutuma abantu bose bagaruka; nawe uce uba amahoro.”
4 This plan seemed good to Absalom and all the elders of Israel. Iyo nama yasa n’aho ari nziza kuri Abusalomu, hamwe n’abakuru bose bo mu Bisirayeli.
5 Absalom said, "Call Hushai the Archite too, and let's hear what he also says." Ariko Abusalomu avuga ati: “Tumako na Hushayi Umwaruki, kugira ngo twumve ivyo avuga.”
6 When Hushai came to him, Absalom said, "Ahithophel advised this. Should we do what he says? If not, you speak." Maze Hushayi ashitse, Abusalomu avuga ati: “Ahitofeli yatugiriye iyi nama. Mbega dukore ivyo yatubwiye? Canke na ho wewe ubivugako iki?”
7 Hushai said to Absalom, "The counsel Ahithophel has given is not good this time. Hushayi yishura Abusalomu ati: “Impanuro Ahitofeli yatanze uno musi si nziza.
8 Hushai added, "You know your father and his men—fierce warriors, like a bear robbed of her cubs in the field. Your father is a seasoned fighter; he won't sleep with the troops." Urazi so n’abantu biwe bose ni abagwanyi, kandi ubu banganya ubukare n’idubu batwaye ivyana vyayo. Vyongeye, so ni umugwanyi yagwanye kuva kera; ntaza kurara hamwe n’ingabo ziwe.
9 Even now he's hidden in a pit or elsewhere. If some of your men fall first, whoever hears will say, 'Absalom's men have been slaughtered!' Nk’ubu, usanga yinyegeje mw’isenga canke ahandi. Hamwe yotera ingabo zawe ubwa mbere akicamwo na bakeya, uwuzovyumva wese azovuga ati: ‘Hapfuye abantu mu ngabo zakurikiye Abusalomu.’
10 Then even the bravest, whose heart is a lion's heart, will melt with fear, for all Israel knows your father is a warrior and those with him are brave. Maze n’umuhizi yari afise umutima urinda nk’uw’intambwe, azoca ashongeshwa n’ubwoba, kuko Abisirayeli bose bazi ko so ari umugwanyi kandi ko abari kumwe na we ari abahizi.
11 So here is my counsel: gather all Israel to you, from Dan to Beersheba, as many as the sand by the sea, and go into battle yourself. None rero nokugira iyi nama: reka Abisirayeli bose, kuva i Dani gushika i Berisheba bangana n’umusenyi wo ku kiyaga bakoranire aho uri wewe, hanyuma wewe ubwawe nyene ubaje imbere mu kuja mu rugamba.
12 We'll reach him wherever he is, settle on him like dew on the ground, and leave alive neither him nor any of his men. Maze tuzomutera aho azoba ari hose, tumugweko nk’uko urume rugwa kw’isi. Nta n’umwe yaba we canke abari kumwe na we bazosigara.
13 If he pulls back into a city, all Israel will bring ropes there, and we will drag it into the valley until not a pebble is left." Nibahungira mu gisagara kanaka, Abisirayeli bose bazoca bazana imigozi kuri ico gisagara, bagikwege bakijane mu kiyaya gushika aho ata n’ibuye rizoboneka risigaye rihagaze.”
14 Absalom and all the men of Israel said, "Hushai the Archite's counsel is better than Ahithophel's." For our Father had determined to defeat Ahithophel's good counsel, so our Father could bring disaster on Absalom. Abusalomu n’abantu bose b’Abisirayeli baca bavuga bati: “Inama ya Hushayi Umwaruki ni nziza kuruta iya Ahitofeli.” Ivyo vyabaye kubera yuko Uhoraho yari yagabiye kuburabuza inama nziza ya Ahitofeli kugira ngo ateze ivyago Abusalomu.
15 Hushai told the priests Zadok and Abiathar, "This is what Ahithophel advised Absalom and Israel's elders, and this is what I advised. Hushayi abwira Sadoki na Abiyatari abaherezi ati: “Ahitofeli yagiriye inama Abusalomu n’Abakuru b’Abisirayeli gukora gutya na gutya, ariko nabahanuye uku n’uku.
16 Now send word quickly to David: 'Don't stay tonight at the wilderness fords; cross over without fail, or the king and all the people with him will be swallowed up.'" None rero rungika intumwa yo kubwira Dawidi iti: ‘Nturare mu kiyaya ca Yorodani mu bugaragwa; jabuka udatevye, bitari uko umwami n’abantu bari kumwe na we barahona.’ ”
17 Jonathan and Ahimaaz waited at En-rogel; a servant girl would go and tell them, and they would go and tell King David, for they could not be seen entering the city. Yonatani na Ahimazi bagumye ahitwa Eni-Rogeli. Hari umukobwa w’umugurano yari ashinzwe kubashira inkuru, na bo bagaca bagenda kubibwira umwami Dawidi, kuko batinjira mu gisagara kugira ntibababone.
