Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Samuel 19 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Word reached Joab: "Look, the king is weeping and mourning for Absalom." Maze babwira Yowabu bati: “Umwami ariko ararira aborogera Abusalomu.”
2 So that day the victory became mourning for all the people, because they heard that day, "The king grieves over his son." Kandi ingabo zose zumvise umubabaro w’umwami intsinzi bari baronse uwo musi ihinduka ikigandaro, kuko kuri uwo musi ingabo zari zumvise bavuga bati: “Umwami ababajwe n’umwana wiwe.”
3 The people crept into the city that day, like those shamed and slinking away after fleeing battle. Ingabo zinjira mu gisagara nk’abiyiba nk’uko ingabo zomboka mu kwinjira kubera ibimaramare igihe bahunze mu ntambara.
4 The king covered his face, crying loudly, "My son Absalom! Absalom, my son, my son!" Umwami yipfuka mu maso araboroga cane ati: “Ewe mwana wanje Abusalomu! Ewe Abusalomu, mwana wanje, mwana wanje!”
5 Joab came to the king and said, "Today you have shamed all your servants, who this day saved your life, the lives of your sons and daughters, and the lives of your wives and concubines, Nuko Yowabu yinjira mu nzu aho umwami ari amubwira ati: “Uyu musi utetereje ingabo zose, zagukirije ubuzima n’ubw’abahungu bawe n’ubw’abakobwa bawe n’ubuzima bw’abagore bawe n’incoreke zawe.
6 by loving those who hate you and hating those who love you. Today you've shown that commanders and servants mean nothing to you. Now I know that if Absalom lived and we all had died, you'd be pleased. Ukunda abakwanka ukanka abagukunda. Uyu musi uravyerekanye ko abakuru b’ingabo n’ingabo zose ata co bavuze imbere yawe. Ndabona ko wari kunezerwa iyo Abusalomu aba akiriho natwe twese twapfuye.
7 Now get up, go out, and speak kindly to your servants. I swear by our Father, if you don't go out, not one man will stay with you tonight—worse for you than all the trouble you've had since your youth." Nuko rero sohoka uremeshe ingabo. Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho ko nimba udasohotse, nta n’umwe aja gusigara ari inyuma yawe uwu musi. Kandi ivyo biraja kukubera bibi kurusha ivyago vyose vyakubayeko kuva mu buto bwawe gushika uwu musi.”
8 So the king got up and sat in the gate. When the people were told, "Look, the king is sitting in the gate," they all came before him. Now Israel had fled, everyone to his home. Maze umwami arahaguruka avyagira ku ntebe yiwe yari kw’irembo. Babwira abantu bati: “Umwami avyagiye kw’irembo.” Bose baca bakoranira imbere yiwe. Muri ico gihe Abisirayeli bose bari kumwe na Abusalomu, bari bahunze umwe wese aja iwe.
9 Throughout the tribes of Israel the people argued: "The king saved us from our enemies, rescued us from the Philistines, but now he's fled the land because of Absalom. Mu miryango yose y’Abisirayeli, abantu bariko baraharira bavuga bati: “Umwami yatubohoye adukura mu maboko y’abansi bacu; ni we yadukijije ukuboko kw’Abafilisitiya. Ariko ehe raba ubu yarahunze igihugu kubera Abusalomu;
10 But Absalom, whom we anointed to rule us, died in battle. So why say nothing about bringing the king back?" kandi Abusalomu twari twasize amavuta ngo abe umwami wacu, yaguye ku rugamba. None ko ata co muvuga ku vyerekeye kugarukana umwami?”
11 King David sent word to Zadok and Abiathar the priests: "Tell the elders of Judah, 'Why be the last to bring the king back home, when all Israel's word has reached the king at his home?' Umwami Dawidi arungika ubu butumwa kuri Sadoki na Abiyatari abaherezi ngo: “Mubaze abakurambere b’Abayuda muti: ‘Ni kuki mwoba abanyuma mu kugarukana umwami mu kirimba iwe, ko ibiriko biravugwa mu Bisirayeli bose vyashikiriye umwami aho ari?
12 You are my brothers, my own flesh and blood. So why should you be last to bring back the king? Muri abavukanyi banje, akara kamwe n’amaraso amwe nanje. None ni igiki cotuma muba abanyuma kugarukana umwami?’
13 Say to Amasa, 'Aren't you my own flesh and blood? May our Father do this to me and more if you don't become my permanent army commander, replacing Joab.'" Kandi mubwire Amasa muti: ‘Mbega nturi akara kamwe n’amaraso amwe na we? Imana ize ibimpore, kandi birushirije, nutaba umukuru w’ingabo ziwe mu gishingo ca Yowabu.’ ”
14 David won over all the men of Judah as one man, and they sent word to the king: "Return, you and all your servants." Amajambo ya Dawidi yigarurira imitima y’Abayuda bose baca baba nk’umuntu umwe. Batumako umwami bati: “Garuka mwe n’abantu bawe bose.”
