Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Samuel 13 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After this, Absalom son of David had a beautiful sister named Tamar, and David's son Amnon loved her. Inyuma y’ivyo, Amunoni mwene Dawidi akunda cane Tamari, umukobwa mwiza bavukana kandi akaba mushiki wa Abusalomu uwundi muhungu wa Dawidi.
2 Amnon was so distressed over his sister Tamar he made himself sick; she was a virgin, and he saw no way to get near her. Amunoni agira ivyipfuzo vyinshi bimurengeye gushika aho amera nk’uwugwaye kubera ivyo vyipfuzo. Kubera yuko Tamari atari bwigere aryamana n’umugabo, Amunoni abona ko ata kuntu ashobora kumuronka.
3 Amnon had a friend named Jonadab, son of David's brother Shimeah; Jonadab was very shrewd. Ariko Amunoni yari afise umugenzi yitwa Yonadabu mwene Shimeya, umuvukanyi wa Dawidi. Yonadabu yari umuntu aciye akenge.
4 He asked Amnon, "Why so haggard morning after morning, son of the king? Won't you tell me?" Amnon said, "I love Tamar, sister of my brother Absalom." Umusi umwe, abaza Amunoni ati: “Ni igiki gituma, wewe umwana w’umwami, uboneka wacitse intege uko imisi ihera? Ntiwobimbwira?” Amunoni aramubwira ati: “Nkunda cane Tamari, mushiki wa Abusalomu umuvukanyi.”
5 "Lie in bed and act sick," Jonadab said. "When your father comes to see you, tell him, 'Please let my sister Tamar feed me. Let her make the meal where I can watch, so I eat from her hand.'" Yonadabu aca amubwira ati: “Reka ndakubwire uko ubigenza: genda uryame wigire nk’uwugwaye. Maze so niyaza kukuraba, uce umubwira uti: ‘Nshaka ko mushikanje Tamari yoza anzaniye ivyokurya. Abitegurire aho mbona hanyuma aheze abinyihere.’ ”
6 Amnon lay down and faked illness. When the king came to see him, Amnon said, "Let my sister Tamar come make two cakes for me to watch, so I can eat from her hand." Nuko Amunoni araryama yigira uwugwaye. Maze umwami aje kumuraba, Amunoni amubwira ati: “Nashaka ko mushikanje Tamari yoza agategurira udukate imbere yanje aho mbona, kugira ngo nshobore kuturya antamitse.”
7 David sent word to Tamar at the palace: "Go to your brother Amnon's house and make him food." Dawidi atumako Tamari ku kirimba ati: “Genda ku nzu ya musazawe Amunoni umutegurire ico arya.”
8 Tamar went to her brother Amnon's house, where he lay. She took dough, kneaded it, shaped cakes in front of him, and baked them. Maze Tamari aja kwa musazawe Amunoni, na we akaba yari aryamye. Atwara ifu, arayicumba, akora udukate mu maso yiwe aratwotsa.
9 She took the pan and served him, but he refused to eat. "Send everyone out," Amnon said. So everyone left him. Nuko afata isahani maze amuzanira twa dukate, ariko yanka kurya. Amunoni avuga ati: “Sohora abari hano bose.” Maze bose barasohoka.
10 Amnon told Tamar, "Bring the food into the bedroom, so I may eat from your hand." Tamar took the cakes she had made and brought them to her brother Amnon in the bedroom. Nuko Amunoni abwira Tamari ati: “Nzanira ivyo vyokurya ku buriri ubinyihere.” Maze Tamari yakira twa dukate yari yateguye atuzanira musazawe Amunoni mu cumba yaryamamwo.
11 As she brought them near to eat, he grabbed her: "Come, sleep with me, my sister." Ariko amuhereje ngo yakire arye, aca aramusumira aramufata amubwira ati: “Mushikanje Tamari, emera turyamane.”
12 "No, my brother!" she said. "Don't force me. Such a thing is never done in Israel. Don't do this disgraceful thing. Aramwishura ati: “Oya, mwana wa data. Kandi ntumfate ku nguvu! Ikintu nk’ico ntigikwiye gukorwa mu Bisirayeli! Ntukore ikibi nk’ico.
