Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 34 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Josiah was eight years old when he became king, and he reigned thirty-one years in Jerusalem. Yosiya yari afise imyaka umunani igihe yaba umwami, aca aganza imyaka mirongo itatu n’umwe ari i Yerusalemu.
2 He did what was right in our Father's eyes and walked in the ways of David his father, not turning right or left. Akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe; agendera mu nzira za sekuruza Dawidi, ntiyahengamira i buryo canke i bubamfu.
3 In the eighth year of his reign, while still a boy, he began to seek our Father, the God of David his father. In the twelfth year he began to purge Judah and Jerusalem of the high places, Asherah poles, carved images, and cast metal images. Mu mwaka ugira umunani ari ku ngoma, mu gihe yari akiri muto, atangura kurondera Imana ya sekuruza Dawidi. Mu mwaka ugira cumi na kabiri atangura guhumanura i Buyuda n’i Yerusalemu, akuraho ibicaniro vyo hejuru ku mataba y’imisozi, akuraho inkingi za Ashera, akuraho n’ibishushanyo bibajwe n’ibicuzwe.
4 In his presence they tore down the Baals' altars; he cut down the incense altars above them, shattered the Asherah poles, carved images, and cast images, ground them to dust, and scattered it over the graves of those who had sacrificed to them. Ategeka ko basenyurira hasi ibicaniro vya Bayali; abomora ibicaniro baturirirako ibimota neza vyari hejuru kuri ivyo bigirwamana, asenyura n’inkingi za Ashera, ibigirwamana n’ibishushanyo. Ivyo yarabijanjaguye bicika umukungugu, aca awusuka ku mva z’ababishikaniye ibimazi;
5 He burned the bones of the priests on their altars, and so he purged Judah and Jerusalem. yongera aturirira amagufa y’abaherezi ku bicaniro vyabo. Uko ni ko yahumanuye Ubuyuda n’i Yerusalemu.
6 In the cities of Manasseh, Ephraim, and Simeon, as far as Naphtali, in their ruins all around. Mu bisagara vy’Abamanase, Abefurayimu n’Abasimeyoni gushika mu Banafutali, no mu misaka yose yari ihakikije,
7 He tore down the altars, crushed the Asherah poles and carved images to powder, and cut down all the incense altars throughout Israel. Then he returned to Jerusalem. ahomvorera hasi ibicaniro n’inkingi za Ashera, amenagura n’ibigirwamana bicika umukungugu, asenyagurira hasi ibicaniro baturirirako ibimota neza mu gihugu cose ca Isirayeli, aca asubira i Yerusalemu.
8 In the eighteenth year of his reign, having cleansed the land and the house, he sent Shaphan son of Azaliah, Maaseiah the city governor, and Joah son of Joahaz the recorder to repair the house of our Father. Mu mwaka ugira cumi n’umunani umwami Yosiya ari ku ngoma, mu guhumanura igihugu n’Ingoro, arungika Shafani mwene Azaliya na Mayaseya umukuru w’igisagara, hamwe na Yowa mwene Yowahazi, umwanditsi, ngo basanure Ingoro y’Uhoraho Imana yiwe.
9 They came to Hilkiah the high priest and handed over the money brought into the house of our Father, which the Levites who guarded the gates had collected from Manasseh, Ephraim, and all the remnant of Israel, from all Judah and Benjamin, and the residents of Jerusalem. Baja kwa Hilukiya umuherezi mukuru bamuha amahera yari yazanywe mu Ngoro y’Imana, ayo Abalewi bari bajejwe kurinda amarembo bari baregeranije mu bantu bava mu miryango y’Abamanase n’Abefurayimu, mu masigarira yose y’Abisirayeli, mu bantu bose b’i Buyuda, mu muryango w’Ababenyamini no mu baba i Yerusalemu.
10 They gave it to the workers overseeing the house of our Father, and the workers in the house of our Father used it to repair and restore it. Na bo bayahereza abantu bagenewe gukurikirana ico gikorwa c’Ingoro y’Uhoraho. Abo bantu bahemba abakora ibikorwa vyo gusanura no gusubiramwo ingoro.
