Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Kings 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The wife of one of the sons of the prophets cried out to Elisha, "Your servant my husband is dead, and you know that your servant revered our Father. Now the creditor comes to take my two children as slaves." Umusi umwe, umugore w’umwe mu bavugishwa n’Imana yaje aho Elisa ari, aramutakambira ati: “Umugabo wanje ari we musavyi wawe yarapfuye, kandi urazi ko yari umuntu yubaha Uhoraho. None umuntu dufitiye umwenda aje gutwara abahungu banje ngo abagire abagurano biwe.”
2 Elisha asked, "What can I do for you? Tell me, what's in your house?" She said, "Your servant has nothing but a jar of oil." Elisa aramubwira ati: “None nokora iki kugira ngo ndagufashe? Hari ico ufise mu nzu yawe?” Na we amwishura ati: “Jewe umusavyikazi wawe nta co mfise uretse agacupa k’utuvuta twa elayo.”
3 Then he said, "Go, borrow vessels outside from all your neighbors—empty vessels, not a few. Elisa amubwira ati: “Genda mu babanyi bawe utire ibivomesho, kandi ntutire bike.
4 Go in, shut the door behind you and your sons, and pour oil into all these jars. As each is filled, set it aside." Hanyuma uheze uvyinjirane mu nzu, mwiyugarane n’abahungu bawe. Maze usuke ayo mavuta muri ivyo bivomesho, icuzuye cose mugishire ku ruhande.”
5 So she left him, shut the door behind her and her sons; they kept bringing the vessels, she kept pouring. Nuko uwo mugore amusiga aho aragenda, abigira nk’uko yabimubwiye. Abahungu biwe bamuzanira vya bivomesho, na we abisukamwo ya mavuta, kimwekimwe ku kindi.
6 When the jars were full, she told her son, "Bring me another." "There are none left," he said. Then the oil stopped. Vya bivomesho vyose vyuzuye, wa mugore abwira umwe mu bahungu biwe ati: “Nzanira ikindi.” Na we amwishura ati: “Nta na kimwe gisigaye.” Ubwo nyene ya mavuta ntiyasubira kwisuka.
7 She came and told the man of our Father, who said, "Go, sell the oil, pay your debt, and you and your sons live on the rest." Wa mugore aca aja kubwira wa muntu w’Imana uko vyagenze, na we amubarira ati: “Genda ugurishe ayo mavuta hanyuma wishure umwenda wawe; amahera asigaye azoheza agutunge wewe n’abahungu bawe.”
8 One day Elisha passed through Shunem, where a wealthy woman lived; she urged him to stay and eat. Whenever he passed by, he stopped there to eat. Umusi umwe Elisa aja gutembera mu gisagara ca Shunemu. Hariho umugore w’umutunzi yabayo, maze atumira Elisa gufungura iwe. Kuva ico gihe, uko Elisa arenganye yama acaho, akamuzimana.
9 She told her husband, "Look, I know this man who often passes by us is a holy man of our Father. Uwo mugore abarira umugabo wiwe ati: “Sinkekeranya, uwu mugabo yama aca ngaha ni umuntu w’Imana.
10 Let's make him a small roof room with a bed, table, chair, and lamp, so he can stay whenever he comes." Reka tumwubakire icumba hejuru ku nzu, tumushirireyo uburiri, imeza, intebe hamwe n’itara. Niyasubira kugaruka, azoze araronka aho arara.”
11 One day Elisha came there, turned into the upper room, and lay down. Umusi umwe, Elisa asubiye i Shunemu, aduga muri ca cumba co hejuru araruhuka.
12 He told his servant Gehazi, "Call this Shunammite woman." He called her, and she stood before him. Abwira umukozi wiwe Gehazi ati: “Mpamagarira uwo Munyashunemukazi.” Aramuhamagara, na we araza ahagarara imbere ya Elisa.
13 Elisha said to him, "Tell her: You've gone to all this trouble for us. What can be done for you? Should I speak for you to the king or the army commander?" She answered, "I live among my own people." Elisa abwira Gehazi ati: “Mubwire uti: ‘Watwigoreye cane mu kudukorera ibi vyose. None natwe twogukorera iki? Tuje kukuvugira ku mwami canke ku mukuru w’ingabo?’ ” Ariko uwo mugore amubwira ati: “Jewe nibereyeho neza mu muryango wanje.”
14 He asked, "What can be done for her?" Gehazi said, "She has no son, and her husband is old." Elisa abaza Gehazi ati: “Ubona twomukorera iki?” Na we ati: “Erega nta gahungu afise, kandi umugabo wiwe arashaje!”
15 He said, "Call her." So he called her, and she stood in the doorway. Elisa abwira Gehazi ati: “Subira umumpamagarire.” Wa mugore araza ahagarara mu muryango.
