Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Kings 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Joram son of Ahab became king over Israel in Samaria in Jehoshaphat king of Judah's eighteenth year, and reigned twelve years. Mu mwaka ugira cumi n’umunani Yehoshafati ari umwami w’i Buyuda, ni ho Yehoramu mwene Ahabu yaba umwami wa Isirayeli, amara imyaka cumi n’ibiri ari ku ngoma i Samariya.
2 He did evil in our Father's eyes, though not like his father and mother, for he removed the sacred pillar of Baal his father made. Yakoze ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, ariko ntiyanganije ububi na se canke nyina. We yarakuyeho inkingi z’amabuye za Bayali se yari yarashinze.
3 Yet he clung to the sins of Jeroboam son of Nebat, who led Israel to sin; he did not turn from them. Ariko yagendeye mu vyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakwegeyemwo Abisirayeli. Ntiyigeze ava mu ngeso ziwe.
4 Mesha king of Moab raised sheep and paid the king of Israel 100,000 lambs and the wool of 100,000 rams. Kandi umwami Mesha w’i Mowabu yari umworozi w’intama, ku mwaka ku mwaka yategerezwa gushikanira umwami wa Isirayeli imyagazi y’intama ibihumbi ijana, hamwe n’ubwoya bw’impfizi z’intama ibihumbi ijana nyene.
5 But when Ahab died, the king of Moab rebelled against the king of Israel. Ariko Ahabu amaze gupfa, umwami wa Mowabu agarariza umwami wa Isirayeli.
6 So King Joram set out from Samaria at that time and mustered all Israel. Umwami Yehoramu ava i Samariya, aca akoranya abasoda ba Isirayeli bose.
7 He went and sent word to Jehoshaphat king of Judah: "The king of Moab has rebelled against me. Will you go with me to fight Moab?" He replied, "I will go up. I am as you are, my people as yours, my horses as yours." Yongera arungikira ubutumwa Yehoshafati umwami w’i Buyuda ati: “Umwami w’i Mowabu yangararije. Mbega ubona woza kumfasha tugatera Mowabu?” Aramwishura ati: “Nzogufasha, kuko urazi ko turi bamwe, abasoda banje ndabaguhaye, n’amafarasi yanje yose ndayaguhaye.”
8 He asked, "Which way should we go up?" He answered, "The way through the Edom desert." Yehoshafati na we aramubaza ati: “Ubona twojana inzira iyihe mu gutera?” Yoramu amwishura ati: “Tuzoca mu bugaragwa bwa Edomu.”
9 The king of Israel set out with the king of Judah and the king of Edom. They marched a roundabout route seven days, with no water for the army or the animals following them. Umwami wa Isirayeli ajana n’umwami w’i Buyuda hamwe n’uwa Edomu, maze bose bafata inzira izunguruka ubugaragwa, bamara imisi indwi bagenda, amazi batekeye arabaherana, babura ayo banywa n’ayo baha ibitungwa biri kumwe na bo.
10 The king of Israel said, "Alas! For our Father summoned these three kings only to give them into the hand of Moab." Umwami wa Isirayeli aravuga ati: “Karabaye! Uhoraho yadukoranije turi abami batatu kugira ngo aturekurire mu maboko y’umwami wa Mowabu!”
11 But Jehoshaphat said, "Is there no prophet of our Father here, to ask our Father through him?" One of Israel's king's servants answered, "Elisha son of Shaphat is here, who poured water on Elijah's hands." Ariko Yehoshafati arabaza ati: “Hano nta muvugishwa w’Uhoraho n’umwe ahari kugira ngo atubarize Uhoraho ico twokora?” Umwe mu bakuru b’ingabo z’Umwami wa Isirayeli amwishura ati: “Elisa mwene Shafati ari ngaha. Yahora ari umukozi wa Eliya.”
12 Jehoshaphat said, "The word of our Father is with him," so Israel's king, Jehoshaphat, and Edom's king went down to him. Yehoshafati aravuga ati: “Uwo rero arafise ijambo ry’Uhoraho.” Nuko umwami wa Isirayeli na Yehoshafati n’umwami wa Edomu baca bamanuka kumurondera.
13 Elisha asked Israel's king, "What business is between us? Go to your father's and mother's prophets." The king said, "No—our Father called these three kings to hand them to Moab." Elisa aca abaza umwami wa Isirayeli ati: “Mbega twe nawe hari ico duhuriyeko? Genda ubaze ba bavugishwa ba so n’aba nyoko.” Umwami wa Isirayeli aramwishura ati: “Oya, ni kubera ko Uhoraho yadukoranije turi abami batatu, ngo aturekurire mu maboko y’umwami wa Mowabu.”