11 They paid the carpenters and builders to buy cut stone, and timber for the joists and beams of the buildings the kings of Judah had let fall to ruin. Baha amahera ababaji n’abubatsi ngo bagure amabuye abajwe, n’imbaho zo kubarata hejuru, mu gusanura inyubakwa abami b’i Buyuda bari bararetse zikaba imisaka.
12 The men worked faithfully. Over them, directing the work, were Jahath and Obadiah, Levites of Merari's sons, and Zechariah and Meshullam of the Kohathites; and the Levites, all skilled musicians, Abo bantu bakora igikorwa mu bwizigirwa. Yahati na Obadiya, Abalewi bava mu Bamerari, hamwe na Zakariya na Meshulamu, bava mu Bakohati, ni bo bari barongoye abandi. Mu Balewi, abari bafise ubuhinga bwo kuvuza ibicurarangisho,
13 were over the laborers, directing all the workers task by task. Some Levites were scribes, officials, and gatekeepers. ni bo bari bajejwe abakozi, bagakurikirana abakozi bose bari mu bikorwa bitandukanye. Bamwe bo mu Balewi bari abanyamabanga, abanditsi n’abarinzi b’amarembo.
14 As they brought out the money brought into the house of our Father, Hilkiah the priest found the Book of the Law of our Father, given through Moses. Bakiriko barasohora amahera yari yazanywe mu Ngoro y’Uhoraho, Hilukiya umuherezi arenguka ku gitabu c’ivyagezwe vy’Uhoraho vyahawe Abisirayeli biciye kuri Mose.
15 Hilkiah told Shaphan the scribe, "I've found the Book of the Law in our Father's house," and gave it to Shaphan. Hilukiya abwira Shafani umwanditsi ati: “Ndatoye Igitabu c’Ivyagezwe mu Ngoro y’Uhoraho.” Aca agiha Shafani.
16 Shaphan brought the king the book and reported, "Your servants are doing everything put in their care. Maze Shafani ashira ico gitabu umwami aca amubwira ati: “Abasavyi bawe bariko barakora ivyo basabwe gukora vyose.
17 They emptied out the money found in the house of our Father and handed it to the overseers and workmen." Barakiriye amahera yari mu Ngoro y’Uhoraho bayazeza abashinzwe gukurikirana abakozi.”
18 Shaphan the scribe told the king, "Hilkiah the priest gave me a book," and read it to the king. Nuko Shafani umwanditsi arongera abwira umwami ati: “Hilukiya umuherezi yampaye igitabu.” Maze Shafani agisomera imbere y’umwami.
19 When the king heard the words of the Law, he tore his clothes. Umwami yumvise amajambo ari mu Vyagezwe, yitabagurirako impuzu.
20 The king commanded Hilkiah, Ahikam son of Shaphan, Abdon son of Micah, Shaphan the scribe, and Asaiah the king's servant: Aca ategeka Hilukiya, Ahikamu mwene Shafani, Abudoni mwene Mika, Shafani umunyamabanga w’umwami na Asaya umukozi w’umwami, ati:
21 "Go, ask our Father for me and those left in Israel and Judah about the words of the book that was found. Great is his anger poured out on us, because our ancestors did not keep our Father's word, doing all written in this book." “Nimugende munsigurize Uhoraho, jewe n’amasigarira ari muri Isirayeli n’i Buyuda, ku vyerekeye ivyanditswe muri iki gitabu catowe. Uburake bw’Uhoraho bwasutswe kuri twebwe burateye ubwoba kuko ba sogokuruza batitondeye ijambo ry’Uhoraho, ngo bakore ibihwanye n’ivyanditswe muri iki gitabu.”
22 So Hilkiah and the king's men went to Huldah, the woman prophet, wife of Shallum son of Tokhath, son of Hasrah, keeper of the wardrobe. She lived in Jerusalem's Second Quarter. They spoke with her about this. Hilukiya n’abo umwami yari yarungitse baja kuvugana na Hulida umuvugishwa, yari umugore wa Shalumu mwene Tokati, Tokati mwene Hasira uwari ajejwe imyambaro. Uwo Hulida yaba i Yerusalemu, mu gice gishasha c’igisagara.