16 He said, "At this season next year, you will embrace a son." She said, "No, my lord, man of our Father, don't lie to your servant." Elisa amubwira ati: “Mu mwaka uza, igihe nicagera nk’aha iki kigeze, uzoba ukikiye umwana w’umuhungu mu maboko yawe.” Ariko uwo mugore amwishura ati: “Oya mugenzi, ntaco ubesha umusavyikazi wawe, kandi uri umuntu w’Imana.”
17 The woman conceived and bore a son at that season the next year, as Elisha had told her. Ariko uwo mugore aca asama inda, mu mwaka ukurikira, mu gihe nk’ico nyene, avyara umwana w’umuhungu, nk’uko Elisa yari yabimubwiye.
18 The child grew, and one day he went out to his father, to the reapers. Uwo mwana arakura, maze umusi umwe aja kuraba se mu mirima, aho yari kumwe n’abimbuzi.
19 He told his father, "My head! My head!" His father told a servant, "Carry him to his mother." Maze abwira se ati: “Ndamenetse umutwe! Ndamenetse umutwe!” Se aca abwira umwe mu bakozi biwe ati: “Muterure umushire nyina.”
20 He carried him to his mother; the boy sat on her knees until noon, then died. Wa mukozi amaze kumutwara kwa nyina, uwo mwana aca yicara ku bibero vyiwe gushika nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, hanyuma arahwera.
21 She went up, laid him on the man of our Father's bed, shut the door behind him, and left. Nyina aca aramudugana amuryamika ku buriri bwa wa muntu w’Imana, aca yugara umuryango arasohoka.
22 She called her husband: "Send me a servant and a donkey, so I can run to the man of our Father and come back." Aca atumako umugabo wiwe ati: “Ndungikira umukozi umwe n’indogoba, kugira ngo nkubitire kuraba wa mukozi w’Imana nca ngaruka.”
23 He asked, "Why go to him today? It's not new moon or Sabbath." She said, "It's fine." Umugabo wiwe aramubaza ati: “Ni kubera iki ugiye kumuraba uwu musi kandi atari ku musi mukuru w’ukwezi canke kw’Isabato?” Umugore na we ati: “Oya nta na kimwe, ni amahoro.”
24 She saddled the donkey and told her servant, "Drive on; don't slow down for me unless I tell you." Aca arategura indogoba, abwira wa mukozi ati: “Hogi tugende twihuta, ntugende bukebuke, kiretse ndakubariye.”
25 She set out and came to the man of our Father at Mount Carmel. Seeing her in the distance, the man of our Father told Gehazi his servant, "Look, the Shunammite woman. Nuko bafata inzira baragenda, bashikira wa muntu w’Imana ari ku musozi Karumeli. Elisa ababonye bakiri kure, abwira Gehazi ati: “Ehe wa Munyashunemukazi!
26 Run now, meet her, and ask, 'Are you well? Is your husband well? Is the child well?'" She answered, "All is well." Irukanga umutegere, umubaze uti: ‘Muri amahoro mwe n’umugabo wawe n’umwana wawe?’ ” Na we yishura ati: “Turi amahoro.”
27 When she reached the man of our Father on the mountain, she grabbed his feet. Gehazi came to push her away, but he said, "Leave her alone—her soul is in bitter distress, and our Father has hidden it from me, not told me." Ashikiriye wa muntu w’Imana ku musozi hejuru, yikubita hasi imbere yiwe, amufata ku birenge. Gehazi yegereye ngo amusunure amwigizeyo, Elisa amubwira ati: “Mureke, yuzuye umubabaro mu mutima, kandi Uhoraho yabimpishije, ampisha n’icabitumye.”
28 She said, "Did I ask my lord for a son? Didn't I say, 'Don't raise my hopes'?" Wa mugore abaza Elisa ati: “Mugenzi, mbega ni jewe nari nagusavye umwana? Sinari nakubujije kumpenda?”
29 Elisha told Gehazi, "Tuck your cloak in your belt, take my staff in your hand, and go. If you meet anyone, don't greet him; if anyone greets you, don't answer him. Lay my staff on the boy's face." Elisa aca abwira Gehazi ati: “Fata umukanda ukenyeze neza umutamana wawe, ufate iyi nkoni yanje hanyuma wiruke. Nihagira abo muhura mu nzira ntimuramukanye, kandi nihagira abakuramutsa ntubasubize. Iyo nkoni uce uyirambika kuri wa mwana.”
30 But the child's mother said, "As our Father lives and you live, I won't leave you." So he got up and followed her. Ariko nyina w’uwo mwana abarira Elisa ati: “Ndakurahiye Uhoraho, sindagusiga.” Nuko Elisa ca ajana na we.