18 But a young man saw them and told Absalom. So the two hurried off and reached a man's house at Bahurim, who had a well in his courtyard, and they climbed down into it. Ariko umusore umwe arababona aca abibwira Abusalomu. Nuko bompi baca bagenda bihuta kwinyegeza mu nzu y’umuntu yaba i Bahurimu. Yari afise iriba riri mu rugo iwe, baca bamanuka muri ryo.
19 The man's wife spread a covering over the well's mouth and scattered grain on it, so nothing was noticed. Umugore wiwe aca afata impuzu ayisasa hejuru y’iryo riba aca yanikirako ingano. Nta n’umwe yamenye ko aho hantu hariyo abantu.
20 When Absalom's servants came to the woman at the house, they asked, "Where are Ahimaaz and Jonathan?" She said, "They crossed the brook." The men searched, found no one, and returned to Jerusalem. Abantu ba Abusalomu barashika babaza wa mugore bati: “Ahimazi na Yonatani bari hehe?” Wa mugore arabishura ati: “Bajabutse umugezi.” Ba bantu bararondera ariko ntibabona n’umwe, baca basubira i Yerusalemu.
21 After they left, the two climbed out of the well and went and reported to King David. They said to him, "Get up and cross the water quickly, for Ahithophel has plotted this against you." Abo bantu bamaze kugenda, ba bahungu babiri barurira bava muri iryo riba baca baja kubwira umwami Dawidi. Baramubwira bati: “Haguruka ujabuke Yorodani ubu nyene; Ahitofeli yabagiriye inama ivuga uku n’uku yo kukugwanya.”
22 So David and everyone with him got up and crossed the Jordan. By daybreak not one was left who had not crossed it. Nuko Dawidi n’abari kumwe na we bose barahaguruka bajabuka Yorodani. Bwakeye ata n’umwe asigaye hakuno ya Yorodani.
23 When Ahithophel saw his advice was not followed, he saddled his donkey and went home to his town. He set his house in order, then hanged himself. He died and was buried in his father's tomb. Ahitofeli abonye ko inama yiwe itumviwe, aca ategura indogoba yiwe ataha iwe mu gisagara c’iwabo. Aca atunganya ivyo mu rugo rwiwe hanyuma ariyahura. Apfuye, bamuhamba hamwe na se.
24 David came to Mahanaim, while Absalom crossed the Jordan with all the men of Israel beside him. Dawidi aja i Mahanayimu, Abusalomu na we ajabuka Yorodani n’Abisirayeli bose.
25 Absalom had set Amasa over the army instead of Joab. Amasa's father was Ithra the Israelite, who had married Abigail daughter of Nahash, sister of Zeruiah, Joab's mother. Abusalomu yari yatoye Amasa ngo abe umukuru w’ingabo mu kibanza ca Yowabu. Amasa yari umuhungu w’umugabo yitwa Yeteri, Umwisirayeli yari yarongoye Abigayili, umukobwa wa Nahashi kandi yavukana na Zeruwiya nyina wa Yowabu.
26 Israel and Absalom camped in the land of Gilead. Abisirayeli na Abusalomu bacumbika mu gihugu c’i Gileyadi.
27 When David reached Mahanaim, Shobi son of Nahash from Rabbah of the Ammonites, Machir son of Ammiel from Lo-debar, and Barzillai the Gileadite from Rogelim, Dawidi ashitse i Mahanayimu, Shobi mwene Nahashi yava i Raba h’Abamoni, na Makiri mwene Amiyeli yava i Lo Debari, na Baruzilayi Umugileyadi yava i Rogelimu
28 brought beds, basins, and pottery, along with wheat, barley, flour, roasted grain, beans, lentils, bazana ivyo gusasa, n’amabesani n’ibibumvye mw’ibumba. Bazana n’ingano na sayiri, amafu n’ingano zikaranze, ibiharage n’ubushaza,
29 honey, curds, sheep, and cheese from the herd for David and his people to eat, for they said, "The people are hungry, tired, and thirsty in the wilderness." ubuki, amavuta avuye mu mikuku y’inka, amaforomaji y’inka vya Dawidi n’abantu biwe ngo bafungure. Kuko bavuze bati: “Abantu barashonje, bararushe kandi baranyotewe kubera ubugaragwa.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]