23 She told them, "This is what our Father, the God of Israel, says: Tell the man who sent you to me: Na we ababwira ati: “Uku ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze: Nimugende mubwire uwabantumyeko muti:
24 This is what our Father says: I am about to bring disaster on this place and its residents—all the curses written in the book read to the king of Judah. Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Ngiye guteza icago aha hantu n’abantu baho, mu gushitsa imivumo yose yanditswe muri ico gitabu casomewe imbere y’umwami w’i Buyuda.
25 Because they abandoned me and made offerings to other gods, provoking me to anger with all they have made, my wrath will pour out on this place and not be put out. Kuko bantaye, bagaturirira ibimota neza izindi mana, bakandakisha izo nyene amaboko yabo yakoze, uburake bwanje buzosukwa aha hantu, kandi nta kizobuhwamika.’
26 But tell the king of Judah, who sent you to inquire of me: This is what our Father, the God of Israel, says about the words you heard: Nimugende mubwire umwami w’i Buyuda yabatumye kumusiguriza Uhoraho, muti: ‘Uku ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze ku vyerekeye amajambo wumvise:
27 Because your heart was tender and you humbled yourself before our Father when you heard his words against this place and its residents, and humbled yourself before me, tore your clothes, and wept before me, I myself have heard you, declares our Father. Ko umutima wawe wakozweko, ukicisha bugufi imbere y’Imana ucumva amajambo yavuze kuri aha hantu no ku bantu baho, kandi ko wicishije bugufi imbere yanje ukitabagurirako impuzu, ukaririra imbere yanje; nanje nakwumvise, ni ko Uhoraho avuze.
28 I will gather you to your ancestors, laid in your grave in peace. Your eyes won't see any of the disaster I'm bringing on this place and its people." So they brought the king this reply. None rero nzoguha kwitahira amahoro uhamvye ba sogokuruza bawe. Amaso yawe ntazobona ivyago vyose ngiye guteza aha hantu n’abantu bose bahaba.’ ” Nuko bashira umwami iyo nyishu abahaye.
29 Then the king summoned all the elders of Judah and Jerusalem. Maze umwami akoranya abakuru bose b’i Buyuda n’i Yerusalemu.
30 The king went up to the house of our Father with all Judah's men, Jerusalem's residents, the priests, the Levites, and all the people, great and small. He read them all the words of the Book of the Covenant found in the house of our Father. Adugana ku Ngoro y’Uhoraho n’abantu bose b’i Buyuda, ababa i Yerusalemu, abaherezi n’Abalewi, n’abantu bose uhereye ku mukuru ugashitsa ku muto. Abasomera amajambo yo muri ca Gitabu c’Isezerano, cari catowe mu Ngoro y’Uhoraho.
31 The king stood in his place and made a covenant before our Father—to follow our Father, keep his commandments, testimonies, and statutes with all his heart and all his soul, and carry out the covenant's words written in this book. Umwami ahagarara mu kibanza ciwe, asubizaho isezerano imbere y’Uhoraho ko agiye kwubaha Uhoraho no gukurikiza amabwirizwa, amategeko hamwe n’ivyagezwe vyiwe, akabikora n’umutima wiwe wose n’umushaha wiwe wose, mu gushitsa ivyanditswe muri ico gitabu.
32 He made everyone present in Jerusalem and Benjamin pledge to it, and the people of Jerusalem acted by the covenant of our Father, the God of their fathers. Asaba abantu bose b’i Yerusalemu n’Ababenyamini kwiyemeza gushira mu ngiro iryo sezerano. Maze ab’i Yerusalemu bakora bisunze iryo sezerano ry’Imana ya ba sekuruza.
33 Josiah removed all detestable things from the territory of the people of Israel, and made everyone in Israel serve our Father, their God. As long as he lived, they did not turn from following our Father. Yosiya akuraho ibigirwamana vy’ubuyobe vyose mu ntara yitirirwa Abisirayeli, ategeka abari mu Bwisirayeli ngo bakorere Uhoraho Imana yabo. Mu gihe cose yari akiriho, ntibigeze bareka gukurikira Uhoraho, Imana ya ba sekuruza babo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]