Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Solomon son of David strengthened his hold on his kingdom; our Father was with him, making him very great. Salomo mwene Dawidi aba agakomeye mu bwami bwiwe, kuko Uhoraho Imana yiwe yari kumwe na we kandi amugira uwuhambaye cane.
2 Solomon spoke to all Israel—the commanders of thousands and hundreds, the judges, and every leader in Israel, the family heads. Maze Salomo avugana n’Abisirayeli bose, abatwara ingabo ibihumbi n’abatwara ingabo amajana, abacamanza, abarongozi, b’Abisirayeli bose n’abakuru b’amazu ya ba sekuruza.
3 Solomon and the whole assembly went to the high place at Gibeon, where our Father's tent of meeting stood, which Moses, our Father's servant, made in the wilderness. Maze Salomo n’abantu bose baja kw’itaba ry’umusozi i Gibeyoni, kuko Ihema ry’Ibonaniro ry’Imana ari ho ryari rishinzwe, iryo Mose umusavyi w’Uhoraho yari yarakoze bakiri mu bugaragwa.
4 But David had brought the ark of our Father up from Kiriath-jearim to the place he prepared for it, pitching a tent for it in Jerusalem. Ico gihe Dawidi yari yaramaze kuzana Isandugu y’Imana ayikura i Kiriyati-Yeyarimu ayijana mu kibanza yari yayiteguriye, kuko yari yarayishingiye ihema i Yerusalemu.
5 The bronze altar Bezalel son of Uri, son of Hur, made was there before the tabernacle of our Father; so Solomon and the assembly sought our Father there. Ariko ca gicaniro gikozwe mu butare bw’umwakaka ico Bezaleli mwene Uri, Uri mwene Huri, yari yarakoze cari kikiri i Gibeyoni imbere y’Ihema ry’Uhoraho. Aho ni ho Salomo n’ikoraniro ryose bambariza Uhoraho.
6 Solomon went up to the bronze altar before our Father at the tent of meeting and offered 1,000 burnt offerings on it. Salomo araduga aja kuri ca gicaniro c’ubutare bw’umwakaka cari imbere y’Uhoraho mw’Ihema ry’Ibonaniro aca agitangirako ibimazi igihumbi vyo guturirwa n’umuriro.
7 That night our Father appeared to Solomon and said to him, "Ask what I should give you." Muri iryo joro Imana yiyereka Salomo iramubwira iti: “Nsaba ico ushaka cose ndakiguha.”
8 Solomon said to our Father, "You showed great covenant love to David my father, and made me king in his place. Salomo yishura Imana ati: “Wagiriye neza cane data Dawidi maze ungira umwami mu kibanza ciwe.
9 Now, my Father, confirm your promise to my father David, for you made me king over a people as many as the earth's dust. None rero, Uhoraho Mana, nushitse isezerano wasezeraniye data Dawidi, kuko wanyimitse ngo mbe umwami w’ihanga ry’abantu benshi bangana nk’umukungugu wo kw’isi.
10 Give me wisdom and knowledge now to lead this people, for who can govern this great people of yours?" Numpe ubwenge n’ubumenyi, kugira ngo nshobore kurongora ubu bwoko. Mbega none ni nde yoshobora kuganza ubu bwoko bwawe bwinshi bungana gutya?”
11 Our Father said to Solomon, "Because this was in your heart—you asked not for riches, wealth, or honor, nor your enemies' lives, nor long life, but for wisdom and knowledge to govern my people, over whom I made you king, Imana ibwira Salomo iti: “Ko ico ari co umutima wawe wipfuza ukaba utansavye ubutunzi, ibintu canke icubahiro, canke ngo unsabe ko abansi bawe bapfa; kandi ko utansavye kuramba ariko ukansaba ubwenge n’ubumenyi kugira ngo ushobore kuganza neza abantu banje, abo naguhaye ngo ubabere umwami;
12 wisdom and knowledge are given you. I will also give you riches, wealth, and honor no king before you had, and none after you will." nuko ubwenge n’ubumenyi ndabiguhaye. Kandi nzoguha ubutunzi n’ibintu vyinshi, icubahiro no kuba rurangiranwa, ku buryo ata mwami n’umwe mu bakwitangiye imbere bose yigeze kuronka nk’ivyo, canke ngo habe n’umwe azobironka mu bazoza inyuma yawe.”
13 So Solomon went from Gibeon's high place, from before the tent of meeting, to Jerusalem, and reigned over Israel. Nuko Salomo aja i Yerusalemu avuye imbere y’ihema ry’ibonaniro ryari kw’itaba ry’umusozi Gibeyoni. Maze akomeza ivy’ubwami bwiwe mu Bisirayeli.
14 Solomon gathered chariots and horsemen; he had 1,400 chariots and 12,000 horsemen, which he stationed in the chariot cities and with the king in Jerusalem. Maze Salomo yegeranya imikogote y’intambara n’amafarasi menshi. Yari afise imikogote igihumbi n’amajana ane, n’amafarasi ibihumbi cumi na bibiri. Bimwe abibika mu bisagara vy’imikogote, ibindi abigumiza hafi yiwe i Yerusalemu.
15 In Jerusalem the king made silver and gold like stones, and cedar as plentiful as foothill sycamore-figs. Umwami agwiza ifeza n’inzahabu i Yerusalemu bisigara bimeze nk’amabuye, imbaho z’agaciro z’amasederi na zo ziragwira zimera nk’ibiti vy’imisukomora vyo mu biyaya vy’i Buyuda.
16 Solomon's horses came from Egypt and Kue; the king's traders bought them from Kue at market price. Amafarasi ya Salomo yari yayakuye muri Egiputa n’i Kilikiya; abadandaza b’umwami bari bayaguriye muri Kilikiya ku giciro gisanzwe.
17 They imported a chariot from Egypt for about fifteen pounds of silver, a horse for about four; through them they exported these to all the kings of the Hittites and Aram. Umukogote umwe bawugura muri Egiputa shekeli amajana atandatu z’ifeza, ifarasi imwe na yo bakayigura shekeli ijana na mirongo itanu. Kandi abo badandaza ni bo banabigurisha no ku bami bose b’Abaheti n’ab’Abarameya.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]