Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Samuel 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father sent Nathan to David. He came and said, "Two men lived in a certain city, one rich, one poor. Uhoraho atuma Natani kuri Dawidi. Ashitse aho ari, amubwira ati: “Mu gisagara kimwe hariho abagabo babiri, umwe yari umutunzi, uwundi yari umukene.
2 The rich man had very many flocks and herds, Uwo mutunzi yari afise intama nyinshi cane n’ibindi bitungwa,
3 but the poor man had only one little ewe lamb he had bought. He raised it, and it grew up with him and his children. It ate from his plate, drank from his cup, lay in his arms; it was like a daughter to him. ariko wa mukene we nta kindi yari afise atari akagazi k’intama kamwe yari yaraguze. Yarakoroye, karakura kabana na we n’abana biwe. Karya ku ndya ziwe, kakanywera ku gikombe ciwe, kakaryama mu maboko yiwe. Kari kameze nk’agakobwa kiwe.”
4 A traveler came to the rich man, but he would not take from his own flock or herd to feed the guest who had come. So he took the poor man's ewe lamb and prepared it for the man who had come to him." “Maze haza umushitsi kwa wa mutunzi, ariko ntiyakura muri za ntama ziwe canke mu bindi bitungwa, ivyo kuzimana umushitsi wiwe. Ahubwo, aragenda afata ka gatama ka wa mworo aba ari ko abaga azimana uwo mushitsi.”
5 David burned with great anger at the man and told Nathan, "As our Father lives, the man who did this deserves to die! Dawidi ishavu riramurya, abwira Natani ati: “Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, uwo muntu yakoze ivyo akwiye gupfa!
6 He must repay the lamb four times over, because he did this and had no pity." Ategerezwa kuriha ako kagazi k’intama incuro zine, kuko yakoze ikintu nk’ico ntagire akagongwe.”
7 Then Nathan said to David, "You are the man! This is what our Father, the God of Israel, says: I anointed you king over Israel, and I rescued you from Saul's power. Maze Natani abwira Dawidi ati: “Uwo muntu ni wewe! Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli avuze: ‘Nagusize amavuta ngo ube umwami w’Abisirayeli, ndagukura mu kuboko kwa Sawuli.
8 "I gave you your master's house and his wives into your arms, and the house of Israel and Judah. And had this been too little, I would have given you much more. Naguhaye inzu ya shobuja, n’abagore biwe ndabashira mu maboko yawe. Naguhaye ingoma ya Isirayeli n’iya Yuda. Kandi nimba ivyo vyari bike, nari kukwongera n’ibindi.
9 Why have you despised my word, doing evil in my sight? You struck Uriah the Hittite with the sword, took his wife as your own, and killed him with the sword of the Ammonites. None ni kuki wakengereye ijambo ry’Uhoraho ugakora ikintu kibi nk’ico mu nyonga ziwe? Wicishije Uriya Umuheti inkota y’Abamoni, maze uca wigarurira umugore wiwe umugira rwawe.
10 So now the sword will never leave your house, because you despised me and took the wife of Uriah the Hittite as your own. None rero, uhereye ubu, inkota ntizova mu nzu yawe, kuko wankengereye ugatwara umugore wa Uriya Umuheti ukamugira rwawe.’ ”
11 This is what our Father says: I will bring disaster on you from your own house. Before your eyes I will take your wives, give them to a man close to you, and he will lie with them in broad daylight. “Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Kubera ivyo wakoze, nzotuma ivyago bikuzako bivuye mu bo mu nzu yawe. Nzofata abagore bawe ndabahe umuntu wa hafi yawe, aryamane na bo ku murango izuba riva.
12 You did this in secret, but I will do this thing before all Israel, in broad daylight." Ivyo wakoze wabikoze mw’ibanga, ariko jeho nzobikora ku murango izuba ryaka imbere y’Abisirayeli bose.’ ”
13 David told Nathan, "I have sinned against our Father." Nathan replied, "Our Father has also removed your sin; you will not die." Nuko Dawidi aratura abwira Natani ati: “Naracumuye k’Uhoraho.” Natani aramwishura ati: “Ni vyo, mugabo Uhoraho yakugiriye ikigongwe ntugipfuye kubera ico caha.
14 But because you have shown deep contempt for our Father by this deed, the son born to you will die. Ariko, kubera agakengerwe kangana gatyo werekanye k’Uhoraho mu gukora ivyo, wa mwana wavyara wewe arapfa.”
15 Then Nathan went home. And our Father struck the child Uriah's wife had borne to David, and he became gravely ill. Natani amaze gutaha, Uhoraho atuma wa mwana muka Uriya yavyarana na Dawidi agwara.
16 David pleaded with our Father for the boy. He fasted, went in, and spent the nights lying on the ground. Dawidi asabira uwo mwana ku Mana kugira ngo amureke abeho. Arisonzesha, aja mu nzu yiwe amara amajoro yitembagaza hasi yambaye amagunira.
