Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 36 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The people of the land took Josiah's son Jehoahaz and made him king in Jerusalem in place of his father. Maze abantu bo muri ico gihugu bafata Yehowahazi mwene Yosiya bamwimika ngo abe umwami i Yerusalemu mu gishingo ca se.
2 Jehoahaz was twenty-three years old when he became king, and he reigned three months in Jerusalem. Yehowahazi yari afise imyaka mirongo ibiri n’itatu igihe yimikwa ngo abe umwami, aca aganza amezi atatu ari i Yerusalemu.
3 Egypt's king deposed him at Jerusalem and fined the land about 7,500 pounds of silver and 75 pounds of gold. Umwami wa Egiputa amukura ku ngoma i Yerusalemu aca ategeka Abayuda ko batanga amashikanwa yo kwisaba angana n’italanto ijana z’ifeza n’italanto imwe y’inzahabu.
4 Egypt's king made his brother Eliakim king over Judah and Jerusalem, renaming him Jehoiakim; Neco took his brother Jehoahaz to Egypt. Umwami wa Egiputa yimika Eliyakimu avukana na Yehowahazi, ngo abe umwami w’i Buyuda n’i Yerusalemu; ahindura izina ryiwe amwita Yehoyakimu. Ariko Neko atwara Yehowahazi umuvukanyi wa Eliyakimu amumanukana muri Egiputa.
5 Jehoiakim was twenty-five when he became king; he reigned eleven years in Jerusalem, doing evil in our Father's eyes. Yehoyakimu yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yaba umwami, aganza imyaka cumi n’umwe ari i Yerusalemu, akora ivyo Uhoraho Imana yiwe abona ko ari bibi mu nyonga ziwe.
6 Nebuchadnezzar king of Babylon marched against him, bound him in bronze chains to take him to Babylon. Nebukadineza umwami w’i Babiloni aramutera amubohesha iminyororo y’umwakaka amujana i Babiloni.
7 Nebuchadnezzar also took some of our Father's house articles to Babylon, putting them in his temple in Babylon. Nebukadineza yongera atwara i Babiloni ibikoresho vyari mu Ngoro y’Uhoraho abishira mu ngoro yiwe i Babiloni.
8 The rest of Jehoiakim's acts, his detestable things, and the charges against him are written in the Book of Kings of Israel and Judah; his son Jehoiachin reigned in his place. Ibindi vyabaye ku ngoma ya Yehoyakimu, ibibi vy’ubuyobe yakoze n’ivyamubayeko vyose, vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku ngoma z’abami b’Abisirayeli n’Abayuda. Maze Yehoyakini umuhungu wiwe aba ari we amusubirira ku ngoma.
9 Jehoiachin was eight when he became king; he reigned three months and ten days in Jerusalem, doing evil in our Father's eyes. Yehoyakini yari afise imyaka cumi n’umunani igihe yimikwa ngo abe umwami, aganza amezi atatu n’imisi cumi ari i Yerusalemu. Akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe.
10 In spring, King Nebuchadnezzar brought him to Babylon with the precious articles from our Father's house, making Zedekiah, Jehoiachin's relative, king over Judah and Jerusalem. Mu ntango z’umwaka, umwami Nebukadineza amutumako ngo bamuzane i Babiloni, hamwe n’ibikoresho vy’agaciro vyari mu Ngoro y’Uhoraho, aca yimika Zedekiya sewabo wa Yehoyakini, ngo abe umwami w’i Buyuda n’i Yerusalemu.
11 Zedekiah was twenty-one years old when he became king, and he reigned eleven years in Jerusalem. Zedekiya yari afise imyaka mirongo ibiri n’umwe igihe yaba umwami, aganza imyaka cumi n’umwe ari i Yerusalemu.
12 He did evil in our Father's eyes, not humbling himself before Jeremiah the prophet, who spoke from our Father's mouth. Akora ivyo Uhoraho Imana yiwe abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, kandi ntiyicisha bugufi imbere y’uwavugishwa n’Imana Yeremiya, yavuga ijambo ry’Uhoraho.