15 The king returned and came to the Jordan; Judah came to Gilgal to meet the king and bring him across the Jordan. Umwami aca aragaruka ashika ku nkombe za Yorodani. Abayuda bari baje i Gilugali kugira ngo basanganire umwami bamujabutse Yorodani.
16 Shimei son of Gera, the Benjaminite from Bahurim, rushed down with Judah's men to meet King David. Shimeyi mwene Gera, Umubenyamini yaba i Bahurimu, arihuta amanukana n’Abayuda gusanganira umwami Dawidi.
17 With him were 1,000 Benjamites, and Ziba, servant of Saul's house, with his fifteen sons and twenty servants. They rushed to the Jordan ahead of the king, Yari kumwe n’Ababenyamini igihumbi, hamwe na Ziba umuzezwabintu wo mu nzu ya Sawuli, n’abahungu biwe icumi na batanu n’abagurano mirongo ibiri. Baranyaruka baja kuri Yorodani, aho umwami yari ageze.
18 and crossed the ford to bring the king's household over and do what pleased him. Shimei son of Gera fell before the king as he was about to cross the Jordan, Baca barihuta kujabuka ngo baje kujabukana ab’inzu y’umwami no gukora ico yogomba cose. Shimeyi mwene Gera ajabutse Yorodani, aca yikubita hasi yubama imbere y’umwami
19 and said, "Please, my lord, don't hold this against me, and don't remember how your servant did wrong the day my lord the king left Jerusalem. Please, my lord the king, don't take it to heart. aramubwira ati: “Icompa umwami ntamparureko icaha canje. Ntiwibuke ivyo umusavyi wawe nagucumuyeko igihe umwami wanje yava i Yerusalemu. Icompa umwami akavyirengagiza.
20 Your servant knows I have sinned. So today I've come first of all Joseph's house to meet my lord the king." Kuko jewe umusavyi wawe nzi ko nacumuye, ariko uwu musi nabaye uwa mbere mu b’inzu ya Yosefu kumanuka gusanganira umwami wanje.”
21 Then Abishai son of Zeruiah said, "Shouldn't Shimei be put to death for cursing our Father's anointed?" Maze Abishayi mwene Zeruwiya aravuga ati: “Shimeyi akwiye kwicwa, kubera yavumye uwo Uhoraho yimikishije amavuta.”
22 David said, "Why meddle with me, sons of Zeruiah? Why should you become my enemies today? Should anyone be put to death in Israel today? Don't I know that today I am king over Israel?" Dawidi aramwishura ati: “Ivyo bibatwaye iki ga bene Zeruwiya? Ni kuki mumbereye nk’abangwanya? Mbega hari uwokwicwa uwu musi mu Bisirayeli? Mbega sinzi ko uwu musi ndi umwami w’Abisirayeli?”
23 The king told Shimei, "You will not die," and the king swore to him. Nuko umwami abwira Shimeyi ati: “Ntugipfuye.” Maze umwami aramurahira.
24 Mephibosheth, Saul's grandson, came down to meet the king. He had not tended his feet, trimmed his beard, or washed his clothes from the day the king left until he came back safely. Mefibosheti, umwuzukuru wa Sawuli, na we nyene aramanuka gusanganira umwami. Kuva umusi umwami yaviriye i Yerusalemu n’umusi yagarukiyeko amahoro, ntiyari bwakure ubwanwa canke ngo yoge ibirenge canke ngo amesure impuzu ziwe.
25 When he reached Jerusalem to meet the king, the king asked, "Why didn't you go with me, Mephibosheth?" Igihe yava i Yerusalemu aja gusanganira umwami, umwami aramubaza ati: “Ni kuki utajanye nanje, ga Mefibosheti?”
26 He said, "My lord the king, my servant tricked me. Your servant said, 'I'll saddle my donkey and ride with the king,' for your servant is lame. Amwishura ati: “Mwami nyeningoma, kuko umusavyi wawe mugaye, nabwiye Ziba nti: ‘Ntegurira indogoba kugira ngo njane n’umwami.’ Ariko Ziba umugurano wanje yarambeshe.
27 He slandered your servant to my lord the king. But my lord the king is like the angel of our Father; do what seems good to you. Yaranambesheye jewe umusavyi wawe ku mwami wanje avuga ko nanse kuza. Ariko, wewe mwami wanje uri nk’umumarayika w’Imana; nuko rero nukore ikiguhimbaye cose.
28 All my father's house deserved only death from my lord the king, yet you set your servant among those who eat at your table. What right have I to appeal to the king again?" Abo mu muryango wa sogokuru nta kindi bari bakwiye atari urupfu mu nyonga zawe, ariko wahaye umusavyi wawe ikibanza ku meza yawe. Mbega hari ikindi nosaba imbere y’umwami wanje?”
29 The king said, "Why say more about your affairs? I've decided: you and Ziba will divide the land." Umwami aramubwira ati: “Ni kuki uvuga vyinshi? Ntegetse ko wewe na Ziba mugabura imirima.”
30 Mephibosheth said to the king, "Let him take it all, now that my lord the king has come home safely." Mefibosheti abwira umwami ati: “Mureke atware vyose, igikuru ni uko umwami wanje agarutse amahoro.”
