Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Samuel 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Later, the king of the Ammonites died, and his son Hanun became king in his place. Hanyuma y’ivyo, umwami w’Abamoni arapfa, maze umuhungu wiwe Hanuni amusubirira ku ngoma.
2 David said, "I'll show kindness to Hanun son of Nahash, as his father showed kindness to me." So he sent servants to console him over his father's death. But when David's servants reached Ammonite territory, Dawidi ariyumvira ati: “Nzogirira neza Hanuni mwene Nahashi, nk’uko se yangiriye neza.” Nuko Dawidi arungika intumwa ngo zije kumwirura kuko yari yabuze se. Abantu ba Dawidi bashitse mu gihugu c’Abamoni,
3 the Ammonite commanders told Hanun their lord, "Do you really think David honors your father by sending you men to console you? Hasn't David sent his servants to you to explore the city, spy it out, and overthrow it?" abaganwa bo mu Bamoni babwira Hanuni umwami wabo bati: “Wibaza ko Dawidi yubashe so mu kurungika abantu bo kukugarukirako? Aho ntiyabarungitse ngo batate igisagara kugira ngo hanyuma bazoce baza kugitera bagisangangure?”
4 Hanun seized David's servants, shaved half of each man's beard, cut their garments off at the hips, and sent them away. Nuko Hanuni afata ba bantu ba Dawidi, abamwa ubwanwa umusaya umwe, atabura amakanzu yabo kuva aho itako ritangurira, aca arabarungika.
5 When David was told, he sent messengers to meet them, since the men were deeply ashamed. The king said, "Stay in Jericho till your beards regrow, then return." Dawidi avyumvise, aca arungika intumwa ngo zihure na bo, kuko bari buzuye ibiteterwe. Umwami abatumako ati: “Nimugume i Yeriko gushika aho ubwanwa bwanyu buzokurira, hanyuma muze mubone kugaruka.”
6 Seeing they had become a stench to David, the Ammonites sent and hired the Arameans of Beth-rehob and the Arameans of Zobah—20,000 foot soldiers—the king of Maacah with 1,000 men, and the men of Tob with 12,000 men. Abamoni babonye ko bakoze ikintu giteye isoni imbere ya Dawidi, baca bahera abasoda b’Abasiriya ibihumbi mirongo ibiri bagwanira ku maguru bava i Beti-Rehobu n’i Aramu-Zoba, n’abantu igihumbi b’umwami Mayaka, n’ibihumbi cumi na bibiri bavuye i Tobu.
7 On hearing this, David sent Joab with the entire army of fighting men. Dawidi avyumvise aca arungika Yowabu n’ingabo zose zizi kugwana.
8 The Ammonites came out and formed battle lines at the entrance to the city gate, while the Arameans of Zobah and Rehob and the men of Tob and Maacah stood apart in the open field. Abamoni baragenda batonda urugamba kw’irembo ry’igisagara cabo, Abarameya b’i Zoba na Rehobu n’abo i Tobu na Mayaka batonda urugamba inyuma y’igisagara.
9 Joab saw that the battle lines faced him on both front and back, so he chose some of Israel's best and lined them up against the Arameans. Yowabu abona ko urugamba rumuturutse imbere n’inyuma; aca atoranya bamwe mu ngabo z’indobanurwa mu Bisirayeli abarungika ngo bagwanye Abarameya.
10 He put the rest under his brother Abishai's command, to line up against the Ammonites. Abasigaye abazeza murumunawe Abishayi ngo abatware, aca abatuma kugwanya Abamoni.
11 Joab said, "If Aram overpowers me, rescue me; if the Ammonites overpower you, I'll rescue you. Yowabu amubwira ati: “Abarameya nibandusha inkomezi, uraza kuntabara; ariko kandi Abamoni nibakurusha inkomezi, ndaza kugutabara.
12 Be strong, let's be courageous for our people and our Father's cities. May our Father do what seems good to him." Nureme kandi tugwane rugabo, tugwanire ihanga ryacu n’ibisagara vy’Imana yacu. Uhoraho ari bukore ivyo abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe.”
13 Then Joab and the troops with him advanced to fight the Arameans, and they fled before him. Maze Yowabu n’ingabo bari kumwe baragenda ngo bagwane n’Abarameya, na bo barabahunga.
14 When the Ammonites saw the Arameans flee, they too fled before Abishai and entered the city. So Joab withdrew from the Ammonites and came to Jerusalem. Abamoni babonye ko Abarameya bariko barahunga, na bo bahunga Abishayi binjira mu gisagara. Nuko Yowabu arahindukira areka kugwanya Abamoni asubira i Yerusalemu.
15 When the Arameans saw that they had been routed by Israel, they regrouped. Abarameya babonye ko baneshejwe n’Abisirayeli, basubira gutororokana.
16 Hadadezer summoned the Arameans beyond the Euphrates; they came to Helam, with Shobach, commander of Hadadezer's army, leading them. Hadadezeri azana Abarameya bavuye hakurya y’uruzi Efurate; baja i Helamu, barongowe na Shobaki umukuru w’ingabo za Hadadezeri.
17 When David heard, he gathered all Israel, crossed the Jordan, and reached Helam. The Arameans lined up against David and fought him. Dawidi avyumvise, akoranya Abisirayeli bose bajabuka Yorodani baja i Helamu. Abasiriya batonda urugamba ngo baje guhura na Dawidi bagwane na we.
18 But the Arameans fled before Israel. David killed 700 of their charioteers and 40,000 horsemen, then struck down Shobach, their army commander, who died there. Ariko Abarameya bahunga Abisirayeli, kandi Dawidi yica amajana indwi mu bagwanira ku mikogote n’ibihumbi mirongo ine vy’abagwanira ku maguru. Aca akomeretsa Shobaki umukuru w’ingabo zabo, hanyuma aca agwa aho nyene.
19 When all Hadadezer's vassal kings saw they were defeated by Israel, they made peace with Israel and served them. So the Arameans were afraid to help the Ammonites again. Abami bose batwarwa na Hadadezeri babonye ko baneshejwe n’Abisirayeli, baca bagiriranira amasezerano y’amahoro n’Abisirayeli, bemera kuba abagurano babo no kubakorera. Maze Abarameya baca baratinya ntibongera gufasha Abamoni.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]