Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 35 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Josiah kept Passover to our Father in Jerusalem; they slaughtered the Passover lamb on the fourteenth day of the first month. Yosiya ahimbariza Pasika y’Uhoraho i Yerusalemu, kandi babaga umwagazi wa Pasika ku musi ugira icumi na kane w’ukwezi kwa mbere.
2 He assigned priests their duties and encouraged them in service of our Father's house. Ashira abaherezi mu bikorwa vyabo kandi abatera intege ngo bakore igikorwa c’Ingoro y’Uhoraho.
3 He told the Levites who taught all Israel and were holy to our Father: "Put the holy ark in the house Solomon son of David, king of Israel, built. You need no longer carry it on your shoulders. Now serve your Father and his people Israel. Abwira Abalewi, ari bo bajejwe kwigisha Abisirayeli kandi barobanuriwe Uhoraho, ati: “Nimushire ya Sandugu Yera mu Ngoro Salomo mwene Dawidi umwami w’Abisirayeli yubaka. Ntimuzosubira kuyitwara ku bitugu vyanyu. Ubu rero nimukorere Uhoraho Imana yanyu n’abantu biwe b’Abisirayeli.
4 Prepare yourselves by your fathers' houses, by your divisions, by David king of Israel's written instructions, and his son Solomon's instructions. Nimwitegure nk’uko imiryango yanyu iri mu mice yanyu, nk’uko mwabitegetswe na Dawidi umwami w’Abisirayeli n’umuhungu wiwe Salomo.
5 Stand in the holy place by family groups of your lay brothers, one Levite division per group. Muhagarare Ahera muri kumwe n’Abalewi bavuye mu bice vyose vyo mu miryango yose ya benewanyu musangiye igihugu, hamwe n’abantu bose.
6 Slaughter the Passover lamb, dedicate yourselves, and prepare for your brothers, following the word of our Father through Moses." Mubage imyagazi ya Pasika, mwihumanure, maze mutegurire iyo myagazi bagenzi banyu b’Abisirayeli; mukore nk’uko Uhoraho yabitegetse abicishije kuri Mose.”
7 Josiah gave the lay people 30,000 lambs and young goats, 3,000 bulls, for Passover offerings—for everyone present, from his own possessions. Yosiya ategurira abantu bose bari aho intama n’impene ibihumbi mirongo itatu vy’ibimazi vya Pasika, n’inka ibihumbi bitatu, ivyo vyose vyavuye mu butunzi bw’umwami.
8 His officials also gave willingly to the people, priests, and Levites. Hilkiah, Zechariah, and Jehiel, chief officers of our Father's house, gave the priests 2,600 Passover offerings and 300 bulls. N’abaganwa biwe na bo bazana ivyo guterera abantu bari ngaho n’abaherezi n’Abalewi. Hilikiya, Zakariya na Yehiyeli, abajejwe gukurikirana ivy’Ingoro y’Imana, baha abaherezi ibimazi vya Pasika ibihumbi bibiri n’amajana atandatu vy’imyagazi y’intama n’impene hamwe n’inka amajana atatu.
9 Conaniah, with his brothers Shemaiah and Nethanel, and Hashabiah, Jeiel, and Jozabad, Levite leaders, gave the Levites 5,000 Passover offerings and 500 bulls. Kandi na Konaniya hamwe na Shemaya na Netaneli, abavukana na we, na Hashabiya, Yeyiyeli na Yozabadi, abakuru b’Abalewi, baha Abalewi ibimazi vya Pasika ibihumbi bitanu n’inka amajana atanu.
10 The service was set; priests stood at their posts, Levites by their divisions, as the king commanded. Ico gikorwa kirategurwa, maze abaherezi bahagarara mu bibanza vyabo bari kumwe n’Abalewi, na bo bigabuye mu mice yabo nk’uko umwami yari yabitegetse.
11 They slaughtered the Passover lambs; priests sprinkled the blood passed to them, and Levites skinned them. Bakerera imyagazi ya Pasika, maze abaherezi baca bamijagira ku gicaniro amaraso bahawe n’Abalewi; Abalewi na bo baca bakora igikorwa co kuyikurako insato.
12 They set aside the burnt offerings, distributing them by family division among the common people, to offer to our Father as written in the book of Moses; likewise with the bulls. Batoranya ibimazi vyo guturirwa babishira i ruhande ngo babihe imigwi y’imiryango y’abantu; ngo na bo babishikanire Uhoraho, nk’uko vyanditswe mu gitabu ca Mose. Babigenza gutyo no ku nka.
13 They roasted the Passover lamb in fire as required, boiled the holy offerings in pots, kettles, and pans, and quickly brought them to all the common people. Botsa inyama za ya myagazi ya Pasika ku muriro nk’uko bitegekanijwe, baca bateka vya bimazi vyera mu nkono z’ibumba, no mu nkono zo gushusha amazi, eka no mu masafuriya, baca babigaburira abantu bose banyarutsa.
14 Afterward they prepared for themselves and the priests, since the priests, Aaron's sons, were busy offering burnt offerings and fat portions until night; so the Levites prepared for themselves and the priests, Aaron's sons. Inyuma y’ivyo, baca bategura ivyabo n’ivy’abaherezi, kuko abaherezi bakomoka kuri Aroni, bariko baratanga ibimazi vyo guturirwa n’umuriro n’ibinure gushika bwije. Ni co gituma Abalewi bateguye ivyabo n’ivy’abaherezi bene Aroni.
