Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Samuel 11 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 At spring, when kings march out to war, David sent Joab, his men, and all Israel. They destroyed the Ammonites and besieged Rabbah. But David stayed in Jerusalem. Mu gihe imvura yaba itanguye kugabanuka hakaza ici, ni ho abami bahora baja mu ntambara. Maze Dawidi arungika Yowabu n’intwazangabo hamwe n’ingabo zose z’Abisirayeli kugwana. Banesha Abamoni hanyuma bugariza igisagara caho citwa Raba, ariko Dawidi wewe yigumira i Yerusalemu.
2 One evening David got up from his bed and walked on the roof of the king's house. From there he saw a woman bathing; she was very beautiful. Umusi umwe, ku mugoroba Dawidi aravyuka aba aratembera ku nzu yo hejuru y’ikirimba ciwe. Maze ari aho abona umugore ariko ariyuhagira. Uwo mugore yari mwiza cane,
3 David sent to ask about the woman. Someone said, "Isn't this Bathsheba, daughter of Eliam, wife of Uriah the Hittite?" maze Dawidi aca arungika umuntu kugira amenye uwo mugore uwo ari we. Uwo muntu amubwira ati: “Urya si Batisheba, umukobwa wa Eliyamu akaba umugore wa Uriya Umuheti?”
4 David sent messengers and took her. She came to him, and he slept with her—she had just purified herself from her uncleanness—and she returned home. Nuko Dawidi aca atuma intumwa ngo bamuzane. Aza iwe, maze bararyamana. (Yari yihumanuye avuye mu mihango yiwe.) Nuko araheza ataha iwe.
5 The woman conceived, and she sent word to David: "I am pregnant." Uwo mugore aca asama inda hanyuma arungikira ubutumwa Dawidi amubwira ati: “Mfise inda.”
6 David sent word to Joab: "Send me Uriah the Hittite." Joab sent Uriah to David. Nuko Dawidi aca arungikira ubutumwa Yowabu ati: “Ndungikira Uriya Umuheti.” Maze Yowabu aca aramumurungikira.
7 When Uriah came to him, David asked about Joab, the troops, and how the war was going. Uriya ashitse iwe, Dawidi amubaza amakuru ya Yowabu, uko ingabo zimeze n’uko urugamba rwariko ruragenda.
8 David told Uriah, "Go down to your house and wash your feet." Uriah left the palace, and the king sent a gift after him. Maze Dawidi abwira Uriya ati: “Manuka uje iwawe woge ibirenge.” Nuko Uriya ava ku kirimba, maze umwami amukurikiza intumwa imushiriye ingabire y’inzimano.
9 Uriah slept at the entrance of the king's house with all his lord's servants, and did not go down to his house. Ariko Uriya ntiyataha iwe, ahubwo aja kwiryamira kw’irembo ry’ikirimba hamwe n’abarinzi ba shebuja.
10 Told that Uriah had not gone home, David asked him, "Haven't you come from a journey? Why didn't you go home?" Babwira Dawidi bati: “Erega Uriya ntiyagiye i muhira iwe.” Maze Dawidi aramubaza ati: “Ko wari uje uva ku rugendo rurerure, ni kuki utatashe i muhira?”
11 Uriah said to David, "The ark, Israel, and Judah are staying in tents, and my lord Joab and my lord's men are camped in the open field. Should I go home to eat, drink, and sleep with my wife? As you live, and as your soul lives, I won't do this." Uriya abwira Dawidi ati: “Isandugu y’Isezerano, Abisirayeli n’Abayuda barara mu mahema, kandi na databuja Yowabu n’abantu b’umwami barara mu gahinga. Nogenda iwanje gute nkarya nkanywa nkaryamana n’umugore wanje? Ndahiye wewe nyene sinokora ikintu nk’ico!”
12 David told Uriah, "Stay here today too, and tomorrow I'll send you back." So Uriah stayed in Jerusalem that day and the next. Nuko Dawidi aramubwira ati: “Guma ngaha uwundi musi umwe, maze ejo nzokurungika.” Nuko Uriya aguma i Yerusalemu uwo musi n’uwukurikira.