31 Barzillai the Gileadite came down from Rogelim and crossed the Jordan with the king, to see him off. Baruzilayi Umugileyadi na we aramanuka avuye i Rogelimu ngo ajabukane Yorodani n’umwami anamuherekeze asubiye iwe.
32 Barzillai, very old at eighty, had fed the king during his stay at Mahanaim, for he was a very wealthy man. Uwo Baruzilayi yari ashaje cane, afise imyaka mirongo umunani. Ni we yagaburiye umwami igihe yari i Mahanayimu, kuko yari umutunzi cane.
33 The king told Barzillai, "Cross over with me, and I will provide for you at my side in Jerusalem." Umwami abwira Baruzilayi ati: “Jabukana nanje uce ugumana nanje i Yerusalemu, nanje nzoguha ibikwiye vyose.”
34 Barzillai said to the king, "How many years do I have left, that I should go up with the king to Jerusalem? Ariko Baruzilayi arishura ati: “Mbega nsigaje imyaka ingahe yo kubaho, ku buryo nodugana nawe ga mwami i Yerusalemu?
35 I am eighty years old today. Can I tell good from bad? Can your servant taste what he eats or drinks? Can I still hear singing men and women? Why should your servant burden my lord the king further? Ubu maze imyaka mirongo umunani. Mbega ndacatandukanya ikibi n’iciza? Mbega umusavyi wawe ndacamenya ibiryoshe n’ibibishe vyaba ivyokurya canke ivyo kunywa? Ndacumva amajwi y’abaririmvyi baba abagabo canke abagore? None ni igiki cotuma jewe umusavyi wawe ndakubera umutwaro ga mwami wanje nyeningoma?
36 Your servant will cross the Jordan with the king a short way. Why should the king repay me with such a reward? Umusavyi wawe ndajabukana Yorodani nawe ndaguherekeze gatoya, ariko ni iki cotuma umwami ampa impembo ingana ityo?
37 Please let your servant return to die in my own city near my father and mother's grave. But your servant Chimham is here; let him cross over with my lord the king, and do for him what seems good to you." Reka umusavyi wawe nisubirire inyuma, kugira ngo nze mpfire mu gisagara c’iwacu mpambwe i ruhande y’imva za data na mama. Ariko ng’uwu umusavyi wawe Kimuhamu. Reka ajabukane nawe mwami. Uze umukorere ibiguhimbaye vyose.”
38 The king said, "Chimham will cross with me, and I will do for him what pleases you, and whatever you ask of me I will do for you." Umwami aravuga ati: “Kimuhamu arajabukana nanje, kandi nzomukorera ivyo ushaka vyose. Ivyo wipfuza vyose, nzobikora ku bwawe.”
39 All the people crossed the Jordan, and the king crossed. The king kissed Barzillai and blessed him, and Barzillai returned home. Nuko abantu bose bajabuka Yorodani, maze n’umwami arajabuka. Umwami agumbira Baruzilayi aramuhezagira, maze Baruzilayi asubira iwe.
40 The king crossed to Gilgal, Chimham with him. All Judah's people, and half of Israel's, escorted the king. Umwami amaze kujabuka hakurya i Gilugali, Kimuhami ajabukana na we. Ingabo zose z’Abayuda n’igice c’ingabo z’Abisirayeli baherekeza umwami.
41 Then all the men of Israel came to the king and asked, "Why did our brothers, the men of Judah, steal you away and bring the king and his household across the Jordan, with all David's men?" Maze abantu bose b’Abisirayeli baza aho umwami ari, bitwarira abo mu muryango wa Yuda bati: “Ni kuki abavukanyi bacu b’Abayuda, batwivye umwami bakongera bakamujabukana Yorodani bamugarukanye hamwe n’ab’inzu yiwe bose, n’ingabo zose za Dawidi zari kumwe na we bonyene?”
42 All the men of Judah answered the men of Israel, "The king is our close relative. Why are you angry about this? Have we eaten any of the king's food, or has he given us a gift?" Abantu bose b’Abayuda bishura Abisirayeli bati: “Twabikoze kuko umwami ari uwo mu muryango wacu wa hafi. None ni kuki bibashavuje? Hari ivyokurya vy’umwami twariye twenyene? Mbega hari ikintu na kimwe twatwaye ciwe ngo tukigire icacu?”
43 The men of Israel answered the men of Judah, "We have ten shares in the king, and a greater claim on David than you. So why did you despise us? Weren't we first to speak of bringing back our king?" But Judah's words were harsher than Israel's. Nuko ingabo z’Abisirayeli zishura ingabo z’Abayuda ziti: “Dufise imigabane icumi ku mwami; kandi i ruhande y’ivyo, muri Dawidi dufise vyinshi kubarusha. None ni iki gituma mudukengera? Ntituri aba mbere batanguye kuvuga ivyo kugarukana umwami wacu?” Ariko abantu b’i Buyuda bishurana amajambo akaze kurusha Abisirayeli.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]