13 He also rebelled against King Nebuchadnezzar, who made him swear by our Father, stiffening his neck and hardening his heart, refusing to return to our Father, God of Israel. Yongera agarariza umwami Nebukadineza, yari yaramurahije mw’izina ry’Imana. Yigira ntagondwa akomantaza umutima kandi ntiyahindukirira Uhoraho, Imana y’Abisirayeli.
14 All the leading priests and the people grew more and more unfaithful, matching all the nations' detestable practices, and made unclean the house our Father had made holy in Jerusalem. Vyongeye, abakuru mu baherezi n’abantu bose barushaho gukora ibibi, bakurikira ivy’ubuyobe vy’ayandi mahanga mu guhumanya Ingoro y’Uhoraho, iyo yari yaratoranije ngo ibe i Yerusalemu.
15 Our Father, the God of their fathers, sent word repeatedly through his messengers, pitying his people and his dwelling place. Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, abatumako intumwa nyinshi, kuko yari agiriye akagongwe abantu biwe n’Ingoro yiwe.
16 But they mocked our Father's messengers, despised his words, mocked his prophets, until our Father's anger rose against his people, past remedy. Ariko bakengera izo ntumwa, bakengera n’amajambo yiwe, bahindura agatwengo abavugishwa na we gushika aho uburake bw’Uhoraho bwaziriringiye ku bantu biwe ku buryo ata wari kuba agishobora kubakiza.
17 So he brought Chaldea's king against them, who killed their young men with the sword in their sanctuary, sparing no young man, virgin, elder, or aged. Our Father gave them all into his hand. Abateza umwami w’i Babiloni, na we yicisha inkota urwaruka rwabo, mbere no mu Ngoro abicirayo, ntiyasigaza n’umwe yaba umusore canke inkumi, uwukuze canke umutama. Imana ibatanga mu maboko ya Nebukadineza.
18 All the articles of our Father's house, great and small, the treasures of our Father's house and of the king and his officials—all he brought to Babylon. Atwara i Babiloni ibintu vyose vyo mu Ngoro y’Imana, binini na bito, n’ubutunzi bwose bwari mu Ngoro y’Uhoraho n’ubutunzi bw’umwami n’abaganwa biwe.
19 They burned the house of our Father, tore down Jerusalem's wall, burned all its palaces, destroyed everything valuable in it. Baturira Ingoro y’Imana kandi basenyurira hasi uruzitiro rw’i Yerusalemu; baturira ibirimba vyose, basambura n’ikintu cose c’agaciro cariyo.
20 He exiled the sword's survivors to Babylon; they served him and his sons until Persia's kingdom began to reign, Abasigaye bacitse kw’icumu abajana nk’inyagano i Babiloni, baba abo kumukorera we n’abahungu biwe kugeza ubwami bw’Abaperesi bugiye ku ngoma.
21 to fulfill our Father's word through Jeremiah: until the land enjoyed its sabbaths, all its desolate days it rested, fulfilling seventy years. Igihugu kiruhuka akaruhuko k’Isabato. Igihe cose camaze ari umusaka, cararuhutse, kugeza imyaka mirongo indwi iheze nk’uko ijambo ry’Uhoraho ryari ryaravugiye muri Yeremiya.
22 In Cyrus king of Persia's first year, to fulfill our Father's word through Jeremiah, our Father stirred Cyrus king of Persia's spirit to proclaim throughout all his kingdom, and to put it in writing: Mu mwaka wa mbere Kuro ari umwami w’Ubuperesi, Uhoraho kugira ngo ashitse ijambo yari yaravuze aciye kuri Yeremiya, akangura umutima wa Kuro umwami w’Ubuperesi na we atanga mu bwami bwiwe itegeko ryanditswe rivuga ngo:
23 Cyrus king of Persia says: "The LORD, God of heaven, gave me all earth's kingdoms and charged me to build him a house in Jerusalem, in Judah. Any of his people among you—may the LORD his God be with him—let him go up." “Ibi ni vyo Kuro umwami w’Ubuperesi avuze: ‘Uhoraho, Imana yo mw’ijuru, yampaye ubwami bwose bwo mw’isi kandi yantoranije ngo ndamwubakire Ingoro i Yerusalemu i Buyuda. Umuntu wese wo mu bantu biwe ari muri mwebwe naduge, kandi Uhoraho Imana yiwe abane na we.’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]