31 Gehazi went ahead of them, laid the staff on the boy's face, but there was no sound or response. He went back to meet Elisha: "The boy has not awakened." Gehazi arirukanga abagenda imbere, arambika ya nkoni kuri wa mwana, ariko umwana ntiyahema canke ngo yikakaze.
32 When Elisha came into the house, there was the child, dead, lying on his bed. Elisa ashitse muri iyo nzu, asanga umuvyimba wa wa mwana uryamye ku buriri bwiwe.
33 So he went in, shut the door behind the two of them, and prayed to our Father. Aca arinjira, ariyugarana, hanyuma asenga Uhoraho.
34 Then he climbed up and lay on the child—mouth on mouth, eyes on eyes, hands on hands. As he stretched over him, the child's body grew warm. Aca yurira ku buriri, yubarara kuri wa mwana, umunwa wiwe uja ku munwa w’uwo mwana, amaso yiwe aja ku maso y’uwo mwana, ibiganza vyiwe na vyo bifatana n’ivy’uwo mwana. Akimwubarayeko, umubiri w’umwana utangura gususuruka.
35 He got up, paced the room once, then climbed up and stretched over the boy again. The boy sneezed seven times and opened his eyes. Elisa aca arahaguruka, agendagenda muri ico cumba akanya gatoya, hanyuma asubira ku buriri yongera kumwubararako. Wa mwana aca yasamura incuro indwi, hanyuma aca arakanura.
36 Elisha called Gehazi: "Call this Shunammite woman." He called her; she came to him, and he said, "Take your son." Elisa aca ahamagara Gehazi, amubwira ati: “Hamagara wa Munyashunemukazi.” Elisa aramuhamagara. Ashitse Elisa amubwira ati: “Akira umwana wawe.”
37 She came, fell at his feet, bowed to the ground, then picked up her son and left. Arinjira yikubita ku birenge vya Elisa, yubama hasi. Aca atora wa mwana arasohoka.
38 Elisha returned to Gilgal during a famine. As the prophets' sons sat before him, he told his servant, "Put the large pot on; boil stew for the prophets' sons." Igihe kimwe Elisa asubira i Gilugali, kandi ico gihe hari inzara nyinshi. Umusi umwe abiga ibijanye n’ivyo kuvugishwa bari bakoraniye aho Elisa ari, na we abwira umukozi wiwe ati: “Fata inkono nini ushire ku ziko, utekere imboga aba bantu.”
39 One went out to the field to gather herbs and found a wild vine. He gathered a lapful of wild gourds from it, came back, and sliced them into the stew pot—no one knew what they were. Umwe muri bo aca yirukanga mu gahinga gusoroma imboga, ahasanga umutangatanga awamurako imitangatanga, ayitekera mu mutamana wiwe. Agarutse, ayitemagurira muri ya nkono y’imboga, kuko batari bazi ivyo ari vyo.
40 They poured it out for the men to eat, but as they ate the stew they cried out, "Man of our Father, there is death in the pot!" They could not eat it. Bamaze kwarura izo mboga bagatangura kurya, bakomera induru rimwe bati: “Muntu w’Imana, izi mboga zirimwo ishano.” Ntibashobora kuzirya.
41 He said, "Bring flour," threw it in the pot, and said, "Pour it out for the people to eat." Nothing harmful remained in the pot. Elisa aca avuga ati: “Nimunzanire agafu.” Aca agasuka muri ya nkono, avuga ati: “Nimuhereze abantu barye.” Nuko basanga nta shano rikiri muri iyo nkono.
42 A man from Baal-shalishah brought the man of our Father firstfruit bread—twenty barley loaves and fresh grain in his sack. Elisha said, "Give it to the people to eat." Muri ico gihe haza umuntu azananye i Bayali-Shalisha, azaniye uwo muntu w’Imana imikate mirongo ibiri y’ingano zeze ubwa mbere, ayizanye mw’isaho yiwe, amuzanira n’udushishi tw’ingano nshasha. Elisa avuga ati: “Bigaburire abantu babirye.”
43 His servant said, "How do I set this before one hundred men?" He said again, "Give it to the people to eat, for our Father says: They will eat and have leftovers." Umukozi wiwe amubaza ati: “Nogaburira nte utuntu tungana ukwo abantu ijana?” Ariko Elisa amubwira ati: “Bihereze abandi barye, kuko Uhoraho avuze ati: ‘Bararya bongere basigaze.’ ”
44 He set it before them; they ate and had leftovers, just as our Father said. Nuko arabibagaburira, bararya mbere haba n’ibisigara, nk’uko Uhoraho yari yabivuze.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]