15 The singers, Asaph's sons, stood at their posts as David, Asaph, Heman, and Jeduthun the king's seer had commanded. The gatekeepers stayed at each gate; they had no need to leave their duty, for their fellow Levites prepared for them. Abacuraranzi bakomoka kuri Asafu bari mu bibanza vyabo nk’uko vyashinzwe na Dawidi, Asafu, Hemani na Yedutuni uwerekwa w’umwami. Abarinzi bo ku marembo yose ntibarinda guhagarika igikorwa cabo, kuko Abalewi benewabo bari babateguriye ivyabo.
16 So all the service of our Father was arranged that day: to keep Passover and offer burnt offerings on the altar of our Father, by King Josiah's command. Nuko muri ico gihe igikorwa cose c’Uhoraho kirakorwa kugira ngo bahimbaze Pasika, batange n’ibimazi vyo guturirwa ku gicaniro c’Uhoraho, nk’uko umwami Yosiya yari yabitegetse.
17 The Israelites present kept Passover then, and the Feast of Unleavened Bread seven days. Muri ico gihe, Abisirayeli bari ngaho bahimbaza Pasika, barongera bamara iyindi misi indwi bahimbaza umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro.
18 No Passover like it had been kept in Israel since Samuel the prophet's days; none of Israel's kings kept a Passover like Josiah's, with the priests, Levites, all Judah and Israel present, and Jerusalem's residents. Ntihari bwigere hahimbazwa umusi mukuru wa Pasika nk’uwo mu Bisirayeli, uhereye mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Samweli. Kandi nta n’umwe wo mu bami b’Abisirayeli yari bwahimbaze Pasika nk’uko Yosiya yayihimbaje, ari kumwe n’abaherezi, Abalewi n’Abayuda n’Abisirayeli bose, bari kumwe n’abantu b’i Yerusalemu.
19 This Passover was kept in the eighteenth year of Josiah's reign. Iyo Pasika yahimbajwe mu mwaka ugira cumi n’umunani Yosiya ari ku ngoma.
20 After all this, once Josiah had prepared the temple, Egypt's king Neco marched up to fight at Carchemish on the Euphrates, and Josiah went out to meet him. Inyuma y’ivyo, Yosiya amaze gutunganya neza ivyo mu Ngoro, Neko umwami wa Egiputa araduga ngo atere i Karikemishi ku ruzi Efurate; maze Yosiya aja kumutegera ngo amugwanye.
21 But Neco sent messengers to him, saying, "What do we have to do with each other, king of Judah? I'm not coming against you today, but against the house I'm at war with. God told me to hurry—stop opposing God, who is with me, or he'll destroy you." Ariko Neko arungika intumwa kuri we, amubwira ati: “Hari intambara nki hagati yawe nanje ga yewe mwami w’Abayuda? Ubu si wewe nje gutera, ariko hari irindi hanga duhamana ni ryo mviriye hasi. Imana yambwiye ngo nihute; nuko rero reka kugwanya Imana, kuko iri kumwe nanje, kandi yokurandura.”
22 Josiah did not turn away from him, but disguised himself to fight him. He ignored Neco's words from the mouth of our Father, and went to fight in the plain of Megiddo. Yamara Yosiya ntiyahindukira ngo amureke, ahubwo ariyoberanya ngo amutere. Ntiyumvira ivyo Neko yamubwiye ategetswe n’Imana, ahubwo aja kumugwanya; baca bahurira mu kiyaya c’i Megido ari ho bagwaniye.
23 Archers shot King Josiah; he told his servants, "Get me out—I'm badly wounded." Abagwanisha imiheto barasa umwami Yosiya; aca abwira abakuru b’ingabo biwe ati: “Nimunkure hano kuko nkomeretse cane.”
24 His servants moved him from the chariot to his second chariot and brought him to Jerusalem, where he died and was buried in his fathers' tombs. All Judah and Jerusalem mourned Josiah. Nuko bamukura mu mukogote wiwe, bamushira mu wundi mukogote yari afise bamujana i Yerusalemu, apfirayo. Bamuhamba mu mva za ba sekuruza, maze Abayuda bose n’ab’i Yerusalemu baramuririra.
25 Jeremiah composed laments for Josiah, and to this day all the singers, men and women, sing laments for Josiah. This became a custom in Israel, and it is written in the Laments. Yeremiya yandika amajambo yo gucura intimba ku bwa Yosiya, kandi gushika n’ubu abagabo n’abagore b’abaririmvyi bose bama bibuka Yosiya mu gucura intimba. Ivyo vyabaye umugenzo mu Bisirayeli kandi vyanditswe mu ndirimbo zo gucura intimba.
26 The rest of Josiah's acts, and his faithful deeds in keeping with what is written in our Father's law. Ibindi vyabaye ku ngoma ya Yosiya n’ibikorwa vyiwe vy’ubwizigirwa, nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe vy’Uhoraho
27 His acts, first to last, are written in the Book of the Kings of Israel and Judah. ivyabaye vyose, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe mu gitabu c’abami b’Abisirayeli n’Abayuda.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]