13 And I—where could I take my shame? And you—you'd be like one of Israel's contemptible fools. Please, speak to the king; he won't keep me from you." Mbega noheza ivyo biteterwe nkabijana hehe? Mbere na wewe woba ubaye nk’umwe mu bipfamutima vyo muri Isirayeli. Ndakwinginze vugana n’umwami; kuko atokunyima ngo undongore.”
14 But he refused to listen; being stronger than she, he forced her and had relations with her. Ariko ntiyamwumviriza, kandi kuko yamurusha inkomezi, amufata ku nguvu asambana na we.
15 Then Amnon hated her with intense hatred—greater than the love he had felt for her. "Get up and get out!" he said to her. Nuko Amunoni aca amwanka urunuka. Ndetse urwanko yamwanse rusumba urukundo yari yamukunze. Amunoni aca amubwira ati: “Va ngaha, sohoka!”
16 "No," she said, "sending me away is a worse wrong than what you already did to me." But he refused to listen. Tamari amwishura ati: “Oya reka kunyirukana, kuko woba ukoze ikindi kibi kiruta n’ico umaze kunkorera.” Ariko ntiyamwumviriza.
17 He called his attendant and said, "Get this woman out of here, and bolt the door behind her." Ahamagara umukozi wiwe ati: “Sohora uwu mukobwa ave hano uce wugara urugi.”
18 She wore a long decorated robe, the dress of the king's virgin daughters back then. His attendant put her out and bolted the door behind her. Nuko wa mukozi wiwe aca aramusohora, maze yugara urugi. Yari yambaye ikanzu nziza y’igiciro isharijwe amabara menshi, kuko ari ko abakobwa b’umwami batarigera baryamana n’abagabo bambara.
19 Tamar put ashes on her head and tore the long ornamented robe she wore. She put her hand on her head and went off, crying aloud as she went. Tamari aca yisiga iminyota ku mutwe atabagura na ya kanzu y’amabara y’igiciro yari yambaye. Aca yikorera amaboko agenda araboroga inzira yose.
20 Her brother Absalom said, "Has Amnon your brother been with you? Stay quiet now, my sister; he is your brother. Don't take this to heart." So Tamar lived as a desolate woman in her brother Absalom's house. Musazawe Abusalomu aca amubwira ati: “Mbega Amunoni, musazawe yari kumwe nawe? Ihorere, mushikanje; ni musazawe. Ntubishireko umutima.” Maze Tamari aca aja kuba mu nzu kwa musazawe Abusalomu, amera nk’umugore yahebwe.
21 When King David heard all about this, he was furious. Umwami Dawidi avyumvise, arashavura cane.
22 Absalom said nothing to Amnon, good or bad, for he hated him for violating his sister Tamar. Abusalomu ntiyigera asubira kuvugisha ikintu na kimwe Amunoni, caba ciza canke kibi; yaramwanka cane kuko yononye mushikiwe Tamari.
23 Two full years later Absalom had sheepshearers at Baal-hazor near Ephraim, and invited all the king's sons. Imyaka ibiri iheze, mu gihe abamwa ubwoya bw’intama za Abusalomu bari i Bayali-Hazori hafi y’urugabano rwa Efurayimu, Abusalomu aca atumira abahungu b’umwami bose ngo baze mu musi mukuru.
24 Absalom went to the king: "Your servant has shearers. Will the king and his servants join me?" Abusalomu ashikira umwami amubwira ati: “Umusavyi wawe naramutse nkoresha abamwa ubwoya bw’intama. Mbega umwami n’abanyacubahiro biwe bontera iteka ryo kuza kwifatanya nanje?”
25 "No, my son," the king told Absalom, "we shouldn't all go, or we'd burden you." Though Absalom urged him, he would not go but blessed him. Umwami aramwishura ati: “Oya mwana. Twese ntitwoza; twohava tukubera umuzigo.” Naho Abusalomu yagumye amwinginga cane, ntiyamwemerera kugenda, ariko aramuhezagira.
26 Absalom said, "If not, please let my brother Amnon come with us." "Why should he go with you?" the king asked. Nuko Abusalomu aca avuga ati: “Ko bidashobotse, ndakwinginze undungikire umuvukanyi wanje Amunoni wewe aze tujane.” Umwami aramubaza ati: “Ni kuki ugomba ko ajana nawe?”