13 David invited him, and he ate and drank with him, and David got him drunk. But that evening Uriah went out to sleep on his mat with his lord's servants; he did not go home. Dawidi aramutumira ngo basangire ku mfungurwa no ku binyobwa vyiwe, aramuboreza. Ariko ku mugoroba Uriya arasohoka aja kuryama ku gisegure ciwe hamwe n’abarinzi ba shebuja, ntiyigera ataha iwe.
14 In the morning David wrote a letter to Joab and gave it to Uriah to deliver. Bukeye mu gitondo Dawidi yandikira ikete Yowabu arirungikana Uriya.
15 He wrote in the letter: "Put Uriah at the front where the fighting is fiercest, then pull back from him, so he's struck down and dies." Muri ryo yanditse ati: “Ushire Uriya imbere aho urugamba rukomeye. Maze muce mumureka wenyene mwigireyo kugira ngo bamurase apfe.”
16 While Joab besieged the city, he stationed Uriah where he knew the strongest defenders were. Nuko igihe Yowabu yari agicunze igisagara bari bugarije, ashira Uriya mu kibanza yari azi ko hari abagwanyi bakomeye.
17 The city's men came out and fought Joab, and some of David's servants fell. Uriah the Hittite also died. Abantu bo muri ico gisagara basohotse kugwanya Yowabu, bamwe mu ngabo za Dawidi barapfa; na Uriya Umuheti na we arapfa.
18 Then Joab sent word and told David all the news of the battle. Yowabu arungikira Dawidi inkuru zo ku rugamba.
19 He instructed the messenger, "When you have finished telling the king all the news of the battle, Yihanikiriza uwo yari atumye ati: “Niwaheza gushikiriza umwami iyo nkuru y’urugamba,
20 if the king's anger flares up and he asks, 'Why did you fight so close to the city? Didn't you know they'd shoot from the wall? umwami ashobora gushavura, agaca akubaza ati: ‘Ni igiki catumye mwegera cane ico gisagara mu kugwana? Ntimwari muzi ko bashobora kubarasa imyampi bari ku ruzitiro?
21 Who killed Abimelech son of Jerubbesheth? Didn't a woman throw an upper millstone on him from the wall so he died at Thebez? Why did you go so near the wall?'—then say, Your servant Uriah the Hittite is also dead." Ni nde yishe Abimeleki mwene Yerubi Besheti? Si umugore yamuteye ingasiro ari ku ruzitiro, agaca apfira i Tebezi? Ni iki catumye mwegera uruzitiro?’ Niyakubaza ivyo, uce umubwira uti: ‘Kandi umusavyi wawe Uriya Umuheti na we nyene yapfuye.’ ”
22 So the messenger set out, arrived, and told David all Joab had sent him to say. Uwatumwe aragenda, maze ashitse abwira Dawidi ivyo Yowabu yamutumye vyose kuvuga.
23 The messenger told David, "The men overpowered us and came out against us in the field, but we drove them back to the gate entrance. Uwo yatumwe arongera abwira Dawidi ati: “Abagwanira igisagara baturushije inkomezi maze barasohoka baduterera inyuma y’igisagara, ariko twabashubije inyuma gushika kw’irembo ry’igisagara.
24 The archers shot at your servants from the wall, and some of the king's servants died. Your servant Uriah the Hittite is dead too." Maze abanyamiheto bari hejuru ku rugo, baca bararasa imyampi ku basavyi bawe, hanyuma bamwe mu bantu bawe barapfa. Kandi n’umusavyi wawe Uriya Umuheti yapfuye.”
25 David told the messenger, "Tell Joab: 'Don't let this trouble you, for the sword devours one as well as another. Attack the city harder and destroy it.' Encourage him." Dawidi abwira iyo ntumwa ati: “Bwira Yowabu uti: ‘Ivyo ntibikubabaze; inkota irya umwe canke uwundi. Bandanya urugamba kuri ico gisagara maze ugisambure.’ Uvuge ivyo kugira ngo uremeshe Yowabu.”
26 When the wife of Uriah heard that Uriah her husband was dead, she mourned for her husband. Muka Uriya yumvise ko umugabo wiwe yapfuye, aramugandarira.
27 When the mourning ended, David sent for her, brought her home, and she became his wife and bore him a son. But what David had done was evil in the eyes of our Father. Ikigandaro giheze, Dawidi amuzana iwe, aba umugore wiwe maze avyarana na we umuhungu. Ariko ico umwami Dawidi yakoze kibabaza Uhoraho.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]