Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Chronicles 29 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 David the king told the whole assembly: My son Solomon, the one our Father has chosen, is young and inexperienced, and the task is great, for the temple is not for man but for our Father. Hanyuma umwami Dawidi abwira ikoraniro ryose ati: “Umuhungu wanje Salomo, ari we Imana yatoranije, aracari muto kandi ntabimenyereye cane. Igikorwa ni kinini, kandi iyi Ngoro si iy’umuntu ahubwo ni iy’Uhoraho Imana.
2 With all my strength I have provided for my Father's house: gold for the gold, silver for the silver, bronze for the bronze, iron for the iron, wood for the wood; onyx stones and stones for settings, stones of antimony and varied colors, every kind of precious stone, and marble in abundance. Nakoresheje inkomezi zanje zose mu gutegura ivyo kwubaka Ingoro y’Imana yanje: inzahabu zizokora ibikorwa vy’inzahabu, ifeza zizokoreshwa mu gukora ibikorwa vy’ifeza, imyakaka izokoreshwa mu gukora ibikorwa vy’imyakaka, ivyuma bizokoreshwa mu gukora ibikorwa bisaba ivyuma, n’ibiti bizokoreshwa mu gukora ibikorwa bisaba ibiti, n’amabuye azokoreshwa mu gukora ibikorwa bisaba amabuye yitwa onigisi yo gukora mu materanirizo, amabuye akayangana y’amabara atandukanye, n’ubwoko butandukanye bw’amabuye y’igiciro kinini hamwe na marubule; vyose ni vyinshi cane.
3 Because I delight in my Father's house, I give my personal treasure of gold and silver to my Father's house, beyond all I've provided for the holy house: I ruhande y’ivyo, kubera ukwitangira Ingoro y’Imana yanje, ntanze ubutunzi bwanje bw’inzahabu n’ifeza ngo bibe ivy’iyo Ngoro y’Imana yanje, ndavyongeye kuri vya bindi vyose nateguriye kwubaka Ingoro y’Imana yanje birenze ku vyo nategekanije kubera iyo Ngoro yera:
4 about 112 tons of gold, gold of Ophir, and about 262 tons of refined silver, to overlay the buildings' walls. Italanto ibihumbi bitatu z’inzahabu zavuye muri Ofiru, n’iz’ifeza ibihumbi indwi zihinguwe neza, zo guhomesha ku mpome y’iyo nyubakwa,
5 Gold for the gold, silver for the silver, and every task for craftsmen's hands. Now who is willing to dedicate himself today to our Father? ivyo gukoreshwa mu gikorwa c’ifeza n’inzahabu, hamwe n’ibikorwa vyose bikwiye gukorwa n’abahinga. None rero ni nde agomba kwitanga uwu musi kubera Uhoraho?”
6 Then the clan leaders, the tribal leaders of Israel, the commanders of thousands and hundreds, and the officials over the king's work offered willingly. Maze abakuru b’imiryango igize Isirayeli, abakuru barongoye ingabo igihumbi n’abarongoye ingabo ijana, n’abakuru bashinzwe gukora i bwami batanga bavyishakiye.
7 For the service of our Father's house, they gave about 188 tons of gold and 10,000 darics, 375 tons of silver, 675 tons of bronze, and 3,750 tons of iron. Batanga ivyo gukoresha ku Ngoro y’Imana bingana n’italanto ibihumbi bitanu na dariki ibihumbi cumi vy’inzahabu, italanto ibihumbi cumi z’ifeza, italanto ibihumbi cumi n’umunani z’umwakaka n’italanto ibihumbi ijana z’ivyuma.
8 Whoever had precious stones gave them to our Father's house treasury, under Jehiel the Gershonite's care. Umuntu wese yari afise amabuye y’igiciro arayazana ngo aje mu bubiko bw’iyo Ngoro y’Uhoraho bwari bujejwe Yehiyeli Umugerishoni.
9 The people rejoiced at their willing gifts, offered freely to our Father with a whole heart; King David also rejoiced greatly. Abantu baranezerwa kuko abakuru babo bemeye gukora bavyishakiye, kuko bari bashikaniye Uhoraho ata gahato kandi n’umutima ubikunze. N’umwami Dawidi aranezerwa cane.
10 So David blessed our Father before the whole assembly. And David said, "Blessed are you, the Father of Israel our father, from everlasting to everlasting. Dawidi ahimbaza Uhoraho imbere y’ikoraniro ryose, avuga ati: “Uhimbazwe, yewe Uhoraho, Imana ya sogokuru Isirayeli, uhereye ibihe vyose ugashitsa ibihe vyose.
11 Yours, our Father, are the greatness, the power, the glory, the victory, and the majesty—for everything in the heavens and on earth is yours. Yours is the kingdom, our Father; you are lifted up as head over all. Ubukuru n’ububasha ni ivyawe n’ubwiza n’icubahiro n’igitinyiro, kuko ibiri mw’ijuru no mw’isi vyose ari ivyawe. Ubwami ni ubwawe, yewe Uhoraho; ushizwe hejuru nk’uganza vyose.
12 Riches and honor come from you; you rule over all. Power and might are in your hand; it is in your hand to make great and to give strength to all. Ubutunzi n’iteka biva iwawe; uri uwuganza vyose. Mu ntoke zawe hari inkomezi n’ububasha vyo gushira hejuru no gukomeza uwo ishatse wese.
13 And now, our Father, we give thanks to you and praise your glorious name. None rero, Mana yacu, turagukengurukiye, kandi duhimbaje izina ryawe ry’ubwiza.