27 But Absalom pressed him, so he let Amnon and all the king's sons go with him. Ariko Abusalomu aramugobera cane, maze arateba aremera ko bajana na Amunoni n’abandi bahungu b’umwami bose.
28 Absalom ordered his servants, "Watch carefully. When wine makes Amnon merry and I say, 'Strike Amnon down,' kill him. Don't be afraid. Haven't I commanded you myself? Be strong and brave." Abusalomu aca atanga itegeko ku bantu biwe ati: “Umviriza! Murindire kugeza igihe Amunoni azoba amaze kunywa umuvinyu akaborerwa nca ndababwira nti: ‘Mwice,’ muce mumwica. Ntimutinye. Si jewe ndabibabwiye? Mukomere ntimutinye.”
29 Absalom's servants did to Amnon as Absalom had ordered. Then all the king's sons rose, each mounted his mule, and fled. Nuko rero abantu ba Abusalomu baronse ikimenyetso baca bica Amunoni nk’uko Abusalomu yari yabategetse. Nuko abahungu b’umwami bose bava hasi, burira indogoba zabo bariruka barahunga.
30 On the way, David heard: "Absalom has killed all the king's sons; not one is left." Bakiri mu nzira, inkuru ishikira Dawidi ivuga iti: “Abusalomu yishe abahungu b’umwami bose; nta n’umwe muri bo yasigaye.”
31 The king stood, tore his clothes, and lay on the ground; all his servants stood by, clothes torn. Umwami arahaguruka, yitabagurirako impuzu yicara hasi; maze abagendanyi biwe bahagarara i ruhande yiwe bitabaguriyeko impuzu zabo.
32 But Jonadab son of Shimeah, David's brother, said: "My lord should not think they killed all the young men, the king's sons. Only Amnon is dead. Absalom intended this from the day Amnon violated his sister Tamar. Ariko Yonadabu mwene Shimeya, uwo bavukana na Dawidi avuga ati: “Umwami wanje ntiyibwire ko bishe abaganwa bose; Amunoni wenyene ni we yapfuye. Ivyo ni ivyo Abusalomu yari yaragize umugambi kuva umusi Amunoni yonona mushikiwe Tamari.
33 My lord the king must not take it to heart, thinking all the king's sons are dead. Only Amnon is dead." Nyakwubahwa mwami ntushire umutima kuri iyo nkuru ivuga ko abahungu b’umwami bose bapfuye. Ni Amunoni wenyene yapfuye.”
34 Meanwhile Absalom had fled. The young watchman looked up and saw many people coming down the road on the hillside behind him. Ariko Abusalomu we, yari yahunze. Hanyuma umuteramyi ari ku rugo rw’i Yerusalemu agize gutya, abona abantu benshi bariko baraza bamanuka umusozi mw’ibarabara riva mu burengero. Uwo muteramyi ariruka abibwira umwami ati: “Ndabonye abantu baje bava i Horonayimu, bari mu mbavu z’umusozi.”
35 Jonadab said to the king, "Look, the king's sons have come. It's just as your servant said." Yonadabu aca abwira umwami ati: “Ehe, abahungu b’umwami barashitse; bibaye nk’uko umusavyi wawe yabivuze.”
36 As he finished speaking, the king's sons arrived weeping loudly; the king and all his servants also wept very bitterly. Agiheza kuvuga, abahungu b’umwami binjira baboroga cane. Umwami na we nyene, n’abakozi biwe, barirana na bo cane.
37 Absalom fled and went to Talmai son of Ammihud, king of Geshur. David mourned for his son day after day. Abusalomu na we arahunga aja kwa sekuru Talumayi mwene Amihudi, umwami w’i Geshuri. Maze Dawidi agandarira umuhungu wiwe Amunoni imisi myinshi.
38 After Absalom had fled and gone to Geshur, he stayed there three years. Abusalomu na we arahunga aja i Geshuri, amarayo imyaka itatu.
39 And King David's heart longed to go to Absalom, for he had found comfort after Amnon's death. Ariko umwami Dawidi amaze kwirurwa umubabaro wa Amunoni atangura kwiyumvira ingene yosubiza hamwe na Abusalomu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]