17 The elders of his household stood beside him to lift him from the ground, but he refused and would not eat with them. Abakuru b’umuryango wiwe bahagarara i ruhande yiwe ngo bamwinginge ave hasi, ariko aranka, kandi ntiyagira ico afungurana na bo.
18 On the seventh day the child died. David's servants feared telling him the child was dead, for they said, "While the child lived, we spoke to him and he wouldn't listen. How can we say the child is dead? He may harm himself." Ku musi ugira indwi wa mwana arapfa. Abishikira ba Dawidi baratinya kubimubwira, kuko biyumvira bati: “Ko yakoze ivyo, ntatwumvirize igihe uwo mwana yari akiriho, twomubwira gute ko umwana yapfuye? Erega yohava akora igikorwa c’uwihebuye.”
19 But David saw his servants whispering and realized the child was dead. So he asked, "Is the child dead?" "He is dead," they said. Dawidi abona abantu biwe bariko barongorerana aca amenya ko wa mwana yapfuye. Arababaza ati: “Wa mwana yapfuye?” Baramwishura bati: “Egome, yapfuye.”
20 David got up from the ground, washed, put on oil, and changed his clothes. He went into the house of our Father and worshiped, then went home, and at his request they set food before him, and he ate. Nuko Dawidi ava hasi. Ahejeje kwiyuhagira, yisiga amavuta yambara n’impuzu ziwe, aja mu ngoro y’Uhoraho aramuhimbaza. Maze aca yisubirira iwe, asaba ko bamuzanira imfungurwa, maze arafungura.
21 His servants said, "What is this you have done? While the child lived, you fasted and wept; now that he's dead, you get up and eat." Abasuku biwe baramubaza bati: “Ni kuki ukoze uko? Umwana akiriho, warisonzesheje urarira, ariko ubu umwana apfuye, urahagurutse urafungura!”
22 He said, "While the child lived, I fasted and wept, thinking, 'Who knows? Our Father may be gracious to me and let the child live.' Arabishura ati: “Umwana akiriho, narisonzesheje ndarira. Nariyumviriye nti: ‘Nta wubizi, kumbure, Uhoraho ashobora kungirira ubuntu umwana agakira.’
23 But now he is dead. Why should I fast? Can I bring him back again? I will go to him, but he won't return to me." Ariko ko yapfuye, nokwisonzeshereza iki? Mbega nosubira kumuzura? Jewe nzomusanga iyo ari, ariko we ntazogaruka aho ndi.”
24 Then David comforted his wife Bathsheba. He went to her and slept with her, and she bore a son. He named him Solomon. Our Father loved him, Nuko Dawidi aremesha umugore wiwe Batisheba, aragenda aryamana na we. Maze Batisheba asama iyindi nda avyara umwana w’umuhungu, bamwita Salomo. Uhoraho aramukunda;
25 and he sent word by Nathan the prophet, who named him Jedidiah, for our Father's sake. maze kuko yamukunze, aca atuma uwavugishwa na we Natani ngo bamwite Yedidiya (risobanurwa ngo uwukunzwe n’Uhoraho).
26 Meanwhile Joab fought against Rabbah of the Ammonites and captured the royal city. Muri ico gihe nyene, Yowabu yari yateye i Raba mu Bamoni araheza afata umugwa mukuru w’umwami waho.
27 Joab sent messengers to David: "I have fought Rabbah and captured its water supply. Yowabu aca atuma intumwa kuri Dawidi, kumubwira ziti: “Nagwanye n’abantu b’i Raba kandi nafashe igisagara c’umugende ubaha amazi.
28 Now gather the rest of the army, lay siege to the city, and take it. Otherwise I will take it, and it will be named after me." Ubu rero, koranya ingabo zisigaye zose kugira ngo uze wugarize hanyuma ufate igisagara cose. Bitabaye uko nohava ndagifata, hanyuma abantu bagaca bakinyitirira.”
29 David gathered the whole army, marched on Rabbah, attacked it, and took it. Nuko Dawidi akoranya ingabo zose aja i Raba, arahatera arahafata.
30 He took the crown from their king's head—about seventy-five pounds of gold set with a precious stone—and it went on David's head. He carried off great plunder from the city. Yambura umwami waho urugori rw’ubwami rwari ku mutwe wiwe, asanga rufise uburemere bw’italanto imwe y’inzahabu, kandi rwari rusharijwe n’utubuye tw’agaciro, baca barwambika Dawidi. Atwara iminyago myinshi akuye muri ico gisagara,
31 He brought out the people there and set them to work with saws, iron picks, and iron axes, and put them to labor at the brick kilns. So he did to all the Ammonite cities. Then David and all the army returned to Jerusalem. atwara n’abantu bo muri ico gisagara, abashingira ibikebere, bamwe baba abasatura imbaho, abandi bagakoresha amasipiri n’incabiti, abandi bagasatura amabuye, abandi na bo bagafyatura amatafari. Ivyo abikora mu bisagara vyose vy’Abamoni. Hanyuma Dawidi n’ingabo zose basubira i Yerusalemu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]