Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Kings 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Naaman, army commander for Aram's king, was great and highly regarded by his master, because through him our Father gave Aram victory. He was a brave warrior, but he had a skin disease. Hariho umugabo yitwa Namani, yari umukuru ahambaye w’ingabo z’umwami w’i Siriya. Yari afise icubahiro cinshi imbere y’umwami, Uhoraho ni we yacishako intsinzi ya Siriya. Yari umusoda akomeye cane, ariko yari agwaye imibembe.
2 The Arameans had raided and taken a young girl captive from Israel, and she served Naaman's wife. Abasoda ba Siriya bari barigeze gutera Isirayeli, hanyuma mu bantu bagize inyagano harimwo umukobwa w’Umwisirayelikazi, aca aba incoreke ya muka Namani.
3 She told her mistress, "If only my master would go to the prophet in Samaria! He would cure him of his leprosy." Uwo mukobwa abwira inabuja ati: “Hamwe databuja yoja kuraba umuvugishwa n’Imana aba i Samariya, yomukiza irya mibembe.”
4 So Naaman went in and told his master, "This is what the girl from the land of Israel said." Namani aja kuraba shebuja amubwira ivyo uwo mukobwa w’Umwisirayelikazi yamubwiye.
5 "Go," said Aram's king. "I'll send a letter to Israel's king." So Naaman left with about 750 pounds of silver, about 150 pounds of gold, and ten sets of clothing. Umwami w’i Siriya amwishura ati: “Ni vyiza itegure, nanje nzorungikira ikete umwami wa Isirayeli.” Nuko agenda ajanye italanto icumi z’ifeza, shekeli ibihumbi bitandatu z’inzahabu, n’imyambaro cumi y’impuzu.
6 He brought the letter to Israel's king. It read: "I send you my servant Naaman with this letter, to cure his skin disease." Ikete yashiriye umwami wa Isirayeli ryarimwo ubu butumwa: “Umusavyi wanje Namani ndamurungikanye iri kete kugira ngo umuvure umukize imibembe.”
7 Reading the letter, Israel's king tore his clothes: "Am I God, to kill and give life, that he asks me to cure a man's skin disease? See, he's picking a fight with me!" Umwami wa Isirayeli akirisoma, aca yitabagurirako impuzu, avuga ati: “Mbega jewe nabaye Imana, ko ari yo ifise ububasha bwo kwica no gukiza abantu? Ni kubera iki amundungikiye ngo ndamuvure imibembe? Aha ntashaka aho ankura gusa kugira ngo asubire kudutera?”
8 When Elisha the man of our Father heard Israel's king had torn his clothes, he sent word to the king: "Why tear your clothes? Send him to me, and he'll know there's a prophet in Israel." Wa muntu w’Imana Elisa yumvise ko umwami yitaburiyeko impuzu, aca arungika intumwa kumubaza iti: “Ni kubera iki witaburiyeko impuzu? Ndungikira uwo muntu, azomenya ko muri Isirayeli hari umuvugishwa w’ukuri.”
9 So Naaman came with his horses and chariots and stopped at the door of Elisha's house. Maze Namani afata ifarasi yiwe n’umukogote wayo aragenda, ahagarara imbere y’umuryango w’inzu ya Elisa.
10 Elisha sent a messenger to him: "Go, wash seven times in the Jordan; your flesh will be restored, and you'll be clean." Elisa aca arungika intumwa, imubwira iti: “Genda woge muri Yorodani incuro indwi, umubiri wawe uraheza usubire uko wahora, ukire imibembe.”
11 But Naaman left angry, saying, "I expected he'd come out to me, stand, call on the name of the LORD his God, wave his hand over the spot, and cure the disease. Maze Namani aca arashavura, arivumbura, avuga ati: “Namye niyumvira ko aza gusohoka akaza aho ndi, agahamagara izina ry’Uhoraho Imana yiwe, akazungagiza ikiganza hejuru y’aho ngwaye, hanyuma akankiza imibembe.
12 Aren't Abana and Pharpar, Damascus's rivers, better than all Israel's waters? Couldn't I wash in them and be clean?" So he turned and left in a rage. Mbega inzuzi Abana na Farupara z’i Damasiko, si zo nziza kuruta inzuzi zose zo muri Isirayeli? Sinari kuja kuzogamwo ngakira?” Namani aca asubira inyuma ashavuye cane.
13 But his servants approached him: "My father, if the prophet told you to do some great thing, wouldn't you? How much more when he only says, 'Wash and be clean'?" Abagendanyi biwe baramukurikira, bamubwira bati: “Databuja, iyo uwo muvugishwa akubwira gukora ibikomeye kurusha ivyo ntiwari kubikora? None akubwiye ati: ‘Genda woge urakira,’ ntakubwiye ivyoroshe cane?”
14 He went down and dipped in the Jordan seven times, as the man of our Father said, and his flesh was restored like a little child's, and he was clean. Nuko aramanuka, yibira muri Yorodani incuro indwi, nk’uko wa muntu w’Imana yari yamubwiye, umubiri wiwe uca usubira kuba muzima, umera nk’uw’umwana mutoya.