14 Who am I, and who are my people, that we could offer so willingly? Everything comes from you—we have only given you what's from your own hand. Ariko jewe ndi iki, abantu banje bo ni iki, ngo dushobore gutanga tuvyishakiye nk’uku? Vyose biva iwawe, natwe twaguhaye ibiva mu kuboko kwawe gusa.
15 We are foreigners and guests before you, as all our ancestors were; our days on earth are like a shadow, with no hope of staying. Turi inyambukira n’ingenzi mu nyonga zawe, nk’uko na ba sogokuru bacu bari bari. Imisi yacu kw’isi ni nk’igitutu, nta vyizigiro.
16 O our Father, all this wealth we gathered to build you a house for your holy name comes from your hand, and all of it is yours. Yewe Uhoraho Mana yacu, ibi vyose twatanze ngo bize vyubake Ingoro izokwitirirwa Izina ryawe Ryera, biva mu kiganza cawe, kandi vyose ni ivyawe.
17 I know, my Father, you test the heart and delight in integrity. In my heart's integrity I have freely given all this, and now I see your people found here, giving to you with joy. Ndazi, Mana yanje, ko ugera umutima kandi ko uhimbarwa n’ubugororotsi. Ibi vyose nabitanze ata gahato kandi ndavyishakiye. Kandi nezerejwe no kubona uburyo abantu bawe bari aha bagushikaniye ata gahato.
18 O God of Abraham, Isaac, and Israel, our fathers, keep this intent forever in your people's hearts, and direct their hearts toward you. Yewe Uhoraho, Mana ya ba sogokuru Aburahamu, Isaka na Isirayeli, zigama iki cipfuzo mu mitima y’abantu bawe ibihe bidashira, kandi imitima yabo yame ikuyoboka.
19 Give my son Solomon a whole heart to keep your commands, testimonies, and statutes, to do all this, and build the temple I have provided for." Kandi uze uhe umuhungu wanje Salomo kwitanga abikunze ngo aze afate nkama ivyo wamutegetse vyose, n’ivyo wihanikirije n’amabwirizwa yawe, kandi akore vyose ngo yubake iyi Ngoro nk’uko integuro yayo nateguye imeze.”
20 David told the whole assembly, "Bless your Father now." So they all blessed the God of their fathers, bowed their heads, and fell facedown before our Father and the king. Maze Dawidi abwira ikoraniro ryose ati: “Muhimbaze Uhoraho Imana yanyu.” Nuko bose bahimbaza Uhoraho, Imana ya ba sekuruza; bunamira Uhoraho n’umwami.
21 They sacrificed sacrifices to our Father and offered burnt offerings to our Father the next day: 1,000 bulls, 1,000 rams, 1,000 lambs, with their drink offerings, and abundant sacrifices for all Israel. Bukeye bashikanira Uhoraho ibimazi bamushikanira n’ibimazi vyo gutongozwa umuriro: inka igihumbi, impfizi z’intama igihumbi n’imyagazi y’intama igihumbi, hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa bijanye, n’ibindi bimazi vyinshi vy’Abisirayeli bose.
22 They ate and drank before our Father that day with great joy, made Solomon son of David king again, anointed him ruler for our Father, and Zadok priest. Kuri uwo musi bararya kandi baranywa banezerewe cane bari imbere y’Uhoraho. Maze baca bemeza Salomo mwene Dawidi nk’umwami ubwa kabiri, bamwimikisha amavuta imbere y’Uhoraho ngo abe umutware na Sadoki bamusiga amavuta ngo abe umuherezi.
23 Solomon sat on our Father's throne as king in place of David his father. He thrived, and all Israel obeyed him. Maze Salomo avyagira ku ntebe y’ubwami bw’Uhoraho nk’umwami mu gishingo ca se Dawidi. Agira ikiganza ciza kandi Abisirayeli bose baramwumvira.
24 Also all the leaders and mighty warriors, and also all King David's sons, submitted to King Solomon. Abakuru bose n’abanyenkomezi, n’abahungu b’umwami Dawidi bose, basezerana kuzokwumvira umwami Salomo.
25 And our Father made Solomon exceedingly great in the sight of all Israel, giving him royal majesty beyond any king before him in Israel. Uhoraho ashira hejuru Salomo imbere y’Abisirayeli bose kandi amuha icubahiro ubwami bwiwe buba bwiza kurusha abami bose b’Abisirayeli bamwitangiye imbere.
26 David son of Jesse reigned over all Israel. Dawidi mwene Isayi yari umwami w’Abisirayeli bose.
27 His reign over Israel lasted forty years—seven in Hebron, thirty-three in Jerusalem. Yaganje Isirayeli imyaka mirongo ine. Yamaze imyaka indwi aba i Heburoni, iyindi mirongo itatu n’itatu aba i Yerusalemu.
28 He died at a good old age, full of days, wealth, and honor; Solomon his son reigned in his place. Yapfuye yisaziye, yaranezererewe kuramba, ubutunzi n’icubahiro. Umuhungu wiwe Salomo amusubirira ku ngoma.
29 Now the acts of King David, first and last, are written in the records of Samuel the seer, the records of Nathan the prophet, and the records of Gad the seer, Ivyabaye ku ngoma y’umwami Dawidi, kuva mu ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe mu gitabu ca Samweli uwerekwa, mu vyanditswe vya Natani uwavugishwa n’Imana no mu vyanditswe vya Gadi uwerekwa;
30 with all his reign and might, and the events that came upon him, Israel, and all the kingdoms of the lands. biri kumwe n’ido n’ido ry’ivyo ku ngoma yiwe n’ububasha bwiwe, n’ivyagiye biraba mu gihe ciwe hamwe n’Abisirayeli, n’ubwami bwose bwari buhakikije.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]