14 Elisha said, "As the Father of heaven's armies lives, whom I serve, if I didn't respect Jehoshaphat king of Judah, I wouldn't look at you or notice you. Elisa aramubwira ati: “Ndakurahiye Uhoraho Mushoboravyose, Imana nkorera, iyo ntasonera Yehoshafati umwami w’i Buyuda, sinari no kwirirwa ndakuraba canke ngo ndanakwiyumvire.
15 Now bring me a musician." When the musician played, the hand of our Father came on him. Ariko noneho nimuzanire umuvuzi w’inanga.” Uwo muvuzi w’inanga ariko arayivuza, ububasha bw’Uhoraho buza kuri Elisa,
16 He said, "This is what our Father says: Make this valley full of ditches. aca ababwira ati: “Uhoraho avuze ati: ‘Iki kiyaya nzocuzuza ibidengeri vy’amazi.
17 For this is what our Father says: You will see no wind or rain, yet this valley will fill with water, and you will drink—you, your livestock, and your animals. Kuko Uhoraho avuze ati: Nta muyaga muzokwumva kandi nta mvura muzobona, ariko iki kiyaya kizokwuzura amazi, mwebwe ubwanyu, ibitungwa vyanyu vyose, muronke ico munywa.’
18 This is a trivial thing in my eyes; he will also give Moab into your hand. Ariko ico ni ikintu gito cane Uhoraho azoba abakoreye, kuko n’Abanyamowabu azobarekurira mu maboko yanyu.
19 You will strike every fortified city and every choice city, cut down every good tree, stop up every spring of water, and ruin every good field with stones." Muzosenyagura impome z’igisagara caho gikuru. Muzotemagura ibiti vyiza vyaho vyose, muzibire n’amariba yabo, indimiro nzizanziza zabo muzozisibanganisha amabuye.”
20 At morning, at the grain offering, water suddenly came from the direction of Edom, and the land filled with water. Bukeye, nko mu gihe co gutanga ibimazi co mu gitondo, amazi yari yamaze gutemba ava muri Edomu, kandi igihugu cose cari cuzuye amazi.
21 All Moab heard the kings had come up to fight them, so every man old enough to bear arms and up was mustered; they took their stand at the border. Ico gihe Abanyamowabu bose baramenya ko abo bami baje kubatera, maze abantu bose bari bageze kuja ku rugamba, abakiri bato n’abakuze, barakorana, baja gutegerera ku mbibe.
22 They rose early; the sun shone on the water, and Moab saw the water opposite them red as blood. Bukeye mu gatondo, izuba ryariko rirasira ku mazi, rigatuma asa n’amaraso mu maso y’Abanyamowabu.
23 They said, "Blood! The kings fought and killed each other. Now, Moab, to the plunder!" Baravuga bati: “Ehe raba ariya maraso! Ba bami bategerezwa kuba bacanyemwo baricana. Yemwe Banyamowabu, haguruka tugende kwegeranya iminyago!”
24 But when they reached Israel's camp, the Israelites rose and struck the Moabites, who fled before them. Israel advanced into the land, striking down the Moabites as they went. Ariko bageze ahari ikambi y’Abisirayeli, Abisirayeli baca barahaguruka barabagwanya, Abanyamowabu na bo barahunga. Abisirayeli barabakurikira bagenda barabica ingenda.
25 They tore down the cities. On every good field each man threw a stone until it was covered. They stopped every spring of water and felled every good tree, leaving only the stones of Kir-hareseth, which the slingers surrounded and attacked. Basambura ibisagara vyaho, umuntu wese aterera ibuye mu murima mwiza wose gushika wuzuye amabuye. Basivya amariba yose, batemagura n’igiti ciza cose. Igisagara ca Kiru-Hareseti conyene ni co casigaye gikomeye, ariko na co nyene abasoda bateresha amabuye imigozi baragitera.
26 When Moab's king saw the battle was too strong for him, he took 700 swordsmen to break through to Edom's king, but failed. Umwami wa Mowabu abonye ko agiye kuneshwa ku rugamba, aca ahitana abasoda amajana indwi bagwanisha inkota ngo arabe uko boca mu ngabo z’umwami wa Edomu, ariko birabananira.
27 So he took his firstborn, his heir, and offered him as a burnt offering on the wall. Great anger came against Israel, so they withdrew from him and returned to their land. Aca afata umuhungu wiwe yomusubiriye ku ngoma, amutangako ikimazi co guturira, amuherereza ku ruzitiro hejuru. Abisirayeli baca basesemwa n’ico kintu kibi gutyo bavayo basubira mu gihugu cabo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]