15 Naaman and all his party returned to the man of our Father. He came and stood before him and said, "Now I know there is no God in all the earth except in Israel. Please accept a gift from your servant." Namani n’abari bamuherekeje baca basubira kwa wa muntu w’Imana. Ahagarara imbere yiwe aramubwira ati: “Noneho menye neza ko mw’isi yose ata yindi Mana ibaho atari muri Isirayeli. None rero ndakwinginze wakire ishikanwa ry’umusavyi wawe.”
16 Elisha replied, "As surely as our Father lives, before whom I stand, I will accept nothing." Naaman urged him to take it, but he refused. Wa muvugishwa aramubwira ati: “Ndakurahiye Uhoraho, Imana nkorera, ko ntashobora kwakira ikintu na kimwe.” Namani agerageza kumwinginga ngo abimwakirire, ariko aranka.
17 If not," Naaman said, "let your servant be given as much earth as two mules can carry, for your servant will never again offer a burnt offering or sacrifice to any other god but the LORD. Namani amubwira ati: “Ko unyankiye, reka mpfume ntwara ivu rya hano ryotwarwa n’indogoba zibiri, kuko jewe umusavyi wawe ntazosubira gushikanira ikimazi gituriwe canke ngo nshikanire ishikanwa iyindi mana atari Uhoraho.
18 But may the LORD forgive your servant this one thing: when my master enters Rimmon's temple to worship, leaning on my arm, and I bow down in the temple of Rimmon, when I bow down there—may the LORD forgive your servant." Ariko Uhoraho ambabarire kuri iki kimwe. Databuja niyinjira mu ngoro y’ikigirwamana Rimoni kucunamira, hanyuma akishimikiza ukuboko kwanje, Uhoraho azombabarire ninunama.”
19 "Go in peace," Elisha said. So Naaman departed from him and had gone some distance. Elisa amubwira ati: “Niwigire amahoro.”
20 But Gehazi, servant of Elisha the man of our Father, thought: "My master has let this Aramean Naaman off too easily by not accepting what he brought. As our Father lives, I'll run after him and get something." Namani amaze kugenda urugendo rutari ruto, Gehazi umukozi wa Elisa umuntu w’Imana yibwira ati: “Databuja yorohereje cane uwu Musiriya, ntiyari akwiye kwanka kwakira ivyo yamuzaniye. Ndarahiye Uhoraho, singenda ntamukurikiye ngo ngire ico ndamukuyeko.”
21 Gehazi chased after Naaman. Seeing him run up, Naaman stepped down from his chariot to meet him: "Is all well?" Nuko Gehazi aca yoma inyuma Namani. Namani abonye ko ariko araza amukurikira, aca yururuka umukogote, aja guhura na we, aramubaza ati: “Ni amahoro?”
22 "All's well," Gehazi said. "My master sent me to say: 'Two young men from the prophets' company just came to me from Ephraim's hills. Please give them about seventy-five pounds of silver and two changes of clothing.'" Gehazi aramwishura ati: “Ni amahoro. Databuja antumye kukubwira ko hari babiri bo mu biga ibijanye no kuvugishwa bavuye mu mitumba yo mu ntara ya Efurayimu bamugendeye. None ngo bahe italanto imwe y’ifeza n’imyambaro ibiri y’impuzu.”
23 "Please, take about 150 pounds," Naaman said. He urged Gehazi, and he tied up about 150 pounds of silver in two bags with two sets of clothing, gave them to two servants, who carried them ahead of Gehazi. Namani amubwira amwinginga ati: “Ahubwo nutware italanto zibiri.” Aca afata italanto zibiri azihambirira hamwe azishira mu mufuko, amuhana n’imyambaro ibiri y’impuzu, aca abiha abakozi biwe babiri ngo babitware bitangire imbere Gehazi.
24 At the hill Gehazi took the things from the servants, put them in the house, sent the men off, and they left. Bageze ku mpinga y’umusozi, Gehazi aca asaba ba bakozi za ngabire bari bazanye azinyegeza i muhira iwe, aca arabarungika basubira inyuma.
25 He went in and stood before his master. Elisha asked, "Where were you, Gehazi?" "Your servant didn't go anywhere," he said. Asubiye kwa shebuja, aramubaza ati: “Uvuye he ga Gehazi?” Gehazi yishura ati: “Umusavyi wawe nta na hamwe yari yaroye.”
26 But Elisha said, "Didn't my heart go with you when the man turned from his chariot to meet you? Is it time to take silver, clothes, olive groves, vineyards, sheep, cattle, and male and female servants? Ariko Elisa aramubaza ati: “Mbe ntuzi ko impwemu yanje yari harya igihe Namani yururuka umukogote wiwe aza guhura nawe? Mbega iki ni igihe co kwakira amahera, impuzu, imirima y’imyelayo n’iy’imizabibu, ibitungwa, n’abagurano?
27 Naaman's leprosy will cling to you and your descendants forever." Gehazi left his presence, leprous, his skin as white as snow. Ko wakoze ivyo, imibembe ya Namani izokwomako wewe n’uruvyaro rwawe ibihe vyose.” Ako kanya nyene Gehazi aca ava imbere ya Elisa ajejeta imibembe, yera derere.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]